ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 1/2 rup. 18-22
  • ‘Ivyo kw’isi bigenda bihindagurika’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Ivyo kw’isi bigenda bihindagurika’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ikinyegezwa kiza cahishurwa!
  • “Igihe c’iherezo” cemezwa
  • Ukuntu intambuko ya nyuma izogenda
  • Ivyiza biracari mu nzira!
  • Niwamize mu Muzirikanyi Umusi wa Yehova
    Senga Imana yonyene y’ukuri
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 1/2 rup. 18-22

‘Ivyo kw’isi bigenda bihindagurika’

“Ng’ibi ivyo mbabwira, benewacu: igihe [“gisigaye”, “NW”] ni kigufi”.—1 ABAKORENTI 7:29, UB.

1, 2. Ni amahinduka ayahe umaze kwibonera mu buzima bwawe?

NI AMAHINDUKA yo mw’isi ayahe umaze kwibonera mu buzima bwawe? Woba ushobora kuvuga amwamwe muri yo? Nk’akarorero, hari iterambere ryagizwe mu bijanye n’ubuvuzi. Bivuye ku bushakashatsi bwagizwe muri ivyo, incahagati y’imyaka abantu bamara mu bihugu bimwebimwe, yarongerekanye iva ku myaka iri munsi ya 50 mu ntango y’ikinjana ca 20, ishika ku myaka irenga 70 muri iki gihe! Niwiyumvire kandi uburyo butandukanye twungukiye ku gukoresha neza iradiyo, iteleviziyo, amatelefone ngendanwa be n’imashini bita fagisi z’ukurungika amakete. Ntitwokwirengagiza n’intambwe zatewe mu vy’indero, mu vy’ugutwara abantu n’ibintu be no mu vy’agateka ka zina muntu, ivyo vyose bikaba vyatumye ubuzima bw’abantu amamiliyoni burushiriza kumera neza.

2 Mugabo ntiwumve, si amahinduka yose yagizwe yabaye ngirakamaro. Ntidushobora kwirengagiza ingaruka zonona ziterwa n’ubukozi bw’ikibi bwongerekana ningoga na ningoga, ugutituka kw’ivy’inyifato runtu, abihereza ibiyayuramutwe batera biyongera, ibitigiri vy’abahukana biduga bwampi, ukuduga kw’ibiciro be n’iterabwoba ritera ryiyongera. Uko biri kwose, ntiwobura kwemeranya n’ivyo intumwa Paulo haciye igihe kirekire yanditse, na vyo bikaba ari ibi: “Ivyo kw’isi bihinda bishira [“bigenda bihindagurika”, NW]”.—1 Abakorenti 7:31, UB.

3. Paulo yashaka kuvuga iki igihe yandika ngo ‘ivyo kw’isi bigenda bihindagurika’?

3 Igihe Paulo yavuga ayo majambo, yariko agereranya isi n’ikibanza c’ugukiniramwo ibikino. Abakinira muri ico kibanza ari bo banyapolitike, abanyamadini be n’abantu barurangiranwa, baraseruka kw’ikiniro, bagakina umwumwe wese uruhara rwiwe hanyuma bahejeje bakabisa abandi. Ivyo vyarabandanije mu binjana n’ibindi. Kera, harahera imyaka mirongo canke mbere ibinjana hatwara abami bakomoka mu muryango umwe, kandi ibintu vyarateba guhinduka. Muri iki gihe ho si uko bimeze. Usanga ibintu uko vyahora bigenda bishobora guhinduka mu kanya isase igihe uwahora atwara bamugandaguye! Emwe, muri ibi bihe bidurumbanye, ntitumenya ibizoba ejo.

4. (a) Ni ukubona ibintu kuri ku burimbane ukuhe abakirisu bakeneye kugira ku biraba ibiba mw’isi? (b) Ni ibimenyamenya bibiri bijijura ibihe tugiye kurimbura ubu?

4 Nimba isi ari ikibanza c’ugukiniramwo ibikino, indongozi zayo na zo zikaba ari abakinyi, abakirisu na bo baca baba abarorerezia. Ariko rero, kubera yuko ‘atari ab’isi’, ntibarazwa ishinga cane n’ivyo abakinyi bakina canke mbere n’akaranga kabo (Yohana 17:16). Ahubwo riho, bariteganye umushasharo ivyerekana yuko ico gikino kigira gishike ku gihe caco c’agaheta, ni ukuvuga ku nsozero y’agahomerabunwa, kubera ko bazi yuko uru runkwekwe rutegerezwa kurangira imbere y’uko Yehova abayobora akabajana mw’isi nshasha y’ubugororotsi bamaze igihe kirekire barindiriyeb. Nimuze rero dusuzume ibimenyamenya bibiri vyerekana yuko tubayeho mu gihe c’iherezo be n’uko isi nshasha yegereje. Ivyo bimenyamenya ni (1) urukurikirane rw’ibihe rwo muri Bibiliya be n’(2) ivyo kw’isi bitera bidabuka.—Matayo 24:21; 2 Petero 3:13.

Ikinyegezwa kiza cahishurwa!

5. ‘Ibihe vyashinzwe vy’abanyamahanga’ ni iki, kandi ni kubera iki dukwiye kuvyitwararika?

5 Urukurikirane rw’ibihe rurafasha kwiga isano riri hagati y’igihe be n’ibintu biba. Yezu yaravuze ivyerekeye igihe, aho indongozi z’isi zobaye ari zo ziharije ikibanza c’ugukiniramwo, Ubwami bw’Imana butabijamwo. Yezu ico kiringo yacise “ibihe [“vyashinzwe”, NW] vy’abanyamahanga” (Luka 21:24). Ku mpera y’ivyo ‘bihe vyashinzwe’, Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru bwoganjije, Yezu ari we Mutegetsi wabwo abikwiriye. Ubwa mbere, Yezu yoganje “hagati y’abansi b[i]we” (Zaburi 110:2). Mu nyuma, nk’uko muri Daniyeli 2:44 habivuga, ubwo Bwami ‘bwomaze bugakomvomvora’ intwaro zose z’abantu, maze bugahangama ibihe bidahera.

6. ‘Ibihe vyashinzwe vy’abanyamahanga’ vyatanguye ryari, vyamaze igihe kingana gute, kandi vyarangiye ryari?

6 Ni ryari ‘ibihe vyashinzwe vy’abanyamahanga’ vyorangiye hanyuma Ubwami bw’Imana bugatangura gutegeka? Inyishu, iyari “[yar]amatanishijwe ishashara idomyemw’ikimenyetso, gushitsa igihe c’iherezo”, ijanye n’urukurikirane rw’ibihe rwo muri Bibiliya (Daniyeli 12:9). Uko ico “gihe” cegereza, Yehova yarateye intambwe zo guhishurira inyishu umugwi umwe w’abatohoji ba Bibiliya bicisha bugufi. Babifashijwemwo n’impwemu y’Imana, baratahuye yuko ‘ibihe vyashinzwe vy’abanyamahanga’ vyatanguranye n’isangangurwa rya Babiloni mu 607 B.G.C., be n’uko ivyo “bihe” vyareha n’imyaka 2.520. Bafatiye kuri ivyo, baraharuye babona yuko umwaka wa 1914 ari wo waranze iherezo ry’‘ibihe vyashinzwe vy’abanyamahanga’. Barashitse kandi ku gutahura yuko umwaka wa 1914 wari intango y’iherezo ry’uru runkwekwe rw’ibintu. Bwa mutohoji wa Bibiliya, wewe woba ushobora gusigura ufatiye ku Vyanditswe ukuntu umwaka wa 1914 uharurwac?

7. Ni ivyanditswe ibihe bidufasha kumenya aho ibihe ndwi bivugwa mu gitabu ca Daniyeli vyatanguriye, igihe vyamaze be n’igihe vyarangiriye?

7 Kimwe mu bidufasha kubitora tugisanga mu gitabu ca Daniyeli. Kuva igihe Yehova yakoresha Umwami Nebukadinezari wa Babiloni ngo asangangure Yeruzalemu mu ntango y’‘ibihe vyashinzwe’, aho hakaba hari mu 607 B.G.C., yarahishuye biciye kuri uwo mutegetsi ko amahanga yobandanije gutegeka Imana itabijamwo mu kiringo c’ibihe indwi vy’ikigereranyo (Ezekiyeli 21:26, 27; Daniyeli 4:16, 23-25). Ivyo bihe indwi bireha gute? Twisunze Ivyahishuriwe 11:2, 3, n’Ivyahishuriwe 12:6, 14, ibihe bitatu n’igice bingana n’imisi 1.260. Ibihe indwi rero bitegerezwa kuba bingana n’ivyo bihe bitatu n’igice incuro zibiri, ni ukuvuga imisi 2.520. None vyoba bigarukira aho? Oya, kubera ko Yehova yabwiye umumenyeshakazoza Ezekiyeli yabayeho mu gihe kimwe na Daniyeli uburyo bwo gusigura ico kigereranyo: “Umusi-umusi uhwana n’umwaka” (Ezekiyeli 4:6). Ku bw’ivyo rero, ivyo bihe indwi vyobaye ku bwa ngingo bingana n’imyaka 2.520. Dufashe ko umwaka wa 607 B.G.C. ari yo ntango, imyaka 2.520 na yo ikaba ari yo ibihe vyashinzwe vyomaze, duca dushika ku ciyumviro c’uko ivyo bihe vyashinzwe vyorangiye mu 1914.

“Igihe c’iherezo” cemezwa

8. Ni ikimenyamenya ikihe wovuga cerekana yuko ivyo kw’isi vyunyutse kuva mu 1914?

8 Ivyagiye biraba kw’isi kuva mu 1914 no kubandanya biremeza yuko ukwo gutahura gushingiye ku rukurikirane rw’ibihe vyo muri Bibiliya duhejeje kubona ari kwo. Yezu ubwiwe yavuze yuko “insozero y’urunkwekwe rw’ibintu” yoranzwe n’intambara, amapfa be n’ibiza (Matayo 24:3-8, NW; Ivyahishuriwe 6:2-8). Ivyo ni vyo vyabaye koko kuva mu 1914. Intumwa Paulo yongeyeko avuga yuko hobayeho itandukaniro ryibonekeje mu buryo umuntu afata uwundi. Ivyo yavuze ku bijanye n’amahinduka twese twiboneye vyari ivy’ukuri.—2 Timoteyo 3:1-5.

9. Ni igiki abihweza ibintu n’ibindi bavuze ku bijanye n’ukuntu ivyo kw’isi vyifashe kuva mu 1914?

9 “Ivyo kw’isi” vyoba koko vyarahindutse bigeze iyo hose kuva mu 1914? Mu gitabu Iyaruka ryo mu 1914 (mu congereza), Porofeseri Robert Wohl avuga ati: “Abarokotse intambara ntibokwigera bareka kwemera yuko isi imwe yarangiye hanyuma iyindi igatangura muri Myandagaro 1914”. Mu kwemeza ivyo, Dogoteri Jorge A. Costa e Silva, bwa muyobozi wo mu vy’amagara yo mu mutwe mw’Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS), yanditse ati: “Tubayeho mu gihe aho ibintu bihinduka mu buryo bwihuta buravyo, amaherezo bigatuma haba umwitwarariko n’umukazo ku rugero rutari bwigere rubaho muri kahise k’umuntu”. Ivyo wewe woba umaze kuvyibonera?

10. Bibiliya idufasha gute kumenya uwutuma ivyo kw’isi bitera vyunyuka kuva mu 1914?

10 Ni nde mubisha atuma ivyo kw’isi bitera vyunyuka? Mu Vyahishuriwe 12:7-9 harahishura uwo mubisha uwo ari we mu kuvuga hati: “Mw ijuru havyuka intambara. Mikayeli [Yezu Kirisitu] n’abamarayika biwe barwanya ca gisato [Shetani wa Mucokoranyi]: igisato kirwanana n’abamarayika baco. Ntibatsinda, kandi mw ijuru ahabo ntihaba hakiboneka. Ca gisato c’amahēro kirakororwa, . . . ni co kizimiza abari kw isi bose”. Ku bw’ivyo, Shetani wa Mucokoranyi ni we ateza umudurumbanyo, kandi ukwirukanwa kwiwe mw’ijuru mu 1914 kwasobanura ko “ibara rizobonwa n’isi n’ikiyaga, kuk’Umurwanizi yabamanukiye, ari n’inzigo nyinshi, azi kw afise igihe gito”.—Ivyahishuriwe 12:10, 12.

Ukuntu intambuko ya nyuma izogenda

11. (a) Ni uburyo butandukanye ubuhe Shetani akoresha kugira ngo azimize “abari kw isi bose”? (b) Intumwa Paulo yakwegereye ivyiyumviro ku kigoro ka Shetani kadasanzwe akahe?

11 Kubera ko Shetani azi yuko iherezo ryiwe ririko ryegereza, kuva mu 1914 yamye yongereza utwigoro twiwe two kuzimiza “abari kw isi bose”. Kubera ko Shetani yama ari umubeshi mukuru, ni we yihishije inyuma y’ibiriko biraba, akaza arashira kw’ikiniro indongozi z’isi be n’abashinga imideri kugira ngo bakine uruhara rwabo (2 Timoteyo 3:13; 1 Yohana 5:19). Imwe mu ntumbero afise ni iyo guhenda abantu kugira ngo biyumvire yuko uburyo bwiwe bwo gutegeka bushobora kubazanira amahoro nyakuri. Tubivuze muri rusangi, poropagande yiwe yararoraniwe kubera yuko abantu baguma babona ko ibintu bizogenda neza, naho hari ibimenyamenya biguma vyiyongera vyerekana yuko ibintu birushiriza kuba bibi. Intumwa Paulo yarabuye yuko gatoyi imbere y’uko uru runkwekwe rw’ibintu rusangangurwa, poropagande ya Shetani izokwigaragaza bimwe vyibonekeje. Yanditse ati: “Aho bazoba bavuga, bati Har’amahoro, nta nkomanzi [canke “amahoro n’umutekano”, NW]; ni ho uguhona kuzobazako giturumbuka, nk’ukw ibise biza ku mugore akuriwe”.—1 Ab’i Tesalonike 5:3; Ivyahishuriwe 16:13.

12. Ni utwigoro utuhe twamye tugirwa two kuzana amahoro muri iki gihe cacu?

12 Muri iyi myaka iheze, abanyapolitike barakoresheje kenshi imvugo ngo “amahoro n’umutekano” mu kudondora imigambi itandukanye y’abantu. Mbere umwaka wa 1986 bawise Umwaka mpuzamakungu w’amahoro, naho uwo mwaka utabaye uw’amahoro nk’uko nyene wari waravuzwe. Utwigoro nk’utwo tugirwa n’indongozi z’isi twoba ari two tugize iranguka ryuzuye rya 1 Ab’i Tesalonike 5:3, canke Paulo yoba yariko yerekeza ku kintu kinaka cibonekeje rwose cobaye ku buryo isi yose yokibonye?

13. Igihe Paulo yabura akamo ko kuvuga ngo “amahoro n’umutekano”, isangangurwa rizokurikira yarigereranije n’iki, kandi ni igiki dushobora kuvyigirako?

13 Kubera yuko ubuhanuzi bwa Bibiliya akenshi butahurwa bimwe bishitse igihe gusa bumaze kuranguka canke igihe buriko buraranguka, bizoba ngombwa ko turindira hanyuma tukaraba. Ariko rero, birashimishije kubona isangangurwa rishika giturumbuka rikurikira akamo kavuga ngo “amahoro n’umutekano”, Paulo yarigereranije n’ibise vy’umugore akuriwe. Mu kiringo c’amezi nk’icenda, umuvyeyi yibungenze ararushiriza kwumva ko akana kari mu nda yiwe kariko karakura. Arashobora kwumva ingene umutima w’akana kiwe utera canke akumva ingene kinyiganza mu gitereko. Karashobora mbere no kumutera utugere. Akenshi ararushiriza kwumva ibimenyetso gushika aho umusi uri izina yumva umusonga ukaze, ni ukuvuga ibise, werekana yuko ico amaze igihe arindiriye cashitse, na co kikaba ari ivuka rya nya kana. Ku bw’ivyo, uko ako kamo kabuwe ko kuvuga ngo “amahoro n’umutekano” koranguka kwose, kazoshikana ku kintu kizoba giturumbuka kandi kibabaza, ariko impera n’imperuka giteye umunezero, ni ukuvuga isangangurwa ry’inkozi z’ikibi be n’intango y’urunkwekwe rushasha rw’isi.

14. Ibizoba muri kazoza bizokurikirana gute, hanyuma bishikane ku ki?

14 Isangangurwa ryimirije rizoba riteye ubwoba ku bakirisu b’abizerwa bazoba bariko bararirorera. Ubwa mbere, abami b’isi (umuce w’ivya politike w’ishirahamwe rya Shetani) bazohindukirira abashigikira Babiloni Hahambaye (umuce w’ivy’idini) hanyuma babasangangure (Ivyahishuriwe 17:1, 15-18). Maze ibintu bizohinduka mu buryo butangaje, ubwami bwa Shetani bwigabagure, igice kimwe gitere ikindi, kandi Shetani nta bubasha azoba afise bwo kubuza ko biba (Matayo 12:25, 26). Yehova azoshira mu mitima y’abami b’isi “gukora ivyo yagabiye” (Ni twe tubihiritse.), ni ukuvuga gukura kw’isi abansi biwe b’abanyamadini. Idini y’ikinyoma imaze gusangangurwa, Yezu Kirisitu azoyobora ingabo ziwe zo mw’ijuru kugira ngo ziherengeteze ibisigarira vy’ishirahamwe rya Shetani, ni ukuvuga abadandaza n’abanyapolitike. Amaherezo, Shetani ubwiwe azoca abohwa. Ivyo biheze, intambuko ya nyuma y’igikino izoba irangiye, maze igikino cari kimaze igihe kirekire gikinwa kibe kirangiye.—Ivyahishuriwe 16:14-16; 19:11-21; 20:1-3.

15, 16. Icibutswa c’uko ‘igihe gisigaye ari kigufi’ gikwiye kugira ico gikoze gute ku buzima bwacu?

15 Ivyo bintu vyose bizoba ryari? Ntituzi umusi canke isaha (Matayo 24:36). Ariko rero, ico tuzi coco ni uko ‘igihe [gisigaye] ari kigufi’ (1 Abakorenti 7:29, UB). Birahambaye rero yuko dukoresha mu buryo buranga ubukerebutsi umwanya usigaye. Gute? Nk’uko intumwa Paulo abisigura, dutegerezwa “gucungura umwanya ubereye” wo kwitwararika ibintu bihambaye kuruta ibindi mu kugabanya ibintu bidahambaye, kandi tugatuma umusi wose uba ngirakamaro. Kubera iki? “Kukw imisi ari mibi”. Kandi ‘dutahuye ivyo Yehova atugombako ivyo ari vyo’, ntituzotakaza umwanya mutoyi w’agaciro dusigaranye.—Abanyefeso 5:15-17, NW; 1 Petero 4:1-4.

16 Ko tuzi yuko urunkwekwe rw’ibintu rw’isi yose rugiye gushonga, bikwiye kugira ico bikoze gute kuri umwumwe wese muri twebwe? Intumwa Petero yaranditse aya majambo ku neza yacu ati: “None, kw ivyo vyose bizoshonga birtyo, mukwiye kumera mute mu ngeso zera no mu [“bikorwa vy’ukuyobokera”, UB] Imana” (2 Petero 3:11). Nkako nyene, dukwiye kumera gute? Mu buryo buhuje n’impanuro iranga ubukerebutsi ya Petero, turakeneye (1) kuguma dusuzuma ingeso zacu kugira ngo turabe neza yuko ari izera no (2) kwiyemeza yuko ibikorwa turangurana umwete mu murimo wa Yehova vyama nantaryo bigaragaza urukundo rugera ibwina tumukunda.

17. Abakirisu b’abizerwa bategerezwa kuguma bagavye ku mitego ya Shetani iyihe?

17 Urukundo dukunda Imana ruzotuma tutifatanya n’iyi si kubera ibihendamaso vyayo. Uravye ibiraririye gushikira uru runkwekwe rw’ibintu, twoba twitaye mu kaga turetse ngo dukwegakwegwe n’ibisayangana be n’ibikwegera biranga uburyo bwo kubaho bw’iyi si kandi burimwo ukwironderera ibinezereza. Naho tuba mw’isi kandi tukayikoreramwo, dukwiye kwumvira impanuro iranga ubukerebutsi yo kudakoresha cane isi (1 Abakorenti 7:31, UB). Nkako, dutegerezwa gukora uko dushoboye kwose kugira ngo ntituzimizwe na poropagande y’isi. Iyi si ntizoshobora gutorera umuti ingorane zayo. Ntizobandanya kwihagararako ibihe vyose. Ni kubera iki twovyemera tudakeka? Kubera yuko Ijambo ry’Imana ryahumetswe ari ko rivuga. Rigira riti: “Isi irikw irashirana n’ivyifuzo vyayo, arik’ūkora ivy’Imana igomba yamah’ibihe bidashira”.—1 Yohana 2:17.

Ivyiza biracari mu nzira!

18, 19. Ni amahinduka ayahe witeganye umushasharo mw’isi nshasha, kandi ni kubera iki kuyarindira bitazoba vyabaye impfagusa?

18 Yehova vuba agiye gukuraho Shetani n’abamushigikira. Inyuma y’aho, abantu b’abizerwa bazoba barokotse uru runkwekwe, bahezagiwe n’Imana, bazotangura kugira kw’ikiniro ry’iyi si amahinduka azokwamaho. Intambara ntizoba iconona rya kiniro ari yo si; Imana “[izo]ca intambara gushitsa ku mpera y’isi” (Zaburi 46:9). Aho kubaho ubukene bw’imfungurwa, “hazokwera impeke habe agahimbo mu gihugu” (Zaburi 72:16). Nta mabohero, nta gipolisi, nta ndwara zandukira biciye mu bihimba vy’irondoka, nta badandaza b’ibiyayuramutwe, nta masentare yo kwahukanisha abantu, nta vyo kumenyesha uruhombo be n’iterabwoba bizoba bikiriho.—Zaburi 37:29; Yesaya 33:24; Ivyahishuriwe 21:3-5.

19 Imva z’icibutso zizosigara zigaragara, maze abazutse amamiliyaridi n’amamiliyaridi, ni ukuvuga abandi bakinyi, bazoseruka kw’ikiniro. Ese ukuntu hazoba hari umunezero igihe iyaruka rimwe rizosubira kubonana n’irindi be n’igihe abakunzi bari bamaze igihe kirekire baratandukanye bazoba bariko baragumbirana n’igishika kandi bimwe bivuye ku mutima! Amaherezo, umuntu wese azoba ariho azosenga Yehova (Ivyahishuriwe 5:13). Amahinduka niyaheza kugirwa, tuzoca tubona iparadizo ikwiye kw’isi yose. Uzokwumva umerewe gute uriko witegereza ingene bizoba bimeze? Nta gukeka yuko uzovyurirwa umutima wo gutangara uvuga uti: ‘Ibi ni vyo nari maze igihe kirekire ndindiriye, mugabo ukurindira kwanje ntikwabaye impfagusa’!

[Utujambo tw’epfo]

a Paulo ariko avuga ibindi bintu, yaravuze ivyerekeye abakirisu basizwe ko ari “akābarore mw isi, mu bamarayika no mu bantu”.—1 Ab’i Korinto 4:9.

b Nk’akarorero, ku bijanye n’akaranga ka wa “mwami w’i burārūko” avugwa muri Daniyeli 11:40, 44, 45, raba igitabu Prêtons attention à la prophétie de Daniel!, urupapuro rwa 280-281.

c Bibiliya ubwayo irerekana yuko igihe Abayuda bari baratwawe inyagano bagaruka mu 537 B.G.C., hari haciye imyaka 70 Yeruzalemu itembagajwe (Yeremiya 25:11, 12; Daniyeli 9:1-3). Ushaka kumenya ido n’ido ry’ivyerekeye ‘ibihe vyashinzwe vy’abanyamahanga’, raba igitabu Comment raisonner à partir des Écritures, urupapuro rwa 86-88 (mu giswahili, urupapuro rwa 308-310), casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

Wokwishura gute?

• Amajambo intumwa Paulo yavuze ngo ‘ivyo kw’isi bigenda bihindagurika’ yagaragaye gute ko ari ay’ukuri muri iki gihe cacu?

• Urukurikirane rw’ibihe vyo muri Bibiliya rwerekana gute aho ‘ibihe vyashinzwe vy’abanyamahanga’ vyarangiriye?

• Ivyo kw’isi bigenda bihindagurika vyemeza gute ko umwaka wa 1914 ari wo uranga intango y’“igihe c’iherezo”?

• Kuba ‘igihe gisigaye ari kigufi’ bikwiye kugira ico bikoze gute kuri twebwe?

[Ifoto ku rup. 20]

Ikinyegezwa kiza cahishurwa!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika