ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 15/12 rup. 26-29
  • Aho ugusenga kw’ukuri n’ubupagani vyasekaniye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Aho ugusenga kw’ukuri n’ubupagani vyasekaniye
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ikibanza carwanirwa na benshi
  • Ugusenga kw’ukuri gusekana n’ubupagani
  • Urusengero rwa Arutemi ruhungabana
  • Havuye Arutemi haza uwo bita “Nyina w’Imana”
  • Biri mu vyibagiranywe
  • Tugendagende mu bisigarira vya Efeso
  • Ijambo rya Yehova «ribandanya gukwiragira no gutsinda» naho rirwanywa
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • Woba wari ubizi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ikintu ca 5: Mariya ni nyina w’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 15/12 rup. 26-29

Aho ugusenga kw’ukuri n’ubupagani vyasekaniye

HARACIYE imyaka irenga ijana abacukuzi b’ivya kera bacukura cane mu bisigarira vy’igisagara ca Efeso ca kera biri ku nkengera yo mu Burengero ya Turukiya. Inyubakwa zitari nke zarasubiye kwubakwa, n’ibintu vyinshi vyatowe abahinga baravyiga bongera barabisigura. Ivyo vyatumye Efeso iba kimwe mu bibanza bikundwa cane kuruta ibindi ingenzi zikunda kuja gutemberamwo muri Turukiya.

Ni ibiki vyagiye biruburwa ku vyerekeye Efeso? Ico gisagara gikomeye ca kera cari kiryoheye ijisho, ubu umuntu yovuga ko kimeze gute? Urugendo rwagizwe mu bisigarira vya Efeso no mw’iratiro ry’utwa kera tw’i Efeso riri i Vienne muri Otirishe, ruraza kudufasha gutahura ukuntu ugusenga kw’ukuri n’idini y’abapagani vyasekaniye aho i Efeso. Reka tubanze turabe kahise kaho.

Ikibanza carwanirwa na benshi

Mu kinjana ca 11 B.G.C., Uburaya na Aziya vyaranzwe n’uruhagarara be n’ukwimukanga. Ico gihe ni ho Abagiriki bo mu karere ka Iyoniya batangura kugerera ku nkengera yo mu Burengero ya Aziya Ntoya. Abo bantu baje kuhagerera mu ntango bahasanze abantu bari bazwi ko basenga imanakazi y’imvyeyi, iyahavuye iba Arutemi y’i Efeso.

Hagati na hagati mu kinjana c’indwi B.G.C., abantu b’abimukira b’aba Cimmériens baraje bavuye ku Kiyaga Cirabura kiri mu Buraruko, bazanywe no gusahura Aziya Ntoya. Mu nyuma, nko mu 550 B.G.C., Umwami Crésus w’i Ludiya yaragiye ku ngoma, akaba yari umutegetsi akomeye yari azwi cane kubera amatungo atagira uko angana yari afise. Mu gihe c’iyagurwa ry’inganji nganzabami y’Abaperesi, Umwami Kuro yarigaruriye ibisagara vy’abanya Iyoniya, ushizemwo na Efeso.

Mu 334 B.G.C., Alegizandere w’i Makedoniya yaratanguye urugamba rwiwe rwo kurwanya Ubuperesi, aca rero aba umutegetsi mushasha wa Efeso. Inyuma y’urupfu rwa Alegizandere rwashitse giturumbuka mu 323 B.G.C., Efeso yaciye irwanirwa n’abajenerali biwe bane barondera kuganza ico gisagara. Mu mwaka wa 133 B.G.C., Attale wa III, umwami wa Perugamo atari afise akana, yarafashe Efeso ayiraga Abaroma, gutyo Efeso ica yegukira intara y’Abaroma yo muri Aziya.

Ugusenga kw’ukuri gusekana n’ubupagani

Igihe intumwa Paulo yaza i Efeso nko mu mpera y’urugendo rwiwe rw’ubumisiyonari rugira kabiri mu kinjana ca mbere G.C., yasanze ari igisagara kibamwo nk’abantu 300.000 (Ivyakozwe 18:19-21). Mu gihe c’urugendo rwiwe rw’ubumisiyonari rugira gatatu, Paulo yaragarutse i Efeso, maze, n’ubushizi bw’amanga bwiyongereye, avuga mw’isinagogi ivyerekeye Ubwami bw’Imana. Ariko rero, haciye amezi atatu, yararwanijwe cane n’Abayuda, maze ahitamwo gutangira insiguro ziwe za misi yose mu nzu yo kwigishirizamwo ya Turano (Ivyakozwe 19:1, 8, 9). Igikorwa ciwe c’ukwamamaza camaze imyaka ibiri, akaba yagikorana n’ibikorwa vy’ububasha bitangaje, nk’ugukiza ku gitangaro be n’ugusenda amadayimoni (Ivyakozwe 19:10-17). Ntibitangaje kubona abenshi baracitse abizera! Vyemere, ijambo rya Yehova ryaratsinze ku buryo n’abantu benshi bahora bakora ivy’amageza baturiye bavyigombeye ibitabu vyabo vy’agaciro.—Ivyakozwe 19:19, 20.

Igikorwa co kwamamaza Paulo yaranguye maze kikagenda neza nticatumye abenshi bavyurirwa umutima wo guheba gusenga ikimanakazi Arutemi vyonyene, ariko caranatumye abashigikira ugusenga kw’igipagani bashangashirwa. Ivy’ugucura utunyabugoro twa Arutemi mw’ifeza rwari urudandaza rurimwo inyungu. Kubera yuko urudandaza rw’abacuzi b’ifeza rwari rugeramiwe, uwitwa Demetiriyo yaciye abagumura.—Ivyakozwe 19:23-32.

Imivurungano yashikiriye urugero rw’agaheta igihe ishengero ry’abantu ryasemerera ryarakaye cane mu kiringo c’amasaha abiri ngo:“Arutemi y’Abanyefeso irahambaye” (Ivyakozwe 19:34). Urwamo rumaze guhwama, Paulo yarasubiye kuremesha abakirisu bagenziwe maze aca arabandanya urugendo rwiwe (Ivyakozwe 20:1). Ariko rero, naho Paulo yavuye ng’aho akaja i Makedoniya, nticabujije ko ugusenga Arutemi kwategerezwa guhera kubandanya gutituka.

Urusengero rwa Arutemi ruhungabana

Ivy’ugusenga Arutemi vyari vyarashinze imizi cane muri Efeso. Imbere y’uko Umwami Crésus yima, imanakazi y’imvyeyi yitwa Cybèle ni yo yasengwa cane muri ako karere. Igihe Crésus yemeza yuko Cybèle iri n’ico ipfana n’imana z’Abagiriki, yashaka gushinga ikimana cemerwa n’Abagiriki be n’abatari Abagiriki. Bifashijwemwo n’uwo Crésus, hagati na hagati mu kinjana ca gatandatu B.G.C., haratanguye igikorwa co kwubaka urusengero rw’imana Arutemi yosubiriye Cybèle.

Urwo rusengero rwabaye ikintu c’intibagirwa mu bijanye n’ubuhinga bwo kwubaka bw’Abagiriki. Ntihari bwigere hakoreshwa ibibuye bininibinini bibajwe vyitwa marimari (marbre) mu kwubaka inyubakwa nk’iyo itari bwabeho y’ubunini nk’ubwo. Urwo rusengero rwasenyuwe n’umuriro mu 356 B.G.C. Urusengero rwakaka nk’urwa mbere rwasubiye kwubakwa, rwatumye abantu benshi baronka akazi, kandi abasenzi benshi bavuye mu mihingo itandukanye bararuhurumbira. Urwo rusengero rwasubiye kwubakwa, urwari rwubatswe ahantu hakirurutse hangana n’imetero nka 73 z’ubwaguke n’imetero 127 z’uburebure, rwangana n’imetero nka 50 z’ubwaguke be n’imetero nka 105 z’uburebure. Rwafatwa ko ruri mu bintu ndwi vy’akaroruhore kandi vy’agatangaza kuruta ibindi vyo kw’isi. Ariko rero, ntirwaryoheye bose. Wa mufilozofe Héraclite w’i Efeso yasanishije inzira y’umwijima yaja ku ruhimbi rw’urwo rusengero n’umwiza w’imigenzo y’agaterasoni, kandi yabona ko ku rusengero abantu bigenza nabi kurusha ibikoko. Ariko rero, abenshi babona ko ikirimba ca Arutemi cari i Efeso kitokwigeze gitituka. Kahise karerekanye ko atari ukwo vyagenze. Igitabu kimwe (Ephesos—Der neue Führer) kivuga giti: “Mu kinjana ca kabiri, ivy’ugusenga Arutemi be n’izindi mana zo ku rusengero zari zemewe vyaratemvye bukwi na bukwi”.

Mu kinjana ca gatatu G.C., igisagara ca Efeso caranyiganyijwe na ca nyamugigima gikaze. Vyongeye, amatungo menshi cane yo mu rusengero rwa Arutemi yarasahuwe n’abantu bo mu bwoko bw’aba Goths bakorera mu mazi baje bava mu Kiyaga Cirabura, baca baruha umuriro. Ca gitabu duhejeje kuvuga kigira giti: “Ko Arutemi yari yaneshejwe kandi ikaba itashoboye gukingira uburaro bwayo, none vyari gushoboka gute ko ibandanya gufatwa ko ari yo mukingizi w’igisagara?”.—Zaburi 135:15-18.

Amaherezo, nko mu mpera z’ikinjana ca kane G.C., umwami w’abami Théodose wa I yaremeje ko ubwitwa “ubukirisu” bubaye idini rya Leta. Bidatevye, icari cahoze ari urusengero rwa Arutemi rw’akaranga ntangere rwubakishijwe amabuye casigaye ari ahantu bikurira ibikoresho vyo kwubakisha. Ivy’ugusenga Arutemi vyasigaye ata co bikivuze. Hari umuntu atavuzwe izina yagize ico avuze ku cese gihayagiza nya rusengero bwa gitangaza co mw’isi ya kera, ati: “Ubu hasigaye ari umusaka w’akatabonetse kandi hasigaye hateye akagongwe”.

Havuye Arutemi haza uwo bita “Nyina w’Imana”

Paulo yaburiye abagabo b’inararibonye b’ishengero ry’i Efeso yuko amaze kuhava, “amabingira y’inkazi” yoje, hakaduka n’abantu muri bo “bavuga ibigoramye” (Ivyakozwe 20:17, 29, 30). Ivyo ni vyo nyene vyashitse. Ivyabaye bihishura yuko ugusenga kw’ikinyoma kwiganje muri Efeso, gufise imero y’ubukirisu bw’ubuhakanyi.

Mu 431 G.C., i Efeso ni ho habereye inama mpuzamadini igira gatatu, muri iyo nama akaba ari ho ikibazo kijanye n’akaranga ka Kirisitu cahaririweko. Ca gitabu (Ephesos—Der neue Führer) gisigura giti: “Intsinzi y’Abanyalegizandiriya, abemera yuko Kristu afise akaranga kamwe, akaranga k’Imana . . . yari irangutse”. Ingaruka vyagize zashitse kure. “Ingingo yashitsweko i Efeso, iyo bafatiyeko bakavuga yuko Mariya adugijwe agakurwa ku kuba nyina wa Kristu akagirwa nyina w’Imana, ntiyatanze gusa ishingiro rw’ukwambaza Mariya, ariko kandi yatumye haba ivy’ukwicamwo ibice kwa mbere gukomeye muri Ekleziya . . . Ibihari n’ubu biracabandanya”.

Gutyo, ivy’ugusenga Cybèle na Arutemi vyasubiriwe n’ivy’ukwambaza Mariya bita ngo ni nyina w’Imana. Nk’uko ca gitabu kibivuga, “Ivy’ukwambaza Mariya muri Efeso . . . gushika n’ubu biracari umugenzo ugirwa, akaba ata wushobora kubisigura adafatiye ku vy’ugusenga Arutemi”.

Biri mu vyibagiranywe

Ivy’ugusenga Arutemi aho bimariye gutituka, haciye haza ugutemba kwa Efeso. Vya nyamugigima, malariya, be n’ibisenyisenyi vyagiye birirundanya buhorobuhoro ku kivuko, vyatumye ubuzima muri ico gisagara burushiriza kugora.

Mu kinjana c’indwi G.C., isilamu yari yaratanguye gukwiragira cane. Isilamu ntiyagarukirije gusa ku guhuriza hamwe imiryango y’Abarabu ku vyiyumviro vy’iryo dini. Amato y’Abarabu yarasahuye Efeso mu kinjana c’indwi no mu c’umunani G.C. Iherezo rya Efeso ryemejwe rimwe rizima aho ikivuko caho cose cuzuriyeko ibisenyisenyi maze ico gisagara gicika ikigunguzi c’umusaka. Ku vyerekeye ico cahoze ari igisagara c’akaroruhore, agace gatoyi gusa kabamwo abantu ari ko Aya Soluk (ubu kakaba kitwa Selçuk) ni ko kasigaye.

Tugendagende mu bisigarira vya Efeso

Kugira ngo umuntu atahure ubwiza bw’igisagara ca Efeso ca kera, yoshobora kugendera ibisigarira vyaco. Uhereye kw’iyinjiriro rya ruguru ukagenda, uca wibonera ibarabara riteye igomwe ryitiriwe Curetes kumanuka gushika ku bubiko bw’ibitabu bwitiriwe Celse. Iburyo bw’iryo barabara, uca uryoherwa no kubona inyubakwa ntoya y’ibikino (yitwa Odeum) yubatswe mu kinjana ca kabiri G.C. Yashobora kwakira abantu 1.500. Ishobora kuba itagirirwamwo amanama vyonyene, mugabo kandi ishobora kuba yaranakoreshwa ku bw’ibikino abantu baja kurorera. Iryo barabara ryitiriwe Curetes rikikijwe ku mpande zompi n’ibintu bagiye barubaka, nk’akarorero ikibanza c’ihuriro ca Leta bagiriramwo ibiganiro vyerekeye igihugu, urusengero rwa Hadrien, amariba amwamwe y’abanyagihugu be n’amazu ari ahantu hakirurutse yabamwo abantu bakomakomeye b’i Efeso.

Ntiwobura kujorezwa n’ubwiza bwa bwa bubiko bw’ibitabu bw’agahore bwitiriwe Celse bwubatswe mu kinjana ca kabiri G.C. Imizingo yabwo itari mike yabitswe mu binogo bikorogoshowe mu mpome z’icumba kinini co gusomeramwo. Ibishushanyo bine vyari biherereye ku ruhande ruteye igomwe rw’amaja imbere rw’iyo nyubakwa, vyěrekana kamere abandi badafise umukozi w’igihugu w’Umuroma ari hejuru y’abandi vyitegwa ko yaba afise, nk’akarorero uwitwa Celse. Ivyo bishusho vyari: Sophia (ubwenge), Arete (ikibereye), Énnoïa (ubwira), na Episteme (ubumenyi canke ugutahura). Ibishusho vyo mu ntango ushobora kubisanga mw’iratiro ry’utwa kera tw’i Efeso riri i Vienne. Ku ruhande rubangikanye n’urubaraza rw’imbere rw’ubwo bubiko bw’ibitabu hariho urugi amahero rukujana ku kibanza c’ihuriro citwa Tetragonos, kikaba cari ikibanza c’isoko. Kuri ico kibanza amahero cari gikikujwe n’utuyira two kwisamarizamwo, abantu ni ho bakorera imirimo yabo ya misi yose ijanye n’urudandaza.

Ubukurikira, uca ushika kw’Ibarabara ry’amabuye ya marimari rishikana ku nyubakwa nini y’ibikino. Aho bamariye kwagura iyo nyubakwa y’ibikino ubwa nyuma mu gihe c’inganji y’Uburoma, yari isigaye ifise ibibanza vy’abarorerezi nka 25.000. Uruhande rwayo rw’imbere rwari rusharijwe n’inkingi, amashusho adundaritse ku mpome, be n’ibishushanyo, mu buryo bw’agatangaza burenze. Urashobora guca usa n’uwubona neza mu bwenge wa mugumuko ukomeye Demetiriyo wa mucuzi w’ifeza yavyura mu masinzi y’abantu yari ahakoraniye.

Ibarabara riva ku nyubakwa nini y’ibikino rigashika ku kivuko c’ico gisagara ni agahore ntiworaba. Rireha n’imetero nka 500, rikagira ubwaguke bw’imetero nka 11, rikaba risharijwe n’inkingi zigenda zirikikiza impande zompi. Ikibanza co kwinonoreramwo imitsi ca ya nyubakwa y’ibikino be n’ikibanza co kwinonoreramwo imitsi c’ikivuko, vyompi bikaba vyari bigenewe imyimenyerezo y’umubiri, na vyo nyene vyari vyubatswe kuri iryo barabara. Irembo rinini cane rya ca kivuko ryari riri ku mpera y’iryo barabara ni ryo rembo ryasohoka hanze, aha rero tukaba turangije rwa rugendo rwacu rugufi rwo kwihweza ibisigarira vy’ibintu vyo mw’isi vy’akaroruhore kuruta ibindi vyubatswe kera. Iratiro ry’utwa kera tw’i Efeso riri i Vienne ririmwo ishusho ibajwe mu giti yerekana ico gisagara kinini ca kera, rikabamwo n’ivyibutso indiri.

Umuntu atembereye muri nya ratiro ry’utwa kera maze akabona igishusho ca Arutemi y’i Efeso, ntiyobura guca yiyumvira ukwihangana abakirisu bo mu ntango b’i Efeso bagize. Babwirijwe kuba mu gisagara cari caradwibiye mu vy’ubupfumu kandi cari carahumwe amaso n’ukwinubana gufatiye ku vy’idini. Ubutumwa bw’Ubwami bwararwanijwe bikomeye n’abasenga Arutemi (Ivyakozwe 19:19; Abanyefeso 6:12; Ivyahishuriwe 2:1-3). Ugusenga kw’ukuri kwarashinze imizi aho hantu haterekwa ugusenga kw’ukuri. Ukwo gusenga Imana y’ukuri kuzosubira kwiganze idini ry’ikinyoma ryo mu gihe cacu niryavaho nka kumwe ugusenga Arutemi kwa kera kwavaho.—Ivyahishuriwe 18:4-8.

[Ikarata/Ifoto ku rup. 26]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

MAKEDONIYA

Ikiyaga Cirabura

AZIYA NTOYA

Efeso

Ikiyaga Mediterane

MISIRI

[Ifoto ku rup. 27]

Ibisigarira vy’urusengero rwa Arutemi

[Amafoto ku rup. 28, 29]

1. Ububiko bw’ibitabu bwitiriwe Celse

2. Igishusho ca Arete ukirabiye hafi

3. Ibarabara ry’amabuye ya marimari rija ku nyubakwa nini y’ibikino

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika