ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 1/2 rup. 23-27
  • Yehova yarangiriye ubuntu-mvarukundo yongera aranyitwararika

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova yarangiriye ubuntu-mvarukundo yongera aranyitwararika
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ndondera ukuri turi muri Ositaraliya
  • Nugururirwa urugi rujana ku duteka
  • Umuhezagiro ntari niteze
  • Duhangana n’ingorane z’amagara
  • Nsubira mu Bwongereza
  • Nararonse ikintu kiruta kuba rurangiranwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Kumenya ikibereye no kugikora
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Yehova yamenyereje kuva nkiri muto
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2026
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 1/2 rup. 23-27

Inkuru y’ubuzima

Yehova yarangiriye ubuntu-mvarukundo yongera aranyitwararika

NK’UKO VYAVUZWE NA FAY KING

Abavyeyi banje bari abantu b’umutima mwiza, mugabo rero cokimwe n’abandi benshi, ntiberekwa na gato ivy’idini. Mawe yakunda kuvuga ngo: “Hategerezwa kuba hariho Imana, ahandi ho ni nde yaremye amashurwe, vyongeye ni nde yaremye ibiti”? Mugabo, aho ni ho ukwiyumvira kwiwe kwagarukira mu vy’idini.

DAWE yapfuye mu 1939 igihe nari mfise imyaka 11, nca mbana na mawe mu gisagara ca Stockport giherereye mu Bumanuko bwa Manchester mu Bwongereza. Imisi yose nama nshaka kumenya vyinshi ku vyerekeye Umuremyi wanje kandi narubaha Bibiliya, naho ata na kimwe nari ndayiziko. Naciye rero mfata ingingo yo kuja mw’idini y’abangilikani kugira ngo ndabe ivyo bigisha.

Ivyagirwa mu gihe co gusenga sinabona ko bifise akamaro, mugabo igihe Injili zasomwa, hari ukuntu amajambo ya Yezu yankuye amazinda yuko Bibiliya itegerezwa kuba ari iy’ukuri. Nsubiye kuvyiyumvira, mbona ko umenga biratangaje kubona ntari bwigere nisomera Bibiliya. Mbere no mu nyuma, igihe umugenzi w’umuryango wacu yangabira “Isezerano Rishasha” rihinduwe mu buryo bwa none, sinigeze mfata akanya ko kurisoma.

Ukwaduka kwa ya ntambara yo muri Koreya mu 1950 kwatumye koko nzirikana. Ayo matati yoba yari gukwiragira nka kumwe kw’Intambara ya Kabiri y’isi yose? Niba yari gukwiragira, noshoboye gute kugamburuka rya tegeko rya Yezu ry’ugukunda abansi banje? Mugabo none, noba nari kwihagararira gusa ndorera abantu bateye igihugu cacu, ntihagire ico nkora kugira ndababuze? Ndamutse ata co nkoze, nobaye ndiko mpunga ibanga njejwe. Naho ico gihe ntabona ico ndi bukore n’ico ndi bureke, nagumye nzi neza yuko inyishu ku bibazo vyose nari mfise zari muri Bibiliya, naho ntari nzi ukuntu nozirondera be n’aho nozironderera.

Ndondera ukuri turi muri Ositaraliya

Mu 1954, twe na mawe twafashe ingingo yo kwimukira muri Ositaraliya, aho mukurwanje Jean yaba. Haciye imyaka mikeyi, Jean yambwiye yuko yari yarasavye Ivyabona vya Yehova ko bongendera kubera ko yari azi yuko nshimishwa na Bibiliya kandi nja mu misa. Yashaka kumenya ico ndabiyumvirako. Yampishutse ati: “Sinzi yuko ivyo basigura ari vyo canke atari vyo. Mugabo n’imiburiburi, barasigura neza kuruta ayandi madini”.

Abangendeye ari bo Bill Schneider n’umugore wiwe Linda, bari abubakanye bahimbawe. Bari hafi gushikana imyaka 70 kandi bari bamaze imyaka myinshi ari Ivyabona. Bahora bakora kw’iradiyo y’Ivyabona vya Yehova mu gisagara ca Adelaide, maze igihe igikorwa co kwamamaza cahagarikwa muri Ositaraliya mu Ntambara ya Kabiri y’isi yose, baciye binjira mu gitigiri c’abamamaji b’igihe cose. Ariko rero, naho Bill na Linda bamfasha, nabandanya kuja gusuzuma ibigirwa mu madini atandukanye.

Hari uwo twakorana yanjanye mu gikorane c’umuvugabutumwa Billy Graham. Ico gikorane kimaze kurangira, bakeyi muri twebwe twaciye tubonana n’umukuru w’idini umwe yadusavye kubaza ibibazo. Naciye mbaza ikibazo cari kikimvuruga umutwe. Nabajije nti: “Umuntu yoshobora gute kuba umukirisu akongera agakunda abansi biwe kandi aja mu ntambara akabica”? Abo twari kumwe bose baciye bavuza uruyogoyogo. Emwe, biboneka yuko ico kibazo cari kibaraje ishinga bose! Mu nyuma, nya mukuru w’idini yavuze ati: “Ico nta nyishu ndagifitiye. Ndacakizirikanako”.

Muri ico gihe nyene, narabandanije kwigana Bibiliya na Bill be na Linda, maze muri Nyakanga 1958 nca ndabatizwa. Naciye nipfuza cane gukurikiza akarorero k’abanyigishije, ari na co gituma mu kwezi kwa Myandagaro kw’umwaka ukurikira naciye mba umutsimvyi asanzwe, ni ukuvuga umwamamaji w’igihe cose. Hashize amezi umunani, naratumiwe kuja mu rutonde rw’abatsimvyi badasanzwe. Urazi ukuntu nanezerejwe n’ukumenya ko mwenewacu Jean na we nyene yari yarateje imbere ukwiga Bibiliya kwiwe maze akaba yari yarabatijwe.

Nugururirwa urugi rujana ku duteka

Nasukurira muri rimwe mu mashengero y’i Sydney kandi nayobora inyigisho za Bibiliya zo ku muhana zitari nke. Umusi umwe, narahuye n’umukuru w’idini y’abangilikani yakukurutse, hanyuma ndamubaza ico iyo dini ivuga ku bijanye n’umuhero w’isi. Naho yambwiye yuko yamaze imyaka 50 yigisha inyigisho z’iyo dini, inyishu yampaye yarantangaje. Yishuye ati: “Bisaba ko mfata umwanya wo kugira ubushakashatsi kuri ico kibazo kubera yuko ntazi Bibiliya nk’Ivyabona vya Yehova”.

Gatoyi inyuma y’ivyo, haratewe akamo k’abokwitanga kuja gukorera muri Pakisitani. Narasavye, ntazi ko abakobwa b’abirebange batarungikwa, harungikwa gusa abasore canke abubakanye. Biboneka yuko ifomu yanje yarungitswe ku cicaro gikuru i Brooklyn kubera yuko bidatevye, naronse ikete rimbwira yuko niba nobishima, hakenewe umuntu yoja gukorera i Bombay (ahitwa ubu Mumbai), mu Buhindi. Aho hari mu 1962. Naremeye kujayo hanyuma mara i Bombay amezi 18 imbere y’uko nimukira i Allahabad.

Bidatevye, naciye nitunira ku kwiga igihindi. Urwo rurimi rwo mu Buhindi usanga ahanini uburyo rwandikwa be n’uburyo ruvugwa bidahindagurika ku buryo bitagoye cane kurumenya neza. Ariko rero, kenshi vyarambabaza igihe abanyamuhana bansavye kuvuga icongereza aho kwirigwa ndigora ngerageza kuvuga ururimi rwabo! Mugabo, muri ico gihugu narakoze ibikorwa bishimishije kandi bikabura, vyongeye narinovoye ukwibera kumwe n’Ivyabona bagenzanje baturuka muri Ositaraliya.

Imbere y’uko mbatizwa, nariyumvira ivy’ukwubaka, mugabo maze kubatizwa, nari mfise vyinshi nkora mu gusukurira Yehova ku buryo ntasubiye kuvyiyumvira. Ariko rero, ico gihe natanguye gusubira kwumva yuko nkeneye umugenzi mu buzima. Mugabo ntiwumve, sinashaka guheba igikebere canje narangurira mu mahanga, ari na co gituma naciye ndabitura Yehova mw’isengesho hanyuma nca ndavyikuramwo.

Umuhezagiro ntari niteze

Edwin Skinner ni we yari ahagarikiye igikorwa co kw’ishami ryo mu Buhindi ico gihe. Yari yasohotse ivyigwa vy’umugwi ugira umunani vya rya Shure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower mu 1946 hamwe n’abandi bavukanyi benshi b’abizerwa, harimwo Harold King na Stanley Jones barungitswe gukorera mu Bushinwaa. Mu 1958, Harold na Stanley babashize umwe wese aha wenyene mu munyororo bahorwa igikorwa cabo c’ukwamamaza barangurira i Shanghai. Igihe Harold yarekurwa mu 1963, Edwin yaramwandikiye. Harold yamwishuye amaze gusubira i Hong-Kong avuye mu ngendo yarimwo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika no mu Bwongereza, amubwira yuko yipfuza kwubaka. Yabwiye Edwin yuko ico kibazo yari yaragishize mw’isengesho igihe yari mw’ibohero, maze abaza Edwin ko yoba azi Icabona yomubera umukenyezi abereye.

