Woba uvyibuka?
Woba warinovoye ugusoma inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Raba rero nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:
• Umukirisu yokora iki mu gihe yumvise arushe mu mutima no mu buryo bw’impwemu?
Turakeneye kubanza kumenya ibintu bituma turuha. Gusuzuma urutonde rw’ivyo tumenyereye gukora be n’urutonde rw’ivyo dutunze maze tugakuraho imitwaro yose idakenewe, birashobora kudufasha. Turashobora kwishingira amahangiro dushobora gushikako, ahuje n’uko ivyacu vyifashe. Kubungabunga amagara yacu yo mu vy’impwemu birahambaye kandi bikwiye kuba birimwo ugutura amasengesho ubudasiba no kuzirikana ubudahorereza.—15/8, urupapuro rwa 23-26.
• Ni kubera iki Ivyabona vya Yehova bafata igitigiri 144.000 uko kiri?
Intumwa Yohani amaze kubwirwa ivyerekeye abo bantu 144.000 yaciye abona “ishengero ryinshi, ata woshobora kuriharūra” (Ivyahishuriwe 7:4, 9, ni twe dushimitse.). Hamwe igitigiri 144.000 coba ari ic’ikigereranyo, ukwo guhushanya ibintu kwotakaza inguvu. Yezu yerekeje ku bazofatanya na we kuganza mu kubita “ubusho buto” (Luka 12:32, ni twe dushimitse.).—1/9, urupapuro rwa 30.
• Ni kubera iki Umwisirayeli yashobora kugurisha ku munyamahanga igikoko capfuye kidakerewe?
Umunyamahanga canke inyambukira ataba yarahindukiriye ugusenga kw’Abisirayeli ntiyagengwa n’Ivyagezwe. Ku bw’ivyo, Umwisirayeli yari arekuriwe kumuha ibikoko nk’ivyo canke kubimugurishako (Gusubira mu vyagezwe 14:21). Mugabo uwaba yarahindukiriye ugusenga kwabo we yaragengwa n’Ivyagezwe, gutyo akaba atoriye inyama y’igikoko canke y’igitungwa kitakuwemwo amaraso (Abalewi 17:10).—15/9, urupapuro rwa 26.
• Abahinga bigiye iki ku kuntu ibintu vyo mu bidukikije bihinguye kandi ni kubera iki abakirisu borondera kubimenya?
Nk’akarorero, abavukana basangiye izina ari ryo Wright barahinguye indege inyuma y’aho bamariye kwihweza inyoni nininini ziriko ziraguruka. Ukwigana ibisanzwe biriho mu bidukikije birashobora kuvyurira umukirisu umutima wo kuninahaza Umuremyi.—1/10, urupapuro rwa 9.
• Ni nde avugwa mu 2 Ab’i Korinto 12:2-4 ko yajanywe muri paradizo?
Ayo majambo akurikira ubwo nyene imirongo ivuga ingene Paulo yaburaniye ukuba intumwa kwiwe. Kubera yuko Bibiliya ata wundi muntu n’umwe ivuga yashikiwe n’ibintu nk’ivyo, kandi Paulo akaba ari we atubwira ivyo bintu, birashoboka yuko Paulo ari we yeretswe ivyo bintu.—15/10, urupapuro rwa 8.
• Ni kamere zimwezimwe izihe Yezu afise zituma aba Indongozi ikwije ibisabwa yacaguwe n’Imana?
Yezu yagumye ari intadohoka bimwe bitagira agahaze. Yari umuntu azira ubugunge kandi agororotse. Yari yariyeguriye Imana ata co yisigarije. Yezu yaritwararika abantu bimwe bivuye ku mutima akongera akemera gukora n’umutima ukunze.—1/11, urupapuro rwa 6-7.
• Amadayimoni azoba ari hehe mu gihe ca ya myaka igihumbi?
Birumvikana yuko mu gihe ca ya Ngoma ya Kirisitu y’imyaka igihumbi ayo madayimoni azotererwa i kuzimu hamwe na Shetani (Ivyahishuriwe 20:1-3). Mw’Itanguriro 3:15 harabuye ibijanye n’ugukomeretsa umutwe w’inzoka, ivyo bikaba birimwo ugupfungira Shetani i kuzimu mu gihe ca ya myaka igihumbi. Mu ruvyaro rwiwe harimwo n’abamarayika babi, ari bo madayimoni. Kubona amadayimoni yaragize ubwoba bwinshi bwo gutererwa i kuzimu, vyerekana ko azi ivy’ukwo gupfungwa kwayo kwimirije (Luka 8:31).—15/11, urupapuro rwa 30-31.
• Ni kubera iki umuntu akwiye kwiyubara ku bijanye n’ukunywa inzoga, naho nyene yokwirinda kunywa gushika aho umuravye yoboneka ko aborewe?
Abantu bamwebamwe usanga iyo baborewe vyibonekeza gahoro, n’iyo boba bamaze kwitereramwo uducupa nka tungahe. Ariko rero, buhorobuhoro umuntu yoshobora kwizizirwa n’inzoga maze agacika ‘uwanohowe umutima na vino nyinshi’ (Tito 2:3). Yezu yaratugabishije ngo “[ntitu]remērwe no kudandahirwa no kuborerwa” (Luka 21:34, 35). Si ngombwa ngo umuntu arinde kuborerwa kugira abe ari ho atura ingiga canke ngo abe ari ho abura intege mu mubiri no mu vy’impwemu.—1/12, urupapuro rwa 19-21.