Umusi dukwiye kwibuka
KU MUGOROBA buca Yezu Kirisitu apfa, yarahereje intumwa ziwe umukate utambiwe be n’igikombe c’umuvinyu utukura maze abasaba kurya kuri uwo mukate no kunywa kuri uyo muvinyu. Yaciye ababwira ati: “Murakore murtya kugira ngo kibe icibutso canje”.—Luka 22:19.
Muri uyu mwaka, igihe co kwibuka ico kintu cabaye gihurirana no ku w’iyinga igenekerezo rya 4 Ndamukiza 2004, izuba rirenze. Ivyabona vya Yehova kw’isi yose bazohurira hamwe kuri uwo mugoroba kugira ngo bahimbaze uwo musi w’Icibutso mu buryo buhuje n’uko Yezu yabitegetse. Uratumiwe n’igishika cinshi kwifatanya na bo. Turagusavye ubaze Ivyabona vya Yehova b’aho iwanyu igihe neza na neza iryo koraniro ridasanzwe rizoberako n’aho rizobera.