Baratsinze uruhamo
FRIEDA JESS yavukiye muri Danemarike mu 1911, aho yavuye akimukira mu karere ka Husum kari mu buraruko bw’Ubudagi. Haciye imyaka nk’ingahe, yararonse akazi i Magdeburg, maze mu 1930 yarabatijwe aba Umutohoji wa Bibiliya, nk’uko Ivyabona vya Yehova bitwa ico gihe. Hitler yafashe ubutegetsi mu 1933, kandi kuri Frieda, ico kintu cabaye intango y’ukugirirwa nabi n’intwaro y’agahotoro atari imwe gusa ariko zibiri, ivyo bikaba vyamaze imyaka 23.
Muri Ntwarante 1933, Leta y’Ubudagi yaratunganije amatora. Umuhinga mu vya kahise Dr. Detlef Garbe, akaba ari umukuru w’ikigo c’iratiro ry’ivyabaye mw’Ikambi ry’Itunatuniro Neuengamme kiri hafi y’i Hamburg, asigura ati: “Umugambwe w’Abasosiyalisiti washaka guhatira abantu benshi gushigikira umukuru wabo akaba n’indongozi yabo Adolf Hitler.” Ivyabona vya Yehova barakurikije impanuro Yezu yatanze yo kuguma ata ho bahengamiye mu vya politike no ‘kutaba ab’isi,’ ku bw’ivyo ntibagiye mu matora. Ingaruka yabaye iyihe? Ivyabona barabujijwe.—Yohana 17:16.
Frieda yabandanije imirimo yiwe ya gikirisu mu kinyegero, akanafasha gucapura ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi. Avuga ati: “Ibinyamakuru bimwebimwe vyarinjizwa mu makambi y’itunatuniro mu kinyegero, bizaniwe abo dusangiye ukwizera.” Mu 1940, yarafashwe hanyuma arasambishwa n’igipolisi c’Abanazi (Gestapo), bahejeje kumusambisha yaciye amara amezi menshi apfungiwe ahantu ha wenyene. Yavyihanganiye gute? Agira ati: “Isengesho ni ryo ryari ubuhungiro bwanje. Nahera mu gitondo nsenga kandi nkabigira kenshi ku musi. Isengesho ryarankomeje ryongera riramfasha kugira ngo sindengerwe n’amaganya.”—Ab’i Filipi 4:6, 7.
Frieda yararekuwe, mugabo ca gipolisi congera kumufata mu 1944. Ico gihe yaciriwe umunyororo w’imyaka indwi mw’ibohero rya Waldheim. Frieda abandanya ati: “Abacungera ibohero bampaye gukorana n’abandi bagore bamwe mu tuzu twa surwumwe be no mu bwogero. Kenshi nama ndi kumwe n’uwundi twari dupfungiwe hamwe ava muri Tchécoslovaquie, ku bw’ivyo naciye ndamubwira vyinshi ku vyerekeye Yehova n’ukwizera kwanje. Ivyo biganiro vyatumye nguma nkomeye.”
Yararekuwe akanya gato
Muri Rusama 1945, inteko z’Abasoviyeti zarabohoje abari mw’ibohero rya Waldheim, Frieda na we yaciye aronka umwidegemvyo wo gusubira i Magdeburg no gukora ubusuku bwiwe yarangura ku mugaragaro, mugabo vyamaze igihe gitoyi. Ivyabona barongeye kandi gukumirwa, ico gihe hoho bigirwa n’abategetsi bo mu gice cigaruriwe n’Abasoviyeti. Uwitwa Gerald Hacke wo mu rwego rugira ubushakashatsi mu vy’intwaro z’agahotoro rwitiriwe Hannah-Arendt yandika ati: “Ivyabona vya Yehova ni bamwe mu migwi mikeyi yagumye ihamwa n’intwaro z’agahotoro zompi zatwaye mu gihugu c’Ubudagi.”
Ni kubera iki bongeye gukumirwa? No muri ico gihe nyene, ikintu canecane bahorwa yari impagararo yabo ya gikirisu yo kutagira aho bahengamiye. Mu 1948, mu Budagi bwo mu Buseruko haratunganijwe amatora y’abanyagihugu, maze nk’uko Hacke abisigura: “Ikintu nyamukuru catumye [Ivyabona vya Yehova bahamwa] ni uko batagize uruhara muri ayo matora.” Muri Myandagaro 1950, Ivyabona vya Yehova barabujijwe mu Budagi bwo mu Buseruko. Ivyabona amajana n’amajana barafashwe harimwo na Frieda.
Frieda yarasubiye kurengutswa muri sentare hanyuma acirwa umunyororo w’imyaka itandatu. “Ico gihe hoho nari kumwe n’abo dusangiye ukwizera, kandi ukwifatanya na bo vyarambereye imfashanyo ikomeye.” Aho amariye kurekurwa mu 1956, yaciye yimukira mu Budagi bwo mu Burengero. Frieda afise imyaka 90 y’amavuka, ubu aba i Husum, akaba agisukurira Imana y’ukuri Yehova.
Frieda yamaze imyaka 23 mu ruhamo ku ntwaro zibiri z’agahotoro. “Abanazi bagerageje kunyica; Abakomunisita na bo bagerageje kunca intege. Ni hehe nashoboye gukura inkomezi? Utumenyero twiza two kwiyigisha Bibiliya igihe twari dufise umwidegemvyo, isengesho rihozako natura igihe bampfungira aha jenyene, kwama nifatanya n’abo dusangiye ukwizera igihe cose bishoboka no kubarira abandi ivyo nemera, uko akanya kabonetse.”
Intwaro y’Ubufashisiti muri Hongiriya
Ikindi gihugu aho Ivyabona vya Yehova bihanganiye imyaka myinshi y’ugukumirwa ni Hongiriya. Bamwebamwe ntibahamwe n’intwaro z’agahotoro zibiri gusa ariko bahamwe na zitatu. Umwe muri abo ni Ádám Szinger. Ádám yavukiye mu gisagara c’i Paks muri Hongiriya mu 1922, kandi yakuriye mw’idini y’Abaporotisanti. Mu 1937, Abatohoji ba Bibiliya bamwebamwe baragendeye aho Ádám yaba, uwo musi nyene yaciye agaragaza ko ashimishijwe n’ubutumwa bamushikirije. Ivyo yize muri Bibiliya vyaramujijuye yuko inyigisho zo mw’idini yiwe zidashingiye kuri Bibiliya. Ku bw’ivyo, yaciye ava mw’idini y’Abaporotisanti yifatanya n’Abatohoji ba Bibiliya mu gikorwa cabo c’ubusuku barangurira ku mugaragaro.
Ubufashisiti bwariko burarushiriza gushinga imizi muri Hongiriya. Akatari gake, abajandarume barihweje Ádám ariko aramamaza inzu ku nzu hanyuma baramufata, baja kumusambisha. Ivyabona bararushirije gukandamizwa, hanyuma mu 1939 ibikorwa vyabo ntivyari bicemewe n’amategeko. Mu 1942, Ádám yarafashwe, ajanwa mw’ibohero, arakubitwa bimwe bikomeye. Uwo Ádám w’imyaka 19, ni igiki camufashije kwihanganira ukwo gucumukura be n’amezi menshi yamaze mw’ibohero? “Igihe nari nkiri muhira, nariga Bibiliya ndayitondeye maze ndaronka ugutahura kw’ishimikiro kw’imigambi ya Yehova.” Igihe Ádám yarekurwa akava mw’ibohero, ni ho yabatizwa akaba Icabona ca Yehova. Yabatijwe muri Myandagaro 1942 ku mugoroba w’ijoro, mu ruzi rwari hafi y’i muhira iwe.
Mw’ibohero ryo muri Hongiriya no mw’ikambi ry’ibikorwa vy’umuruho muri Serebiya
Mu gihe c’Intambara ya Kabiri y’Isi Yose, Hongiriya yarifatanije n’Ubudagi mu kurwanya Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti. Mu gatasi ko mu 1942 na ho, Ádám yarahamagawe ngo aje mu gisoda. Yigana ati: “Navuze yuko ntashobora kuja mu gisoda kubera ivyo nize muri Bibiliya. Narasiguye impagararo yanje yo kutagira aho mpengamiye.” Yaciriwe umunyororo w’imyaka 11. Mugabo Ádám ntiyamaze igihe kirekire muri Hongiriya.
Mu 1943, Ivyabona vya Yehova bashika 160 barabegeranirije hamwe, baburiza ubwato babacisha mu ruzi Danube, babajana muri Serebiya. Ádám yari muri abo. Muri Serebiya, abo banyororo ico gihe bari munsi y’ubutegetsi bugira gatatu bw’Ubudagi burongowe na Hitler. Bari bapfungiwe mw’ikambi y’i Bor yakorerwamwo ibikorwa vy’umuruho, bagategekwa gukora aho bacukura ubutare bw’umuringa. Haheze nk’umwaka, baragarukanywe muri Hongiriya, aho Ádám yaciye arekurwa n’inteko z’Abasoviyeti, ku mpeshi yo mu 1945.
Hongiriya itwarwa n’Abakomunisita
Mugabo rero uyo mwidegemvyo ntiwamaze na kabiri. Mu mpera y’imyaka y’1940, abakuru b’intwaro y’Abakomunisita muri Hongiriya barahagaritse ibikorwa vy’Ivyabona vya Yehova, nk’uko Abafashisiti bari barabigize imbere y’intambara. Mu 1952, ico gihe Ádám akaba yari afise imyaka 29 y’amavuka, akaba kandi yari yubatse akagira n’abana babiri, yarafashwe bamwagiriza ngo ni inkozi y’ikibi kubera yongeye kwanka kuja mu gisoda. Ádám yasiguriye sentare ati: “Ubu si bwo bwa mbere nanka kuja mu gisoda. Mu gihe c’intambara, narapfunzwe hanyuma ntwarwa nk’inyagano muri Serebiya kubera iyo mpamvu nyene. Nanka kwinjira mu gisoda kubera ijwi ryanje ryo mu mutima. Ndi Icabona ca Yehova, kandi nguma ata ho mpengamiye mu vya politike.” Ádám yaciriwe kumara imyaka umunani mw’ibohero, mu nyuma iragabanywa iba ine.
Ádám yabandanije gukumirwa gushika hagati mu myaka y’1970, hakaba hari haheze imyaka irenga 35 Abatohoji ba Bibiliya bagendeye ari bwo bwa mbere abavyeyi biwe. Muri ico gihe cose, yaciriwe na sentare zitandatu urubanza rwo kumara imyaka 23 mw’ibohero, akaba yapfungiwe n’imiburiburi mu mabohero no mu makambi cumi. Yarihanganiye uruhamo rudatezura kuri za ntwaro zitatu ari zo Ubufashisiti imbere y’Intambara ya Kabiri y’Isi Yose muri Hongiriya, umugambwe w’Abasosiyalisiti w’Abadagi muri Serebiya n’Ubukomunisita mu gihe ca ya mishamirano yaba inyuma y’Intambara ya Kabiri y’Isi Yose muri Hongiriya.
Ádám aracaba mu gisagara ciwe c’amavukiro ca Paks, akaba asukurira Imana ari intahemuka. Yoba afise ubuhanga budasanzwe bwatumye yihanganira ivyo bintu bigoye akabitsinda? Habe namba. Asigura ati:
“Kwiga Bibiliya, isengesho no kwifatanya n’abo dusangiye ukwizera vyarambereye ngirakamaro. Mugabo noshima gushimika ku bindi bintu bibiri. Ica mbere, Yehova ni we Soko ry’inkomezi. Ubucuti bwa hafi nari mfitaniye na we ni bwo bwampa inkomezi. Ica kabiri, nagumije mu muzirikanyi Abaroma ikigabane ca 12, ahagira hati: ‘Ntimusubirize umuntu mu nkoko ikibi yabagiriye.’ Sinigeze mbika inzika. Akatari gake nararonka akaryo ko kwihora abanteje uruhamo, mugabo ntavyo nigeze ngira. Ntidukwiye gukoresha inguvu Yehova yaduhaye kugira ngo tugere ingere ku yindi.”
Uruhamo ruzokurwaho
Frieda na Ádám ubu barashobora gusenga Yehova ata ntambamyi. Ariko none ivyo vyabashikiye bihishura iki ku vyerekeye uguhamwa umuntu ahorwa idini? Vyerekana yuko uruhamo nk’urwo ata co rushikako, igihe n’imiburiburi rushikiye Abakirisu b’ukuri. Naho nyene uguhama Ivyabona vya Yehova bitwara amahera menshi kandi bigatuma bamererwa nabi bimwe bikomeye, kwarananiwe gushika ku co kwashaka. Muri iki gihe, Ivyabona vya Yehova babandanya gusagamba mu bihugu vya Buraya, aho za ntwaro zibiri zikomeye z’agahotoro zari zitsimbataye.
Ivyabona bavyifashemwo gute mu gihe c’uruhamo? Nk’uko ibivugwa kuri Frieda na Ádám bivyerekana, barashize mu ngiro iyi mpanuro yo muri Bibiliya: “Ikibi coye kukunesha, yamara ikibi ukinesheshe iciza.” (Abaroma 12:21) Mu vy’ukuri, iciza coba gishobora kunesha ikibi? Egome, mu gihe giturutse ku kwizera gukomeye umuntu afitiye Imana. Ugutsinda uruhamo kw’Ivyabona vya Yehova bo mu bihugu vya Buraya kwabaye intsinzi y’impwemu y’Imana, akaba ari ikimenyamenya c’ububasha bwo gukora iciza buvuye kuri kwa kwizera impwemu yera yama mu Bakirisu bicisha bugufi. (Ab’i Galatiya 5:22, 23) Muri iyi si yuzuyemwo ubukazi, ico ni icigwa umuntu wese akwiye kwamiza ku muzirikanyi.
[Amafoto ku rup. 5]
Igihe Frieda Jess (ubu akaba yitwa Thiele) yafatwa be no muri iki gihe
[Amafoto ku rup. 7]
Igihe Ádám Szinger yari mw’ibohero be no muri iki gihe