Ubwo Ukwizera Nyakuri Kuracashoboka?
“Ukwizera ni ukwizigira kuzima mu nema y’Imana kandi gushikamye, kutagiramwo ugukekeranya canke amakenga ku buryo uwizera yoguheberako ubuzima bwiwe incuro igihumbi.”—MARTIN LUTHER, 1522.
Mu bintu nka vyose, turamaze gucika ikibano kititaho ivy’Imana aho usanga ukwizera n’imigenzo vya gikirisu bisa n’ivyadorongeye.”—LUDOVIC KENNEDY, 1999.
IVYIYUMVIRO bitangwa ku vyerekeye ukwizera biratandukanye mu buryo butangaje. Muri kahise, ukwizera Imana cari ikintu gisanzwe. Muri iki gihe, isi yuzuyemwo ugukekeranya be n’ugucumukura, ukwizera vy’ukuri Imana hamwe na Bibiliya kuriko kurazimangana.
Ukwizera Nyakuri
Ku bantu benshi, “ukwizera” bisobanura gusa ukuba umuntu afise ivyo yemera vyo mw’idini kanaka, canke gukurikira insengo yinaka. Ariko rero, nk’uko rikoreshwa muri Bibiliya, “ukwizera” ahanini bisobanura ukwizigira ugaherezako, na kwo akaba ari ukwizigira Imana n’imihango yayo bimwe bitagira agahaze, kandi utanyiganyiga. Ni kamere iranga umwigishwa wa Yezu Kirisitu.
Igihe kimwe, Yezu Kirisitu yaravuze yuko umuntu akeneye gusenga kandi “nt[a]rambirwe.” Ni co gituma yavyuye ikibazo, abaza nimba hari ukwizera nyakuri kwobaye kuriho muri iki gihe cacu. Yabajije ati: “Umwana w’umuntu ni yaza, mbeg’azosanga ukwizera mw isi?” Ni kuki yavyuye ikibazo nk’ico?—Luka 18:1, 8.
Ukwizera Kwaratakaye
Hari ibintu vyinshi bishobora gutuma abantu batakaza ukwizera ukwo ari kwo kwose bashobora kuba bari bafise. Muri ivyo harimwo ukugirirwa nabi be n’ibigeragezo vyo mu buzima bwa misi yose. Nk’akarorero, Porofeseri Michael Goulder yari umupatiri w’iparuwasi y’i Manchester mu Bwongereza, igihe mu 1958 haba isanganya ry’indege i Munich maze hagasiga ubuzima benshi mu bakinyi b’Umupira w’Amaguru b’umugwi wa Manchester United. Mu kiganiro co kuri televiziyo ya BBC, umumenyeshamakuru Joan Bakewell yasiguye yuko Goulder “yumvise acitse intege abonye uko intuntu abantu bari bafise ingana.” Ico vyavuyemwo ni uko “yatakaje ukwizera yari afitiye Imana igira uruhara mu bishikira abantu.” Goulder yavuze ko yemera yuko “Bibiliya atari . . . igitabu kitihenda c’Imana, ahubwo ko ari “ijambo ry’umuntu rishobora kwihenda, kumbure rikagira utuntu tumwetumwe ryagiye rirahumekerwamwo n’Imana.”
Rimwe na rimwe ukwizera kurayama. Ivyo ni vyo vyashikiye wa mwanditsi akaba n’umumenyeshamakuru Ludovic Kennedy. Avuga yuko kuva mu bwana “inkeka yari afise [ku vyerekeye Imana] zagenda zigaruka kandi ko ukutemera [kwiwe] kwongerekanye.” Bisa n’uko ata muntu n’umwe yari gushobora kumuha inyishu zumvikana ku bibazo yari afise. Urupfu rwa se rwabereye ku kiyaga rwarahungabanije bimwe bikomeye ukwizera kwiwe kwari kumaze kugoyagoya cane. Ngo amasengesho aturwa Imana kugira ngo “idukingire ingeramizi zo mu kiyaga be n’ubukazi bw’abansi” ntiyishuwe, igihe imasuwa yahinduwe ubwato butwara ingenzi se yararimwo yaterwa ikongera igasamburwa n’amato y’intambara y’Abadagi mu Ntambara ya Kabiri y’Isi Yose.—All in the Mind—A Farewell to God.
Ibintu nk’ivyo birakunda gushika. Intumwa Paulo avuga ati: “Ukwizera [ntigu]fiswe na bose.” (2 Ab’i Tesalonike 3:2) Wewe uvyibaza ko iki? Ukwizera vy’ukuri Imana be n’Ijambo ryayo kwoba kugishoboka muri iyi si itera irushiriza gukekeranya? Rimbura ico ikiganiro gikurikira kivuga kuri ico kibazo.