Inkuru y’ubuzima
Twarafashe ingingo ntabanduka yo gushigikira ubutegetsi bw’imana
NK’UKO VYAVUZWE NA MICHAL ŽOBRÁK
Aho mariye ukwezi mpfungiwe mu gasho ka jenyene, barankweze banjana ku wusambisha abanyororo. Hataraca n’akanya, yaciye ashangashirwa maze akankama ati: “Mwa batasi mwe! Abatasi b’Abanyamerika!”. None ni igiki catumye ashangashirwa gushika iyo hose? Yari ahejeje kumbaza idini ndimwo, nkaba nari namwishuye nti: “Ndi Icabona ca Yehova”.
HARACIYE imyaka irenga 50 ivyo bibaye. Ico gihe, igihugu nabamwo catwarwa n’Abakomunisita. Ariko rero, igihe kirekire imbere y’aho, igikorwa cacu ca gikirisu co kwigisha cari cararwanijwe bimwe bikomeye.
Tubabazwa n’inkurikizi z’intambara
Igihe Intambara ya Mbere y’isi yose yatangura mu 1914, nari mfise imyaka umunani. Ico gihe, akagari twabamwo ari ko Zálužice, katwarwa n’intwaro ya cami y’Inganji nganzabami ya Ositarariya ifatanije na Hongiriya. Iyo ntambara ntiyadurumbanije gusa ivyo kw’isi, ariko kandi yanatumye biba ngombwa ko mva mu bwana bukwi na bukwi. Dawe, uwari umusoda, yapfuye mu mwaka wa mbere nyene w’iyo ntambara. Ivyo vyatumye twe na mawe hamwe na bashikanje batoyi babiri dusigara mu bukene butagira uko bwovugwa. Kubera ko ari jewe mwana w’umuhungu nkuze nari mu rugo, nakangutse nsanga nikoreye amabanga menshi ku gatongo kacu gatoyi be n’i muhira. Kuva mu bwana narakunda ivy’Imana cane. Umumenyeshamana umwe wa Ekeleziya yacu yatunganijwe bushasha (Abakaluvinisite) yaranansaba kumusubirira maze nkigisha abanyeshure twigana igihe yaba yasivye.
Mu 1918 ya Ntambara ya Mbere y’isi yose yararangiye, tubona kwiruhutsa. Ya nganji nganzabami ya Ositarariya ifatanije na Hongiriya yari yatembagajwe, maze ducika abanyagihugu ba Repubulika ya Cekosolovakiya. Bidatevye, abantu benshi bo mu karere iwacu bari baragiye kuba muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, baratashe. Muri bo harimwo n’uwitwa Michal Petrík, uno akaba yaje mu kagari iwacu mu 1922. Igihe yagendera umuryango umwe waba mu kibano iwacu, twe na mawe natwe nyene twaratumiwe.
Ubutegetsi bw’Imana bucika ubutari umugani kuri twebwe
Michal yari umutohoji wa Bibiliya, nk’uko Ivyabona vya Yehova bitwa ico gihe, akaba yaravuze ivyerekeye ibibazo bihambaye vyo muri Bibiliya vyanshimishije cane. Icari gihambaye kuruta muri ivyo, cari umuzo w’Ubwami bwa Yehova (Daniyeli 2:44). Igihe yavuga yuko ku musi w’iyinga hari kuba ikoraniro rya gikirisu mu kagari kitwa Záhor, narafashe ingingo yo kuzojayo. Navyutse isaha cumi zo mu gaturuturu maze ngira urugendo rw’ibilometero nk’umunani nja aho muvyaranje yaba gutira ikinga. Maze guhoma ipine ryari ryatobotse, naragize urundi rugendo rw’ibilometero 24 nshika i Záhor. Sinarinzi aho iryo koraniro ryari kubera, ari co gituma naciye ntangura kugenda buhorobuhoro muri rimwe mu mabarabara yaho. Haciye akanya narumvise ururirimbo rw’Ubwami rwariko ruririmbirwa mu nzu imwe mu zari ngaho. Umutima wanje waciye usimbasimbishwa n’akanyamuneza. Narinjiye muri nya nzu maze ndasigura ikinzanye. Narahawe ikaze muri urwo rugo kugira ngo twitange umusase, ivyo biheze banjana kw’ikoraniro. Naho nategerezwa kwongera kugira urugendo rw’ibilometero nka 32, hamwehamwe ndi kw’ikinga ahandi nkarugira n’amaguru kugira ngo nsubire i muhira, sinigeze nduha na gato.—Yesaya 40:31.
Narashimishijwe n’insobanuro zitomoye kandi zishingiye kuri Bibiliya zatangwa n’Ivyabona vya Yehova. Icizigiro co kuzogira ubuzima butagira agahaze kandi bushimishije mu gihe c’ubutegetsi bw’Imana caranshitse ku mutima (Zaburi 104:28). Twe na mawe twarafashe ingingo yo gushikiriza ikete ryo kuvavanura n’idini twarimwo. Ivyo vyabaye nk’ibivyura uruhagarara mu kagari twabamwo. Abantu bamwebamwe mbere bamaze igihe no kutuvugisha batatuvugisha. Ariko rero, bihoye ubusa kubera ko twifatanya mu buryo bwiza n’Ivyabona benshi bo mu karere twabamwo (Matayo 5:11, 12). Hatanaciye igihe kirekire, narabatijwe mu Ruzi Uh.
Ubusuku buba bwo buryo bwacu bwo kubaho
Twarakoresha akaryo kose kabonetse kugira twamamaze ivyerekeye Ubwami bwa Yehova (Matayo 24:14). Ahanini twibanda ku masekeza yo gushinga intahe atunganijwe neza yo ku misi ya gatandatu. Mu bisanzwe, ico gihe abantu bavyuka hakiri kare, ari co gituma twatangura kwamamaza hakiri kare cane. Umusi witereye, haraba ikoraniro ry’icese. Abigisha ba Bibiliya ahanini bashikiriza ibiganiro ata ho baja barasoma. Baritwararika igitigiri c’abantu bashimishijwe, kahise kabo mu vy’idini, be n’ibibazo vyaba bibaraje ishinga.
Ukuri kwa Bibiliya twamamaza kwaruguruye amaso y’abantu benshi b’umutima nziraburyarya. Haciye igihe gito mbatijwe, narakoreye mu kagari kitwa Trhovište. Igihe nari ku nzu imwe, naraganiriye n’umugore umwe w’umutima mwiza cane kandi w’umugwaneza yitwa Zuzana Moskal. We n’umuryango wiwe bari mw’idini ry’abakaluvinisite, rimwe nahoramwo. Naho yari amenyereye Bibiliya, yari afise ibibazo vyinshi bijanye na Bibiliya yari yaraburiye inyishu. Twaraganiriye mu kiringo c’isaha, kandi ndamuha igitabu kivuga ngo La Harpe de Dieua.
Umuryango wa Moskal waciye ubwo nyene uza urasoma igitabu Harpe mu biringo wama ugira vyo gusoma Bibiliya. Hari n’iyindi miryango yo muri ako kagari yagaragaje ugushimishwa maze ica itangura kwitaba amakoraniro yacu. Umumenyeshamana wabo w’umukaluvinisite yarabagabishije ko bakwiye kutwirinda bakirinda n’ibitabu vyacu. Bamwebamwe mu bari bashimishijwe, bagiriye inama nya mumenyeshamana yuko yoza ku makoraniro yacu maze agahinyuza inyigisho zacu mu kiganiro cogirwa bene umurango babona.
Nya mumenyeshamana yaraje, mugabo ntiyashoboye gushikiriza iciyumviro na kimwe co muri Bibiliya kugira ngo ashigikire inyigisho ziwe. Kugira ngo yiteturure, yavuze ati: “Ntidushobora kwemera ikintu cose kivugwa muri Bibiliya. Yanditswe n’abantu, kandi ibibazo bijanye n’ivy’Imana bishobora gusigurwa mu buryo butandukanye”. Ico kintu catumye haba ihinduka kuri benshi. Bamwebamwe baciye babwira nya mumenyeshamana yuko nimba atemera Bibiliya, batokwigeze basubira kuza kwumviriza insiguro ziwe. Gutyo, baravavanuye n’idini ry’abakaluvinisite, kandi abantu bo muri ako kagari bashika nka 30 barashigikiye bashikamye ukuri kwa Bibiliya.
Kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami vyaracitse bwo buryo bwacu bwo kubaho, ari co gituma igihe nariko ndondera uwo twokwubakana, namurondeye mu muryango ukomeye mu vy’impwemu. Umwe mu bo twakorana mu busuku yari uwitwa Ján Petruška, akaba yari yamenye ukuri muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Umukobwa wiwe Mária yarantangaza biciye ku kuntu yari umuntu yama yiteguriye gushinga intahe ku bantu bose, nk’uko se wiwe yari ameze. Mu 1936 twarubakanye, Mária akaba yabaye umugenzi wanje w’intahemuka mu kiringo c’imyaka 50, gushika ku rupfu rwiwe rwashitse mu 1986. Mu 1938, umwana wacu w’ikinege Eduard yaravutse. Mugabo muri ico gihe, mu Buraya hariko haramota iyindi ntambara. None yari kugira ico ikoze gute ku gikorwa cacu?
Ukutagira aho duhengamiye kwacu bwa bakirisu kugeragezwa
Igihe Intambara ya Kabiri y’isi yose yatangura, igihugu ca Solovakiya, kino kikaba kitari kigifatanye na Repubulika y’Abaceke, caganzwa n’Abanazi. Yamara, nta ngingo yo mu vy’intwaro itomoye yafashwe yavuga ko Ivyabona vya Yehova atari ishirahamwe. Ego ni ko, twabwirizwa gukorera mu kinyegero, ibitabu vyacu na vyo bigasuzumwa. Ariko rero, ico nticabujije ko tubandanya ibikorwa vyacu tubigiranye ubwenge.—Matayo 10:16.
Aho intambara imariye gushuha, narashizwe mu gisoda ku nguvu, naho nari mfise imyaka y’amavuko irenga 35. Bitumwe n’ukutagira aho mpengamiye bwa mukirisu, naranse kugira uruhara mu ntambara (Yesaya 2:2-4). Igishimishije, imbere y’uko abategetsi bafata ingingo y’ico bonkoza, abantu bose twari mu myaka imwe bararekuwe.
Twaratahura yuko vyari bigoye rwose ku bavukanyi bacu bo mu bisagara kwironsa ikibatunga kuruta uko vyari biri kuri twebwe twaba mu turere two hagati mu gihugu. Twashaka gusabikanya na bo ivyo twari dufise (2 Ab’i Korinto 8:14). Kubera ico, twarafata imfungurwa nyinshi twashobora gutwara, tukagira urugendo rw’ibilometero birenga 500 muri ico gihugu, gushika mu gisagara ca Bratislava. Ubucuti bukomeye be n’urukundo rwa gikirisu twatsimbataje hagati yacu mu myaka y’intambara, vyaradushigikiye mu myaka igoye yari imbere.
Turonka indemesho dukeneye
Inyuma y’Intambara ya Kabiri y’isi yose, igihugu ca Solovakiya carongeye kuba igihimba ca Cekosolovakiya. Kuva mu 1946 gushika mu 1948, amahwaniro y’Ivyabona vya Yehova yahuza igihugu cose yaragirwa i Brno canke i Prague. Twaragira urugendo tuvuye mu Buseruko bwa Solovakiya turi muri amagariyamoshi adasanzwe yaba yateguriwe abaserukiye abandi kuri ayo mahwaniro. Ayo magariyamoshi woshoboye kuyita amagariyamoshi aririmba, kubera ko twagenda turirimba inzira yose.—Ivyakozwe 16:25.
Ndibuka canecane ihwaniro ryabaye mu 1947 i Brno, ahari haje abacungezi bakirisu batatu bavuye ku biro bikuru, dushizemwo n’umuvukanyi Nathan H. Knorr. Kugira ngo dutangaze insiguro y’icese yari igiye gushikirizwa, benshi muri twebwe baragendagenda mu gisagara bambaye ivyandiko, kimwe imbere ikindi mu mugongo, biriko umutwe-shimikiro. Umuhungu wacu Eduard, ico gihe akaba yari afise imyaka icenda gusa, yarababajwe cane n’uko wewe batari bamuhaye ivyo vyandiko. Abavukanyi rero baciye bahingura ivyandiko bitobito, iciwe be n’ivy’abandi bana benshi. Uwo mugwi w’abana wararanguye igikorwa ciza co gutangaza iyo nsiguro!
Muri Ruhuhuma 1948 Abakomunisita baragiye ku butegetsi. Twari tuzi ko hasigaye igihe gito ngo leta ifate ingingo yo kubuza igikorwa cacu. Twaragize ihwaniro i Prague muri Nyakanga 1948, kandi umutima wari mu kirere kuko twari twiteze ko n’amakoraniro yacu yo ku mugaragaro na yo nyene abuzwa, ico gihe hakaba hari haciye imyaka itatu gusa turonse umwidegemvyo wo guteranira hamwe. Imbere y’uko tuva kuri iryo hwaniro, twarafashe umwiyemezo, amwe mu majambo yari awugize akaba yavuga ati: “Twebwe Ivyabona vya Yehova dukoraniye hamwe . . . , twiyemeje kurushiriza kwongereza iki gikorwa cahezagiwe, kandi biciye ku buntu tutabereye bw’Umukama, twiyemeje gushishikara ico gikorwa mu mahirwe no mu magorwa, tukaba kandi twiyemeje gutangaza injili yerekeye ubwami bw’Imana twivuye inyuma kuruta uko twahora”.
Ngo turi “abansi b’igihugu”
Amezi abiri gusa inyuma ya rya hwaniro ryagirirwa i Prague, igipolisi gikorera mu kinyegero caragavye igitero ku mazu ya Beteli, hafi y’igisagara ca Prague. Baratunyaze izo nyubakwa, baratwara ibitabu ivyo ari vyo vyose bashoboye kuronka, bongera barafata Abanyabeteli bose n’abandi bavukanyi bamwebamwe. Mugabo ntivyagarukiye aho.
Mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya 3 rishira irya 4 Ruhuhuma 1952, abajejwe umutekano barashwaye igihugu maze barafata Ivyabona barenga 100. Nari umwe muri bo. Nk’isaha icenda z’ijoro, abapolisi baravyuye umuryango wanje wose uko ungana. Ata kintu na kimwe bansiguriye, bantegetse kubakurikira. Barambohesheje umunyororo bongera bampfunga igitambara mu maso maze banterera mu gikamyo inyuma, hamwe n’abandi benshi. Naruhukiye mu gasho ka jenyene.
Ukwezi kwose kwarakunkumutse ntaronse umuntu amvugisha. Umuntu umwe rudende nabona yari umurinzi w’ibohero yanterera udufungurwa tungana urwara aducishije mu gatoboro kari mu rugi. Mu nyuma nararengukijwe n’uwujejwe gusambisha abanyororo, umwe navuga mu ntango. Amaze kunyita umutasi, yabandanije ati: “Idini ni ukutamenya. Nta Mana iriho! Ntidushobora kukureka ngo uhende abanyagihugu bacu. Uzomanikwa canke uborere mw’ibohero. Kandi nka hamwe Imana yawe yoza ngaha, na yo nyene twoyikuraho!”.
Kubera ko abategetsi bari bazi yuko ata tegeko ritomoye ryariho ribuza ibikorwa vyacu vya gikirisu, barashatse gusigura mu bundi buryo ibikorwa vyacu kugira ngo bahuze n’amategeko yari ahasanzwe, mu kutwita “abansi b’igihugu” n’abatasi b’abanyamahanga. Kugira ngo ivyo babigire, bari bakeneye gusenyura umwiyemezo wacu maze bagatuma ‘twiyemerera’ ibinyoma batubeshera. Aho mariye gusambishwa muri iryo joro, ntibankundiye kuryama. Haciye amasaha makeyi, narasubiye gusambishwa. Ico gihe hoho uwariko aransambisha yashaka ngo nshire umukono ku rupapuro rwariko amajambo avuga ngo: “Jewe, umwansi wa Cekosolovakiya iharanira demokarasi y’abanyagihugu, sinagiye mw’[irimiro rusangi] kubera ko nari ndindiriye Abanyamerika”. Igihe nanka gushira umukono kuri ico kinyoma, naciye ndungikwa mu gasho bakosoreramwo imbohe.
Barambujije kuryama ku gitanda, kuryama hasi, eka mbere no kwicara. Nemererwa guhagarara gusa canke kugendagenda. Ndushe, naca ndambarara hasi kw’isima. Inyuma y’ivyo, abarinzi b’ibohero baransubije ku biro vy’uwusambisha abanyororo. Yambajije ati: “Ubu ho ngira ngo urasinya?”. Nsubiye kwanka, yarankubise mu maso, nca ntangura kuva amaraso. Yaciye amoka abwira abarinzi ati: “Ashaka kwiyica. Nimumushire aho mushobora kumushinga ijisho kugira ngo ntiyiyahure!”. Narasubijwe mu gasho ka jenyene. Mu kiringo c’amezi atandatu, ubwo buhinga bwo gusambisha bwarakoreshejwe incuro nyinshi. Nta ciyumviro na kimwe kijijura canke utwigoro na tumwe two kunyemeza yuko nari umwansi w’igihugu vyigeze bigabanya umwiyemezo wanje wo kuguma ndi intadohoka kuri Yehova.
Hagisigaye ukwezi ngo nje gucirwa urubanza, uwuburanya imbohe yaraje avuye i Prague maze asambisha umwumwe wese mu mugwi twarimwo wari ugizwe n’abavukanyi 12. Yambajije ati: “Wokora iki nka hamwe ba nsumirinda b’i Buraya botera igihugu cacu?”. Namwishuye nti: “Nokora ico nakoze igihe iki gihugu hamwe na Hitler batera Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti. Ico gihe sinarwanye, n’ico gihe nyene sinorwana kubera ko ndi umukirisu nkaba ataho mpengamiye”. Yaciye ambwira ati: “Ntidushobora kwihanganira Ivyabona vya Yehova. Turakeneye abasoda mu gihe ba nsumirinda b’i Buraya bodutera, tukaba kandi dukeneye abasoda kugira ngo tubohoze abanyagihugu bacu b’abakozi bo mu Burengero”.
Kw’igenekerezo rya 24 Mukakaro 1953, twarajanywe aho bumviririza imanza. Uko twari 12, umwe aza arakurikirwa n’uwundi, twararengukijwe imbere y’umugwi w’abacamanza. Twaraboneyeho akaryo ko gushinga intahe ku vyerekeye ukwizera kwacu. Tumaze kwiregura ku birego vy’ibinyoma batwagiriza, umucamanza umwe yarahagurutse maze avuga ati: “Ndamaze kuza aha hantu bumviririza imanza incuro nyinshi. Usanga hakunze kuba hari abantu benshi biyemerera icaha, abigaya, eka mbere n’abakorora amosozi. Mugabo aba bantu bava ngaha bakomeye kuruta uko baje bameze”. Mu nyuma, twese uko twari 12 batangaje yuko twagirwa n’icaha co guhemukira igihugu. Nakatiwe umunyororo w’imyaka itatu n’ihadabu yo guha Leta ivyo ntunze vyose.
Imyaka y’ubusaza ntiyampagaritse
Maze gutaha, nari ngipfungishijwe ijisho n’igipolisi gikorera mu kinyegero. Naho ibintu vyari biri ukwo, narasubiye ku bikorwa vyanje vya gitewokarasi ndongera nzezwa ibanga ry’ubucungezi bwo mu vy’Imana mw’ishengero iwacu. Naho twemerewe kuba mu nzu yacu bari baratunyaze, twahavuye tuyisubizwa mu buryo bwemewe n’amategeko haciye imyaka nka 40 yose, inyuma y’ugutemba kw’Ubukomunisita.
Ivyanshikiye bijanye no gupfungwa si vyo vyabaye ivya nyuma mu muryango wanje. Nari maze imyaka itatu gusa i muhira igihe Edouard yajanwa mu gisoda ku nguvu. Bitumwe n’ijwi ryiwe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya, yaranse hanyuma arapfungwa. Haciye imyaka, mbere n’umwuzukuru wanje Peter yarashikiwe n’ico kintu nyene, naho yari afise amagara mabi.
Mu 1989 intwaro y’Abakomunisita muri Cekosolovakiya yaratembagaye. Ese ukuntu nahimbawe igihe nashobora kwamamaza inzu ku nzu, ico gihe hakaba hari haciye imyaka nka 40 igikorwa cacu kibujijwe (Ivyakozwe 20:20)! Igihe cose amagara yaba ankundiye, naragira uruhara muri uwo murimo. Kubera ko ubu mfise imyaka 98, amagara yanje ntameze nk’uko yari ameze kera, mugabo ndanezerezwa n’uko ngishobora kubwira abantu inkuru nziza ijanye n’imihango myiza igitangaza Yehova yatanze ku bwa kazoza.
Ndashobora guharura abatware 12 bo mu bihugu bitanu bitandukanye batwaye igisagara canje c’amavukiro. Muri abo batware harimwo abatwaza igikenye, abaperezida hamwe n’umwami. Nta n’umwe muri bo yigeze atorera umuti uramba amabi yadugarika abantu mu gihe c’ubutegetsi bwabo (Zaburi 146:3, 4). Ndashimira Yehova kubona yaratumye ndamumenya kuva nkiri muto. Gutyo, narashoboye gutahura umuti azotorera ingorane biciye ku Bwami burongowe na Mesiya, nongera ndirinda kugira ubuzima ata co buvuze bwo kubaho ntanezwe ivy’Imana. Maze imyaka irenga 75 namamaza n’umwete inkuru nziza iruta izindi zose, kandi iyo nkuru yatumye ngira intumbero mu buzima, ndashira akanyota, nongera ndaronka icizigiro ciza igitangaza co kuzobaho ibihe bidahera mw’isi izoba yahindutse iparadizo. Mbega ikindi nosaba wumva ari igikib?
[Utujambo tw’epfo]
a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova ariko ubu ntikigicapurwa.
b Ikibabaje, amagara yahavuye yankira umuvukanyi Michal Žobrák. Yapfuye ari intahemuka, afise icizigiro c’izuka, igihe iki kiganiro cariko kirategurwa kugira ngo gisohorwe.
[Ifoto ku rup. 26]
Inyuma gato y’ubugeni bwacu
[Ifoto ku rup. 26]
Aha nari kumwe na Edouard mu ntango z’imyaka ya 1940
[Ifoto ku rup. 27]
Itangazwa ry’ihwaniro i Brno mu 1947