Ehudi ahagarika agacinyizo k’uwabacura bufuni na buhoro
IYI ni inkuru yigana ivyabaye koko vyasavye kugira umutima rugabo n’amayeri. Haraciye imyaka ishika ku 3.000 bibaye. Iyo nkuru yo mu Vyanditswe itangurana n’aya majambo agira ati: “Abisirayeli bongera gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, maz’Uhoraho aha ubushobozi Eguloni umwami w’i Mowabu bgo kurwanya Abisirayeli, kuko bari bakoze ibibi mu nyonga ziwe. Eguloni atabaza Abamoni n’Abamaleki, aja gutera Abisirayeli arabanesha, [ye]gukira ca gisagara co mu bigazi. Nukw Abisirayeli baganzwa na Eguloni umwami w’i Mowabu imyaka cumi n’umunani”.—Abacamanza 3:12-14.
Akarere k’Abanyamowabu kari gaherereye mu Buseruko bw’Uruzi Yorodani n’ubw’Ikiyaga c’Umunyu. Ariko bari barajabutse urwo ruzi maze bigarurira akarere ko mu micungararo ya Yeriko, “ca gisagara co mu bigazi”, bagira Abisirayeli abaja (Gusubira mu vyagezwe 34:3). Eguloni umwami w’i Mowabu, “umuntu yavyibushe [agasenyuka]”, yamaze imyaka yababa mirongo ibiri asaba Abisirayeli ishikanwa ryari umutwaro kuri bo kandi rikabashira hasi (Abacamanza 3:17). Ariko rero, ugusaba ishikanwa kw’uwo yabacinyiza, kwaratanze akaryo ko kumwica.
Iyo nkuru ivuga iti: “Abisirayeli batakambiye Uhoraho, abahagurukiriza uwo kubakiza yitwa Ehudi mwene Gera w’Umubenyamini; yar’ibamfu. Bukeye Abisirayeli bamurungikana ishikanwa ryo gushikanira Eguloni umwami w’i Mowabu” (Abacamanza 3:15). Yehova ategerezwa kuba yaritwararitse ivy’uko Ehudi atorwa ngo abe ari we ashikana iryo shikanwa. Nta na hamwe havuga nimba yari yarigeze gukora ico gikorwa. Ariko rero, uburyo Ehudi yiteguriye yitonze uwo mubonano be n’amayeri yakoresheje, birerekana ko hari ukuntu ashobora kuba yari azi ikirimba ca Eguloni n’ivyo yokwitega ko vyomushikira ari aho hantu. Muri ivyo vyose, ukuba yari ibamfu vyari bihambaye.
Yoba yari umugabo w’ikimuga canke w’umurwanyi?
Urudome ku rundi, imvugo ‘kuba ibamfu’ isobanura kugira ‘ukuboko kw’iburyo kwugaye, kumugaye canke kuboshwe’. None ivyo vyoba bisobanura yuko Ehudi yari amugaye, kumbure ukuboko kwiwe kw’iburyo kukaba kwari kunyunyutse? Rimbura ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye ba “bantu b’intorwa amajana ndwi” bari ibamfu bo mu muryango wa Benyamini. Mu Bacamanza 20:16 havuga hati: “Umwe-umwe muri bo yashobora guteresha ibuye umugozi ntāhushe, n’iyo koba agashatsi kamwe”. Biboneka ko bari batoranijwe kubera ubuhanga bwabo mu rugamba. Nk’uko incabwenge zimwezimwe mu vya Bibiliya zibivuga, ‘kuba ibamfu’ bisobanura umuntu “yabangukirwa no gukoresha ukuboko kw’ibubamfu nk’uko akoresha ukw’iburyo”.—Abacamanza 3:15.
Nkako, umuryango wa Benyamini wari rurangiranwa kubera abagabo b’ibamfu bawukomokamwo. Mu 1 Ngoma 12:1, 2 havuga ivyerekeye ba ‘bahizi [bo mu Babenyamini] batabara mu ntambara; bakaba bari abanyamiheto, kandi mu kurasa canke mu guteresha ibuye umugozi, bapfa ukwo bakoresheje, ari ukuryo canke ukubamfu’. Igitabu kimwe kivuga yuko abantu batuma abana bagira ubwo bubangukirwe “mu kubaboha amaboko y’i buryo, ari co gituma vyavugwa ko ‘ukuboko kwabo kw’i buryo kuboshwe’, gutyo bakaba baba bariko barabamenyereza kubangukirwa no gukoresha ibamfu”. Abansi ba Isirayeli mu bisanzwe bamenyerezwa gutana mu mitwe n’abarwanyi bakoresha ukuryo. Ku bw’ivyo, igihe umwansi atanye mu mitwe n’umusirikare akoresha ibamfu atari avyiteze, imyimenyerezo aba yaragize yarashobora kuba impfagusa.
“Ijambo ry’ibanga” ryo kubwira Umwami
Ikintu ca mbere Ehudi yategerezwa gukora kwari ‘ukwicurishiriza intambi’ ifise ubugi impande zompi kandi ikaba ngufi ku buryo yashobora kuyinyegeza mu kuyambarirako. Ashobora kuba yitega ko bomusatse. Mu bisanzwe inkota bazambara ibubamfu, aho abakoresha ukuryo vyaborohera kuzisokorora. Kubera ko Ehudi yari ibamfu, yambaye ikirwanisho ciwe “kw itako ry’i buryo, a[k]irenzakw impuzu ziwe”, kuri iryo tako akaba ari ahantu kumbure abarinzi b’umwami batosatse. Ku bw’ivyo, ata wumutangiriye “aragenda, ashikanira Eguloni umwami w’i Mowabu iryo shikanwa”.—Abacamanza 3:16, 17.
Ntituzi ido n’ido ry’ingene ibintu vyagenze Ehudi agishika ku kirimba kwa Eguloni. Bibiliya yivugira gusa iti: “Ehudi ahejeje kwākīrirwa iryo shikanwa, arungika abantu baje baryikoreye” (Abacamanza 3:18). Ehudi yarashikanye iryo shikanwa hanyuma aca aherekeza abaje baryikoreye kuva ku kirimba kwa Eguloni gushika aho badashobora kugira ico baba, maze amaze kubarungika aca asubira ku kirimba. Kubera iki? Yoba yazananye n’abo bantu kugira bamukingire, kugira babe gusa ingendanyi ziwe canke kugira babe gusa abikorezi b’iryo shikanwa? Ikindi na co, imbere y’uko ashira mu ngiro umugambi wiwe, yoba yashatse ko bava aho hantu kugira ntibahave bahagirira isanganya? Ehudi yaba yari afise mu muzirikanyi iki canke kiriya, yaragarutse ari wenyene abigiranye umutima rugabo.
“[Ehudi] ashitse i Pesilimu hafi y’i Gilugali, arakimirana; arashika abgira umwami, ati Bgirukiro, mfise ijambo ry’ibanga nsaba kukubgira”. Ivyanditswe ntibisigura ingene yabigenjeje kugira ngo yemererwe gusubira kurenguka imbere ya Eguloni. Mbega none, abarinzi ntibari bakwiye kugira amakenga? Boba biyumviriye yuko Umwisirayeli umwe ata ngorane yoteza umukama wabo? Kuba Ehudi yagarutse ari wenyene vyoba vyatanze iciyumviro c’uko yahemukiye benewabo? Uko biri kwose, Ehudi yarasavye kubonana n’umwami mu mwiherero kandi vyarakunze.—Abacamanza 3:19.
