ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 1/10 rup. 23-27
  • Agateka ko Kugira Uruhara mu Guteza Imbere Igikorwa Inyuma y’Intambara

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Agateka ko Kugira Uruhara mu Guteza Imbere Igikorwa Inyuma y’Intambara
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukuri kwa Bibiliya Kuva ku Muhemu
  • Umuryango Wacu Ucika Uwunze Ubumwe
  • Ukumenyerezwa kw’i Gileyadi n’Inyuma y’Aho
  • Nkoresha Inyigisho Naronse ku Mashami
  • Iminezero Mishasha mu Busuwisi
  • Ibintu Bihinduka
  • Ibihe vy’Umunezero w’Ubuzima bwo mu Muryango
  • Nguma Mpindura Bivanye n’Uko Ibintu Vyifashe
  • Nigishijwe na Yehova kuva mu buto bwanje
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Maze imyaka 70 mfashe impuzu y’Umuyuda
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ni ibiki birangurirwa ku Biro vy’ishami?
    Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
  • Twariboneye ubuntu bw’Imana mu buryo butandukanye
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 1/10 rup. 23-27

Inkuru y’Ubuzima

Agateka ko Kugira Uruhara mu Guteza Imbere Igikorwa Inyuma y’Intambara

NK’UKO VYAVUZWE NA FILIP S. HOFFMANN

Intambara ya Kabiri y’Isi Yose yari imaze kurangira muri Rusama 1945. Mu kwezi kwa Kigarama kw’uwo mwaka, Nathan H. Knorr, uwari ahagarikiye ibikorwa vyo kwamamaza vy’Ivyabona vya Yehova kw’isi yose, yaragendeye igihugu ca Danemarike ari kumwe n’umunyamabanga wiwe Milton G. Henschel afise imyaka 25 y’amavuka. Harakoteshejwe inzu yagutse yokoreshejwe mu gihe c’ukwo kugenderwa bari barindiranye igishika. Kuri twebwe abari bakiri bato, insiguro y’Umuvukanyi Henschel yarashwangamura bimwe bidasanzwe, kubera yari akiri muto nkatwe kandi akaba yari yahisemwo umutwe-shimikiro uvuga ngo: “Wame wibuka Umuremyi wawe mu misi y’ubu[to] bgawe.”​—Umusiguzi 12:1.

MU GIHE c’urwo rugendo, twaramenye yuko ibintu bihimbaye vyariko biraba kugira igikorwa co kwamamaza kw’isi yose gitere imbere, kandi ko twari gushobora kubigiramwo uruhara. (Matayo 24:14) Nk’akarorero, hari ishure rishasha ryo kumenyereza abagabo n’abagore bakiri bato ku bw’igikorwa c’ubumisiyonari ryari ryaruguruwe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Umuvukanyi Knorr yarashimitse yuko turamutse dutumiwe, tworonse “itike ryo kugenda gusa” kandi yuko tutomenye iyo turungikwa. Naho vyari uko, bamwebamwe muri twebwe barasavye kujayo.

Imbere y’uko ndondora ivyanshikiye inyuma y’Intambara ya Kabiri y’Isi Yose, reka mbanze mvuge ivy’ivuka ryanje mu 1919. Hari ibintu bitari bike vyabaye imbere y’iyo ntambara no mu gihe cayo vyakoze ikintu kinini ku buzima bwanje.

Ukuri kwa Bibiliya Kuva ku Muhemu

Igihe mawe yari anyibungenze, nkaba nari ngiye kuba umwana wiwe wa mbere, yasenga asaba yuko nocika umumisiyonari, nimba nari umuhungu. Musazawe yari Umutohoji wa Bibiliya, nk’uko Ivyabona vya Yehova bitwa ico gihe, mugabo abandi bo mu muryango wiwe bamufata ko ari umuhemu. Inzu yacu yari hafi y’ i Copenhagen, kandi igihe Abatohoji ba Bibiliya baba bafise amahwaniro agirwa ku mwaka ku mwaka ngaho, mawe yarashobora gutumira datawacu Thomas yaba kure gatoyi, kugira ngo tugumane. Mu 1930, ubumenyi bwa Bibiliya butangaje yari afise be n’uburyo bwiwe bwo kuzirikana bwumvikana vyari vyarajijuye mawe gucika Umutohoji wa Bibiliya.

Mawe yarakunda Bibiliya. Mu gukurikiza ibwirizwa ryo mu Gusubira mu Vyagezwe 6:7, yaranyigisha ndi kumwe na mushikanje ankurikira ‘igihe yaba yicaye mu nzu, agenda mu nzira, aryamye, canke avyutse.’ Haciye igihe, naratanguye kugira uruhara mu kwamamaza inzu ku nzu. Narakunda kuganira nko ku vy’ubugingo budahwera be no ku muriro udahera, bikaba ari ibintu amadini yariko arigisha. Narashobora kwerekana mu buryo kirumara muri Bibiliya yuko mwene izo nyigisho zitari zo.​—Zaburi 146:3, 4; Umusiguzi 9:5, 10; Ezekiyeli 18:4.

Umuryango Wacu Ucika Uwunze Ubumwe

Inyuma y’ihwaniro ryabereye i Copenhagen mu 1937, hari hakenewe umuntu afasha mu gihe gitoyi kuri depo y’ibisohokayandikiro ku biro vy’ishami ry’Ivyabona vya Yehova muri Danemarike. Nari naramaze kurangiza ivyigwa kuri kaminuza y’ivy’ubucuruzi nkaba rero ata cari kimfatiriye, ari na co gituma nitanze ngo mfashe kuri iyo depo. Igihe umurimo wo kuri iyo depo warangira, nasabwe gusahiriza ku biro vy’ishami. Bidatevye inyuma y’aho, naravuye muhira maze nimukira kuri iryo shami ry’i Copenhagen, naho ntari bwabatizwe. Ukwifatanya n’Abakirisu bahumuye ku musi ku musi vyaramfashije gutera imbere mu buryo bw’impwemu. Umwaka ukurikira, ku wa 1 Nzero 1938, naragereranije ukwiyegurira Yehova Imana kwanje mu kubatizwa mu mazi.

Muri Nyakanga 1939, Intambara ya Kabiri y’Isi Yose yaciye itangura. Hanyuma, ku wa 9 Ndamukiza 1940, ingabo z’Abadagi zarigaruriye Danemarike. Kubera ko Abanyadanemarike bari barahawe umwidegemvyo utari muto, twarashoboye kubandanya ibikorwa vyacu vy’ukwamamaza.

Hari ikintu ciza igitangaza caciye kiba. Dawe yaracitse Icabona w’umunyamwete, w’intahemuka, aba atumye umuryango wacu ugira agahimbare kuzuye. Ku bw’ivyo, igihe jewe n’abandi Banyadanemarike bane twatumirwa kwitaba ivyigwa vy’umugwi ugira umunani vy’Ishure ry’i Gileyadi, umuryango wanje wose waranshigikiye. Ivyigwa vyo muri iryo shure bimara amezi atanu, bikaba vyatanguye muri Nyakanga 1946, vyabereye mu kigo ciza co muri leta ya New York.

Ukumenyerezwa kw’i Gileyadi n’Inyuma y’Aho

Ishure ry’i Gileyadi ryaraturonkeje uturyo two kugira abagenzi bashasha beza igitangaza. Umugoroba umwe turiko turagendagenda mu micungararo y’ico kigo turi kumwe na Harold King yavuye mu Bwongereza, twarayaze ivyerekeye aho twoshobora kurungikwa turamutse turangije ivyigwa. Harold yavuze ati: “sha, sindaraba irya nyuma vya bitandara vyera vy’i Douvres.” Yavuze ukuri, mugabo vyatwaye imyaka 17 kugira ngo asubire kuraba nya bitandara, imyaka ine n’igice muri iyo akaba yayimaze apfungiwe aha wenyene mw’ibohero ryo mu Bushinwa!a

Tumaze kuronka impapuro z’imitsindo, naciye ndungikwa i Texas, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika gukora ndi umucungezi w’ingenzi, nkagendera amashengero y’Ivyabona vya Yehova kugira ngo ndayafashe mu buryo bw’impwemu. Nakiranywe igishika. Ku bavukanyi bo muri Texas, cari ikintu gishimishije kuronka umunyaburaya akiri muto arangije Ishure ry’i Geliyadi. Mugabo maze amezi indwi gusa muri Texas, naciye mpamagarwa gukorera ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova i Brooklyn, muri New York. Ngaho, Umuvukanyi Knorr yandungitse gukorera mu biro, ambwira ko nkwiye kwiga ukuntu ibikorwa birangurwa mu nzego zose. Hanyuma, maze gusubira i Danemarike, nategerezwa gushira mu ngiro ivyo nari nize, nkaraba neza yuko ikintu cose cakorwa nk’uko vyagenda i Brooklyn. Umugambi wariho wari uwo gutuma ibikorwa bikorerwa mu mashami yo kw’isi yose bikorwa kumwe kugira birushirize gukorwa neza. Mu nyuma, Umuvukanyi Knorr yanyimuriye mu Budagi.

Nkoresha Inyigisho Naronse ku Mashami

Igihe nashika i Wiesbaden mu Budagi muri Mukakaro 1949, ibisagara vyinshi vyo mu Budagi vyari bikiri umusaka. Abari barongoye igikorwa co kwamamaza bari abagabo bari barahamwe kuva igihe Hitler yafata ubutegetsi mu 1933. Bamwebamwe bari bamaze mu mabohero no mu makambi y’itunatuniro imyaka umunani gushika kw’icumi canke irenga! Narakoranye n’abasavyi ba Yehova nk’abo mu myaka itatu n’igice. Akarorero kabo ntangere karanyibutsa amajambo y’umutohozakahise w’Umudagi Gabriele Yonan, uwanditse ati: “Iyo hataba akarorero k’uwo mugwi w’Abakirisu washikamye mu gihe c’ugutwaza igitugu kw’umuhari w’Abasosiyaliste, twokekeranije ko vyoba bishoboka na gatoyi gushitsa inyigisho za gikirisu Yezu yatanze, inyuma y’aho habereye ya mabi yakorerwa i Auschwitz be na kwa Gutikizwa kw’Abayuda.”

Muri iryo shami, nakora igikorwa nk’ico nakora muri Danemarike: gutanguza uburyo bushasha, busa n’ubukoreshwa ahandi hose mu vyo kwungunganya ibintu. Abavukanyi bo mu Budagi bamaze gutahura yuko amahinduka yariko araba atasobanura ko igikorwa cabo kinegurwa, ahubwo yuko igihe cari gishitse c’uko haba ukurushiriza gusenyera ku mugozi umwe hagati y’amashami atandukanye n’icicaro gikuru, baranezerewe bongera buzura agatima keza ko gukorana n’abandi.

Mu 1952 hari ikete ryaje rivuye ku biro vy’Umuvukanyi Knorr, rikaba ryansaba kwimukira kw’ishami ry’i Bern, mu Busuwisi. Narungitswe gukora bwa mucungezi w’ishami ngaho, guhera ku wa 1 Nzero 1953.

Iminezero Mishasha mu Busuwisi

Hataraca n’igihe kinini nshitse mu Busuwisi, naciye mpura na Esther mu gihe c’ihwaniro, maze bidatevye dusezerana kuzobana. Muri Myandagaro 1954, Umuvukanyi Knorr yansavye kuja i Brooklyn, aho namenyeshejwe igikorwa gishasha, giteye umunezero. Kubera ko ibitigiri vy’ibiro vy’amashami be n’uburyo anganangana vyari vyongerekanye cane hirya no hino kw’isi, haciye hatanguzwa indinganizo nshasha. Isi yagabuwemwo amazone, imwimwe yose ikaba yategerezwa gukorerwamwo n’umucungezi wa zone. Abiri mu yo nahawe gukoreramwo yari Uburaya n’akarere ka Mediterane.

Inyuma y’urugendo rugufi nagize i Brooklyn, naciye nsubira mu Busuwisi maze nitegurira igikorwa ca zone. Jewe na Esther twarubakanye, maze arifatanya nanje mu gukorera ku biro vy’ishami mu Busuwisi. Urugendo rwa mbere narugize ku mazu y’abamisiyonari be no ku mashami yo mu Butaliyano, mu Bugiriki, i Chypre, mu bihugu vyo mu Buseruko bwo Hagati be no ku nkengera zo muri Afirika yo mu Buraruko, no muri Esupanye no muri Porotigali, vyose hamwe bikaba vyari ibihugu 13. Maze gusubira kugendera i Bern, urugendo rwanje rwarabandanirije mu bindi bihugu vyose vyo mu Buraya biri mu burengero bw’ibihugu vyatwarwa n’Abasoviyeti. Mu mwaka wacu wa mbere w’ubugeni, namaze amezi atandatu ntari muhira, ndiko nkorera abavukanyi bacu bakirisu.

Ibintu Bihinduka

Mu 1957, Esther yamenye yuko yibungenze, maze kubera ko ishami ata kibanza ryatunganije ku bw’abavyeyi bafise abana, twafashe ingingo yo kwimukira muri Danemarike, aho dawe yatwakiranye igishika kugira tugumane na we. Esther yabungabunga agakobwa kacu ari ko Rakel akongera akabungabunga na dawe, mu gihe nanje nafasha mu gikorwa c’iyubakwa ry’ibiro bishasha vy’ishami. Narakoze bwa mwigisha mw’Ishure ry’Ubusuku bw’Ubwami ryagenewe abacungezi b’amashengero, nkabandanya kandi gukora bwa mucungezi wa zone.

Igikorwa co gukorera muri zone casaba ko mara ibiringo binaka ndi ku rugendo, bigatuma mara igihe kirekire ntari kumwe n’agakobwa kacu. Ivyo vyaragize inkurikizi zavyo. Nabanje kumara igihe kinaka mu gisagara ca Paris, aho twashinze icapuriro ritoyi. Esther na Rakel baraje n’igarimoshi kundaba maze bashikira ku gituro c’amagarimoshi c’ahitwa Gare du Nord. Jewe na Léopold Jontès wo kw’ishami twaragiye aho hantu kubategera. Rakel, ahagaze nko ku ntambwe imwe uvuye aho igarimoshi iri, yararavye Léopold, hanyuma arandaba, yongera kuraba Léopold, hanyuma aca agumbira Léopold!

Irindi hinduka rya giturumbuka ryabaye nshikanye imyaka y’amavuka 45, igihe nava mu busuku bw’igihe cose kugira nkore akazi gatuma mfasha umuryango wanje. Kubera ko nari umusuku w’Icabona ca Yehova azi utuntu n’utundi, narashoboye kuronka akazi ko kuba umuyobozi mw’ikompanyi yo gushora ibintu mu mahanga. Maze nk’imyaka icenda nkorera iyo kompanyi, Rakel na we akaba yari amaze kurangiza amashure, twaciye dufata ingingo yo gushira mu ngiro indemesho yo kwimukira aho abamamaji b’Ubwami bakenewe kurusha ahandi.

Mu kuraba ko hoboneka uburyo muri Noroveje, nabaye ndabaza mw’ikompanyi imwe ko noronka akazi. Inyishu naronse ntiyari iyiremesha. Icizigiro cari kihari c’uko umugabo w’imyaka 55 aronka akazi cari gitoyi. Mugabo, naravuganye n’ibiro vy’ishami ryo muri Oslo hanyuma nca nkotesha inzu yo hafi y’igisagara ca Drøbak, nizigiye yuko akaryo ko kuronka akazi kokwizanye. Akaryo kamwe karabonetse, maze igihe c’umurimo w’Ubwami giteye umunezero mwinshi muri Noroveje gica kirakurikira.

Ibihe vyiza cane vyashitse igihe abatari bake mw’ishengero ryacu bafata ingendo baja mu buraruko gukorera mu vyibare bitari bwaronke ababikoreramwo. Twarakotesheje amazu y’abirimizi yari ahantu ingenzi zishikira, kandi ku musi ku musi twaragendera abarimyi bari bakwiragiye mu misozi iteye igomwe. Wari umunezero koko kubwira abo bantu b’abakiranyi ivyerekeye Ubwami bw’Imana. Twaratanze ibisohokayandikiro vyinshi, mugabo kugira dusubire kubagendera, twategerezwa kurindira gushika mu mwaka ukurikira. Yamara, abantu ntibatwibagiye! Esther na Rakel baracibuka igihe twasubira kubagendera maze bakatugumbira nk’abantu bo mu muryango iwabo bari bamaze igihe kirekire badakubitana ijisho. Tumaze imyaka itatu muri Noroveje, twaciye dusubira muri Danemarike.

Ibihe vy’Umunezero w’Ubuzima bwo mu Muryango

Rakel bidatevye yaciye aronka uwo bazokwubakana, ari we Niels Højer, umusuku w’umutsimvyi w’igihe cose w’umunyamwete. Niels na Rakel bamaze kwubakana, babandanije gukora ari abatsimvyi gushika bavyaye abana. Niels yamye ari umunega ameze neza akaba na sebibondo mwiza, yitwararika vy’ukuri umuryango wiwe. Umusi umwe hakiri kare mu gitondo, yatwaye agahungu kiwe kw’ikinga gushika ku kiyaga kugira bitegereze ukuntu izuba riseruka. Hari umubanyi yabajije nya gahungu ico bakozeyo. Kishuye gati: “Twasenze Yehova.”

Haciye imyaka mikeyi, twe na Esther twariboneye n’amaso yacu ukuntu abuzukuru bacu babiri bakuze babatizwa, ari bo Benjamin na Nadja. Mu babirorera harimwo Niels, uwaciye ubwo nyene ahagarara andaba mu maso. Yarandavye hanyuma avuga ati: “Abagabo nya bagabo ntibarira.” Yamara, dusubiye kurabana twaciye turira twempi tugumbiranye. Ese ukuntu ari umunezero kugira umukwe mushobora gutwengera hamwe no kuririra hamwe!

Nguma Mpindura Bivanye n’Uko Ibintu Vyifashe

Uwundi muhezagiro waraje igihe twe na Esther twasabwa gusubira gukorera ku biro vy’ishami vyo muri Danemarike. Ariko rero, ico gihe hariko haragirwa imyiteguro yo kwubaka inyubakwa nini y’ishami i Holbæk. Naratewe agateka ko kugira uruhara mu guhagarikira igikorwa c’iyubaka, ico gikorwa cose kikaba cakorwa n’abakozi bavyishakiye badahembwa. Naho cari igihe kigoye c’urushana, ico gikorwa ahanini casa n’ikimaze kurangira mu mpera yo mu 1982, maze twese turahimbarwa no kwimukira muri izo nyubakwa nini kandi ziryohoye!

Bidatevye naciye nkora igikorwa co mu biro, icatumye numva nshize akanyota rwose, mu gihe Esther na we yariko akorera aho amatelefone ahurira. Ariko rero, mu nyuma yategerejwe kubagwa kugira bamushiremwo icuma gifata mu mafyinga, haciye umwaka n’igice na ho abagwa indurwe. Naho twari dufashwe neza n’abagize ishami, twafashe ingingo yuko vyokworohereje abo vyega bose turamutse tuvuye kw’ishami. Twimukiye mw’ishengero umukobwa wacu be n’umuryango wacu bari barimwo.

Amagara ya Esther muri iki gihe ntameze neza. Yamara, ndashobora kuvugisha ukuri yuko mu myaka yose y’umurimo twakoranye, iyabayemwo ibintu vyinshi cane vyagiye birahinduka, yarambereye kirumara koko n’umugenzi mwiza igitangaza. Naho amagara ariko arayama, twempi turacagira uruhara rubayabaye mu gikorwa co kwamamaza. Igihe nzirikanye ku buzima bwanje, nibukana ugukenguruka aya majambo y’umwanditsi wa Zaburi agira ati: “Mana, ni wewe wanyigishije, uhereye mu buto bganje.”​—Zaburi 71:17.

[Akajambo k’epfo]

a Raba Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku 1 Munyonyo 1963, urupapuro 661-666.

[Ifoto ku rup. 24]

Turiko dupakurura ibitabu vyarungitswe kw’ishami ryo mu Budagi ryari rikiriko rirubakwa mu 1949

[Ifoto ku rup. 25]

Mu bo twakorana igikorwa harimwo Ivyabona nk’aba bavuye mu makambi y’itunatuniro

[Amafoto ku rup. 26]

Turi kumwe na Esther muri iki gihe no ku musi wacu w’ubugeni bwabereye kuri Beteli y’i Bern, muri Gitugutu 1955

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika