Woba Uvyibuka?
Woba warinovoye ugusoma inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Emwe, raba nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:
• Kugira ngo turonke ubuhirwe nyakuri, ni kubera iki ugukira kwo mu vy’impwemu ari kwo gutegerezwa kuza imbere y’uko ubumuga bwo ku mubiri butorerwa umuti rimwe rizima?
Abantu benshi bafise amagara y’umubiri meza ntibahimbawe, bararemerewe n’ingorane. Igihushanye n’ivyo, Abakirisu benshi bafise ubumuga bwo ku mubiri muri iki gihe, bariko barasukurira Yehova bahimbawe cane. Abungukira ku gukira kwo mu vy’impwemu bazoronka akaryo ko kwibonera ikurwaho ry’ubumuga bwo ku mubiri mw’isi nshasha.—1/5, urupapuro 5, 6.
• Ni kubera iki mu Baheburayo 12:16 hashira Esau mu mugwi umwe n’umushakanyi?
Inkuru yo muri Bibiliya yerekana yuko Esau yagaragaje inyifato yo mu muzirikanyi ishingiye ku guca yironkera impera ubwo nyene, maze asuzugura ibintu vyeranda. Mu gihe umuntu muri kino gihe aretse inyifato nk’iyo igatsimbatara, vyoshobora kumushikana ku caha gikomeye, nk’ubushakanyi.—1/5, urupapuro 19-20.
• Ni mu mice ibiri iyihe y’igikorwa bibereye ko umukenyezi mukirisu yitwikira mu mutwe?
Hamwe ni mu bihe bishika mu muryango. Ukwitwikira umutwe kwiwe bigaragaza ko yemera icese yuko umugabo wiwe ari we ajejwe ibanga ryo kuja imbere mw’isengesho no mu gutanga inyigisho zishingiye kuri Bibiliya. Ahandi ni mu mirimo y’ishengero, aho yerekana ko yemera icese yuko abagabo babatijwe ari bo barekurirwa n’Ivyanditswe kwigisha no gutanga ubuyobozi. (1 Ab’i Korinto 11:3-10)—7/15, urupapuro 26-27.
• Ni kubera iki Abakirisu bemera icese yuko yoga atari ikarashishi gusa kandi ko iteye akaga?
Intumbero ya yoga bwa cigwa ni iyo kuyobora umuntu ku kunywana n’impwemu irengeye umuntu. Mu buryo buhushanye n’itegeko ry’Imana, yoga irimwo guhagarika bukwi na bukwi ivyiyumviro. (Abaroma 12:1, 2) Yoga irashobora gushira umuntu mu kaga k’ivy’ubupfumu n’uburaguzi. (Gusubira mu Vyagezwe 18:10, 11)—1/8, urupapuro 20-22.