Iyo nkuru yahumetswe ibandanya iti: “Ehudi aramwēgēra [Eguloni] aho yar’avyagiye ari wenyene, mu cumba co gusama akayaga co hejuru y’inzu; Ehudi aramubgira, ati Ngufitiye ijambo ntumwe n’Imana”. Ehudi ntiyashaka kuvuga ubutumwa bwo ku munwa buvuye ku Mana. Ico Ehudi yari afise mu muzirikanyi, kwari ugukoresha inkota yiwe. Kumbure umwami yiteganye umushasharo kwumva ubutumwa kanaka buvuye ku mana yiwe Kemoshi, “ahaguruka ku ntebe yiwe”. Ehudi asokorora buravyo inkota yiwe maze ayisogota Eguloni mu nda. Biboneka ko iyo ntambi itari ifise ikare. Ku bw’ivyo, “iyo ntambi ijana n’ikirindi na co, ibinure biyirenga hejuru, . . . [“umwanda mukuru utangura gusohoka”, NW]” kumbure uzananye mu ruguma canke kubera ko Eguloni yiyononyeko atabishaka.—Abacamanza 3:20-22.
Yinyororombera agahunga
Ehudi atiriwe arasokora inkota yiwe, “arasohoka [“aciye mu mwenge wo kwinjiza akayaga, mugabo asize yugaje urupfunguzo imiryango y’ico cumba co hejuru”, NW]. Amaze gusohoka, abantu ba Eguloni baraza, basanga inzugi z’ico cumba zidadiye, bati Ngira ngw ari kwihagarika mu kazu ko mur’ico cumba co gusama akayaga”.—Abacamanza 3:23, 24.
Uwo “mwenge wo kwinjiza akayaga” Ehudi yaciyemwo mu gusohoka wari uwuhe? Igitabu kimwe kivuga yuko “insobanuro nyakuri [y’iryo jambo mu giheburayo] itazwi”, mugabo “hari ivyiyumviro vyavuze ko ryoba risobanura ‘inkingi’ canke ‘akayira kinjira mu cumba’”. Ehudi yoba yugariye imbere izo inzugi hanyuma agasohokana ahandi hantu? Canke yoba yugariye inyuma izo nzugi akoresheje urupfunguzo akuye ku kiziga c’uwo mwami? Yoba yaciye agenda yijandajandira akarengana abarinzi nk’aho ata cabaye? Ivyanditswe nta co bibivugako. Ariko rero, uko Ehudi yoba yarabigenjeje kwose, aho abasuku b’umwami basangiye inzugi zidadiye ntibashotse babica n’ikanda. Bibajije gusa ko umwami ‘yariko arihagarika’.
Abasuku b’umwami bakiriko barajujuta, Ehudi yarihungiye. Maze yaciye ahamagara benewabo ababwira ati: “Ni munkurikire, kuk’Uhoraho agabuye abansi banyu b’Abanyamowabu mu maboko yanyu”. Mu kwigarurira ivyambu bikurubikuru vyo kuri Yorodani, ingabo za Ehudi zatangiriye Abanyamowabu bari basigaye ari impehe nsa, kugira ngo ntibahungire mu gihugu cabo. Nuko, “ico gihe bica abagabo nk’ibihumbi cumi b’Abanyamowabu, bose b’abahizi b’intōre; ntihārokoka n’uwa kirazira. Nuk’uwo musi Abanyamowabu baneshwa n’Abisirayeli. Igihugu gihabga impore kumara imyaka mirongumunani”.—Abacamanza 3:25-30.
Ivyigwa twohigira
Ivyabaye mu misi ya Ehudi biratwigisha yuko habaho inkurikizi zikomeye igihe dukoze ibibi mu nyonga za Yehova. Ku rundi ruhande, Yehova arafasha abigaya bakamugarukako.
Imigambi ya Ehudi ntiyarangutse bivuye ku bwenge bwiwe canke ku vy’uko umwansi ata buhanga yari afise. Imigambi y’Imana ntiranguka bivuye ku bantu. Ikintu nyamukuru catumye Ehudi yererwa ni uko Imana yamufashe mu mugongo igihe yakora ibintu yisunze igomba ryayo ritananirwa ryo kubohoza abasavyi bayo. Imana yari yahagurukije Ehudi, “kand’uk’Uhoraho ya[ha abasavyi biwe] umucamanza, yaba kumwe n’uwo mucamanza”.—Abacamanza 2:18; 3:15.