ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 1/3 rup. 18-22
  • Turafise Ibikwiye Vyose Kugira Tube Abigisha b’Ijambo ry’Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Turafise Ibikwiye Vyose Kugira Tube Abigisha b’Ijambo ry’Imana
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ijambo rya Yehova Riratuma Tuba Ababishoboye
  • Impwemu ya Yehova Iratuma Tuba Ababishoboye
  • Ishirahamwe rya Yehova Riratuma Tuba Ababishoboye
  • Noba nkwije ibisabwa kugira namamaze?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Niwame Wirinda ku vyo Wigisha
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Ni Bande Ari Abasuku b’Imana Muri Iki Gihe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Yehova ariko arayobora ishirahamwe ryiwe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 1/3 rup. 18-22

Turafise Ibikwiye Vyose Kugira Tube Abigisha b’Ijambo ry’Imana

“Imana . . . ni yo yadushoboje kuba aba[suku].”​—2 AB’I KORINTO 3:5, 6.

1, 2. Ni utwigoro utuhe rimwe na rimwe tugirwa mu vyo kwamamaza, mugabo ni kuki kenshi tunanirwa?

MBEGA wokwipfuza guhabwa akazi utazi ukuntu bagakora? Niwiyumvire: Ivyo ukeneye biri imbere yawe, kandi ibikoresho biri ngaho. Ariko ukaba utazi iyo ico gikorwa gita umutwe. Ikivyunyura, ako kazi karihutirwa. Abantu baguhanze amaso. Mbega ukuntu bihagarika umutima!

2 Ukuzazanirwa mwene ukwo si iciyumviro gusa. Rimbura akarorero kamwe. Mu bihe bimwebimwe, rimwe mu mashengero y’Abiyita Abakirisu ryaragerageje kuringaniza no gukora ubusuku bw’inzu ku nzu. Utwigoro mwene utwo tukaba kenshi twarananiwe, tukagenda tugabanuka bukebuke, maze mu mayinga canke mu mezi nk’angahe tukadegera. Kubera iki? Abiyita Abakirisu ntibafashije abanywanyi babo kuba abashoboye gukora ako kazi. Mbere n’abakuru babo ntibashoboye ico gikorwa co kwamamaza, naho nyene kenshi bamara imyaka n’iyindi bigishwa mu mashure no mu maseminari. Ni kuki dushobora kuvuga gutyo?

3. Mu 2 B’i Korinto 3:5, 6, ni irivuga irihe rikoreshwa incuro zitatu, kandi risobanura iki?

3 Ijambo ry’Imana rirasigura igituma umwamamaji nyakuri w’inkuru nziza ya gikirisu aba uwubishoboye. Intumwa Paulo yarahumekewe kwandika ati: “S’uko dushobora ubgacu kwiyumvira ikintu cose nk’ah’ari twebge candurutseko, ariko dushobozwa n’Imana; ni yo yadushoboje kuba aba[suku].” (2 Ab’i Korinto 3:5, 6) Urabona ko iryo rivuga rikoreshwa incuro zitatu ngaha, ari ryo “gushobora.” Risobanura iki? Inyizamvugo imwe (Vine’s Expository Dictionary of Biblical Words) ivuga iti: “Igihe rikoreshejwe mu kuvuga ibintu, [iryo jambo ry’Ikigiriki] ritanga insobanuro [y’ikintu] ‘gikwiye’ . . . ; igihe rikoreshejwe mu kuvuga abantu, ritanga insobanuro y’umuntu ‘abifitiye ubuhanga,’ ‘abibereye.’” Ni co gituma umuntu ‘abishoboye’ ari umuntu abifitiye ubuhanga kandi abereye gukora igikorwa yahawe. Emwe, abasuku nyakuri b’inkuru nziza barashoboye gukora ico gikorwa. Barabishoboye, barabereye canke barakwiriye kwamamaza.

4. (a) Akarorero ka Paulo kerekana gute yuko abashoboye ubusuku bwa gikirisu batagarukira ku bantu bakeya b’incabwenge? (b) Ni uburyo butatu ubuhe Yehova akoresha mu gutuma tuba abasuku babishoboye?

4 Ariko none ubwo buhanga buva hehe? Bwoba buturuka ku buhanga bw’umuntu bwiwe bwite? Ku bwenge bwinshi? Mu vyigwa yanonosoye mu mashure ya rurangiranwa? Biboneka ko intumwa Paulo yari afise ivyo bintu vyose. (Ivyakozwe 22:3; Ab’i Filipi 3:4, 5) Yamara yaremeye icese yicishije bugufi yuko ubushobozi yari afise bwa musuku butava ku mashure ahanitse yize, ariko ko bwava kuri Yehova Imana. Mwene ubwo bushobozi bwoba buhabwa abantu bakeya gusa b’incabwenge? Paulo yandikiye ishengero ry’Abanyakorinto ko “turi ababishoboye.” (Ni twe tubihiritse.) Nta gukeka, ivyo vyerekana yuko Yehova yitwararika ko abasavyi biwe b’abizerwa bose baba abafise ubuhanga, bashoboye gukora akazi yabashinze gukora. Muri iki gihe, ni gute Yehova atuma Abakirisu nyakuri baba ababishoboye? Reka tuganire ku buryo butatu akoresha: (1) Ijambo ryiwe, (2) impwemu yiwe yera, (3) n’ishirahamwe ryiwe ryo kw’isi.

Ijambo rya Yehova Riratuma Tuba Ababishoboye

5, 6. Ivyanditswe Vyeranda bigira akosho akahe ku Bakirisu nyakuri?

5 Ubwa mbere, Ijambo ry’Imana ridufasha gute kuba abasuku babishoboye? Paulo yanditse ati: “Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana, kandi bigira ikimazi co kwigisha umuntu, no kumuhana, no kumutunganya, no kumutoza indero nziza mu kugororoka: kugira ng’umuntu w’Imana abe ūshitse, afise ibimukwiye vyose, ngw akore igikorwa ciza cose.” (2 Timoteyo 3:16, 17) Duca tubona ko Ivyanditswe Vyera bifasha mu gutuma tuba ‘abashitse, bafise ibikwiye vyose’ kugira ngo turangure “igikorwa ciza” c’ukwigisha abantu ivyerekeye Ijambo ry’Imana. Mugabo none twovuga iki ku vyerekeye abanywanyi bose b’amashengero y’Abiyita Abakirisu? Barafise Bibiliya. None igitabu kimwe coshobora gute gufasha abantu bamwe gucika abasuku bafise ubuhanga ariko abandi ntihagire ico kibafasha? Inyishu ihagaze ku nyifato tugira ku vyerekeye Bibiliya.

6 Ikibabaje, abantu benshi baja mu misa ntibemera ubutumwa bwa Bibiliya “nk’ijambo ry’Imana, nk’uko riri koko.” (1 Ab’i Tesalonike 2:13) Abiyita Abakirisu barigize akamenyo ku vyerekeye ico kibazo. Inyuma y’imyaka itari mike abakuru babo bamara bariko bariga mu bisata vyigisha tewolojiya, mbega boba baronka ivya ngombwa vyose vyotuma baba abigisha b’Ijambo ry’Imana? Haba namba! Erega, abanyeshure bamwebamwe biga muri za seminari, batangura kwiga bemera Bibiliya ariko bakazozisohoka bakekeranya! Mu nyuma, aho kwamamaza Ijambo ry’Imana, iryo abenshi muri bo baba batacemera, baca berekeza ubusuku bwabo ku zindi nyigisho, bakisuka mu bihari vya politike, bagashira imbere ivyo bita ngo ni inkuru nziza ihuje n’ikibano, canke bagashimikira ku mafilozofiya y’abantu mu nsiguro zabo. (2 Timoteyo 4:3) Abakirisu nyakuri bo si uko, bakurikira akarorero ka Yezu Kirisitu.

7, 8. Inyifato Yezu yari afise ku vyerekeye Ijambo ry’Imana itandukaniye hehe n’iy’indongozi z’amadini zo mu gihe ciwe?

7 Yezu ntiyaretse ngo indongozi z’amadini zo mu gihe ciwe zoshe ivyiyumviro vyiwe. Haba mu gihe yaba ariko arigisha umugwi mutoyi w’abantu, nk’intumwa ziwe, canke amasinzi y’abantu, Yezu yarakoresheje neza ivyanditswe vyeranda. (Matayo 13:10-17; 15:1-11) Uwo mugenzo watumye aba uwutandukanye n’indongozi z’amadini zo muri nya gihe. Indongozi z’amadini zarihanikiriza zivuye inyuma abantu basanzwe gusuzuma mu bintu bigera ibwina vy’Imana. Kukaba nkako, wari umugenzo w’uko umwigisha wo muri ico gihe yemera ko imirongo imwimwe yo muri Bibiliya yari igoye cane ku buryo atabiganira n’uwundi muntu n’umwe, kiretse umwigishwa wiwe yakunda kuruta abandi bose, mbere n’aho nyene, akabigira amwongorera gusa kandi yitwikiriye umutwe. Izo ndongozi z’amadini zasa n’iziziririza ivy’ukuganira ku bihimba bimwebimwe vyo muri Bibiliya, nk’uko zabigira ku vy’ukwatura izina ry’Imana!

8 Yezu ntiyari ameze nk’ukwo. Yaremera yuko abantu bose muri rusangi bari bakeneye kurimbura “ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana,” (ni twe tubihiritse.) atari gusa abantu bakeyi batowe. Yezu ntiyari yitwararitse ivyo guha ubumenyi bw’ishimikiro umugwi mutoya w’abantu b’incabwenge. Yabwiye abigishwa biwe ati: “Ico mbabaririra mu mwiza muze mukivugire mu muco, kand’ico mwongorewe mu gutwi muze mukivugire ku mazu hejuru.” (Matayo 4:4; 10:27) Yezu yaripfuza cane kubwira abantu benshi bashoboka ubumenyi bwerekeye Imana.

9. Abakirisu nyakuri bakoresha gute Bibiliya?

9 Ijambo ry’Imana rikwiye kuba co kintu nyamukuru dushingirako mu nyigisho twigisha. Nk’akarorero, igihe dushikiriza insiguro ku Ngoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova, kenshi ntibiba bihagije gupfa gusoma imirongo twahisemwo muri Bibiliya. Turakenera gusigura, gutanga akarorero no kwerekana ingene icanditswe cokoreshwa. Intumbero yacu ikwiye kuba iyo gukura ubutumwa bwa Bibiliya buri ku rupapuro maze tukabwinjiza mu mitima y’abatwumviriza. (Nehemiya 8:8, 12) Bibiliya ikwiye kandi gukoreshwa igihe bikenewe ko hatangwa impanuro canke igikangiro mu gukosora umuntu. Naho nyene abasavyi ba Yehova bavuga indimi zitandukanye kandi bakaba bakuriye mu mico itandukanye, bose barubaha ico Gitabu kiruta ibindi, ari co Bibiliya.

10. Ni akosho akahe ubutumwa bwahumetswe bwo muri Bibiliya bushobora kugira kuri twebwe?

10 Igihe Bibiliya ikoreshejwe n’icubahiro mwene ico, ubutumwa buri muri yo buraheza bukagira ububasha. (Abaheburayo 4:12) Ituma abantu bagira amahinduka mu buzima bwabo, bagashiburira kure imigenzo inyuranye n’Ivyanditswe, nk’ubusambanyi, ukurenga ibigo, ugusenga ibigirwamana, akaborerwe n’ubusuma. Yarafashije abatari bake kwiyambura wa muntu wa kera maze bambara mushasha. (Abanyefeso 4:20-24) Emwe, igihe twubaha Bibiliya tukayirutisha iciyumviro ico ari co cose c’abantu canke imigenzo yabo, kandi tukayikoresha tutadohoka, irashobora koko kutugira abafise ubuhanga, abafise ibikwiye vyose kugira ngo babe abigisha b’Ijambo ry’Imana.

Impwemu ya Yehova Iratuma Tuba Ababishoboye

11. Ni kuki bikwiriye ko impwemu yera ya Yehova yitwa “umufasha”?

11 Ica kabiri, reka tuganire ku ruhara rw’impwemu yera ya Yehova, ni ukuvuga inguvu ikora, mu vy’ukuturonsa ibidukwiye vyose. Dutegerezwa kutigera twibagira na rimwe yuko impwemu ya Yehova ari yo nguvu ikomeye kuruta izibaho zose. Yehova yarahaye Umwana wiwe akunda ububasha kugira akoreshe iyo nguvu iteye akoba ku neza y’Abakirisu bose b’ukuri. Yezu yise iyo mpwemu yera “umufasha” bikwiriye. (Yohana 16:7, NW) Yahimirije abayoboke biwe gusaba Yehova ngo abahe iyo mpwemu, abakura amazinda yuko Yehova yoyibahaye atitangiriye itama.​—Luka 11:10-13; Yakobo 1:17.

12, 13. (a) Ni kuki bihambaye ko dusenga dusaba impwemu yera kugira ngo idusahirize mu busuku bwacu? (b) Abafarizayo berekanye gute yuko impwemu yera itabakoreramwo?

12 Turakeneye gusenga imisi yose dusaba impwemu yera, na canecane kugira idufashe mu busuku bwacu. Iyo nguvu ishobora kugira akosho akahe kuri twebwe? Irashobora gukora ku muzirikanyi wacu no ku mutima wacu, ikadufasha guhinduka, gukura no gusubiriza wa muntu wa kera umuntu mushasha. (Ab’i Kolosayi 3:9, 10) Irashobora kudufasha kwubaka kamere z’agaciro zimeze nk’iza Kirisitu. Benshi muri twebwe turashobora gusubiramwo ku mutwe Ab’i Galatiya 5:22, 23. Iyo mirongo iradondora ivyamwa vy’impwemu vy’Imana. Ica mbere ni urukundo. Iyo kamere ni ntahara mu busuku bwacu. Kubera iki?

13 Urukundo ni rwo rutuvyurira ingiro kuruta ibindi. Urukundo Abakirisu nyakuri bakunda Yehova n’abantu nka bo ni rwo rutuma bashikiriza inkuru nziza. (Mariko 12:28-31) Tudafise urukundo nk’urwo, ntitwoshobora kuba abigisha b’Ijambo ry’Imana babishoboye. Raba itandukaniro ryari hagati ya Yezu n’Abafarizayo. Matayo 9:36 haravuga ivyerekeye Yezu hati: “Abonye ishengero, rimutera akagongwe, kuko bāri bagowe, basābagiye nk’intama zitagira umwungere.” Abafarizayo babona gute abantu banyarucari? Bavuze bati: “Abo bantu batazi ivyagezwe n’ibivume.” (Yohana 7:49, ni twe tubihiritse.) Abo Bafarizayo ntibakunda abantu ariko bari buzuye akagaye. Biragaragara ko impwemu ya Yehova itabakoreramwo.

14. Akarorero ka Yezu ko kugaragaza urukundo mu busuku bwiwe gakwiye kudusunikira ku kugira iki?

14 Yezu yaragirira impuhwe abantu. Ntiyari ayobewe akababaro barimwo. Yari azi yuko bafatwa nabi, bagowe kandi ko basabagiye nk’intama zitagira umwungere. Muri Yohana 2:25 hatubwira yuko Yezu “yar’azi ibiri mu muntu.” Kubera yari Umukozi w’Umuhanga wa Yehova mu gihe c’irema, Yezu yamye nantaryo atahura mu buryo bushika ibwina imero y’umuntu. (Imigani 8:30, 31) Ukwo gutahura kwaratumye urukundo rwiwe rutsimbatara. Ese urwo rukundo rwokwama ari rwo kintu gituma dukora umurimo wacu wo kwamamaza! Nimba twumva yuko twoshobora kugira ico turyohoye muri ivyo, nimuze dusenge dusaba impwemu yera ya Yehova maze dukore ibihuye n’ayo masengesho yacu. Yehova azotwishura. Azorungika iyo nguvu itananirwa kugira idufashe kurushiriza kuba nka Kirisitu, we yari ashoboye bimwe bihebuje kwamamaza inkuru nziza.

15. Amajambo yo muri Yesaya 61:1-3 ni gute yerekeye Yezu kandi muri ico gihe nyene agashira ku kabarore Abanyabwenge b’Ivyanditswe n’Abafarizayo?

15 Ubuhanga bwa Yezu bwakomoka hehe? Yavuze ati: “[Im]pwemu [y]’Uhoraho [i]ri kuri jewe.” (Luka 4:17-21) Yemwe, Yehova ubwiwe ni we yagenye Yezu akoresheje impwemu yera. Yezu ntiyari akeneye ibindi bintu bimwemeza. Indongozi z’amadini zo mu gihe ciwe zoba zari zaragenywe n’impwemu yera? Namba. Ntibari banafise ibikwiye kugira barangure Yesaya 61:1-3, aho Yezu yasomye n’ijwi rirenga yongera arahirabishako. Turagusavye usomye iyo mirongo wirabire ubwawe ukuntu abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo b’indyadya batabishikije. Ntibari bafise n’inkuru nziza yo kubwira abakene. None wumva boshoboye gute kwamamaza ukubohorwa kw’ababoshwe n’ihumurwa ry’impumyi? Mu buryo bw’impwemu, ubwabo bari impumyi kandi bari baboshwe n’imigenzo yashizweho n’abantu! Ko tutameze nk’abo bantu, tweho twoba dufise ibikwiye vyose kugira ngo twigishe abantu?

16. Ni igiki cotuma abasavyi ba Yehova muri iki gihe biyumvamwo ko ari abasuku babishoboye?

16 Ni vyo, ntitwize mu mashure akomeye y’Abiyita Abakirisu. Ntitwatsindiye ubwigisha muri za seminari z’ivya tewolojiya. None hoba hari ico duhajije? Haba n’intete! Ukwitwa Ivyabona kwacu guturuka kuri Yehova. (Yesaya 43:10-12) Igihe dusenze dusaba impwemu yiwe tukanakora ibihuye n’isengesho dutura, turaba ababishoboye kuruta abandi bose. Birumvikana, turi abanyakanenge kandi turananirwa gushitsa akarorero katanzwe n’Umwigisha Ahambaye, ari we Yezu. Ariko none, ubwo ntidukenguruka kubona Yehova akoresha impwemu yiwe kugira ngo aturonse ubuhanga be n’ibikwiye bituma tuba abigisha b’Ijambo ryiwe?

Ishirahamwe rya Yehova Riratuma Tuba Ababishoboye

17-19. Amakoraniro atanu tugira ku ndwi ku ndwi twashiriweho n’Ishirahamwe rya Yehova adufasha gute kuba abasuku babishoboye?

17 Ubu naho reka tuganire uburyo bugira gatatu Yehova akoresha mu kuduha ibikwiye vyose kugira tube abigisha b’Ijambo ryiwe, ubwo buryo bukaba ari ishengero canke ishirahamwe ryiwe ryo kw’isi ritumenyereza kuba abasuku. Gute? Niwiyumvire gatoyi porogarama yo kwigishwa twinovora! Mu ndwi isanzwe, twitaba amakoraniro ya gikirisu atanu! (Abaheburayo 10:24, 25) Turakoranira hamwe mu migwi mitomito ku Nyigisho y’Igitabu y’Ishengero kugira ngo twinovore inyigisho ya Bibiliya igera ibwina igirwa biciye ku gitabu turonswa n’ishirahamwe rya Yehova. Biciye ku kwumviriza no ku gutanga insasanuro, turigira ku bandi kandi tukaremeshanya. Umuhagarikizi w’inyigisho y’igitabu araturonsa inyigisho umwumwe ukwiwe akongera akatwitwararika. Kw’Ikoraniro ry’Icese no ku Nyigisho y’Umunara w’Inderetsi, turahafungurira imfungurwa nyinshi kandi zinuze zo mu vy’impwemu.

18 Ishure ryacu ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi ryashiriweho kuduha inyigisho ku kuntu twigisha. Mu gutegura insiguro z’abanyeshure, turiga uburyo bwo gukoresha Ijambo ry’Imana kugira twigishe ku bintu vyinshi bitandukanye. (1 Petero 3:15) Woba umaze gushingwa gutanga insiguro ku kintu gisa n’ico usanzwe uzi, ariko ukaza gusanga hari ikintu gishasha uriko uracigirako? Ico ni ikintu gikunda gushika. Nta kintu gikarisha ubumenyi dufise ku kintu kinaka kuruta kucigisha abandi. Mbere no mu gihe ubwacu ata nsiguro dufise yo gushikiriza, turashobora kuguma twiga ingene tworushiriza kuba abigisha beza. Umunyeshure wese turamubonamwo kamere nziza kandi turashobora kwiyumvira ingene twozigana.

19 Ikoraniro ry’Umurimo na ryo nyene ryashiriweho kuturonsa ibikwiye kugira tube abigisha b’Ijambo ry’Imana. Indwi ku yindi turinovora insiguro zirangwa igishika, ibiganiro be n’imyerekano bijanye n’ubusuku bwacu. Ni ayahe majambo tuzoshikiriza mu gutanguza ikiyago? Ni mu buhe buryo dushobora guhangana n’ingorane zidasanzwe mu busuku bwacu turangura icese? Ni ubuhe buryo bwo kwamamaza dufise dushobora kuba dukeneye kurushiriza kwihatira? Ni igiki kizodufasha kugira ngo turushirize kuba abigisha kirumara igihe dusubira kugendera abantu twongera turongora inyigisho za Bibiliya? (1 Ab’i Korinto 9:19-22) Mwene ivyo bibazo birashikirizwa bikongera bikaganirwako ido n’ido kw’Ikoraniro ry’Umurimo. Ibihimba vyinshi vy’iryo koraniro bishingiye ku biganiro vyo mu Gikorwa Dukorera Ubwami, kikaba ari ikindi gikoresho kituronsa ibikwiye vyose ku bw’igikorwa cacu gihambaye.

20. Twokwungukira bimwe vyuzuye gute ku makoraniro no ku materaniro?

20 Biciye ku kwitegurira amakoraniro yacu no mu kuyitaba hamwe no mu gushira mu ngiro ivyo tuba twize kugira dukore bwa bigisha, turamenyerezwa ku rugero runini. Ariko si ivyo gusa. Turafise kandi amakoraniro maninimanini, nk’amateraniro n’amahwaniro agenewe kuturonsa ibikwiye vyose ngo tube abigisha b’Ijambo ry’Imana. Vyongeye urazi ukuntu twiteguye n’igishika gutega yompi impanuro nk’izo no kuzishira mu ngiro!​—Luka 8:18.

21. Ni ikimenyamenya ikihe cerekana yuko ukumenyerezwa kwacu hari ico kwamaze, kandi ivyo vyitirirwa nde?

21 Mbega ukumenyereza Yehova yaturonkeje hoba hari ico kwamaze? Reka tureke ivyabaye bivyivugire. Ku mwaka ku mwaka, abantu ibihumbi amajana barafashwa kwiga inyigisho z’ishimikiro za Bibiliya no kubaho bisunga ivyo Imana ibasaba. Igitigiri cacu kiriko kirongerekana, ariko nta n’umwe muri twebwe ashobora kuvyiyitirira. Dutegerezwa kubona ibintu nk’uko biri, nk’uko Yezu yabibona. Yavuze ati: “Nta n’umwe ashobora kuza kuri jewe Data yantumye atamukwegereye.” Cokimwe n’intumwa zo mu gihe ca kera, ahanini nta mashure twize kandi turi abantu basanzwe. (Yohana 6:44; Ivyakozwe 4:13) Ukwererwa kwacu tugukesha Yehova, we akwegera ku kuri abantu b’imitima nziraburyarya. Paulo yabivuze neza ati: “Ni jewe nateye imbuto, Apolo arazivomera, arikw Imana ni yo yazikujije.”​—1 Ab’i Korinto 3:6.

22. Ni kuki tudakwiye kwigera ducika intege ku vyerekeye kugira uruhara bimwe vyuzuye mu busuku bwa gikirisu?

22 Nta woharira, Yehova Imana aragira uruhara n’umwete mu gikorwa cacu c’ukuba abigisha b’Ijambo ryiwe. Twoshobora kutama twumva turi abigisha babishoboye. Ariko niwibuke yuko ari Yehova akwegera abantu kuri we no ku Mwana wiwe. Ni Yehova atuma turonka ibikwiye vyose kugira ngo dukorere abashasha biciye kw’Ijambo ryiwe, ku mpwemu yiwe yera hamwe no kw’ishirahamwe ryiwe ryo kw’isi. Nimuze twakirize yompi ukumenyerezwa na Yehova mu gushira mu ngiro ibintu vyiza ariko araturonsa muri iki gihe kugira atume tuba abigisha b’Ijambo ry’Imana bakwije vyose!

Wokwishura Gute?

• Bibiliya ituronsa ibikwiye vyose gute ku bw’igikorwa co kwamamaza?

• Ni uruhara uruhe impwemu yera igira mu gutuma tuba abasuku babishoboye?

• Ni mu buryo butari bumwe ubuhe ishirahamwe ryo kw’isi rya Yehova ryagufashije kugira ngo ube umwamamaji w’inkuru nziza abishoboye?

• Ni kuki twogira icizigiro igihe tuja mu busuku?

[Ifoto ku rup. 19]

Bwa mwigisha w’Ijambo ry’Imana, Yezu yarerekanye urukundo akunda abantu

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika