Amahoro ya Kirisitu Ashobora Gute Kuganza mu Mitima Yacu?
“Amahoro ya Kristo aganze mu mitima yanyu, ayo mwahamagariwe ngo mube umubiri umwe.”—AB’I KOLOSAYI 3:15.
1, 2. Ni mu buryo ki “amahoro ya Kristo” aganza mu mutima w’Umukirisu?
KUGANZA ni ijambo ribishe ku bantu benshi, kubera rituma umuntu abona agacinyizo be n’ugutegekwa. Inkeburo Paulo yahaye Abakirisu bagenziwe b’i Kolosayi ivuga ngo “amahoro ya Kristo aganze mu mitima yanyu,” yoshobora rero gutuma bamwebamwe babona ko itumvikana. (Ab’i Kolosayi 3:15) None ko tudakora ibintu ku gahato, ni kuki tworeka ngo hagire ikintu canke umuntu aganza imitima yacu?
2 Paulo ntiyariko abwira Abakolosayi ngo bahebe uburengazira bafise bwo kwihitiramwo. Ijambo ry’Ikigiriki ryahinduwe ngo “aganze” mu B’i Kolosayi 3:15 rirafitaniye isano n’ijambo ryakoreshwa ku muhagarikizi w’ihiganwa yatanga agashimwe mu mahiganwa yo kwinonora imitsi yagirwa muri ico gihe. Abahiganwa bari bafise urugero runaka rw’umwidegemvyo utarenga ku mategeko agenga urwo rukino, mugabo mu nyuma uwuhagarikiye ayo mahiganwa ni we yemeza ababa bakurikije ayo mategeko abo ari bo maze bakaba batsinze iryo higanwa. Muri ubwo buryo nyene, turafise umwidegemvyo wo gufata ingingo nyinshi mu buzima, mugabo uko tuzifata, “amahoro ya Kristo” akwiye nantaryo kwama “aduhagarikiye,” canke nk’uko umuhinduzi Edgar J. Goodspeed ahavuga, akwiye nantaryo kwama ari “yo ngingo ngenderwako iganza” mu mitima yacu.
3. “Amahoro ya Kristo” ni iki?
3 “Amahoro ya Kristo” ni iki? Ni itekane, impore yo mu mutima turonka igihe ducitse abigishwa ba Yezu, maze tukamenya yuko dukundwa kandi twemerwa na Yehova Imana be n’Umwana wiwe. Igihe Yezu yari agiye gutandukana n’abigishwa biwe, yababwiye ati: “Amahoro yanje ndayabagabiye. . . . Imitima yanyu ntihagarare, kandi ntitinye.” (Yohana 14:27) Abagize umubiri wa Kirisitu basizwe b’intahemuka baramaze nk’imyaka 2.000 binovora ayo mahoro, kandi muri iki gihe bagenzi babo bo mu “zindi ntama” na bo nyene barayagira. (Yohana 10:16) Ayo mahoro akwiye kuba aganza mu mitima yacu. Igihe turi mu kigeragezo gikaze, arashobora kudufasha kwirinda kugwishwa igihumura n’ubwoba canke guhagarika umutima birenze urugero. Nimuze turabe ukuntu ivyo ari ko biri igihe turenganijwe, igihe dusagirijwe n’amaganya n’igihe twiyumvamwo ko tutabereye.
Igihe Turenganijwe
4. (a) Yezu yamenye gute akarenganyo? (b) Abakirisu bakiriye gute ivy’ukurenganywa?
4 Umwami Salomo yavuze ati: “Umuntu umwe agira ububasha ku wundi bgo kumugirira nabi.” (Umusiguzi 8:9) Yezu yari azi ko ayo majambo ari ukuri. Igihe yari mw’ijuru, yarabona ukuntu abantu barenganya bagenzi babo bimwe vy’agahomerabunwa. Ari kw’isi, ubwiwe yararenganijwe bimwe bikomeye kuruta abandi mu gihe we yari umuntu atagira icaha, yagirizwa ko yarogose maze aricwa nk’inkozi y’ikibi. (Matayo 26:63-66; Mariko 15:27) Muri iki gihe, akarenganyo ni kenshi, kandi Abakirisu nyakuri baracumukura birenze urugero, “[bak]ankwa n’amahanga yose.” (Matayo 24:9) Yamara rero, naho bashikiwe n’ibintu biteye ubwoba mu makambi y’urupfu y’Abanazi be n’ay’Abasoviyeti, naho baguye mu mporero y’ubukazi bw’ikivunga, bagirizwa ibinyoma bongera babesherwa, amahoro ya Kirisitu yatumye baguma bashikamye. Bariganye Yezu. Ku bimwerekeye dusoma duti: “Yaratutswe, ntiyabasubiza; yarababajwe, ntiyabahigira; ariko yiha Īdaca urwa nkunzi.”—1 Petero 2:23.
5. Igihe twumvise ivyerekeye akarenganyo koba gasa n’akabaye mw’ishengero, ni igiki dukwiye kurimbura ubwa mbere na mbere?
5 Ku rugero rutoyi cane, twoshobora kwiyumvira yuko hari umuntu yarenganijwe mw’ishengero rya gikirisu. Mu gihe nk’ico, twoshobora kwiyumva nk’uko Paulo yiyumvise, we yavuze ati: “Ni nde agira ikimugwisha, nanje isoni ntizinyice?” (2 Ab’i Korinto 11:29) Dushobora gukora iki? Dukwiye kwibaza duti: ‘Koba ari akarenganyo koko?’ Kenshi ntituba tuzi inkuru y’imvaho ivyerekeye. Twoshobora guca dushavura tumaze kwumva amajambo y’umuntu yivugisha yuko abizi. Ni co gituma Bibiliya ivuga iti: “Imburabgenge yemera ijambo ryose, arik’umunyamakenga agenda agavye.” (Imigani 14:15) Rero dukeneye kwiyubara.
6. Dushobora kwakira gute akarenganyo gasa n’akabonetse mw’ishengero?
6 Ariko rero, dufate ko twoba twiyumvira ko twarenganijwe. Umuntu afise amahoro ya Kirisitu mu mutima wiwe yovyakira gute? Hari aho twobona yuko bikenewe ko tubibwira uwo muntu twumva ko yaturenganije. Mu nyuma, aho kuganira ico kintu n’umuntu uwo ari we wese yodutega ugutwi, ni kuki tutobwira Yehova ico kintu mw’isengesho twizigiye ko akoresha ubutungane? (Zaburi 9:10; Imigani 3:5) Ivyo vyoba vyiza. Tubigenjeje gutyo, tuzohimbarwa no gutorera umuti ico kibazo mu mutima wacu kandi “ducereje.” (Zaburi 4:4) Mu bihe bitari bike, inkeburo ya Paulo izokora. Igira iti: “Mwihanganirana, muharirana, iy’umuntu agize ico apfa n’uwundi. Nk’uk’Umwami wacu yabahariye, namwe abe ari ko muharirana.”—Ab’i Kolosayi 3:13.
7. Ni igiki dukwiye nantaryo kwama twibuka mu vyo tugirana n’abavukanyi bacu?
7 Mugabo rero mu vyo dukora vyose, dukeneye kwibuka yuko naho tudashobora guhindura ivyabaye, dushobora guhindura inyifato yacu. Mu gihe tutagize uburimbane mu kuntu dufata akarenganyo gasa n’akabonetse, ivyo vyoshobora guhungabanya amahoro yacu kuruta inabi akarenganyo ubwako kotugirira. (Imigani 18:14) Twoshobora mbere gutsitara maze tugahagarika kwifatanya n’ishengero gushika twumvise ko ibintu vyasubiye mu buryo. Umwanditsi wa Zaburi yanditse yuko ku bakunda ivyagezwe vya Yehova “[a]ta kibatsitaza.” (Zaburi 119:165) Ikizwi co ni uko rimwe na rimwe umuntu wese ashikirwa n’akarenganyo. Ntukigere ureka ngo ibintu bibi nk’ivyo bikubuze gukorera Yehova. Ahubwo, nureke amahoro ya Kirisitu aganze mu mutima wawe.
Igihe Dusagirijwe n’Amaganya
8. Ni ibintu bimwebimwe ibihe bitera amaganya, kandi amaganya ashobora kuvamwo iki?
8 Amaganya ari mu bintu bigize ubuzima bwo muri iyi “misi y’iherezo.” (2 Timoteyo 3:1) Ego ni ko, Yezu yavuze ati: “Ntimukaganyire amagara yanyu ku vyo muzorya, cank’umubiri wanyu ku vyo muzokwambara.” (Luka 12:22) Ariko amaganya yose ntava ku mwitwarariko werekeye ibintu vy’umubiri. Loti ‘yarababara’ cane kubera ubwononekare bw’i Sodoma. (2 Petero 2:7) Paulo yari asagirijwe n’“umwitwarariko w’amashengero yose.” (2 Ab’i Korinto 11:28) Yezu yari mu mubabaro nk’uwo mw’ijoro ry’imbere yuko apfa ku buryo “icuya ciwe kiba nk’ibitonyanga binini vy’amaraso bitonyanga hasi.” (Luka 22:44) Biratomoye yuko igihe cose umuntu afise amaganya biterekana yuko agoyagoya mu kwizera. Ariko rero, ibiyatera vyaba ari ibiki, mu gihe amaganya akomeye kandi abandanije, arashobora kutubuza amahoro. Amaganya yararengeye bamwebamwe, atuma bumva ko badashoboye kubandanya kurangura amabanga yabo ajanye n’ugukorera Yehova. Bibiliya ivuga iti: “Amaganya yo mu mutima w’umuntu awutera kwicurikīra.” (Imigani 12:25) Dushobora gukora iki none mu gihe dutewe n’amaganya?
9. Ni intambwe ngirakimazi zimwezimwe izihe umuntu yotera kugira ngo yikureko amaganya, ariko ni ibiki bitera amaganya bidashobora gukurwaho?
9 Mu bihe bimwebimwe, twoshobora gufata ingingo ngirakimazi. Nimba ingorane y’amagara ari yo muzi w’amaganya dufise, vyoba biranga ubukerebutsi tuyitwararitse, naho ibintu nk’ivyo ari ingingo umuntu ubwiwe yifatira.a (Matayo 9:12) Nimba turemerewe n’amabanga menshi, vyoshoboka ko amwamwe muri yo tuyashinga abandi. (Kuvayo 18:13-23) Ariko none, bite ho ku vyerekeye abafise amabanga aremereye badashobora gushinga abandi, akarorero nk’abavyeyi? Tuvuge iki ku vyerekeye Umukirisu arwanywa n’uwo bubakanye? Bite ho ku vyerekeye urugo rugeze ahatemba mu vy’ubutunzi canke ruba mu karere k’intambara? Biragaragara yuko tudashobora gukuraho ibintu vyose bitera amaganya muri uru runkwekwe rw’ibintu. Mugabo, turashobora kuzigama amahoro ya Kirisitu mu mitima yacu. Gute?
10. Ni mu buryo bubiri ubuhe Umukirisu ashobora kurondera kwikurako amaganya?
10 Uburyo bumwe ni ukuronderera uguhumurizwa mw’Ijambo ry’Imana. Umwami Dawidi yanditse ati: “Iy’amazinda abaye isinzi muri jewe ivyo umpumuriza binezereza ubugingo bganje.” (Zaburi 94:19) Ivyo Yehova ‘aduhumurisha’ dushobora kubisanga muri Bibiliya. Kuraba muri ico gitabu cahumetswe udahorereza bizodufasha kuzigama amahoro ya Kirisitu mu mitima yacu. Bibiliya ivuga iti: “Ukorere Uhoraho umutwaro wawe, na we azokuramira: ntazokwigera akundira umugororotsi kunyiganyizwa.” (Zaburi 55:22) Muri ubwo buryo nyene, Paulo yanditse ati: “Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka. Maz’amahoro y’Imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese, azoshibamira imitima yanyu n’ivyiyumviro vyanyu muri Kristo Yesu.” (Ab’i Filipi 4:6, 7) Isengesho rituranywe ubwira kandi ridahorereza rizodufasha kuzigama amahoro yacu.
11. (a) Yezu yabaye akarorero keza gute mu bijanye n’ugusenga? (b) Isengesho dukwiye kuribona gute?
11 Yezu yari akarorero ntangere muri ivyo. Rimwe na rimwe, yaraganirira mw’isengesho se wo mw’ijuru amasaha n’amasaha. (Matayo 14:23; Luka 6:12) Isengesho ryaramufashije kwihanganira ibigeragezo vyari birushirije kuba bibi. Mw’ijoro ry’imbere yuko apfa, umubabaro wiwe warongerekanye cane. Yavyifashemwo gute? Yarasenze “cane.” (Luka 22:44) Egome, Umwana w’Imana atagira agasembwa yari umuntu akunda gusenga. Mbega abayoboke biwe b’abanyagasembwa ntibakwiye kurushiriza gutsimbataza akamenyero ko gusenga! Yezu yigishije abigishwa biwe “guhora basenga, ntibarambirwe.” (Luka 18:1) Isengesho ni ukuganira nya kuganira kandi guhambaye n’umwe atuzi neza kuruta uko twiyizi. (Zaburi 103:14) Nimba dushaka kuzigama amahoro ya Kirisitu mu mitima yacu, ‘tuzosenga ubudasiba.’—1 Ab’i Tesalonike 5:17.
Dutsinde Ibidutangira
12. Ni imvo izihe zotuma bamwebamwe biyumva yuko umurimo wabo udakwiye?
12 Yehova abona umwumwe wese mu basavyi biwe ko afise agaciro. (Hagayi 2:7) Naho ari ukwo, benshi basanga ivyo bigoye kwemera. Bamwebamwe barashobora kuvunika umutima kubera bitereye mu myaka, kubera amabanga yo mu rugo arushiriza kwongerekana, canke amagara ameze nabi. Abandi boshobora kwumva ko ari bantahonikora kubera bakuriye mu buzima bw’abakene. Abandi na bo boshobora kubabazwa n’amakosa bakoze kera, bagakekeranya yuko Yehova atoba yarabahariye. (Zaburi 51:3) Hogirwa iki ku vyerekeye izo nyiyumvo?
13. Ni uguhumurizwa kwo mu Vyanditswe ukuhe kuriho ku bumva yuko batabereye?
13 Amahoro ya Kirisitu azodukura amazinda ku vyerekeye urukundo Yehova adukunda. Turashobora kugarukana ayo mahoro mu mitima yacu mu kuzirikana ku vy’uko Yezu atigeze avuga yuko agaciro kacu gapimirwa ku kugereranya ivyo dukora n’ivyo abandi bakora. (Matayo 25:14, 15; Mariko 12:41-44) Ico yashimitseko kwari ukudahemuka. Yabwiye abigishwa biwe ati: “Uwihangana, agashitsa kw iherezo, ni we azokira.” (Matayo 24:13) Yezu ubwiwe “yarakēngērwa” n’abantu, yamara yari azi adakeka yuko Se amukunda. (Yesaya 53:3; Yohana 10:17) Vyongeye yabwiye abigishwa biwe yuko na bo nyene bakundwa. (Yohana 14:21) Kugira ngo ivyo abishimikeko, Yezu yavuze ati: “Mbeg’utunyoni tubiri ntitugurwa ikuta? Ariko muri two nta na kamwe gakorokera hasi, So atabizi. Ariko n’umushatsi wo ku mitwe yanyu wose waraharūwe. Nuko ntimutinye: mwebge muruta utunyoni twinshi.” (Matayo 10:29-31) Ese ukuntu dukurwa amazinda bimwe biranga igishika ku vyerekeye urukundo rwa Yehova!
14. Ni igiki dufise kidukura amazinda yuko Yehova aha agaciro umwe wese muri twebwe?
14 Yezu kandi yavuze ati: “Nta n’umwe ashobora kuza kuri jewe Data yantumye atamukwegereye.” (Yohana 6:44) Kubera ko Yehova yadukwegereye kugira ngo dukurikire Yezu, ategerezwa kuba ashaka ko dukizwa. Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “[Ntibi]kundwa mu nyonga za So wo mw ijuru k’umwe mur’abo bato apfa rubi.” (Matayo 18:14) Rero, nimba uriko urakora n’umutima wawe wose, urashobora guhimbarwa mu bikorwa vyiza ukora. (Ab’i Galatiya 6:4) Nimba uhagaritswe umutima n’amakosa wakoze kera, numenye yuko Yehova “akunda” guharira abantu bigaya vy’ukuri. (Yesaya 43:25; 55:7) Nimba wumva uvunitse umutima kubera iyindi mvo yinaka, niwibuke yuko “Uhoraho aba hafi y’abafise imitima imenetse, kand’akiza abafise imitima ijanjaguritse.”—Zaburi 34:18.
15. (a) Shetani agerageza gute kutubuza amahoro? (b) Dushobora kwizigira iki ku vyerekeye Yehova?
15 Shetani nta kindi arondera atari ukukubuza amahoro. Ni we nkomoko y’icaha twarazwe twese tunyinyana na co. (Abaroma 7:21-24) Nta nkeka yoshima ko wumva yuko agasembwa ufise gatuma umurimo urangura Imana itawemera. Ntiwigere ukundira Shetani ko akuvuna umutima! Uraba maso ku migabo yiwe, kandi ivyo bitume wiyemeza kwihangana. (2 Ab’i Korinto 2:11; Abanyefeso 6:11-13) Niwibuke yuko “Imana iruta imitima yacu, kand’izi vyose.” (1 Yohana 3:20) Yehova ntabona gusa ibitunanira. Arabona kandi imvo dukorana be n’imigabo dufise. Nuronkere rero uguhumurizwa mu majambo y’umwanditsi wa Zaburi agira ati: “Uhoraho [n]tazota abantu biwe, kand[i n]tazoheba ishamvu yiwe.”—Zaburi 94:14.
Barunze Ubumwe mu Mahoro ya Kirisitu
16. Ni mu buryo ki tutari twenyene uko turwana urugamba rwo kwihangana?
16 Paulo yanditse yuko dukwiye kureka amahoro ya Kirisitu akaganza mu mitima yacu kubera ari yo ‘twahamagariwe ngo tube mu mubiri umwe.’ Abakirisu basizwe Paulo yandikiye bari bahamagariwe kuba mu bagize umubiri wa Kirisitu, nk’uko biri ku masigarira y’abasizwe yo muri iki gihe. Bagenzi babo bo mu “zindi ntama” barifatanije na bo bagize “umukuku umwe” urongowe n’“umwungere umwe,” Yezu Kirisitu. (Yohana 10:16) Bose hamwe, “umukuku” wo kw’isi yose ugizwe n’abantu amamiliyoni bariko barareka ngo amahoro ya Kirisitu aganze mu mitima yabo. Kumenya yuko tutari twenyene biradufasha kwihangana. Petero yanditse ati: “Mumurwanye mufise ukwizera gushikamye, muzi yukw imibabaro ihwanye n’iyanyu ishitswa kuri bene Data bari mw isi.”—1 Petero 5:9.
17. Ni igiki kidusunikira ku kureka amahoro ya Kirisitu akaganza mu mitima yacu?
17 Ese twese rero twobandanya gutsimbataza amahoro, ico camwa gihambaye c’impwemu yera y’Imana. (Ab’i Galatiya 5:22, 23) Abo Yehova azosanga batagira akarabagu, batariko umugayo kandi bari mu mahoro ni bo amaherezo bazohezagirwa bakaronka ubuzima budahera mw’isi y’iparadizo, ahazoba hari ukugororoka. (2 Petero 3:13, 14) Turi n’imvo yumvikana yo kureka amahoro ya Kirisitu akaganza mu mitima yacu.
[Akajambo k’epfo]
a Mu bihe bimwebimwe, amaganya yoshobora guterwa canke kwongerezwa n’ukuntu tumerewe mu mubiri, nk’iyo dutuntuye.
Woba Uvyibuka?
• Amahoro ya Kirisitu ni iki?
• Amahoro ya Kirisitu ashobora gute kuganza mu mitima yacu igihe turenganijwe?
• Amahoro ya Kirisitu adufasha gute gutorera umuti amaganya?
• Amahoro ya Kirisitu aduhumuriza gute igihe twiyumvamwo ko tutabereye?
[Ifoto ku rup. 29]
Imbere y’abamwagiriza, Yezu ubwiwe yarizigiye Yehova
[Ifoto ku rup. 30]
Nka kurya bimera iyo umuvyeyi munyarukundo atugumbiranye igishika, ni ko n’uguhumurizwa na Yehova bishobora kugabanya amaganya yacu
[Ifoto ku rup. 32]
Ukwihangana kurahambaye cane ku Mana