ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 15/8 rup. 29
  • Dina—Yari Nde?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Dina—Yari Nde?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 15/8 rup. 29

Dina​—Yari Nde?

Dina yari umukobwa Yakobo yavyaranye na Leya. Dina ashobora kuba yari afise imyaka itandatu y’amavuka igihe Yakobo yasubira i Kanani maze akaba i Sukoti, Dina akaba yari yavukiye i Harani igihe se ari yo yaba.​—Itanguriro 30:21, 22, 25; 31:41.

Igihe Yakobo n’umuryango wiwe baba mu mahema inyuma y’igisagara c’i Shekemu, iyo nkumi Dina yaragize akamenyero kataranga ubukerebutsi ko kuza aragenda kuramutsa abakobwa b’aho b’Abanyakananikazi. Igihe kimwe agiye kubaramutsa, yarafashwe ku nguvu na Shekemu mwene Hamori umukuru w’umuryango w’Abahiwi. Shekemu yaramukunze, maze Dina aguma mu nzu yiwe gushika basaza biwe, ari bo Simeyoni na Lewi, bamuhoye. (Itanguriro 34:1-31) Bamwebamwe bemeza yuko Dina ategerezwa kuba yari akiri umwana igihe yafatwa ku nguvu. Ariko rero, ico tutokwibagira co ni uko imbere y’uko Yakobo ashika i Shekemu, yari yarubatse inzu be n’insago i Sukoti, bikaba vyerekana yuko yahabaye igihe kinaka. (Itanguriro 33:17) I Shekemu yarahaguze ubwatsi, kandi bisa n’uko yahabaye igihe kinaka. Ivyo vyose, ubishize hamwe n’uko Shekemu yakunze Dina, “uwo mwigeme,” vyokwemeza yuko Dina naho yari akiri muto, atari akiri umwana bwana igihe yifatanya na Shekemu.​—Itanguriro 33:18, 19; 34:12.

Haciye imyaka, Dina kumwe n’abari basigaye bo mu rugo kwa Yakobo, barimukiye mu Misiri batumweko na Yozefu.​—Itanguriro 46:7, 15.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika