Nugaragaze Agatima ko Kurindira!
“Nzokwitega Imana y’agakiza kanje: Imana yanje izonyumva.”—MIKA 7:7.
1, 2. (a) Agatima katari ko kagiriye nabi gute Abisirayeli mu bugaragwa? (b) Ni igiki coshobora gushikira Umukirisu adatsimbataza agatima kabereye?
BIVUYE ku gatima tugaragaza, vyinshi mu buzima turashobora kubibona mu buryo bwiza canke mu buryo bubi. Igihe Abisirayeli bari mu bugaragwa, bararonkejwe mana ku gitangaro. Bari bakwiye gutereza amaso irya n’ino muri ubwo bweranyange maze bagakengurukira cane Yehova kuba abaronkeje ikibatunga. Ivyo vyogaragaje agatima ko kubona ibintu mu buryo bwiza. Aho kugira ivyo, bibutse ubwoko butandukanye cane bw’ibifungurwa vyo mu Misiri maze bidodomba yuko mana itaryoshe. Ese ukuntu ari agatima ko kubona ibintu nabi!—Guharūra 11:4-6.
2 Agatima k’Umukirisu muri iki gihe karashobora na ko nyene gutuma ibintu bisa n’ibikayangana canke n’ivyijimye. Umukirisu adafise agatima kabereye, vyokworoha ko atakaza umunezero wiwe kandi ivyo vyoba bikomeye kubera yuko, nk’uko Nehemiya yabivuze, “umunezero w’Uhoraho [n]i zo nkomezi za[c]u.” (Nehemiya 8:10) Agatima keza, karanga umunezero karadufasha kuguma dukomeye kandi karatsimbataza amahoro n’ubumwe mw’ishengero.—Abaroma 15:13; Ab’i Filipi 1:25.
3. Ni gute agatima kabereye kafashije Yeremiya mu bihe bigoye?
3 Naho yari abayeho mu bihe bigoye, Yeremiya yaragaragaje agatima ko kubona ibintu mu buryo bwiza. N’igihe nyene yibonera amarorerwa y’itemba rya Yeruzalemu mu 607 B.G.C., yarashoboye kubona ibintu mu buryo bwiza. Yehova ntiyokwibagiye Isirayeli, kandi iryo hanga ryorokotse. Yeremiya yanditse mu gitabu co Gucura Intimba ati: “Imbabazi z’Uhoraho [n]i zo zatumye tudaherengetezwa, kukw ikigongwe ciwe kidahera: Cama ari gisha uko bukeye; ingen’ar’umwizigirwa biratangaje.” (Gucura Intimba 3:22, 23) Muri kahise kose, abasavyi b’Imana bari mu bintu bigoye kuruta bararondeye kuguma bafise agatima ko kubona ibintu mu buryo bwiza, eka mbere n’ak’umunezero.—2 Ab’i Korinto 7:4; 1 Ab’i Tesalonike 1:6; Yakobo 1:2.
4. Ni agatima gaki Yezu yazigamye, kandi kamufashije gute?
4 Imyaka 600 inyuma ya Yeremiya, Yezu yarafashijwe kwihangana kubera agatima kiwe ko kubona ibintu mu buryo bwiza. Dusoma duti: “Kubg’umunezero yashizwe imbere, [Yezu] yihanganiye [“igiti co kubabarizwako,” NW], ntiyagira ikindi isoni za[c]o, avyagira i buryo bg’intebe y’Imana.” (Abaheburayo 12:2) Ururwanyo rwose canke uguhamwa kwose Yezu yategerezwa guhanga—eka n’umukanagizo wo ku giti co kubabarizwako—yagumije umuzirikanyi wiwe ku “munezero yashizwe imbere.” Uwo munezero kari agateka ko kugaragaza ubusegaba bwa Yehova no kwerandisha izina ryiwe be n’icizigiro co kuzanira abantu bagamburuka imihezagiro ihambaye muri kazoza.
Nitugire Agatima ko Kurindira
5. Ni nk’igihe ikihe agatima ko kurindira kazodufasha kuguma tubona ibintu mu buryo bubereye?
5 Dutsimbataje inyifato yo mu mutima nk’irya ya Yezu, ntituzotakaza umunezero wa Yehova naho ibintu bitama nantaryo bishika uko twavyitega n’igihe tuvyitegeyeko. Umuhanuzi Mika yavuze ati: “Jeho nzohanga amaso Uhoraho; nzokwitega Imana y’agakiza kanje: Imana yanje izonyumva.” (Mika 7:7; Gucura Intimba 3:21) Na twe nyene turashobora kugaragaza agatima ko kurindira. Gute? Mu buryo bwinshi. Kimwe coco, dushobora kwiyumva yuko umuvukanyi afise ubukuru yakoze ikintu mu makosa be n’uko ugukosorwa gukenewe ubwo nyene. Agatima ko kurindira kazotuma dushobora kurimbura ibi: ‘Yoba vy’ukuri yari mw’ikosa, canke nihenze? Niba yari mw’ikosa, Yehova ntiyoba ariko arareka ibintu ngo bishike kubera yumva ko uwo muntu azotera imbere n’uko ingingo zo gukosora zikomakomeye zoba zitazokenerwa?’
6. Agatima ko kurindira kazofasha gute umuntu ariko aranyinyana n’ingorane ubwiwe afise?
6 Agatima ko kurindira gashobora kuba gakenewe mu gihe duteshwa umutwe n’ingorane ubwacu dufise canke mu gihe turiko turanyinyana n’ubugoyagoye kanaka. Dufate ko dusavye imfashanyo Yehova, mugabo iyo ngorane ikabandanya. Ico gihe twokora iki? Dutegerezwa kuguma dukora ivyo dushoboye vyose kugira ngo dutorere umuti iyo ngorane maze gutyo tukizera amajambo Yezu yavuze agira ati: “Musabe muzohabga; murondere muzoronka; muramutse muzokwugururirwa.” (Luka 11:9) Nugume usenga maze urindire Yehova. Ku gihe kibereye no mu buryo ubwiwe yishingiye, Yehova azokwishura amasengesho yawe.—1 Ab’i Tesalonike 5:17.
7. Ni mu buryo ki agatima ko kurindira kazofasha mu vy’ukuntu tubona intahuro ya Bibiliya igenda itomorwa uko bukeye uko bwije?
7 Uko ubuhanuzi bwa Bibiliya buranguka, ni ko ukuntu dutahura Ivyanditswe gutomorwa. Ariko rero, rimwe na rimwe dushobora kwibaza ko itomorwa ry’ikintu kanaka ritagizwe ku gihe. Iyo bidashitse igihe twoshima ko bishikirako, twoba tugira umutima ukunze wo kurindira? Niwibuke, Yehova yabonye bibereye ko ahishura “ibanga [“ryeranda,” NW] rya Kristo” intambwe ku yindi kandi mu kiringo c’imyaka nk’4.000. (Abanyefeso 3:3-6) Gutyo, twoba dufise imvo n’imwe yo kutihangana? Twoba dukeka yuko “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” yoba yaragenywe kugira ngo ahe abasavyi ba Yehova “ibifungurwa ku gihe kibereye”? (Matayo 24:45, NW) Ni kuki twokwibuza umunezero uva ku Mana ngo ni uko akantu kose tutagatahura bimwe vyuzuye? Niwibuke, Yehova arafata ingingo y’igihe n’iy’ukuntu ahishura ‘akabanga’ kiwe.—Amosi 3:7.
8. Ukwihangana kwa Yehova kwabaye ngirakamaro kuri benshi gute?
8 Bamwebamwe barashobora gucika intege kubera yuko bumva ko inyuma y’imyaka myinshi bamaze mu murimo badahemuka, batazoshobora kuhaba ngo bibonere wa “musi mukuru uteye ubgoba w’Uhoraho.” (Yoweli 2:30, 31) N’aho nyene, barashobora kuremeshwa igihe baravye ibintu mu buryo bwiza. Petero yahanuye ati: “Mwiyumvire yuko kwihangana kw’Umwami wacu ar’agakiza.” (2 Petero 3:15) Ukwihangana kwa Yehova kwatumye abandi bantu amamiliyoni b’imitima igororotse bashobora kwiga ukuri. Ivyo none si akaroruhore? Uretse ivyo, uko igihe Yehova yihangana kiba kinini, ni ko turushiriza kugira umwanya munini wo ‘gushitsa agakiza kacu, dutinya duhinda agashitsi.’—Ab’i Filipi 2:12; 2 Petero 3:11, 12.
9. Mu gihe twoba dufise aho tugeza mu vyo dushobora gukora mu murimo wa Yehova, agatima ko kurindira kazodufasha gute kwihanganira ivyo bintu?
9 Agatima ko kurindira karadufasha kutadendebukirwa igihe ururwanyo, indwara, ubusaza canke izindi ngorane bidutangira mu gikorwa c’Ubwami. Yehova yiteze ko tumukorera n’umutima wacu wose. (Abaroma 12:1) Ariko rero, Umwana w’Imana “[a]girira akagongwe uworoshe n’umukene,” ntasaba ibirengeye ivyo dushobora gutanga, eka na Yehova nta vyo adusaba. (Zaburi 72:13) Ni co gituma turemeshwa gukora ivyo dushoboye, tukarindira twihanganye gushika ibintu bihindutse—haba muri uru runkwekwe rw’ibintu canke mu ruzoza. Niwibuke ibi: “Imana ntigabitanya ngo yibagire ibikorwa vyanyu n’urukundo mwerekanye ko mukunze izina ryayo, kuko mwātunga abera, na none mukibatunze.”—Abaheburayo 6:10.
10. Ni ingeso iyihe itaranga kuyobokera Imana umuntu afise agatima ko kurindira ashobora kwirinda? Sobanura.
10 Agatima ko kurindira karadufasha kandi kwirinda kwita imbere. Bamwebamwe bacitse abahakanyi ntibagize umutima ukunze wo kurindira. Bashobora kuba biyumviriye yuko hari hakenewe ibihinduka, haba mu vy’ugutahura Bibiliya canke mu vy’ukwungunganya ibintu. Yamara rero, barananiwe kwemera icese yuko impwemu ya Yehova ituma wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge ahindura ibintu mu gihe cashinzwe n’Imana, atari igihe twebwe dushobora kuba twumva ko bikenewe. Kandi amahinduka yose ategerezwa kuba ajanye n’ivyo Yehova agomba, atari ivyiyumviro vyacu bwite. Abahakanyi barareka agatima ko kwita imbere kakagoramika ivyiyumviro vyabo kandi kakabatsitaza. Mugabo, iyaba bakurikije inyifato yo mu mutima ya Kirisitu, boshoboye kuzigama umunezero wabo maze bakaguma mu basavyi ba Yehova.—Ab’i Filipi 2:5-8.
11. Dushobora gute gukoresha mu buryo nzanakunguko umwanya tumara turindiriye, tukaba dukurikije uturorero twa bande?
11 Ego ni ko, kugumana agatima ko kurindira ntibisobanura kuba ikinebwe canke inderamaboko. Turafise ibintu dukora. Nk’akarorero, turakeneye kugira ivyo dukora mu kwiyigisha Bibiliya maze gutyo tukagaragaza ugushimishwa n’ibintu vy’impwemu gukomeye nka kumwe kwagaragajwe n’abahanuzi b’abizerwa, eka mbere n’abamarayika. Mu kuvuga ivyerekeye ukwo gushimishwa, Petero avuga ati: “Ivy’ako gakiza, abāvugishwa n’Imana . . . bārabirondera, bārabisesa . . . ivyo abamarayika bifuza kubirunguruka.” (1 Petero 1:10-12) Si ukwiyigisha gusa gukenewe, mugabo kandi n’ukwitaba amakoraniro be n’ugusenga ubudahorereza birakenewe. (Yakobo 4:8) Abagaragaza ko bazi yuko bakeneye ibintu vy’impwemu mu kwihereza ubudahorereza imfungurwa z’ivy’impwemu no mu kwifatanya n’Abakirisu bagenzabo, vyerekana yuko bakurikije inyifato yo mu mutima ya Kirisitu.—Matayo 5:3.
Nubone Ibintu Utibesha
12. (a) Ni ubwigenge ubuhe Adamu na Eva barondeye? (b) Ukuba abantu barakurikiye ingendo ya Adamu na Eva vyavyaye iki?
12 Igihe Imana yarema umugabo n’umugore ba mbere, yarizigamiye uburenganzira bwo gushinga ingingo ngenderwako zerekeye iciza n’ikibi. (Itanguriro 2:16, 17) Adamu na Eva bashatse ubwigenge mu kutaba bakirongorwa n’Imana, kandi ivyo vyavyaye isi tubona idukikije muri iki gihe. Intumwa Paulo yavuze ati: “Icaha cazanywe mw isi n’umuntu umwe, urupfu rukazanwa n’icaha, ni k’urupfu rushika ku bantu bose, kuko bose bākoze ivyaha.” (Abaroma 5:12) Imyaka 6.000 ya kahise k’abantu kuva ku gihe ca Adamu, yaragaragaje ukuri kw’amajambo ya Yeremiya agira ati: “Uhoraho, nzi yukw inzira umuntu yogenderamwo atari we ashobora kuyigaba; ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe.” (Yeremiya 10:23) Kwemera icese ko ayo majambo ya Yeremiya ari ay’ukuri si ukuba uwihebuye. Birumvikana. Bisigura ivy’ivyo binjana vyinshi aho “umuntu umwe [y]agira ububasha ku wundi bgo kumugirira nabi” kubera abantu batwaye batisunga Imana.—Umusiguzi 8:9.
13. Ivyabona vya Yehova babona gute batibesha ivyo abantu bashobora kurangura?
13 Baravye ukuntu ivy’abantu vyifashe, Ivyabona vya Yehova barabona yuko uru runkwekwe rw’ibintu rwo muri iki gihe hari ibintu rudashobora gushikako. Agatima ko kubona ibintu mu buryo bwiza karashobora kudufasha kuzigama umunezero dufise, mugabo si wo muti ku bintu vyose. Mu ntango z’imyaka y’1950, umukuru w’idini umwe w’Umunyamerika yasohoye igitabu caguzwe kuruta ibindi vyose citwa The Power of Positive Thinking (Ububasha bw’Ivyiyumviro Vyiza). Ico gitabu cavuga yuko intambamyi nyinshi zishobora gutsindwa mu gihe umuntu azitunganije afise agatima ko kubona ibintu mu buryo bwiza. Ivyiyumviro vyiza nta nkeka birashimwa. Mugabo, ibiba vyerekana yuko ubumenyi, ubuhanga, ibitungano, be n’umukimba w’ibindi bintu bituma haba ivyo twebwe tudashobora gushikako. Kandi kw’isi yose, ingorane usanga abantu zibarengeye ku buryo batokwererwa mu kuzitorera umuti—naho boba bafise ivyiyumviro vyiza gute!
14. Ivyabona vya Yehova boba bafise agatima ko kubona ibintu mu buryo bubi? Sobanura.
14 Kubera yuko Ivyabona vya Yehova babona ibintu nk’ivyo batibesha, rimwe na rimwe baregwa yuko bafise agatima ko kubona ibintu mu buryo bubi. Ahubwo, barashashaye kubwira abantu ivyerekeye wa wundi Umwe rudende ashobora kuryohora intoranwa y’abantu rimwe rizima. No muri ivyo nyene, bigana inyifato yo mu mutima ya Kirisitu. (Abaroma 15:2) Kandi bafise vyinshi bakora mu gufasha abantu kwunga ubucuti bwiza n’Imana. Barazi yuko bitebe bitebuke, ivyo bizovamwo ivyiza birushirije.—Matayo 28:19, 20; 1 Timoteyo 4:16.
15. Igikorwa c’Ivyabona vya Yehova kiryohora gute abantu?
15 Ivyabona vya Yehova ntibiyobagiza ingorane zibakikije mu kibano, canecane ingeso zonona zitajanye n’Ivyanditswe. Imbere y’uko umuntu ashimishijwe acika Icabona ca Yehova, aragira amahinduka, kenshi agategerezwa gutsinda ingeso mbi zamwiziziye zidashimisha Imana. (1 Ab’i Korinto 6:9-11) Ni co gituma Ivyabona vya Yehova bafashije abavyakira neza gutsinda akaborerwe, ukwizizirwa n’ibiyayura umutwe, ubushegabo, be n’ukwifatirwa n’akamari. Abo bantu bahinduwe barize kuronsa imiryango yabo ivyo ikenera mu buryo bubereye kandi buzira ubugunge. (1 Timoteyo 5:8) Igihe umuntu umwumwe wese be n’imiryango bafashwa muri ubwo buryo, ingorane zo mu kibano ziragabanywa—abizizirwa n’ibiyayura umutwe bararushiriza kuba bake, hakaba ubukazi bwo mu ngo gake, n’ibindi. Ivyabona vya Yehova mu kuba ubwabo abanyagihugu bubaha amategeko no mu gufasha abandi guhindura ubuzima bwabo bukaba bwiza kuruta, baragabanya umuzigo w’inzego zijejwe gutunganya ingorane zo mu kibano.
16. Ni kuki Ivyabona vya Yehova batisuka mu mihari yo mw’isi iharanira guhindura ibintu?
16 None Ivyabona vya Yehova boba barahinduye uko inyifato runtu yifashe mw’isi? Emwe, mu myaka cumi iheze, igitigiri c’Ivyabona barangura imirimo carongerekanye kiva ku bari munsi gato y’3.800.000 gishika ku bababa 6.000.000. Iryo ni iyongerekana ry’abantu nk’2.200.000, benshi muri bo bakaba bararetse ingeso zitaranga ubugororotsi igihe bacika Abakirisu. Ese ukuntu ari ubuzima bwa benshi bwasununuwe! Yamara, ico gitigiri ni gito cane ugereranije n’iyongerekana ry’abantu baba kw’isi ryabaye muri ico kiringo nyene—ni ukuvuga abantu 875.000.000! Ivyabona vya Yehova basanze gufasha abantu bavyakira neza ari isoko ry’umunezero, naho babona ko bake mu bantu ari bo bazofata inzira ija ku buzima. (Matayo 7:13, 14) Mu gihe Ivyabona bakirindiriye amahinduka Imana yonyene ishobora kugira yo kw’isi yose azotuma ibintu birushiriza kuba vyiza, ntibisuka mu mihari yo mw’isi iharanira guhindura ibintu, iyitangurana kenshi intumbero nziza mugabo igahereza mu mwiheburo, mbere no mu bukazi.—2 Petero 3:13.
17. Yezu yakoze iki kugira ngo afashe abari bamukikije, mugabo ni igiki atakoze?
17 Mu gufata iyo ngendo, Ivyabona vya Yehova baragaragaza ukwizigira Yehova nka kumwe nyene Yezu yagaragaje igihe yari kw’isi. Mu kinjana ca mbere, Yezu yarakoze ibitangaro vyo gukiza. (Luka 6:17-19) Yaranazuye abapfuye. (Luka 7:11-15; 8:49-56) Mugabo, ntiyakuyeho ingorane y’indwara canke ngo atsinde wa mwansi rupfu. Yari azi yuko igihe Imana yashinze ku bw’ivyo kitari bwagere. Kubera ko yari afise ubuhanga buri hejuru bw’umuntu atagira agasembwa, Yezu yari gushobora gukora vyinshi kugira ngo atorere umuti ingorane zikomakomeye zo mu vya politike no mu vy’imibano. Bisa n’uko bamwebamwe mu bo mu gihe ciwe bashaka ko afata ubutegetsi maze agakora muri ubwo buryo, mugabo Yezu yaravyanse. Dusoma duti: “Bano bantu babonye ikimenyetso akoze, baravuga, bati N’ukuri uyu ni wa muntu avugishwa n’Imana yar’akwiye kuza mw isi. Yesu amenye ko bagira baze kumufata ngo bamwimike, asubira ku musozi ari wenyene gusa.”—Yohana 6:14, 15.
18. (a) Yezu nantaryo yagaragaje gute agatima ko kurindira? (b) Ibikorwa vya Yezu vyahindutse gute guhera mu 1914?
18 Yezu yaranse kwisuka mu vya politike canke mu bikorwa vy’ubugiraneza gusa kubera yari azi ko igihe ciwe co gufata ubutegetsi bwa cami maze agakorera ibikorwa vyo gukiza umuntu wese ahantu hose ari, kitari bwashike. N’inyuma y’ukuduga mw’ijuru kwiwe mu buzima bw’impwemu budahwera, yari afise umutima ukunze wo kurindira igihe cashinzwe na Yehova imbere yuko agira ico akoze. (Zaburi 110:1; Ivyakozwe 2:34, 35) Ariko rero, guhera kw’iyimikwa ryiwe bwa Mwami w’Ubwami bw’Imana mu 1914, ariko aragenda “anesha kandi ngo yame anesha.” (Ivyahishuriwe 6:2; 12:10) Ese ukuntu dukura ubwatsi kuba tworohera ingoma yiwe, mu gihe abandi bivugisha ko ari Abakirisu bahitamwo kuguma biyobagiza inyigisho za Bibiliya zerekeye ubwo Bwami!
Kurindira—Isoko ry’Akababaro Canke ry’Umunezero?
19. Ni ryari kurindira ‘kuvuna umutima’ kandi ni ryari kuba isoko ry’umunezero?
19 Salomo yari azi yuko kurindira bishobora gutera akababaro. Yanditse ati: “Ivyizigiwe bigateba, bivuna umutima.” (Imigani 13:12) Nta nkeka, igihe umuntu yiteze ibintu bitagira ishingiro, umutima urashobora kurwazwa n’ugutaha zirayoye. Ariko rero, kurindira imanza zihimbaye—kumbure ubugeni, ivuka ry’ikibondo, canke gusubira kubonana n’abo dukunda—birashobora kuba biratwuzuza umunezero igihe kirekire imbere yuko umusi wavyo ushika. Uwo munezero uriyongera mu gihe dukoresheje n’ubukerebutsi umwanya wo kurindira, tukitegurira urwo rubanza rugiye kuza.
20. (a) Ni ibintu ibihe vy’akaroruhore twiteze kuzobona ata mazinda? (b) Dushoboa gute kuronka umunezero mu gihe turindiriye ko imigambi ya Yehova iranguka?
20 Mu gihe twizigiye vyuzuye yuko ivyo twiteze bizoranguka—naho tutoba tuzi igihe bizorangukirako—ikiringo co kurindira ntikiba gikwiye ‘kuvuna umutima.’ Abasenga Yehova b’abizigirwa barazi yuko ya Ngoma ya Kirisitu y’Imyaka Igihumbi iri kw’irembo. Barizigiye yuko bazobona iherezo ry’urupfu n’indwara. N’umushasharo mwinshi, barindiranye umunezero igihe bazohera ikaze abantu amamiliyoni bazoza bavuye mu bapfuye, harimwo n’ababo bakunda bapfuye. (Ivyahishuriwe 20:1-3, 6; 21:3, 4) Muri ibi bihe ibidukikije bigeze aho umwansi ashaka, barinovora icizigiro ntakekeranywa co kubona Iparadizo ishingwa kw’isi. (Yesaya 35:1, 2, 7) Ese ukuntu gutyo biranga ubukerebutsi gukoresha n’ubwenge umwanya wo kurindira, “[t]urushiriz[a] imisi yose gukora ibikorwa vy’Umwami wacu”! (1 Ab’i Korinto 15:58) Nubandanye kwihereza ibifungurwa vy’impwemu. Nurushirize gukomeza ubucuti bwa somambike na Yehova. Nurondere abandi bafise imitima ibasunikira gukorera Yehova. Nuremeshe abo musangiye ukwemera. Niwungukire vyuzuye ku mwanya wose Yehova akiretse. Gutyo, kurindira Yehova ntibizokwigera ‘bikuvuna umutima.’ Ahubwo riho, bizokwuzuza umunezero!
Woshobora Kubisigura?
• Yezu yagaragaje gute agatima ko kurindira?
• Ni mu bintu ibihe Abakirisu bakenera agatima ko kurindira?
• Ni kuki Ivyabona vya Yehova banezererwa kurindira Yehova?
• Kurindira Yehova gushobora gute kugirwa isoko ry’umunezero?
[Ifoto ku rup. 23]
Yezu yarihanganye ku bw’umunezero yashizwe imbere
[Ifoto ku rup. 24]
N’inyuma y’imyaka n’iyindi y’igikorwa, turashobora kugumana umunezero dufise
[Ifoto ku rup. 26]
Abantu amamiliyoni bararyohoye ubuzima bwabo mu gucika Ivyabona vya Yehova