“Uzocike Inkerebutsi Muri Kazoza Kawe”
“Abantu batari bake imyaka yabo ya mbere bayikoresha mu buryo buzotuma bagira amagorwa mu gice ca nyuma c’ubuzima bwabo.” Ukwo ni ko umwanditsi w’Umufaransa wo mu kinjana ca 17 yitwa Jean de La Bruyère yavuze. Kukaba nkako, uwukiri muto w’imitima ibiri yoshobora kubura ico afata n’ico areka, agashikirwa n’ukwumva ko atashize akanyota n’ukwicuza akicuza. Ku rundi ruhande, uwukiri muto w’igipfu yoshobora gushishikara mu ngendo itaranga ubukerebutsi, akiyima umunezero wo mu gice ca nyuma c’ubuzima bwiwe. Mu buryo bumwe canke mu bundi, icaha co kureka gukora icari kibereye, canke co gukora ubukozi bw’ikibi gishobora gushikana umuntu ku marushwa atagira uko angana.
Mwene ico kintu umuntu yocirinda ate ngo ntigishike? Mu kugabisha abakiri bato ku vy’ukwijijanya imitima kwo mu buto, Ijambo ry’Imana ribahanura riti: “Kandi wame wibuka Umuremyi wawe mu misi y’ubusore bgawe, imisi mibi itaraza, igihe kitarashika, ah’uzovuga, uti Nta kikinnezereza.” (Umusiguzi 12:1) Niba ucaruka, nutere intambwe nziza zo kwiga ivyerekeye “Umuremyi wawe” mu gihe ukiri muto.
Bibiliya rero ifasha gute abakiri bato kwirinda ubupfu bwo mu buto? Ivuga iti: “Wumvire inama, wemere kwigishwa, kugira ng’[“uzocike inkerebutsi muri kazoza kawe,” NW].” (Imigani 19:20) Bibiliya kandi irerekana mu buryo butomoye yuko gutera akagere ubukerebutsi buva ku Mana bitumwe n’urwangara canke ubugarariji mu gihe c’ubuto, canke ku myaka iyo ari yo yose, bifise ingaruka zibabaje. (Imigani 13:18) Tubivuze mu bundi buryo, kwumvira ubuyobozi buva ku Mana bivamwo “imisi myinshi, n’imyaka yo kuramvya ubu[zima], n’amahoro,” ni ukuvuga ubuzima bumara akanyota kandi buryoshe.—Imigani 3:2.