Kubera iki abantu bahamwa bahorwa idini?
WOBA wemera ko abantu bashobora guhamwa bahorwa idini yabo? Kumbure wovuga uti oya, n’imiburiburi igihe ivyo bakora bitarengera akarimbi abandi. Yamara, uguhamwa umuntu ahorwa idini vyatanguye kera kandi n’ubu bikiriko. Nk’akarorero, Ivyabona vya Yehova batari bake bo mu bihugu vya Buraya be no mu tundi duce dutandukanye tw’isi, kenshi baratswe uburenganzira bwabo bongera barafatwa bunyamaswa mu kinjana ca 20 cose.
Muri ico gihe, Ivyabona vya Yehova baracumukujwe n’uruhamo rukaze, rukuzako kandi rudatezura mu gihe c’intwaro z’agahotoro z’i Buraya. Ivyabashikiye bitwigisha iki ku vyerekeye guhamwa umuntu ahorwa idini? Kandi ni igiki twokwigira ku kuntu bavyifashemwo muri urwo ruhamo?
‘Si ab’isi’
Ivyabona vya Yehova barihatira kuba abantu bubahiriza amategeko, b’abanyamahoro kandi baguma bashikamye mu vy’inyifato runtu. Ntibarwanya intwaro canke ngo barondere guhangana na zo, eka kandi ntibikwegera guhamwa kubera bashaka kuba abapfiramana. Abo Bakirisu nta ho bahengamiye mu vya politike. Ivyo birahuye n’aya majambo Yezu yavuze agira ati: “[Abayoboke banje] s’ab’isi, nk’uko nanje ntar’uw’isi.” (Yohana 17:16) Intwaro nyinshi zirazi ko Ivyabona batagira aho bahengamiye. Mugabo, abakuru b’intwaro z’agahotoro ntibubaha itegeko rya Bibiliya risaba Abakirisu kutaba ab’isi.
Imvo ibituma yarasiguwe mu nama yabereye kuri Kaminuza y’i Heidelberg mu Budagi muri Munyonyo 2000. Iyo nama yari yerekeye agacinyizo kagizwe ku Vyabona vya Yehova be n’ingene baburaniye agateka kabo ku ntwaro z’agahotoro z’Abasosiyalisiti n’Abakomunisita. Umuhinga Dr. Clemens Vollnhals wo mu rwego rugira ubushakashatsi mu vy’intwaro z’agahotoro rwitiriwe Hannah-Arendt yavuze ati: “Ivyo intwaro z’agahotoro zikora ntibigarukira kuri politike gusa. Zishaka ko umuntu azihebera.”
Abakirisu b’ukuri ntibashobora kwemera “kwihebera” intwaro z’abantu, kubera ko Yehova Imana ari we wenyene basezeraniye kugamburukira muri vyose. Ivyabona baba mu bihugu birongowe n’intwaro z’agahotoro, bahora basanga rimwe na rimwe ivyo Leta isaba be n’ivyo ukwizera kwabo kubasaba bidahuza. Bahora bavyifatamwo gute muri ayo matati? Ivyabona vya Yehova bamye bakurikiza mu buzima bwabo ingingo ngenderwako yashikirijwe n’abigishwa ba Yezu Kirisitu, ivuga iti: “[Dutegerezwa] kwumvira Imana kuyirutisha abantu.”—Ivyakozwe 5:29.
Ivyabona batari bake bagumye bumiye ku kwemera kwabo kandi baguma ata ho bahengamiye mu vya politike, naho nyene baba bahanganye n’uruhamo rukaze gute. Vyashobotse gute ko bavyihanganira? Boba bakuye hehe inkomezi zo kuvyihanganira? Tubareke bo nyene biyishurire. Hanyuma duce turaba ico umwumwe wese yokwigira ku vyabashikiye, yaba ari Icabona canke atari Icabona.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 4]
Mu gihe ca za ntwaro zibiri z’agahotoro zabaye mu kinjana ca 20, Ivyabona vya Yehova bo mu Budagi baracumukujwe n’uruhamo rukaze kandi rudatezura
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 4]
“Ivyo intwaro z’agahotoro zikora ntibigarukira kuri politike gusa. Zishaka ko umuntu azihebera.”—Dr. Clemens Vollnhals
[Ifoto ku rup. 4]
Umuryango wa Kusserow waratswe umwidegemvyo kubera wanse guhakana ukwizera kwawo
[Ifoto ku rup. 4]
Johannes Harms yagandaguriwe mw’ibohero ry’Abanazi ahorwa ivyo yemera