Urubanza udakwiye gusiba
URWO rubanza ni uruhe? Ni urubanza rujanye n’ukwibuka urupfu rw’umuntu haheze imyaka yababa 2.000 apfuye. Yavuze ati: “Ndekura ubugingo bganje, ngo mpeze nsubire kubgābīra. Nta n’umwe abunyaka, kuko mburekura kubganje” (Yohana 10:17, 18). Uwo muntu yari Yezu Kirisitu.
Yezu yategetse abayoboke biwe guhimbaza Icibutso c’urupfu rwiwe rwo kwitangako inkuka. Ico Cibutso citwa kandi “Ingaburo y’Umwami”, canke “Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba” (1 Ab’i Korinto 11:20, NW). Icibutso Yezu yatanguje kijanye no kwibuka urupfu rwiwe, kizohimbazwa n’Ivyabona vya Yehova be n’abagenzi babo ku wa kane igenekerezo rya 24 Ntwarante 2005, izuba rirenze.
Insiguro izoshikirizwa ishingiye kuri Bibiliya, izokwerekana insobanuro y’umukate utambiwe be n’umuvinyu utukura bikoreshwa muri urwo rubanza (Matayo 26:26-28). Iyo nsiguro izokwishura kandi ibibazo nk’ibi: Abakirisu bakwiye guhimbaza ico Cibutso kangahe? Ni bande bakwiriye gufata kuri ivyo bimenyetso ari vyo mukate n’umuvinyu? Ni bande bungukira ku rupfu rwa Yezu? Iryo himbazwa rihambaye rizofasha bose gutahura intumbero y’ubuzima bwa Yezu be n’urupfu rwiwe.
Kuri ico Cibutso c’urupfu rwa Yezu uzokwakirizwa yompi. Turakwinginze ubaze Ivyabona vya Yehova b’aho uherereye ikibanza nyezina iryo koraniro rizoberamwo be n’igihe rizoberako.