ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w00 1/5 rup. 3-4
  • Ni Kuki Ibiturire Vyimonogoje?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni Kuki Ibiturire Vyimonogoje?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni Ibiki Bituma Haba Ibiturire?
  • Turwanye Ibiturire Dukoresheje Inkota y’Impwemu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Ubwami bw’Imana—Intwaro iterekwa igiturire
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Intwaro zirangwa n’igiturire zoba zizokwigera zivaho?
    Ibindi biganiro
  • Igiturire gikwiragiye ukungana iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
w00 1/5 rup. 3-4

Ni Kuki Ibiturire Vyimonogoje?

“Ntimuze mwemere ingurire: kukw ingurire ihuma amaso y’ababona, kand’igoreka imanza z’abagororotsi.”​—Kuvayo 23:8.

HARAHEZE imyaka ibihumbi bitatu n’amajana atanu Ivyagezwe vya Musa vyiyamirije igiturire. Mu binjana n’ibindi kuva ico gihe, amategeko arwanya ibiturire yaragwiriye. Naho ari ukwo, urwego nshingamategeko ntirwaroraniwe mu vy’uguhasha ibiturire. Ku musi ku musi, ibipfukamunwa amamiliyoni birahanahanwa, hanyuma amamiliyaridi y’abantu agacumukuzwa n’ingaruka zavyo.

Ibiturire vyarakwiragiye cane kandi bibura ifatiro ku buryo biteye akaga ko gushobora kwonona ikibano c’abantu ubwaco. Mu bihugu bimwebimwe, nta kintu na kimwe gikorwa umuntu adapfumbatishijwe. Guha igiturire uwubishoboye biratuma umuntu atora ikibazo, aronka uruhusha rwo gutwara umuduga, asinya kontara canke agatsinda urubanza. Hari umushingwamanza umwe w’i Paris, Arnaud Montebourg, yidoze agira ati: “Ibiturire bimeze nk’ugutosekara gukomeye kw’ibidukikije gutuma abantu baguma bijiriwe.”

Igiturire cabaye ndanse canecane mu vy’ubucuruzi. Amashirahamwe amwamwe abika ica gatatu c’inyungu yose aronka kugira ngo agipfumbatishe abanyabiro ba leta bamogoreye ibiturire. Nk’uko ikinyamakuru kimwe co mu Bwongereza, The Economist, kibivuga, ibice 10 kw’ijana vy’amadolari imiliyaridi 25 akoreshwa ku mwaka ku mwaka mu rudandaza mpuzamakungu rw’ibirwanisho, asohorwa kugira ngo apfumbatishwe abashobora kuba abaguzi. Uko ivyo biturire vyiyongera, ni ko ingaruka zavyo ziba agahomerabunwa. Mu myaka cumi iheze, ivy’ubutunzi bushingiye kuri “ka mwana wa mama”​—akaba ari ubudandaji butonesha abishikira bari ku rushi usanga bazinanyi​—bivugwa ko vyasenyuye ubutunzi bw’ibihugu bizima.

Uko bigenda kwose, abacumukuzwa kuruta abandi n’ibiturire be n’ibintu biterwa n’uko ubutunzi bwifashe nabi ni abakene​—abo na bo usanga ari gake baronka uburyo bwo gutanga igiturire. Nk’uko ca kinyamakuru, The Economist, kibitomora muri make, “igiturire ni bumwe gusa mu buryo bwo gucinyiza abandi.” Ubwo buryo bwo gucinyiza abandi bwoba bushobora gutsindwa, canke igiturire ni ikitokwirindwa? Kugira ngo twishure ico kibazo, dutegerezwa kubanza kumenya imvo nyamukuru zimwezimwe zituma haba ibiturire.

Ni Ibiki Bituma Haba Ibiturire?

Ni kuki abantu bahitamwo kumogorera ibiturire aho kuba inzirabugunge? Kuri bamwe, kumogorera ibiturire bishobora kuba ari bwo buryo bworoshe, canke vy’ukuri ari bwo buryo rudende bwo gushikira ico bipfuza. Rimwe na rimwe, igipfukamunwa kirashobora kuronsa umuntu uburyo bworoshe bwo kwirinda igihano. Benshi igihe babona ko abanyapolitike, abapolisi n’abacamanza basa n’abiyobagiza ibiturire canke mbere ubwabo bakabijamwo, baca gusa bakurikiza akarorero kabo.

Uko ibiturire vyiyongera nk’akaranda, ni ko birushiriza kwemerwa gushika aho amaherezo biba uburyo bwo kubaho. Abantu bahembwa intica ntikize baca bumva ko ata kundi bari bugire. Bategerezwa gusaba ibiturire nimba bashaka kubaho neza. Ikindi, igihe abasaba ibiturire canke ababitanga kugira ngo baronke akarusho badakwiriye batabihanirwa, ni bake baca bagira umutima wo kubirwanya. Umwami Salomo yavuze ati: “Urubanza rw’igikorwa kibi naho ruciwe, ntiruherahezwa vuba, ni co gituma imitima y’abana b’abantu ihangara gukora ikibi.”​—Umusiguzi 8:11.

Hari ibintu bibiri bifise ububasha bukomeye bibandanya gukomeza ibiturire: ubwikunzi n’umwina. Bivuye ku bwikunzi, abantu bamogoreye ipfumbatisha barirengagiza ubucumukure ipfumbatisha ryabo ritera abandi, kandi bashigikira igiturire kubera gusa bacungukirako. Uko abamogoreye ibiturire barushiriza kwirundaniriza inyungu, ni ko barushiriza gucika abanyamwina. Salomo yavuze ati: “Inkunzi y’amahera ntizohāzwa n’amahera; bo n’ūkunda ibitayega ntazohāzwa n’inyungu.” (Umusiguzi 5:10) Ikizwi co ni uko umwina ushobora kuryoha mu vy’ukwicira amahera, mugabo wama utuma ibiturire n’ukurenga amategeko vyiyobagizwa.

Ikindi kibikwega tutokwirengagiza ni uruhara rwa wa mutware ataboneka w’iyi si, uwo Bibiliya idondora ko ari Shetani wa Mucokoranyi. (1 Yohana 5:19; Ivyahishuriwe 12:9) Shetani arakorereza yivuye inyuma ibiturire. Igiturire gihambaye kuruta ibindi vyose bizwi ni ca kindi Shetani yashaka guha Yezu. ‘Ubwami bwose bwo kw’isi ndabuguha, ni wampfukamira, ukansenga.’​—Matayo 4:8, 9.

Ariko rero, Yezu ntiyashobora kwemera kwakira igiturire, kandi yigishije abayoboke biwe kwigenza gutyo nyene. None, inyigisho za Kirisitu zoshobora kuba igikoresho ngirakimazi mu vy’ukurwanya ibiturire muri iki gihe? Ikiganiro gikurikira kiraza kwihweza ico kibazo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika