Abakirisu Boba Bakwiye Kuba Abanyeshari?
ISHARI—ryoba ari kamere Abakirisu bakwiye gutsimbataza? Kubera ko turi Abakirisu, turemeshwa “[k]wirukir[a] urukundo,” kandi tubwirwa ko “urukundo [ruta]gira ishari.” (1 Ab’i Korinto 13:4; 14:1) Ku rundi ruhande, tubwirwa yuko ‘Yehova . . . ari Imana [“y’inyeshari,” NW]’ kandi tugasabwa ‘kwigana Imana.’ (Kuvayo 34:14; Abanyefeso 5:1) Kubera iki aho hantu hasa n’ahivuguruza?
Ni kubera yuko amajambo y’Igiheburayo n’ay’Ikigiriki yahinduwe ngo “ishari” muri Bibiliya afise insobanuro nyinshi. Ashobora kugira insobanuro nziza canke mbi bivanye n’ukuntu ayo majambo akoreshejwe. Nk’akarorero, ijambo ry’Igiheburayo ryahinduwe ngo “ishari” rishobora gusigura “gusabana ugushimika yuko ata wundi yosengwa; kutarekura ubukeba; umwete; ishaka; ishari [ryiza canke ribi]; igono.” Ijambo ry’Ikigiriki bijana rifise insobanuro nk’iyo nyene. Ayo majambo ashobora kwerekeza ku nyiyumvo mbi itari ku burimbane, iyo umuntu agirira uwo yicura ko ari umukeba canke umuntu azwi ko ari we ariko arungukira ku kintu. (Imigani 14:30) Ashobora kandi kwerekeza ku guserura mu buryo bwiza kamere ishimwa n’Imana, ni ukuvuga gushaka gukingira icogirira nabi umuntu ukunda.—2 Ab’i Korinto 11:2.
Akarorero Ntangere
Yehova aratanga akarorero ntangere mu vy’ukugaragaza ishari ribereye. Imvo zibimutuma ziratyoroye kandi ntizihumanye, asunikwa n’icipfuzo co gukingira abasavyi biwe ukwononekara mu vy’impwemu no mu vy’ukwigenza runtu. Yabwiye abasavyi biwe ba kera, abavuzwe mu buryo bw’ikigereranyo ko ari Siyoni ati: “Mfūhiye i Siyoni ifūhe ryinshi, mpapfūhiye mfise uburake bginshi.” (Zekariya 8:2) Nk’uko sebibondo munyarukundo yama agavye kugira akingire abana biwe ikintu cobagirira nabi, na Yehova yama agavye kugira ngo akingire abasavyi biwe ingeramizi yo mu buryo bw’umubiri no mu buryo bw’impwemu.
Kugira ngo Yehova arinde abasavyi biwe, yaratanze Ijambo ryiwe ari ryo Bibiliya. Ririmwo indemesho nyinshi zibaremesha kugenda mu buryo buranga ubukerebutsi, kandi ryuzuyemwo uburorero bw’ababigize. Muri Yesaya 48:17, dusoma duti: “Ni jewe Uhoraho Imana yawe, nkwigisha ibikugirira ikimazi, nkakurōngōra mu nzira ukwiye gucamwo.” Ese ukuntu bihumuriza kumenya yuko ishari ryiwe rimusunikira ku kutwitwararika no ku kutwitaho! Iyo ataba yari umunyeshari muri ubwo buryo bwiza, twocumukujwe n’ibibi vy’ubwoko bwose kubera ko tudaciye uruma. Uburyo Yehova aserura ishari ntiburimwo ubwikunzi na gato.
Ku bw’ivyo none, ni itandukaniro irihe riri hagati y’ishari rishimwa n’Imana n’ishari ritabereye? Kugira dutore iryo tandukaniro, nimuze turimbure akarorero ka Miriyamu n’aka Finehasi. Turabe icatumye bakora uko bakoze.
Miriyamu na Finehasi
Miriyamu yari mushiki wa Musa na Aroni abakurira, abo bagabo bakaba bari indongozi z’Abisirayeli mu gihe c’Ukuva mu Misiri. Mu gihe Abisirayeli bari mu bugaragwa, Miriyamu yaragiriye ishari musazawe Musa. Iyo nkuru ya Bibiliya igira iti: “Miriyamu na Aroni banegura Mose, kubg’Umunyetiyopiyakazi yābiriye; . . . Baravuga, bati Mbeg’Uhoraho avugisha Mose gusa? Tweho ntatuvugisha?” Bigaragara ko Miriyamu ari we yagiye imbere muri ukwo kurwanya Musa, kubera ko Yehova atahanye Aroni ariko agahana Miriyamu, amuteje imibembe yamumazeko indwi yose kubera inyifato yiwe yo kutubaha.—Guharūra 12:1-15.
Ni igiki casunikiye Miriyamu ku kurwanya Musa? Kwoba kwari ukwitwararika ugusenga kw’ukuri be n’icipfuzo co gukingira Abisirayeli bagenziwe ikibi? Bigaragara ko atari ivyo. Biboneka ko Miriyamu yari yararetse icipfuzo kitabereye co kurondera icubahiro kirenze n’ubukuru burenze biruzurana mu mutima wiwe. Kubera ko yari umuhanuzikazi muri Isirayeli, yarubahwa cane n’abantu, canecane abagore. Ni we yabagiye imbere mu kuririmba inyuma y’aho Isirayeli ikirijwe ku gitangaro ku Kiyaga Gitukura. Naho ari ukwo, inyuma y’aho gatoyi Miriyamu ashobora kuba yatanguye kurazwa ishinga bitari bikwiriye n’uko uwo yicura ko ari umukeba, ni ukuvuga muka Musa, yohavuye aba ari we amenyekana. Abitumwe n’ishari riranga ubwikunzi, yaciye atangura kurwanya Musa, uwari yagenywe na Yehova.—Kuvayo 15:1, 20, 21.
Ku rundi ruhande, Finehasi imvo yakorana yari itandukanye n’iyo. Gatoyi imbere yo kwinjira mu Gihugu c’Isezerano, igihe Isirayeli yari icumbitse mu Biyaya vy’i Mowabu, Abanyamowabukazi n’Abamidiyanikazi barakwegeye abagabo benshi b’Abisirayeli mu bushegabo n’ugusenga ibigirwamana. Kugira ikambi ihumanurwe, no kugira ngo uburake bw’inkazi bwa Yehova buhagarikwe, abacamanza ba Isirayeli bategetswe kwica abagabo bose bari bataye umurongo ico gihe. Kubera yari afise umugambi wo gukora ubushegabo, Zimuri umukuru wo mu muryango wa Simeyoni yazanye mw’ikambi Kozibi Umumidiyanikazi ata co yinona “imbere y’ishengero ryose ry’Abisirayeli.” Finehasi yaragize ico akoze ubutisubirako. Abitumwe n’inyiyumvo z’ishari, canke umwete yari afitiye insengo ya Yehova be n’icipfuzo c’uko ikambi iguma ityoroye mu vy’ukwigenza runtu, yicira nya basambanyi mw’ihema barimwo. Yarakejwe kubera yagize “uburake buranga ishari,” “ata bukeba namba yarekuye” (NW) ngo bugirirwe Yehova. Igikorwa Finehasi yakoze adatebaganye, carahagaritse ikiza c’igihano cari kimaze guhitana abantu 24.000, kandi Yehova yaramu- haye impera mu kumusezeranira yuko ubuherezi bwogumye mu bomukomotseko gushika ibihe bidahera.—Guharūra 25:4-13; The New English Bible.
Ni itandukaniro irihe ryari hagati y’ubwo buryo bubiri bwo guserura ishari? Miriyamu yarwanije musazawe abitumwe n’ishari ry’ubwikunzi, mu gihe Finehasi yashikije ubutungane bushingiye kw’ishari rishimwa n’Imana. Nka kumwe kwa Finehasi, hari ibihe aho dukwiye kwumva dusunikiwe ku guserura ata kurya umunwa ivyiyumviro vyacu canke kugira ikintu kanaka dukoze kugira turwanire izina rya Yehova, ugusengwa kwiwe be n’abasavyi biwe.
Ishari Ritavuye ku Mvo Nziza
Vyoba bishoboka none ko umuntu aguma afise inyiyumvo z’ishari ritavuye ku mvo nziza? Egome, birashoboka. Ukwo ni ko vyari biri muri rusangi ku Bayuda mu kinjana ca mbere. Barumira ku Vyagezwe vyatanzwe n’Imana be n’imigenzo yabo babigiranye ishaka. Mu twigoro bagira two gukingira Ivyagezwe, barashizeho amategeko be n’imiziririzo injojo vyacitse umutwaro uremereye ku bantu. (Matayo 23:4) Kubera yuko batari bashoboye canke batari bafise umutima ukunze wo kwemera icese ko Imana yari yarasubirije Ivyagezwe vya Musa n’ikintu nyakuri vyahora bigereranya, ishari ritavuye ku mvo nziza ryarabasunikiye ku guserura uburake bw’akaburarugero ku bayoboke ba Yezu Kirisitu. Intumwa Paulo, uwari yahoze yumira ku Vyagezwe abigiranye ishaka mu buryo butari bwiza, yarerekanye ko abantu bariko barwanira Ivyagezwe bari bafise “ishaka [ishari] ry’Imana, ariko [atari] mu buryo bg’ubgenge.”—Abaroma 10:2; Ab’i Galatiya 1:14.
Mbere na benshi mu Bayuda bacitse Abakirisu basanze bigoye kwikuramwo iryo shaka rirenze urugero bari bafitiye Ivyagezwe. Inyuma y’urugendo rwiwe rw’ubumisiyonari rugira gatatu, Paulo yarashikirije inama nyobozi yo mu kinjana ca mbere raporo ivuga ivy’amahanga yari yahindukiye. Ico gihe, Abayuda b’Abakirisu ibihumbi n’ibihumbi, “bose bagira ishaka ry’ivyagezwe.” (Ivyakozwe 21:20) Aho hari haciye imyaka n’iyindi inama nyobozi itegetse yuko Abakirisu b’Abanyamahanga bitari ngombwa ko bakebwa. Ibibazo bijanye n’ukwitondera Ivyagezwe vyari vyaratumye haba amahane mw’ishengero. (Ivyakozwe 15:1, 2, 28, 29; Ab’i Galatiya 4:9, 10; 5:7-12) Kubera ko Abakirisu b’Abayuda bamwebamwe batatahura bimwe vyuzuye ukuntu Yehova ico gihe yariko arafata abasavyi biwe, barashimitse ku vyiyumviro vyabo bwite, bakanebagura abandi.—Ab’i Kolosayi 2:17; Abaheburayo 10:1.
Ku bw’ivyo rero, dutegerezwa kwirinda umutego wo kugerageza gukingira tubigiranye ishaka ivyiyumviro vyacu bwite dukunda, canke inzira zidashingiye rwose kw’Ijambo ry’Imana. Vyoba vyiza twemeye umuco mushasha w’ugutahura Ijambo ry’Imana turonka biciye ku muhora Yehova ariko arakoresha muri kino gihe.
Nube Umunyeshari ku bwa Yehova
Ariko rero, ishari rishimwa n’Imana rirabereye mu gusenga kw’ukuri. Igihe dusa n’abagomba kurazwa ishinga mu buryo butabereye n’ukuntu tuzwi canke n’uburenganzira dufise, ishari rishimwa n’Imana rirahindukiriza ivyiyumviro vyacu kuri Yehova. Riradusunikira ku kurondera uturyo dutandukanye two kuvuga ukuri kumwerekeye, turwanira inzira ziwe be n’abasavyi biwe.
Akiko, akaba ari umusukukazi w’igihe cose wo mu vyabona vya Yehova, yaracokowe bimwe bikaze n’umunyamuhana umwe yari afise ivyiyumviro bitari vyo ku vyerekeye itegeko ry’Imana rivuga ivy’amaraso. Akiko yararwaniye Ijambo ry’Imana abigiranye ukwigengesera, mbere aranavuga ingorane z’ubuvuzi zijanye n’ivy’uguterwa amaraso. Asunitswe n’icipfuzo gikaze co kuvuga ivyerekeye Yehova, yarahindukije ikiganiro acerekeza ku kintu yatahuye ko cari yo mvo nyakuri yatumye nya mugore yanka kumwumviriza, ni ukuvuga ukutemera yuko hariho Umuremyi. Akiko yarafashije uwo munyamuhana kuzirikana ku kuntu ivyaremwe bishigikira ivy’ukwemera ko hariho Umuremyi. Kuba yararwaniye Ijambo ry’Imana ata bwoba ntivyamushikanye gusa ku gukuraho umwikeko udafise ishingiro wari uhari, ariko kandi vyamushikanye ku kwigana Bibiliya na nya mugore. Muri iki gihe, uwo munyamuhana yari yahoze ari umuntu arakara ubu ni umushemeji wa Yehova.
Kugirira ishari ribereye canke umwete ugusenga kw’ukuri biradusunikira ku gucungera uturyo tubonetse be no kudufatirako kugira ngo tuvuge ivyerekeye ukwizera kwacu twongere tukurwanirire ku kazi, kw’ishure, ku mangazini be n’igihe tuba turi ku rugendo. Nk’akarorero, Midori aragira umwiyemezo wo kubwira abo bakorana ivyerekeye ukwizera kwiwe. Umwe mu bo bakorana, akaba yari afise nk’imyaka 40 yavuze yuko atashima na gato kuganira n’Ivyabona vya Yehova. Mu nyuma, basubiye kuganira, nya mugore yaridodomvye kubera hari utugeso tubitubi umukobwa wiwe yariko aratsimbataza. Midori yaramweretse igitabu Les jeunes s’interrogent — Réponses pratiques,a maze amusaba ko yoringaniza ivyo kwigana na nya mukobwa w’uwo mugore muri ico gitabu. Inyigisho yaratanguye, ariko nyina w’uwo mukobwa ntiyagiyemwo muri ico kiganiro. Midori yafashe ingingo yo kwereka uwo mugore ya videwo Les Témoins de Jéhovah: un nom, une organisation.* Ivyo vyarakuyeho ivyiyumviro vyinshi bitari vyo yari afise. Asunitswe n’ivyo yabonye, yavuze ati: “Nshaka kumera nk’Ivyabona vya Yehova.” Yaciye yifatanya n’umukobwa wiwe kwiga Bibiliya.
Ishari ryiza rirabereye no mw’ishengero rya gikirisu. Rituma haba agatima karanga igishika k’urukundo n’ubwitwararitsi, kandi riradusunikira ku kunanira utwosho duhungabanya twohava tugirira nabi abavukanyi bacu bo mu vy’impwemu, nk’urusaku rwonona be n’ivyiyumviro vy’abahakanyi. Ishari rishimwa n’Imana riradusunikira ku gushigikira ingingo zifatwa n’abakurambere, abo rimwe na rimwe basanga bikenewe gukangira abakoze ikibi. (1 Ab’i Korinto 5:11-13; 1 Timoteyo 5:20) Paulo mu kwandikira abizera bagenziwe bo mw’ishengero ry’i Korinto ivyerekeye inyiyumvo z’ishari yari abafitiye, yavuze ati: “[Ndafise ishari kuri mwebwe] ryo kubg’Imana, kuko nabahaye umugabo umwe, ni we Kristo, ngo ndabamushingire mumeze nk’inkumi itunganye.” (2 Ab’i Korinto 11:2) Ku bw’ivyo kandi, ishari ryacu riradusunikira ku gukora ivyo dushobora vyose kugira dukingire ugutyoroka kwo mu vy’inyigisho, kwo mu vy’impwemu n’ukwo mu vy’ukwigenza runtu kw’abo mw’ishengero bose.
Vyemere, ishari rigiranywe imvo nziza, ni ukuvuga ishari rishimwa n’Imana, riragira akosho keza ku bandi. Rituma twemerwa na Yehova, kandi rikwiye kuba imwe muri kamere iboneka mu Bakirisu muri kino gihe.—Yohana 2:17.
[Akajambo k’epfo]
a Vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Amafoto ku rup. 29]
Ibikorwa Finehasi yakoze vyari bishingiye kw’ishari rishimwa n’Imana
[Amafoto ku rup. 30]
Niwirinde kugwa mu mutego w’ishari ritagiranywe imvo nziza
[Amafoto ku rup. 31]
Ishari rishimwa n’Imana riradusunikira ku kubwira abandi ukwizera kwacu be no ku gukunda ikivukano cacu