Mu Buhindi, usanga kenshi umuntu bamuronderera uwo bazokwubakana. Edwin rero baguma bamusaba ngo abaronderere, mugabo akama yanka. Ikete rya Harold yaciye rero ariha Ruth McKay, umugabo w’uno ari we Homer akaba yari umucungezi w’ingenzi. Amaherezo Ruth yaranyandikiye ambwira yuko hari umumisiyonari yari amaze imyaka myinshi mu kuri yariko arondera umugore, hanyuma ambaza niba noshima kumwandikira. Ntiyambariye uwo muvukanyi uwo ari we canke ngo agire ikindi ambwira ku bimwerekeye.

Nta n’umwe yari azi isengesho natuye nsaba umugenzi kiretse Yehova wenyene, icanjemwo ubwa mbere na co kiba ukwanka ico ciyumviro. Ariko rero, uko nabizirikanako, ni ko nashika ku ciyumviro c’uko ari gake Yehova yishura amasengesho yacu mu buryo twokwiyumvira ko abigira. Naciye nandikira Ruth ndamubwira yuko, kubera ko atari ngombwa ngo nubakane n’uwo muvukanyi, yomusaba agasubira akandika. Ikete rigira kabiri Harold King yanditse yarirungikiye jewe.

Amafoto ya Harold be n’inkuru ivuga ivyiwe, vyari vyarabonetse mu binyamakuru bitandukanye inyuma y’aho aviriye mw’ibohero ryo mu Bushinwa. Ico gihe, yari azwi cane mw’isi nzima, mugabo inkuru y’umurimo wa gitewokarasi uranga ubwizerwe yaranguye ni yo yankoze ku mutima. Twarandikiraniye mu kiringo c’amezi atanu, maze nca nja i Hong-Kong. Twashinze urwacu kw’igenekerezo rya 5 Gitugutu 1965.

Twempi twashaka kwubaka hanyuma tukaguma mu murimo w’igihe cose, kandi kubera ko twariko turiterera mu myaka, umwe wese yumva ko akeneye umugenzi kuruta ikindi kintu ico ari co cose. Nararushirije gukunda Harlod, kandi uko nabona ingene agaragaza umutima mwiza be n’icubahiro mu buryo afata abantu be no mu buryo atorera umuti ingorane zaduka mu bijanye n’umurimo wacu, vyatumye ndamwubaha cane. Mu myaka 27 twamaranye, twaragize umubano uhimbaye cane twongera turaronka n’imihezagiro myinshi ivuye kuri Yehova.

Abashinwa ni abantu b’abanyamwete, kandi ndabakunda cane. I Hong-Kong, bavuga ururimi bita igikantone, kikaba gikomoka ku gishinwa gifise amajwi canke utwatuzo twinshi kurusha ikimandarini, bikaba rero bigoye cane kuciga. Twe na Harold tumaze kwubakana twatanguye kuba mu nzu y’abamisiyonari yari ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova, mu nyuma turakorera mu bikebere vyo mu mihingo itandukanye ya Hong-Kong. Egome, twari duhimbawe rwose, mugabo mu 1976 amagara yanje yaragize ingorane ikomeye.

Duhangana n’ingorane z’amagara

Naramaze amezi makeyi mvirirana maze bituma igitigiri ca twa tugingo ngengabuzima dutukura n’utwera two mu maraso gikoroka bimwe biteye akoba. Nari nkeneye kubagwa, mugabo abaganga bo ku bitaro bambwiye ko batombaga badakoresheje amaraso kubera yuko babigize, nari gushobora gupfa bitewe n’ukubura amaraso. Umusi umwe, igihe abaganga bariko barayaga ivyerekeye ikibazo canje, abaforoma baragerageje kunjijura ngo mpindure ivyiyumviro, bambwira ko ntafise uburenganzira bwo kwiyaka ubuzima. Hari urutonde rw’abantu 12 babagwa uwo musi, 10 muri bo bakaba bari abakoroza inda. Mugabo narabonye ko ata kintu na kimwe bavugishije abo bagore bafise inda ku bijanye n’ukwica abana babo.

Amaherezo, Harold yaranditse ikete rivuga yuko baramutse bambaze hanyuma ngapfa bitogiye ku gatwe k’ibitaro, maze abaganga baremera kumbaga. Narajanywe mw’ibagiro hanyuma nditegurira guterwa umuti wo kunsinziriza. Ariko rero, ku munuta wa nyuma, uwujejwe igikorwa co gusinziriza yaranse kubikora, maze ibitaro bica biransohora.

Twaciye tuja ku muganga yikorera utwiwe araba ivy’abagore. Amaze kubona ko ngeze habi, yaremeye kumbaga ku giciro gitoyi, mu gihe hatogira uwo tubwira ayo yaturihishije. Yarambaze biragenda neza, kandi ntiyigeze antera n’ima ry’amaraso. Twe na Harold twariboneye ubuntu-mvarukundo bwa Yehova n’ingene yatwitwararitse muri ico gihe kitoroshe.

Mu 1992, Harold yararwaye indwara idakira. Twarimukiye ku biro vy’ishami, maze twempi baratwitwararikana urukundo. Umunega wanje nakunda yarangije ubuzima bwiwe bwo kw’isi mu 1993 afise imyaka 81.

Nsubira mu Bwongereza

Narahimbarwa no kuba umwe mu bagize umuryango wa Beteli y’i Hong-Kong, mugabo naguma ndushiriza kugira imbangamyi zo guhangana n’ubushuhe be n’ubusisire vyaho. Haciye haza rero ikete ritari ryitezwe rivuye ku cicaro gikuru c’i Brooklyn, ribaza niba noshima kwimukira kw’ishami ryokworoherwa no kumbungabungira amagara, ndavye ukuntu amagara yanje yifashe. Ku bw’ivyo, mu mwaka wa 2000, narasubiye mu Bwongereza nja kuba mu muryango wa Beteli y’i Londres. Ese ukuntu iyo yabaye intunganyo iranga urukundo! Narakiranywe igishika, kandi ubu ndahimbarwa cane n’ibikorwa bitandukanye mpabwa gukora, aho hakaba harimwo ukubungabunga ububiko bw’ibitabu vy’umuryango wa Beteli burimwo ibitabu 2.000.

Ndifatanya kandi n’ishengero ry’i Londres rikoresha igishinwa, yamara hano ibintu vyarahindutse. Muri iki gihe, si abantu benshi baza bavuye i Hong-Kong, ahubwo riho baza bavuye mu Bushinwa hagati. Bavuga ikimandarini, ivyo bigaca bituma haba iyindi ngorane mu gikorwa c’ukwamamaza. Mu gihugu cose, hari amaraporo avuga yuko hariho inyigisho za Bibiliya nyinshi zishimishije ziriko zirarongorwa z’abaje kwiyongeza amashure bavuye mu Bushinwa. Bariko bakorana ubwira kandi barashima ukuri kwa Bibiliya bariko bariga. Kubafasha birateye umunezero.

Iyo ndi mu nzu yanje nshasha ntekanye, ndakunda kuzirikana ku buzima bwanje buhimbaye nkongera nkabandanya gutangazwa n’ubuntu-mvarukundo bwa Yehova. Ubwo buntu-mvarukundo bwiwe burabonekera mu bintu vyose bijanye n’umugambi wiwe, vyongeye ukuntu yitwararika abasavyi biwe umwumwe ukwiwe biribonekeza rwose. Ndafise imvo yumvikana yo gukenguruka uburyo bwose anyitwararikana urukundo.—1 Petero 5:6, 7.

[Akajambo k’epfo]

a Inkuru z’ubuzima z’abo bamisiyonari babiri zabonetse mu Munara w’Inderetsi (mu congereza) wo ku wa 15 Mukakaro 1963, urupapuro rwa 437-442 be n’uwo ku wa 15 Kigarama 1965, urupapuro rwa 756-767.

[Ifoto ku rup. 24]

Igihe nakorera mu Buhindi

[Amafoto ku rup. 25]

Harold King mu 1963 be n’igihe yakorera mu Bushinwa mu myaka ya 1950

[Amafoto ku rup. 26]

Umusi wacu w’ubugeni i Hong-Kong ku wa 5 Gitugutu 1965

[Ifoto ku rup. 26]

Turi kumwe n’abagize umuryango wa Beteli y’i Hong-Kong, Liang n’umugore wiwe bari hagati, Gannaway n’umugore wiwe na bo bari iburyo

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika