“Hari abantu babiri badodoye ku rugi iwacu”
“HACIYE imyaka ibiri dufise agahinda gakomeye ko kubura akigeme kacu”. Ayo ni amajambo atangura mw’ikete ryasohotse mu kinyamakuru kimwe (Le Progrès), candikirwa i Saint-Étienne mu Bufaransa.
Iryo kete ribandanya riti: “Mélissa amaze amezi atatu avutse yaciye atangura kurwara indwara ifatira mu tugingo ngengakamere (yitwa trisomie 18). Umuntu ntibishobora kumuvamwo igihe ashikiwe n’icago nk’ico gisa n’aho umengo ni akarenganyo karenze urugero. Naho twari twakuriye mw’idini ya gatolika, twaguma twiyumvira duti: ‘Mana, nimba ubaho, ni kubera iki ureka ibintu nk’ibi bigashika?’”. Biragaragara yuko uwo mugore yanditse iryo kete yumva atuntuye kandi atagira gitabara. Ikete ryiwe ribandanya riti:
“Haciye igihe gito ivyo bibaye, abantu babiri baradodoye ku rugi rwacu. Naciye ubwo nyene menya ko ari Ivyabona vya Yehova. Nari niteguriye kubirukana mu rupfasoni, ariko nca mbona agatabu bariko barashikiriza. Kavuga igituma Imana ireka hakaba ugucumukura. Naciye mfata ingingo yo kubaha ikaze mfise iciyumviro co kwerekana ko ivyo bavuga atari vyo. Niyumvira yuko ku bijanye n’ugucumukura, umuryango wanje wari waracumukuye bihagije kandi twama twumvise amajambo atari make nk’aya ngo ‘Imana ni yo yamuduhaye, none Imana ni yo imutwaye’. Nya Vyabona bamaze isaha irenga gatoya. Baranteze ugutwi n’imbabazi nyinshi, maze bagiye, numva merewe neza cane ku buryo nemeye ko bagaruka. Ubu haciye imyaka ibiri ivyo bibaye. Sinabaye Icabona ca Yehova, ariko naratanguye kwigana Bibiliya na bo, kandi nditaba amakoraniro yabo uko nshoboye kwose”.