“Pimu” iremeza yuko inkuru ya kahise yerekeye Bibiliya ari iy’ukuri
IJAMBO “pimu” riboneka rimwe gusa muri Bibiliya. Mu misi y’Umwami Sauli, Abisirayeli bategerezwa gukarihisha ibikoresho vyabo ku bacuzi b’Abafilisitiya. Bibiliya ivuga iti: “Impembo bācira isuka cank’imbāzo ryar’ihera ryitwa pimu, iyo bācira kunagūra incabiti canke gukwikira ikimīto, car’ikigira gatatu ca shekeli”.—1 Samweli 13:21.
None pimu cari igiki? Inyishu y’ico kibazo yagumye ari amayobera gushika mu 1907 G.C., igihe ibuye rya mbere bapimisha ryitwa pimu ryatorwa mu vyacukuwe mu butaka mu gisagara ca kera citwa Gezeri. Abahinduzi ba Bibiliya bo mu bihe vya kera vyarabagora guhindura ijambo “pimu”. Nk’akarorero, impinduro imwe (King James Version), yahinduye muri 1 Samweli 13:21 uku: “Yamara bari bafise itupa bakarihisha imbazo, ibigazuzo, ibiyozo, incabiti be n’imihunda”.
Muri iki gihe, incabwenge zirazi ko pimu yari ingero y’uburemere yapima nk’amagarama 7,82, canke nka bibiri vya bitatu vya shekeli, shekeli ikaba yari ingero y’uburemere Abaheburayo bafatirako. Ingero ya pimu igizwe n’ibice vy’ifeza ni ko kari agahembo Abafilisitiya basaba Abisirayeli kugira babakarihirize ibikoresho. Ivyo gukoresha shekeli mu gupima uburemere vyaheranye n’itemba ry’ubwami bw’Ubuyuda be n’umugwa mukuru wabwo ari wo Yeruzalemu, mu mwaka wa 607 B.G.C. None ingero ya pimu yemeza gute yuko inkuru ya kahise yerekeye igisomwa co mu giheburayo ari iy’ukuri?
Incabwenge zimwezimwe ziraharira ngo ibisomwa vy’Ivyanditswe vy’igiheburayo, tudasize inyuma igitabu ca Samweli wa Mbere, ngo ni ivyo kuva muri ca kiringo c’iterambere ry’akaranga n’imico vy’Abagiriki n’Abaroma catanguye mu kinjana ca kane B.G.C., ngo mbere bigashobora no kuba ari ivyo kuva mu kinjana ca kabiri gushika mu kinjana ca mbere B.G.C. Rero ngo “inkuru zivyerekeye . . . ‘si iz’ukuri’, zisa n’izitagira ico zotubwira ku bijanye n’icoba ari Isirayeli ‘yo muri Bibiliya’ canke ‘Isirayeli ya kera’, ivyo uko ari bibiri bikaba ari ivyo Abayahudi n’Abakirisu bo mu bihe vya none biremaremera gusa mu vyo bandika”.
Ariko rero, uwitwa William G. Dever, umwigisha w’ivy’ubucukuzi bw’ivya kera akaba n’uwutohoza ibijanye n’ukubaho kw’abantu mu ntara z’amaja mu Burengero bwa Aziya, mu kwerekeza ku ngero y’uburemere ya pimu ivugwa muri 1 Samweli 13:21, avuga ati: “[Pimu] ntishobora kuba ‘yaremaremwe’ n’abanditsi babayeho muri ca kiringo c’iterambere ry’akaranga n’imico vy’Abagiriki n’Abaroma [kandi] hari haciye ibinjana bitari bike ivyo bipimisho vy’uburemere vyaramaze kuzimangana no kwibagirwa. Mu bisanzwe, ako gapande k’igisomwa ca Bibiliya . . . nta wogatahuye imbere y’intango z’ikinjana ca 20 A.D., ari na ho uburorero nyabwo bwa mbere na mbere bw’ivyacukuwe bwatorwa, bakabisangako ijambo pîm ryo mu giheburayo”. Uwo mwigisha abandanya ati: “Asangwa inkuru zo muri Bibiliya zose ari ‘ivyo abanditsi biremaremeye’ muri ca kiringo c’iterambere ry’akaranga n’imico vy’Abagiriki n’Abaroma, vyagenze gute none ngo iyo nkuru nyene iboneke muri Bibiliya y’igiheburayo? Birumvikana, ntihobura uwuvuga ngo pîm ni ‘akantu gatoya k’ido n’ido’ kacishijwemwo. Ivyo nta wubihaririye; mugabo nk’uko bizwi neza, ‘akahise kagizwe n’inkuru z’ido n’ido’”.
[Ifoto ku rup. 29]
Ingero y’uburemere yitwa pimu yapima nka bibiri vya bitatu vya shekeli