ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 1/8 rup. 29-31
  • Niwige kuba umunyabugenge

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwige kuba umunyabugenge
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ubugenge ni iki?
  • Nutahure inyiyumvo z’abandi
  • Niwerekane ko utahura
  • Numenye ivyo utovuga
  • Imvugo ivura
  • Kuvugana Ubugenge Ariko Ushikamye
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Yezu Atanga Icigwa mu vy’Ikigongwe
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Icigwa cerekeye ukubabarira abandi
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Umwina warakwegeye Gehazi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 1/8 rup. 29-31

Niwige kuba umunyabugenge

PEGGY yabonye umwana wiwe ariko aryagagura murumunawe, amubaza ati: “Wiyumvira yuko ubwo ari bwo buryo bwiza kuruta bwo kuvugisha mwenewanyu? Ehe raba ingene ababaye!”. Ni kubera iki Peggy yavuze gutyo? Yariko agerageza kwigisha umwana wiwe gukora mu buryo buranga ubugenge no kwitwararika inyiyumvo z’abandi.

Intumwa Paulo yaremesheje mugenziwe Timoteyo yari akiri muto kuba “[umunyabugenge] kuri bose”. Timoteyo abaye umunyabugenge, ntiyokomerekeje inyiyumvo z’abandi (2 Timoteyo 2:24). Ubugenge ni iki? Woryohora gute muri uwo muce? Kandi wofasha abandi gute gutsimbataza ubugenge?

Ubugenge ni iki?

Inyizamvugo imwe isobanura ko ubugenge ari “ubushobozi bwo gutahura ukuntu ikintu kinaka kitoroshe maze ugakora canke ukavuga ikintu kirushirije kuba ikiranga ubugwaneza canke ikibereye”. Nka kurya nyene intoke zishobora kwumva nimba ikintu kimata, coroshe, gisenye, gishushe canke kiriko ubwoya ni ko n’umuntu w’umunyabugenge ashobora kumenya inyiyumvo z’abandi no gutahura ukuntu ivyo avuga canke ivyo akora bigira ico bikoze kuri bo. Mugabo kugira ivyo si ubuhinga gusa; ahubwo bisaba kugira icipfuzo kivuye ku mutima co kwirinda kubabaza abandi.

Mu nkuru yo muri Bibiliya ivuga ivy’umusavyi wa Elisa yitwa Gehazi, turasangamwo akarorero k’umuntu atagira ubugenge. Umugore umwe w’Umunyashunemu, umuhungu wiwe akaba yari ahejeje kumupfira mu maboko, yaragiye kuraba Elisa, arondera guhumurizwa. Igihe bamubaza nimba ari amahoro, yaciye yishura ati: “N’amahoro”. Mugabo ashikiriye umumenyeshakazoza Elisa, “Gehazi aramwēgēra ngw amusunure”. Ariko Elisa amubwira ati: “Mureke, kukw afise umubabaro mu mutima”.​—2 Abami 4:17-20, 25-27.

Vyagenze gute ngo Gehazi akore mu buryo bwo guhuruduka kandi butarimwo ubugenge? Ni ivy’ukuri yuko uwo mugore atari yahishuye inyiyumvo ziwe igihe bamubaza. Mugabo rero, abantu benshi ntibapfa guserurira inyiyumvo zabo umuntu uwo ari we wese. Ivyo ari vyo vyose, uko yari amerewe gutegerezwa kuba kwaribonekeza mu buryo kanaka. Biboneka ko Elisa yaciye amenya uko uwo mugore amerewe, ariko Gehazi ntiyabimenye canke yahisemwo kuvyiyobagiza. Ivyo birerekana neza ikintu gikunda gutuma abantu batagira ubugenge. Igihe umuntu arajwe ishinga cane n’ivy’uko akazi kiwe gahambaye, biroroha ko atamenya canke ngo yitwararike ivyo abari kumwe nawe bakeneye. Ameze cane nk’umuntu atwara ibisi arajwe ishinga no gushika ku gihe ku buryo adahagarara ngo ashiremwo ingenzi.

Kugira ngo twirinde kuba abatagira ubugenge nka Gehazi, dukwiye kwihatira kuba abagwaneza ku bantu, kubera yuko tuba tutazi ukuntu bamerewe vy’ukuri. Dukwiye kwama nantaryo tugabirije kubona ibimenyetso bihishura inyiyumvo umuntu afise maze tugakoresha amajambo canke ibikorwa biranga ubugwaneza. Woryohora gute ubuhanga bwawe muri ivyo?

Nutahure inyiyumvo z’abandi

Yezu yari kaminuza mu vyo kumenya inyiyumvo z’abantu no mu vyo kubona uburyo bwiza kuruta bwo kubafatana umutima mwiza. Umusi umwe yariko arafungurira mu nzu kwa Simoni Umufarizayo, maze umugore umwe “wo mur’ico gisagara, [w]’umunyavyaha” aramwegera. N’ico gihe nyene, nta majambo yavuzwe, mugabo hariho ibintu vyinshi umuntu yashobora kwihweza. “[Yazanye] ikebano ry’amavuta atāmirana, ahagarara inyuma [ya Yezu], hafi y’ibirenge vyiwe, arira, atangura kumutonyangiriza amosozi ku birenge, abihanaguza umushatsi wiwe, arabisomagura, abisīga ya mavuta”. Yezu yaratahuye ico ivyo vyose bisobanura. Kandi naho Simoni ata co yavuze, Yezu yarashoboye gutahura ivyo yiyumvira mu mutima, ari vyo vy’ibi: “Uyu muntu iy’aba ūvugishwa n’Imana, yari kumenya uyu mugore amukozeko, ukw ari kand’ukw asa, kw ar’umunyavyaha”.​—Luka 7:37-39.

Woba ushobora kwibaza inabi vyari kugira iyo Yezu asunura nya mugore, canke iyo abwira Simoni ati: “Wa mugabo we wirengagiza ibintu! Ntubona yuko yigaye?”. Aho kubigira gutyo, Yezu abigiranye ubugenge yarahaye Simoni ikigereranirizo cerekeye umugabo yahebeye umuntu umwe umwenda munini uwundi akamuhebera mutoyi. Yezu yaciye amubaza ati: “Mbeg’ūzorushiriza kumukunda n’uwuhe?”. Gutyo, aho gucira urubanza Simoni, Yezu yarashoboye kumukeza kubera inyishu y’ukuri atanze. Maze abigiranye ubugwaneza yarafashije Simoni gutahura ibimenyetso vyinshi vyerekana inyiyumvo nyazo nya mugore yari afise be n’amajambo yerekana ko yigaye. Yezu yarahindukiye araba uwo mugore maze abigiranye ubugwaneza aramwereka yuko yatahuye inyiyumvo ziwe. Yamubwiye yuko ahariwe ivyaha vyiwe maze avuga ati: “Ukwizera kwawe kuragukijije, genda amahoro”. Ese ukuntu ayo majambo aranga ubugenge ategerezwa kuba yarakomereje nya mugore umwiyemezo wo gukora ibigororotse (Luka 7:40-50)! Yezu yarererwa mu vyo kuba umunyabugenge kubera yuko yihweza ingene abantu bamerewe maze agaca agira ico akoze abigiranye imbabazi.

Nka kurya nyene Yezu yafashije Simoni, ni ko natwe dushobora kwiga imvugo y’ibimenyetso yerekana uko umuntu amerewe maze tugafasha abandi kuyitahura. Abasuku bazi utuntu n’utundi barashobora rimwe na rimwe kwigisha ubwo buhinga abashasha mu busuku bwa gikirisu. Bamaze kugendera umuhana igihe bariko baramamaza inkuru nziza, barashobora gusuzuma ibimenyetso vyerekanye inyiyumvo z’abo bayaze. Umuntu bayaze yoba yari umunyamasoni, yoba yakekeranya, ababaye canke afise vyinshi akora? Uburyo bwiza kuruta bwo kumufasha bwoba ubuhe? Abakurambere barashobora kandi gusahiriza abavukanyi n’abavukanyikazi bashobora kuba bagiraniye nabi mu buryo butaranga ubugenge. Barafasha umwe wese gutahura inyiyumvo za mugenziwe. Yoba yumva ko yatutswe, yasuzuguwe canke yatahuwe ukutari kwo? Ni gute ubugwaneza bwotuma yumva amerewe neza?

Abavyeyi bakwiye gufasha abana babo gutsimbataza imbabazi, kubera yuko ivyo ari vyo bizotuma bakora mu buryo buranga ubugenge. Wa mwana wa Peggy twavuga mu ntango, yabonye ukuntu murumunawe yari yijiriwe, yafyuye umunwa n’amosozi yuzuye mu maso, maze aca aratahura umubabaro mwenewabo afise. Nk’uko nyina wiwe yari avyiteze, nya mwana yaricujije maze yiyemeza guhindura. Abo bahungu ba Peggy barakoresheje neza ubwo buhinga bize kuva mu bwana, maze haciye imyaka baracika abigisha n’abungere bererwa mw’ishengero rya gikirisu.

Niwerekane ko utahura

Ubugenge burahambaye canecane igihe ufise ico upfa n’umuntu. Biroroshe cane ko wonona ubupfasoni bwiwe. Vyama nantaryo bibereye kubanza kumubwira amajambo atomoye yo kumukeza. Aho kumunebagura, niwitwararike ivyo gutunganya ingorane. Nusigure ukuntu ico yagize cakubabaje wongere usigure neza ico woshima kubona gihindutse. Maze witegurire kwumviriza. Kumbure ushobora kuba wamutahuye ukutari kwo.

Abantu barashima kwumva yuko utahura ukuntu babona ibintu naho utoba uvyemera. Yezu yaravuganye ubugenge, yerekana yuko yatahura umwitwarariko Marita yari afise. Yavuze ati: “Marita, Marita, urīganyira wigora muri vyinshi” (Luka 10:41). Mu buryo nk’ubwo, igihe umuntu aseruye ingorane kanaka, uburyo buranga ubugenge bwerekana ko utahura, ni ugusubiramwo nya ngorane canke ugaserura akababaro mu majambo yawe bwite, aho guca ubwo nyene utanga umuti wayo utabanje kwumviriza iyo ngorane. Ubwo ni bwo buryo bwo kwerekana ko utahura.

Numenye ivyo utovuga

Igihe Umwamikazi Esiteri yashaka gusaba umugabo wiwe ngo ahagarike umugambi wa Hamani wo guhonya Abayuda, yaratunganije ibintu abigiranye ubugenge kugira ngo umugabo wiwe yumve amerewe neza. Ico gihe ni ho gusa yashoboye kuvuga ico kintu casaba ubugenge. Ariko birafise kandi ico vyigisha kumenya ico atavuze. Abigiranye ubugenge yaririnze kuvuga ivy’uko umugabo wiwe yari afise uruhara muri uwo mugambi mubi.​—Esiteri 5:1-8; 7:1, 2; 8:5.

Muri ubwo buryo, igihe ugendera umugabo atizeye w’umuvukanyikazi mukirisu, aho guca ubwo nyene umwereka muri Bibiliya, ubwo ntiwobanza gutohoza ivyo akunda ubigiranye ubugenge? Igihe umuntu mushasha aje ku Ngoro y’Ubwami yambaye uko yishakiye canke umuntu agarutse hari haciye igihe ataza ku makoraniro, mwakirane igishika aho guca utangura kuvuga ivy’ukuntu yambaye canke ivy’uko atari akiza ku makoraniro. Kandi igihe ubonye yuko uwuherutse gushimishwa afise iciyumviro kitari co, vyoba vyiza udaciye umukosora ubwo nyene (Yohana 16:12). Ubugenge burimwo no kugaragaza ubugwaneza mu kumenya ivyo utovuga.

Imvugo ivura

Kumenya gukoresha imvugo irimwo ubugenge bizogufasha kugiranira n’abandi ubucuti burimwo agahimbare, no mu gihe nyene umuntu yoba yatahuye ukutari kwo imvo ukorana akaba kandi yababaye cane. Nk’akarorero, igihe Abefurayimu ‘batonganya cane’ Gideyoni, mu nyishu irangwamwo ubugenge yabahaye yarabasobanuriye ivyari vyabaye koko yongera arashima ata buryarya ivyo Abefurayimu bari barashitseko. Ukwo kwari ugukoresha ubugenge kubera yuko yatahuye igituma bari bababaye, maze ukwifata ruto kwiwe gutuma bumva bamerewe neza.​—Abacamanza 8:1-3; Imigani 16:24.

Niwame ugerageza kurimbura ingene amajambo uvuga azogira ico akoze ku bandi bantu. Niwagira akigoro ko kuba umunyabugenge bizogufasha kugira umunezero uvugwa mu Migani 15:23, ahagira hati: “Umuntu anezererwa ukwishura kw’akanwa kiwe, kand’ijambo riziye mu gihe kibereye, ewe ukuntu ari ryiza!”.

[Ifoto ku rup. 31]

Abasuku bakirisu bazi utuntu n’utundi barashobora kwigisha abashasha kuba abanyabugenge

[Ifoto ku rup. 31]

Abavyeyi barashobora kwigisha abana babo kwitwararika inyiyumvo z’abandi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika