ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w00 1/9 rup. 17-22
  • Nugaragaze Inyifato yo mu Mutima ya Kirisitu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nugaragaze Inyifato yo mu Mutima ya Kirisitu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Icitegererezo c’Inyifato Ibereye
  • Gukosora Inyifato Zitari Zo
  • Kwigira ku Bandi
  • Kwigana Agatima ka Kirisitu ko Kubona Ibintu mu Buryo Bwiza
  • Nugaragaze Agatima ko Kurindira!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Urukundo rwa Kristu ruratuma natwe tugira urukundo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Twigane inyifato yo mu mutima ya Yezu
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Mugumane muri mwebwe wa mutima Kristu yari afise
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
w00 1/9 rup. 17-22

Nugaragaze Inyifato yo mu Mutima ya Kirisitu

“Imana itanga ukwihangana n’uguhumurizwa ibahe [“kugira inyifato yo mu mutima nk’iya,” “NW”] Kristo Yesu.”​—ABAROMA 15:5.

1. Agatima k’umuntu gashobora kugira ico gakoze gute ku buzima bwiwe?

AGATIMA canke inyifato biratuma haba itandukaniro rinini mu buzima. Agatima k’ukutitaho ibintu canke ko kuba inshirukabute, agatima ko kubona ibintu mu buryo bwiza canke bubi, agatima ko kwama uharana n’abandi canke wumvikana na bo, agatima ko kwidodomba canke ko gukenguruka, utwo dutima turashobora kugira akosho gakomeye ku kuntu umuntu avyifatamwo mu bintu binaka n’ukuntu abandi bantu bakira ivyiwe. Umuntu afise agatima keza, arashobora kugira umunezero no mu bihe bigoye. Ku muntu w’agatima kabi, nta kintu gisa n’ikigororotse, n’igihe mbere ku wubona ibintu mu buryo bwiza ubuzima bwoba ari bwiza.

2. Ni gute umuntu yiga inyifato?

2 Inyifato​—zaba nziza canke mbi—​zitegerezwa kwigwa. Mu vy’ukuri zirigwa. Igitabu kimwe (Collier’s Encyclopedia), mu kuvuga ivy’umwana akivuka kigira giti: “Inyifato azohava agira ategerezwa kuyironka canke kuyiga, mu buryo bunaka nka kurya nyene ategerezwa kuronka canke kwiga ururimi cabure ubundi buhanga ubwo ari bwo bwose.” None inyifato tuziga gute? Naho hari ibintu vyinshi bigira ico biterereye, ibidukikije n’abo twifatanya biragira akosho gakomeye. Ya nkoranyabumenyi twavuze igira iti: “Turiga canke tukiyinjizamwo inyifato z’abo twifatanya cane, bikaba nk’aho vyizana.” Mu myaka ibihumbi n’ibihumbi iheze, Bibiliya yaravuze ikintu gisa n’ico iti: “Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge, arik’ūcudika n’ibipfu azokomereka.”​—Imigani 13:20; 1 Ab’i Korinto 15:33.

Icitegererezo c’Inyifato Ibereye

3. Ni nde yari intangakarorero ku biraba inyifato yiwe, kandi dushobora kumwigana gute?

3 Cokimwe no mu bindi vyose, no mu vyerekeye inyifato Yezu Kirisitu yaratanze icitegererezo ciza kuruta. Yavuze ati: “Mbahaye akarorero, kugira ngo nk’uko jewe mbagiriye, abe ari ko namwe mugira.” (Yohana 13:15) Kugira ngo tube nka Yezu, dutegerezwa kubanza kwiga ibimwerekeye.a Twiga ubuzima bwa Yezu dufise intumbero yo gukora ico intumwa Petero yabwirije ati: “Ivyo ni vyo mwahamagariwe, kuko na Kritso yabababarijwe, akabasigarana icitegererezo, kugira ngo mugere ikirenge mu ciwe.” (1 Petero 2:21) Intumbero yacu ni ukuba nka Yezu uko bishoboka kwose. Ivyo birimwo gutsimbataza inyifato yo mu mutima yiwe.

4, 5. Ni umuce uwuhe w’inyifato yo mu mutima ya Yezu ishirwa ahabona mu Baroma 15:1-3, kandi Abakirisu bashobora gute kumwigana?

4 Kugira inyifato yo mu mutima nk’iya Kirisitu Yezu birimwo iki? Ikigabane c’15 c’ikete Paulo yandikiye Abaroma 15 kiradufasha kwishura ico kibazo. Mu mirongo ya mbere mikeyi y’ico kigabane, Paulo yerekeza kuri kamere yibonekeje ya Yezu igihe avuga ati: “Twebge abakomeye dukwiye kwihanganira intege nke z’abadakomeye, no kutinezereza. Umuntu wese muri twebge anezereze mugenzi we, kugira ngw abone ivyiza, akomezwe. Kuko na Kristo atinejereje, nk’uko handitswe, ngw Ibitutsi vy’abāgutuka vyaguye kuri jewe.”​—Abaroma 15:1-3.

5 Mu kwigana inyifato ya Yezu, Abakirisu baremeshwa kwitegurira gukorera abandi mu two bakenera babigiranye ukwicisha bugufi aho gushaka kwinezereza gusa. Kukaba nkako, umutima ukunze nk’uwo uranga ukwicisha bugufi wo gukorera abandi ni ikiranga “abakomeye.” Yezu, uwari akomeye mu vy’impwemu kuruta uwundi muntu wese yigeze kubaho, yivuzeko ibi: “Umwana w’umuntu [ntiy]āzanywe no gukorerwa, atar’ugukorera abandi, no gutanga ubugingo bgiwe kw incungu ya benshi.” (Matayo 20:28) Bwa Bakirisu, na twe dushaka kurondera gukorera abandi, tutibagiye n’“abadakomeye.”

6. Ni mu buryo ki dushobora kwigana uko Yezu yavyifashemwo igihe yarwanywa akongera agasigwa iceyi?

6 Iyindi kamere nziza Yezu yagaragaje cari icitegererezo c’ivyiyumviro n’ibikorwa caranga nantaryo ukubona ibintu mu buryo bwiza. Ntiyigeze areka ngo agatima ko kwihebura k’abandi koshe agatima keza ubwiwe yagaragaza ku biraba ugukorera Imana; eka natwe ntidukwiye kukareka. Igihe yasigwa iceyi akongera agahamwa ahorwa ugusenga Imana adahemuka, Yezu yarihanganye atidodomba. Yari azi ko ukurwanywa n’isi itizera kandi idatahura ibintu bishobora kwitegwa n’abagerageza kunezereza abantu bagenzi babo, “kugira ngw abone ivyiza, akomezwe.”

7. Yezu yagaragaje gute ukwihangana, kandi ni kuki dukwiye kukugaragaza natwe?

7 Yezu yaragaragaje inyifato ibereye mu bundi buryo. Ntiyigeze na rimwe abura kwihanganira Yehova, mugabo yarindiranye ukwihangana iranguka ry’imigambi yiwe. (Zaburi 110:1; Matayo 24:36; Ivyakozwe 2:32-36; Abaheburayo 10:12, 13) Ikigeretseko, Yezu ntiyacitse uwutihanganira abayoboke biwe. Yababwiye ati: “Munyigireko”; kubera yari “umugwaneza,” ibwirizwa ryiwe ryari iryubaka kandi riruhura. Vyongeye kubera yari “[y]iyoroheje mu mutima,” ntiyigera na rimwe yishira hejuru canke ngo yihambaze. (Matayo 11:29) Paulo aturemesha kwigana iyo mice y’inyifato ya Yezu, igihe avuga ati: “Mugire wa mutima muri mwebge wari muri Kristo Yesu. Uwo, naho yar’asanganywe ishusho y’Imana, ntiyiyumviriye yuko kuringanira n’Imana ar’ikintu co kwumirako: ariko yīsiga ubusa, yābīra ishusho y’umugurano, acika ūsa n’abantu.”​—Ab’i Filipi 2:5-7.

8, 9. (a) Ni kuki dutegerezwa gukora kugira ngo dutsimbataze agatima k’ukutikunda? (b) Ni kuki tudakwiye gucika intege mu gihe tudashobora neza na neza gukurikiza icitegererezo Yezu yasize, kandi ni gute Paulo yari akarorero keza muri ivyo?

8 Biroroshe kuvuga yuko dushaka gukorera abandi n’uko dushaka gushira ivyo bakeneye imbere y’ivyo ubwacu dukeneye. Mugabo, dusuzumye tutibesha inyifato yacu yo mu mutima, birashobora guhishura yuko imitima yacu idahengamiye bimwe bishitse kuri ivyo. Kuki? Ubwa mbere, kubera yuko twarazwe na Adamu na Eva utugeso tw’ubwikunzi; ubwa kabiri, kubera tuba mw’isi ikorereza ubwikunzi. (Abanyefeso 4:17, 18) Gukuza agatima k’ukutikunda kenshi bisobanura gutsimbataza uburyo bwo kwiyumvira buteye kubiri n’agasembwa twavukanye. Ivyo bisaba umwiyemezo n’akigoro.

9 Agasembwa kagaragara kacu, agatandukanye cane n’icitegererezo kizira agasembwa Yezu yadusigiye, karashobora rimwe na rimwe gutuma ducika intege. Twoshobora gukekeranya niba kugira inyifato yo mu mutima nk’iyo Yezu yari afise binashoboka. Mugabo, raba amajambo aremesha ya Paulo agira ati: “Ndazi yuko muri jewe, mu kameremere kanje, ata ciza kimbamwo: kuko kugomba gukora iciza kubana nanje, ariko kugikora nta kwo. Kukw iciza ngomba atari co nkora, arikw ikibi ntagomba akaba ari co nkora. Nnezererwa ivyagezwe n’Imana mu mutima wanje, ariko mbona ikindi kingera kiri mu mubiri wanje kirwanya ikingera co mu mutima wanje, kikamfatira mpiri kuganzwa n’ikingera kiri mu mubiri wanje, ikingera c’icaha.” (Abaroma 7:18, 19, 22, 23) Ni vyo, kenshi agasembwa ka Paulo karamubuza kurangura ivyo Imana igomba nk’uko yavyipfuza, mugabo agatima kiwe​—ni ukuvuga uburyo yiyumvira be n’uburyo yiyumva ku vyerekeye Yehova n’ivyagezwe vyiwe​—kari ak’akarorero. N’akacu karashobora kuba nk’ukwo.

Gukosora Inyifato Zitari Zo

10. Ni inyifato yo mu mutima iyihe Paulo yaremesheje Abafilipi gutsimbataza?

10 Vyoba bishoboka ko bamwebamwe bakenera gukosora inyifato zitari zo? Egome. Ivyo vyagaragaye ko bikenewe ku Bakirisu bamwebamwe mu kinjana ca mbere. Mw’ikete yandikiye Abafilipi, Paulo yaravuze ivyerekeye kugira agatima kagororotse. Yanditse ati: “S’ukugira ngo mpejeje kubihabga [ubuzima bw’ijuru biciye kw’izuka rya kare], canke ngo mpejeje gutunganywa rwose, ariko ndabandanya kugira ngo mbone gufata kimwe catumye nanje ubganje mfatwa na Kristo Yesu. Bene Data, jeho kubganje sinibgira yuko mmaze kugifata, arikw ico nkora n’iki kimwe gusa, nibagira ibir’inyuma, kandi nshingīra ibir’imbere, mbandaniriza gushika aho dutanguranirwa, ku mpēra y’umuhamagaro w’Imana muri Kristo Yesu wo kuja mw ijuru. Nukw abatunganijwe uko tungana [“tugire iyo nyifato yo mu mutima,” NW].”​—Ab’i Filipi 3:12-15.

11, 12. Ni mu buryo butari bumwe ubuhe Yehova aduhishurira inyifato yo mu mutima ibereye?

11 Amajambo ya Paulo yerekana yuko umuntu wese yacitse Umukirisu, akaba atiyumvamwo ko akeneye gutera imbere aba afise agatima katari ko. Aba yarananiwe gukurikira inyifato yo mu mutima ya Kirisitu. (Abaheburayo 4:11; 2 Petero 1:10; 3:14) Ivy’umuntu nk’uwo vyoba ari ruhebwa? Eka namba. Imana irashobora kudufasha guhindura agatima kacu mu gihe vy’ukuri twoba dushaka kubigira. Paulo abandanya avuga ati: “Namba har’ico mwiyumvira ukundi, Imana izo[ba]hishurira [“iyo nyifato,” NW].”​—Ab’i Filipi 3:15.

12 Ariko rero, niba twipfuza ko Yehova aduhishurira agatima kabereye, dutegerezwa gushitsa uruhara rwacu. Kwiga Ijambo ry’Imana bijanye n’isengesho tubifashijwemwo n’ibisohokayandikiro vya gikirisu bitangwa na “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” (NW) bizotuma “[ab]iyumvira ukundi” bashobora gutsimbataza agatima kabereye. (Matayo 24:45) Abakurambere b’Abakisiru, abagenywe n’impwemu yera kugira ngo “[ba]ragire ishengero ry’Imana” bazonezerezwa no kugira ico bafashije. (Ivyakozwe 20:28) Ese ukuntu dukura ubwatsi kubona Yehova atiyobagiza udusembwa twacu kandi akaduha imfashanyo abigiranye urukundo! Nimuze tuyemere.

Kwigira ku Bandi

13. Mu nkuru ya Bibiliya yerekeye Yobu, tuhigira iki ku biraba inyifato ibereye?

13 Mu Baroma ikigabane c’⁠15, Paulo yerekana yuko kuzirikana ku turorero tw’ivyabaye kera bishobora kudufasha kubogora inyifato yacu. Yandika ati: “Ivyanditswe kera vyose vyandikiwe kutwigisha, kugira ngo kwihangana no guhumurizwa guheshwa n’ivyanditswe biduhe kwizigira ibizoba.” (Abaroma 15:4) Bamwebamwe mu basavyi ba Yehova b’abizerwa bo mu bihe vyaheze bari bakeneye gukosora imice imwimwe y’inyifato yabo. Nk’akarorero, muri rusangi Yobu yari afise inyifato nziza. Ntiyigera na rimwe yitirira Yehova ikibi, kandi nta gihe na kimwe yaretse ngo ugucumukura kwiwe guhungabanye ukwizigira Imana kwiwe. (Yobu 1:8, 21, 22) Yamara rero, yari afise impengamiro yo kwisigura. Yehova yategetse Elihu ngo asahirize Yobu mu kugorora impengamiro yiwe. Aho kwumva ko atutswe, Yobu yaremeranye ukwicisha bugufi yuko bikenewe ko ahindura inyifato maze atangura kubigira ata kugorana.​—Yobu 42:1-6.

14. Dushobora gute kumera nka Yobu mu gihe duhanuwe ku bijanye n’inyifato yacu?

14 Twoba tuvyakira nk’uko Yobu yavyakiriye mu gihe Umukirisu mugenzi wacu atubwiranye ubwitonzi yuko twagaragaje inyifato atari yo? Nka kurya kwa Yobu, ntitukigere “[du]hererez[a] amafuti ku Mana.” (Yobu 1:22) Mu gihe ducumukura ku karenganyo, ntitukigere twidodomba canke dufata ko Yehova ari we yobazwa ingorane zacu. Twirinde kugerageza kwisigura, twibuka yuko uduteka dufise twaba utuhe mu murimo wa Yehova, tukiri gusa “abagurano b’imburakimazi.”​—Luka 17:10.

15. (a) Ni inyifato iyihe itari yo bamwebamwe mu bayoboke ba Yezu baseruye? (b) Petero yerekanye gute inyifato nziza?

15 Mu kinjana ca mbere, bamwebamwe mu bumvirije Yezu bagaragaje inyifato itabereye. Igihe kimwe, Yezu yavuze ikintu cari kigoye itahura. Ukuntu bavyakiriye, “benshi mu bigishwa biwe bavyumvise, baravuga, bat’Iryo jambo riragoye: har’uworyumva akarishobora?” Bigaragara ko abavuze ibintu muri ubwo buryo bari bafise agatima katari ko. Kandi agatima kabo katari ko katumye bareka kwumviriza Yezu. Iyo nkuru ivuga iti: “Kuva ico gihe benshi mu bigishwa biwe bamuva inyuma, ntibāba bakijana na we.” None bose boba bari bafise inyifato itari yo? Oyaye. Iyo nkuru ibandanya igira iti: “Yesu abaza bamwe cumi na babiri, ati Mbega namwe muragomba kwīgīra? Simoni Petero aramwishura, ati Tuje kwa nde ga Mugenzi?” Kukaba nkako, Petero yaciye yishura ku kibazo ubwiwe yabajije mu kugira ati: “Kw ari wewe ufise amajambo y’ubu[zima] budashira.” (Yohana 6:60, 66-68) Ese ukuntu ari inyifato nziza! Iyo dusiguriwe Ivyanditswe canke uko tubitahura kugatyororwa mu buryo dushobora gusanga ubwa mbere bigoye kwemera, ubwo ntivyoba vyiza tugaragaje inyifato yerekanywe na Petero? Ese ukuntu bwoba ari ubupfu guhagarika gukorera Yehova canke kuvuga ibintu mu buryo buteye kubiri n’“icitegererezo c’amajambo mazima” kubera gusa hari ibintu mu ntango bigoye itahura!​—2 Timoteyo 1:13.

16. Ni inyifato y’agahomerabunwa iyihe yagaragajwe n’abarongozi b’amadini b’Abayuda bo mu gihe ca Yezu?

16 Abarongozi b’amadini b’Abayuda bo mu kinjana ca mbere barananiwe kugaragaza inyifato yo mu mutima Yezu yari afise. Umwiyemezo wabo ntabanduka wo kutumviriza Yezu wagaragaye igihe yazura Lazaro mu bapfuye. Ku muntu wese afise agatima keza, ico gitangaro cobaye ikimenyamenya ntahinyuzwa c’uko Yezu yari yarungitswe ava ku Mana. Ariko rero dusoma duti: “Nukw abaherezi bakuru n’Abafarisayo bakoranya abanyekombe, barababaza, bati Mbega, tugire dute? K’uyu muntu akora ibimenyetso vyinshi. Ni twamurekeraho durtyo, bose bazohava bamwizera, kand’Abaroma bazoza batikize igisagara cacu n’ubgoko bgacu.” Batoye uwuhe muti? “Bahēra uwo musi baja inama yo kumwica.” Turetse ukuja inama yo kwica Yezu, barapfunditse umugambi wo gukuraho ikimenyamenya kizima c’uko yakora ibitangaro. “Abaherezi bakuru baja inama yo kwica Lazaro na we.” (Yohana 11:47, 48, 53; 12:9-11) Ese ukuntu vyoba ari igisesema mu gihe twokuza agatima gasa n’ako, maze tugashavuzwa canke tugateshwa umutwe n’ibintu vy’ukuri twari dukwiye kunezererwa! Emwe, kandi ese ukuntu birimwo ingeramizi!

Kwigana Agatima ka Kirisitu ko Kubona Ibintu mu Buryo Bwiza

17. (a) Ni mu bihe bimeze gute Daniyeli yagaragaje agatima k’ukudatinya? (b) Ni gute Yezu yagaragaje ko ubwiwe afise umutima rugabo?

17 Abasavyi ba Yehova bagumana agatima ko kubona ibintu mu buryo bwiza. Igihe abansi ba Daniyeli baja inama yo gutuma hashingwa itegeko ribuza ivyo kwazambira iyindi mana canke uwundi muntu uwo ari we wese mu misi 30 kiretse gusa umwami, Daniyeli yaramenye yuko ivyo bimurengera akarimbi mu vy’ubucuti afitaniye na Yehova Imana. Yoba yari kureka gusenga Imana mu misi 30? Ekaye, yarabandanije gusenga Yehova adatinya gatatu ku musi nk’uko kari akamenyero kiwe. (Daniyeli 6:6-17) Yezu na we nyene yaranse guterwa ubwoba n’abansi biwe. Kw’Isabato imwe, yahuye n’umugabo afise ukuboko kwanyunyutse. Yezu yari azi ko Abayuda benshi bari bahari batohimbawe aramutse akijije umuntu kw’Isabato. Yabasavye adakikiriza guserura ico biyumvira kuri ico kibazo. Aho bankiye, Yezu yarabigiyemwo arakiza uwo mugabo. (Mariko 3:1-6) Yezu ntiyigeze asubira inyuma ngo areke kurangura igikorwa yashinzwe igihe yabona ko bibereye.

18. Ni kuki bamwe baturwanya, mugabo ni gute dukwiye kuvyifatamwo ku gatima kabo ko kutubona nabi?

18 N’Ivyabona vya Yehova muri iki gihe baremera icese yuko bategerezwa kutigera baterwa ubwoba n’ugushobora gufatwa nabi n’ababarwanya. Ahandiho, ntiboba bariko bagaragaza inyifato yo mu mutima ya Yezu. Benshi bararwanya Ivyabona vya Yehova, bamwe kubera batazi inkuru y’imvaho abandi na bo kubera banka Ivyabona canke ubutumwa bashikiriza. Mugabo, nimuze ntitukigere tureka ngo agatima kabo kataranga ubugenzi kagire ico gakoze ku kacu ko kubona ibintu mu buryo bwiza. Ntidukwiye kwigera tureka ngo abandi bashinge uburyo dusenga.

19. Dushobora gute kugaragaza inyifato yo mu mutima nk’iyo Yezu Kirisitu yari afise?

19 Yezu nantaryo yagaragaje inyifato yo mu mutima yo kubona mu buryo bwiza abayoboke biwe n’indinganizo y’Imana, naho kubigira vyari bigoye. (Matayo 23:2, 3) Dukwiye kwigana akarorero kiwe. Ikizwi coco, abavukanyi bacu ni abanyagasembwa, mugabo na twebwe ni ko kw’ukwo. Kandi ni he dushobora kuronka abagenzi beza kuruta n’abakunzi b’intahemuka vy’ukuri atari mu kivukano cacu gikwiye kw’isi yose? Yehova ntaraduha ugutahura bimwe vyuzuye Ijambo ryiwe ryanditse, mugabo ni uwuhe mugwi w’idini utahura ibirushirije? Nimuze nantaryo tugume dufise inyifato yo mu mutima igororotse, ari yo ya nyifato yo mu mutima Yezu yari afise. Muri ivyo harimwo no kumenya ukuntu tworindira Yehova, nk’uko tuza kubiganira mu kiganiro gikurikira.

[Akajambo k’epfo]

a Igisohokayandikiro Le plus grand homme de tous les temps (Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose), casohowe n’Ivyabona vya Yehova kiraca irya n’ino ivyerekeye ubuzima bwa Yezu n’umurimo wiwe.

Woshobora Kubisigura?

• Inyifato yacu igira ico ikoze gute ku buzima bwacu?

• Dondora inyifato yo mu mutima ya Yezu Kirisitu.

• Dushobora kwigira iki ku nyifato ya Yobu?

• Ni inyifato igororotse iyihe twogira mu gihe duhanganye n’ururwanyo?

[Ifoto ku rup. 18]

Umukirisu afise agatima kagororotse arondera gufasha abandi

[Ifoto ku rup. 20]

Umuntu yiga Ijambo ry’Imana adahengeshanya gusenga, biramufasha kugira inyifato yo mu mutima nk’iya Kirisitu

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika