Alegizandere wa Gatandatu ni umupapa Roma itibagira
“UMUGATOLIKA abona ko ata majambo akomeye yoronka akoresha kugira yiyamirize Alegizandere wa gatandatu” (Geschichte der Päpste seit dem Ausgang des Mittelalters [Kahise k’abapapa kuva mu mpera y’ikiringo co hagati y’ikinjana ca 5 n’ica 15]). “Ubuzima bwiwe ntawobwihanganira na gato . . . Ntitubura kwemera yuko uwo mupapa ata teka na ritoyi ateza ekeleziya. Naho abantu babayeho mu gihe kimwe n’umuryango w’abakomoka kuri Borijiya bari bamenyereye amarorerwa nk’ayo, babona ko ubukozi bw’ikibi bwabo cari ikintu c’agahomerabunwa, bukaba ari ubukozi bw’ikibi haciye ibinjana birenga bine inkurikizi zabwo zitarazimangana buhere”.—L’Église et la Renaissance (1449-1517).
Ni kubera iki ibitabu vyubahwa bidondora kahise ka ekeleziya gatolika ya Roma bivuga amajambo akomeye nk’ayo ku mupapa n’umuryango wiwe? Ni igiki bakoze gituma bavugwa nabi bigeze iyo hose? Iyerekanwa ryagizwe i Roma (kuva muri Gitugutu 2002 gushika muri Ruhuhuma 2003), iryari ryataziriwe ngo I Borgia—l’arte del potere (Umuryango w’abakomoka kuri Borijiya—Ubuhinga bwo gutwara) ryaratanze akaryo ko kuzirikana ku burenganzira abapapa muri rusangi baharanira, canecane uburyo Rodirige Borijiya, ari we Alegizandere wa gatandatu (yabaye papa kuva mu 1492 gushika mu 1503) yabukoresheje.
Aja ku butegetsi
Rodirige Borijiya yavutse mu 1431, avukira mu muryango ukomakomeye w’i Játiva, mu bwami bwa Aragoni, ubu hakaba ari Esupanye. Inarume Alfonso de Borgia, uwari musenyeri w’i Valence, yarahagarikiye ivy’ukwiga kw’umwishwa wiwe Rodirige yongera aritwararika ivy’uko mu gihe yari akiri umuyabaga, ahabwa uduteka muri ekeleziya dutuma ahembwa. Ashikanye imyaka 18, Rodirige ahagarikiwe na Alfonso, uwari umukaridinali ico gihe, yarimukiye mu Butaliyano, aho hakaba ari ho yaciye yigira ibijanye n’amategeko. Igihe Alfonso yaba Papa Kalisto wa gatatu, yaciye aha ubukaridinali Rodirige be n’uwundi mwishwawe. Patiri Ludoviko Borijiya yaciye agirwa buramatari w’ibisagara bitandukanye. Bidatevye, Rodirige yaciye agenwa kuba icegera c’umukuru wa ekeleziya, kikaba ari igiti yagumanye ku bapapa batandukanye, bituma agira uduteka tumuronsa amahera menshi, yirundaniriza ubutunzi bwinshi, agira ububasha bwinshi, yongera abaho nk’umuganwa.
Rodirige yari umuntu aciye ubwenge, yari umushikirizansiguro amenyereye ivy’ukuvuga, umuntu ahagarikira ivy’utugenegene akongera akaba n’umuntu ashoboye gushika ku migambi yiwe. Ariko rero, yaraja mu busambanyi, akaba yari afise abana bane yavyaranye n’umuhabara bari bamaranye igihe kirekire, hakaba n’abandi benshi yavyaye ku bandi bagore. Naho yakangiriwe na Papa Piyo wa kabiri kubera impengamiro yari afise y’ukuryoherwa “kutaranga ubuntu” be n’“ukwinezereza kurengeje urugero”, Rodirige ntiyahinduye ingendo yiwe.
Papa Inosenti w’umunani amaze gupfa mu 1492, abakaridinali ba ekeleziya barakoranye kugira batore uwumusubirira. Birazwi ko Rodirige Borijiya, biciye ku kwikwegerako no ku kwemerera ibintu vyizavyiza abakaridinali bagenziwe, yatumye bamutora muri iyo nama ngo abe Papa Alegizandere wa gatandatu. Abakaridinali bamutoye yabahaye iki? Yabahaye ibiti muri ekeleziya, abaha ibirimba, amazu maninimanini, ibisagara, amaparuwase n’amadiyoseze vyatuma baronka amahera menshi. Uca utahura igituma umutohozakahise umwe wo mu vy’idini yise intwaro ya Alegizandere wa gatandatu “ikiringo c’agaterasoni n’agacavutu kuri ekeleziya gatolika ya Roma”.
Nta ho yari atandukaniye n’abami bo mw’isi
Bivuye ku bubasha bwo mu vy’idini yari afise bw’ukuba yari umukuru wa ekeleziya, Alegizandere wa gatandatu yarafashije gutunganya ingorane zari hagati ya Esupanye na Porotigale zijanye n’ukugabura intara nshasha zari ziherutse kwuburwa muri Amerika. Ububasha yari afise mw’isi bwatumye aba umukuru w’amaleta atwarwa n’umupapa afise intara mu Butaliyano bwo hagati, kandi yatwara ubwami bwiwe cokimwe n’umutegetsi uwo ari we wese wo muri ca kiringo c’ikangurabwenge [ni ukuvuga kuva i buzimu ukaja i buntu] co hagati y’ikinjana ca 14 n’ica 17. Ubutegetsi bwa Alegizandere wa gatandatu, cokimwe n’ubw’abapapa batwaye imbere be n’inyuma yiwe, bwaranzwe n’ibiturire, gukoresha ka mwana wa mama be n’ukunuganuga ko hari abo yishe.
Ibihugu vyakebana vyararwaniye intara y’Ubutaliyano muri ivyo bihe vy’umudurumbanyo, uwo mupapa na we nyene akaba yaragiyemwo. Ibikorwa be n’amasezerano yagira muri politike mu nyuma bigasenyuka, vyari bifise intumbero yo gutuma ashikira ububasha bwose, yo guteza imbere imyuga y’abana biwe be n’iyo gutuma umuryango w’abakomoka kuri Borijiya uja hejuru y’iyindi yose. Umuhungu wiwe Juan, uwari yubakanye na muvyara w’umwami w’i Castille, yagizwe umuganwa w’i Gandía muri Esupanye. Jofré na we, uwundi muhungu wiwe, yubakanye n’umwuzukuru w’umwami w’i Naples.
Igihe uwo mupapa yashaka uwumushigikira kugira akomeze ubucuti bwiwe n’Ubufaransa, yaciye ahagarika ivy’uko Lukereziya, umukobwa wiwe w’imyaka 13, yubakana n’uwo mu muryango ukize w’i Aragoni hanyuma aca amuha incuti y’umuganwa w’i Milan. Igihe uwo mubano ata co wari ukimwungura mu vya politike, yaciye arondera icitwazo co kuwuhagarika hanyuma Lukereziya aca atwarwa n’uwo mu bagize umuryango wa cami bakebana ari we Alfonso wo mu bwami bwa Aragoni. Muri ico gihe, Sezari Borijiya musaza wa Lukereziya, uwahahamira ubukuru kandi akaba n’umuntu w’inkazi, yaciye agiranira amasezerano na Ludoviko wa cumi na kabiri wo mu Bufaransa, maze umubano mushikiwe yari aherutse gushinga n’umugabo w’i Aragoni uca uba intambamyi. None umuti wari kuba uwuhe? Igitabu kimwe kivuga yuko umugabo wiwe w’umugorwa Alfonso “yakomerekejwe n’abagabo bane barondera kumwicira ku ngazi z’igisengero citiriwe Petero mweranda. Igihe yariko aratora mitende, umwe mu basuku ba Sezari yaciye amunigura”. Kubera yuko uwo mupapa yipfuza kugira ayandi masezerano amushikana ku vyo yipfuza, yaciye aringaniza ivy’uko Lukereziya, uwari afise imyaka 21 ico gihe, yabirwa n’umuhungu w’umuganwa akomeye w’i Ferrara.
Ubuzima bwa Sezari buvugwa ko ari “inkuru y’ubugunge, ikiringo casesetsemwo amaraso menshi”. Naho se wiwe yamugenye kuba umukaridinali ashikanye imyaka 17, yari abereye kuja mu ntambara aho kuja mu bikorwa vya ekeleziya, kubera yuko yari umunyamayeri, yahahamira ubukuru kandi akaba uwononekaye nk’uko n’abandi bamwebamwe bari bameze. Amaze guhabwa igiti muri ekeleziya, yaciye atwara umuganwakazi w’Umufaransa, gutyo aca aronka intara yatwarwa n’abaganwa ari yo Valentinois. Maze, afashijwe n’ingabo z’Abafaransa, yaciye atangura kugira isekeza ryo kugaba igitero no kwica, kugira yigarurire Uburaruko bw’Ubutaliyano.
Kugira ngo uwo mupapa atume ingabo z’Abafaransa zifasha Sezari kubandanya imigambi yiwe, yaremeje ko ukwahukana umwami w’Ubufaransa Ludoviko wa cumi na kabiri yarondera kwari kubereye naho kwari guteye isoni, ukwo kwahukana kukaba kwatumye yubakana na Ana w’i Beretanye, maze aca yomeka icibare uwo mugore yatwara ku bwami bwiwe. Nkako, igitabu kimwe kivuga yuko “yahevye icubahiro yari afise muri ekeleziya be n’ivy’ukwumira ku mategeko yayo agoye kugira atume abo mu muryango wiwe baronka inyungu z’ivy’isi”.
Ukurenza urugero kw’uwo mupapa kwaraneguwe
Ivyo umuryango wa Borijiya wagira vy’ukurenza urugero vyatumye wankwa n’ukunegurwa uranegurwa. Mu bisanzwe, uwo mupapa yarihoza abamunebagura mugabo hariho umwe atashoboye kwihoza, uwo na we akaba ari Jérôme Savonarola. Savonarola yari umumonaki w’umudominika, umwigisha w’umwete mwinshi cane, akongera akaba n’indongozi yo mu vya politike i Florence. Yariyamirije ibibi vyakorwa na sentare y’abapapa yongera ariyamiriza ibikorwa vya papa be na politike yiwe, asaba ko abogozwa hanyuma ekeleziya igasubira gutunganywa bushasha. Savonarola yasemereye ati: “Mwa ndongozi za ekeleziya mwe, . . . mw’ijoro muja ku bahabara banyu, mu gatondo na ho mukaja gutanga amasakaramentu”. Mu nyuma yavuze ati: “[Izo ndongozi] zisa n’imaraya, izina ryazo ni agatukisha kuri ekeleziya. Ndababwije ukuri yuko abo bantu batagira ukwemera kwa gikirisu”.
Mu kugerageza kunumya Savonarola, uwo mupapa yamuhaye igiti c’ubukaridinali, na we aca aracanka. Ntituzi niba ari politike yiwe y’ukurwanya papa canke ari ukwigisha kwiwe kwatumye amaherezo Savonarola yirukanwa, agafatwa, agatotezwa ngo yigaye maze akanyongwa hanyuma agaturirwa.
Ibibazo bihambaye
Ivyo bintu bijanye na kahise vyabaye, biravyura ibibazo bihambaye. Amayeri nk’ayo be n’inyifato nk’iyo umupapa yagize umuntu yobisigura gute? Abatohozakahise babisigura gute? Harakoreshwa uburyo bwo kuzirikana butandukanye.
Abenshi bemera yuko umuntu akwiye gutahura ivya Alegizandere wa gatandatu afatiye ku kuntu ibintu vyari vyifashe mu gihe ciwe. Ibikorwa yakora muri politike no muri ekeleziya bisa n’uko yabitumwa n’icipfuzo co kuzigama amahoro, uburimbane hagati y’amaleta vyakebana hamwe n’ugukomeza imigenderanire bari bafitaniye n’ibihugu bicuditse na we vyorwaniriye ivy’ubupapa. Yarondera kandi gutuma abami bo mu biyita abakirisu bagira urunani rwo kurwanya iterabwoba rya Turukiya.
Mugabo none, tuvuge iki ku nyifato yiwe? Incabwenge imwe ivuga iti: “Ikiringo cose ca ekeleziya carabayemwo abakirisu babi be n’abapatiri batabereye. Kugira ntihagire umuntu n’umwe ababazwa n’ivyo, Kirisitu ubwiwe yarabibuye; mbere yasanishije ekeleziya n’umurima umeramwo uburo n’urwamfu, canke urusenga rurimwo ifi nziza n’ifi mbi, nk’uko nyene yarekeranye Yuda akaguma mu ntumwa ziwe”a.
Iyo ncabwenge nyene ibandanya iti: “Nk’uko ibuye ry’agaciro ryometswe ku kintu kitameze neza bitagabanya agaciro iryo buye rifise, ni ko n’ivyaha umupatiri akora atari ngombwa ngo vyonone . . . inyigisho yigisha. . . . Inzahabu iguma ari inzahabu, yaba itanzwe n’ukuboko kudahumanye canke guhumanye”. Umutohozakahise umwe w’umugatolika avuga yuko ingingo mfatirwako abagatolika nyabo bari bakwiye gukurikiza mu bijanye na Alegizandere wa gatandatu, ari ya mpanuro Yezu yaha abigishwa biwe ku vyerekeye abanyabwenge b’ivyanditswe be n’Abafarizayo igira iti: ‘Ivyo bababwira mubikore, ariko ntimukore ivyo bakora’ (Matayo 23:2, 3). Tuvugishije ukuri none, mwene ubwo buryo bwo kuzirikana bwoba bukujijura?
Ubwo bwoba ari bwo bukirisu bw’ukuri?
Yezu yarasize inyobozo yoroshe ifasha gusuzuma abigira abakirisu, na yo ikaba ari iyi: “Muzobamenyera ku vyo bama. Mbega har’uwokwamura inzabibu ku munyinya, cank’insukoni ku bitovu? Nukw igiti cose ciza cama ivyiza, arikw igiti kibi cama ibibi. Igiti ciza ntigishobora kwama ibibi, kand’igiti kibi ntigishobora kwama ivyiza. Nuko muzobamenyera ku vyo bama”.—Matayo 7:16-18, 20.
Muri rusangi none, mu binjana vyinshi vyahaciye, indongozi z’idini zoba zarashikije ca citegererezo c’ubukirisu nyakuri cashirwaho na Yezu, ari na co cakurikijwe n’abayoboke biwe nyakuri? Kandi ni gute bariko bagishitsa muri iki gihe? Reka turimbure imice ibiri gusa, na yo ikaba ari ukwisuka mu vya politike be n’uburyo bwo kubaho.
Yezu ntiyari nk’umuganwa mw’isi. Yabayeho mu buryo bubayabaye, gushika n’aho, nk’uko ubwiwe yavyivugiye, atari afise n’“ah’arambika umusaya”. Ubwami bwiwe ‘ntibwari ubwo muri iyi si’, kandi n’abigishwa biwe botegerejwe ‘kutaba ab’isi nk’uko na we nyene atari uw’isi’. Gutyo, Yezu yaranse kuja mu bintu vya politike vyo mu gihe ciwe.—Matayo 8:20; Yohana 6:15; 17:16; 18:36.
Si ivy’ukuri none yuko amashirahamwe y’ivy’idini amaze ibinjana n’ibindi yaragize umugenzo wo kwifatanya n’abategetsi bo mu vya politike, arondera ububasha be n’inyungu z’ivy’amaronko, naho ivyo vyatumye abantu basanzwe bacumukura? Si ivy’ukuri kandi yuko benshi mu bakuru b’amadini bayo bafise ubuzima bwo kudibama, naho amasinzi y’abantu bakwiye gukorera bashobora kuba bari mu bukene?
Yakobo mwene nyina wa Yezu yavuze ati: “Yemwe basambanyi, ntimuzi yuko gucudika n’isi ar’ukwankana n’Imana? Nuk’umuntu wese agomba kuba incuti y’isi aba yīgize umwansi w’Imana” (Yakobo 4:4). Kubera iki “umwansi w’Imana”? Muri 1 Yohana 5:19 havuga hati: “Isi yose iri muri wa Mubi”.
Ku vyerekeye inyifato ya Alegizandere wa gatandatu, umutohozakahise umwe wo mu gihe c’uwo Borijiya, yanditse ati: “Yari yarataye ubuntu. Nta soni yagira, habe n’ukuri. Nta kwemera yagira, habe n’idini. Yari yaratwawe n’umwina udahera, uguhahamira ubukuru kurenze urugero, ubukazi bw’akaburarugero, be n’icipfuzo gikaze co guteza imbere abana biwe benshi”. Birumvikana ko Borijiya atari we wenyene mu batwaye ekeleziya yakoze gutyo.
Ivyanditswe bivuga iki ku vyerekeye inyifato nk’iyo? Intumwa Paulo yabajije ati: “Ntimuzi y’ukw abagabitanya batazoragwa ubgami bg’Imana? Ntimuzimire: abashakanyi, . . . cank’abasambanyi, . . . cank’abipfuza . . . ntibazoragwa ubgami bg’Imana”.—1 Ab’i Korinto 6:9, 10.
Iyerekanwa riherutse kubera i Roma ku bijanye n’umuryango wa Borijiya, bavuga ko imwe mu ntumbero ryagiranywe kwari “kwerekana ivy’abo bantu bakomakomeye ufatiye ku kuntu ivyo mu gihe cabo vyari vyifashe . . . , ugutahura ivyabo mugabo atari ukubambika izera canke kubacira urubanza”. Nkako, abari baje kuri iryo yerekanwa barabaretse ngo ubwabo bagire iciyumviro bashitseko. None nawe ushitse ku ciyumviro ikihe?
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka kuronka insobanuro z’ukuri z’iyo migani, raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Ruhuhuma 1995, urupapuro rwa 5 n’urwa 6, be n’uwo muri Ruheshi 1992, urupapuro rwa 17-22.
[Ifoto ku rup. 26]
Rodirige Borijiya, Papa Alegizandere wa gatandatu
[Ifoto ku rup. 27]
Se wa Lukereziya Borijiya yarakoresheje uwo mukobwa wiwe kugira ashikire ububasha bwose
[Ifoto ku rup. 28]
Sezari Borijiya yari umuntu ahahamira ubukuru kandi yononekaye
[Ifoto ku rup. 29]
Kubera yuko Jérôme Savonarola bitashobotse ko papa amunumya, yaranyonzwe hanyuma araturirwa