Ababisha Bazogumaho Kugeza Ryari?
“[Yehova], n’iki gituma . . . [w]iyihorerera igihe umunyakibi arotsa umuntu amurusha ubugororotsi?”—HABAKUKI 1:13.
1. Ni ryari isi izokwuzura no ku bunwa ukumenya icubahiro ca Yehova?
MBEGA Imana yoba izigera ihonya abanyakibi? Nimba izobahonya, dutegerezwa kurindira kugeza ryari? Kw’isi hose, abantu barabaza bene ivyo bibazo. Ni hehe dushobora gusanga inyishu? Dushobora kuzisanga mu majambo y’ubuhanuzi yahumetswe n’Imana yerekeye igihe cagenywe na yo. Aratwemeza yuko Yehova agiye kuzocirako iteka ababisha bose. Ico gihe ni ho gusa isi izokwuzura no ku bunwa “ukumenya icubahiro c’Uhoraho . . . nk’ukw amazi abugereye mu kiyaga.” Iryo ni ryo sezerano ry’ubuhanuzi dusanga mw’Ijambo Ryeranda ry’Imana muri Habakuki 2:14.
2. Igitabu ca Habakuki kirimwo imanza zitatu izihe Imana yaciye zo kwica?
2 Igitabu ca Habakuki, icanditswe nko mu mwaka w’628 B.G.C., kigizwe n’urukurikirane rw’imanza zitatu zo kwica, izo Yehova Imana yaciye. Zibiri muri izo manza ziramaze gushitswa. Urwa mbere ni urwo Yehova yaciriye ihanga rya kera ry’Ubuyuda ryigira akagaramaruganda. Urwa kabiri na rwo ni uruhe? Ni urubanza Imana yaciriye Babiloni y’agahotoro. Nta nkeka rero, turafise impamvu zikwiye zo kwizigira yuko urwa gatatu muri izo manza zaciwe n’Imana na rwo ruzoshitswa. Nkako, turashobora kwitega vuba cane ishitswa ryarwo. Imana izorandura abantu b’ababisha bose ku neza y’abagororotsi bo muri iyi misi y’iherezo. Uwa nyuma muri bo azopfira muri ya “ntambara” [yihuta kwegereza] yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose.”—Ivyahishuriwe 16:14, 16.
3. Ni igiki kizoshikira ata kabuza ababisha muri iki gihe cacu?
3 Intambara yo ku musi uhambaye w’Imana iguma urushiriza kwegereza. Kandi ishitswa ry’urubanza Imana yaciriye abantu b’ababisha bo muri iki gihe rizoba nta kabuza nk’uko urwo Yehova yaciriye Ubuyuda na Babiloni rwashikijwe. Ariko none, ni kuki ubu tutokwiha ishusho ry’uko turi mu Buyuda mu gihe ca Habakuki? Ni ibiki biriko biraba muri ico gihugu?
Igihugu Kiri mu Ruhagarara
4. Habakuki yumvise amakuru ayahe y’agacavutu?
4 Niwihe ishusho ry’uko umuhanuzi wa Yehova Habakuki yicaye hejuru y’igisenge kibase c’inzu yiwe, afata akayaga gafutse ko ku mugoroba. Iruhande yiwe hari igicurarangisho. (Habakuki 1:1; 3:19, indondoro y’umwanditsi) Habakuki yumvise amakuru y’agacavutu. Umwami w’Ubuyuda Yehoyakimu yishe Uriya kandi umuvyimba w’uno muhanuzi yawushiburiye mu mva z’abantu banyarucari. (Yeremiya 26:23) Ni vyo, Uriya ntiyari yagumye yizigira Yehova, aratinya maze ahungira mu Misiri. Yamara, Habakuki arazi yuko ubukazi bwa Yehoyakimu butatewe n’icipfuzo na kimwe co gushigikira iteka rya Yehova. Ivyo bigaragazwa n’ivyo uyo mwami yavuze asuzugura icagezwe c’Imana, be n’urwanko yanka umuhanuzi Yeremiya n’abandi basavyi ba Yehova.
5. Ibintu vy’impwemu vyifashe gute i Buyuda, kandi Habakuki avyifatamwo gute?
5 Habakuki abonye umwotsi w’imibavu uduga uvuye ku bisenge vy’inzu zo mu micungararo. Abantu ntibariko bosa iyo mibavu bwa basenga Yehova. Bariko barakora ibikorwa vy’idini ry’ikinyoma bishigikiwe n’Umwami w’umubisha w’Ubuyuda Yehoyakimu. Ese ukuntu ari agasuzuguro! Amaso ya Habakuki yuzuye amarira, maze atakamba ati: “Uhoraho we, nzogeza ryari kugutakambira, ntunyumve? Kandi nkuborogera kubg’umuryano uriho, nawe ntuwunkize? N’iki gituma unyereka ibigabitanyo, ukitegereza ivy’inzigo? Kuk’ubugesera n’umuryano bir’imbere yanje, hakaba n’imitongano, kandi havyutse n’ibihāri. Ni co gituma amabgirizwa asigaye yāfōrorotse, akaba ata manza ziroranye zikiboneka namba: kuk’umunyakibi atangatanze umugororotsi irya n’ino, bigatuma imanza ziboneka zigoramye.”—Habakuki 1:2-4.
6. Itegeko n’ubutungane vyabigendeye gute mu Buyuda?
6 Ni vyo, ubugesera n’umuryano bireze. Aho Habakuki atereje amaso hose, ahabona umudugararo, imitongano n’umuryano. ‘Amabwirizwa yarafororotse,’ nta bubasha agifise. Ubutungane bwobwo? ‘Ntibukiboneka’ ngo butsinde! Ntibwigera bwubahirizwa. Ahubwo, ‘abanyakibi batangatanze abagororotsi irya n’ino,’ baca iruhande ingingo zifatwa kugira zikingire abatazi ico bazira. Vy’ukuri, “imanza ziboneka zigoramye.” Ni iza ngondegonde. Ese ukuntu ivyo bintu bibabaje!
7. Habakuki yiyemeje gukora iki?
7 Habakuki aranumye umwanya muto, maze azirikana kuri ivyo bintu. Mbega araza guteshwa ate? Oya namba! Amaze kuzirikana ku ruhamo rwose rwashikiye abasuku b’Imana b’abizigirwa, uwo mugabo w’umwizigirwa yongeye kwiyemeza kuguma ashikamye, atanyiganyiga ari umuhanuzi wa Yehova. Habakuki azobandanya gutangaza ubutumwa bw’Imana—naho nyene kubutangaza vyomutwara agatwe.
Yehova Ararangura “Igikorwa” Ata Wocemera
8, 9. Yehova ariko arangura ikihe ‘gikorwa’ ata wocemera?
8 Mu vyo Habakuki yeretswe, abonye abayoboke b’idini ry’ikinyoma basuzugura Imana. Umva nawe ivyo Yehova ababwira. Agira ati: “Enda ni murābe mu mahanga, muvyitegereze; mutangare.” Birashoboka ko Habakuki yoba yibaza igituma Imana ibwiye abo bantu b’ababisha ityo. Hanyuma yumva Yehova ababwira, ati “Mwumirwe: kuko mu gihe canyu ngira nkore igikorwa mutokwemera naho mwokibarirwa.” (Habakuki 1:5) Mu vy’ukuri, Yehova ubwiwe ariko ararangura ico gikorwa badashobora kwemera. Mugabo ico gikorwa ni ikihe?
9 Habakuki aratega amatwi yitonze amajambo y’Imana akurikira yanditswe muri Habakuki 1:6-11. Ubwo ni ubutumwa bwa Yehova, kandi nta mana y’ikinyoma canke ikigirwamana kitagira ubuzima gishobora gutangira iranguka ryabwo. Na bwo ni ubu: “Ehe rāba, ngira nkakamure Abakaludaya, rya hanga ry’inkazi kandi ry’inkuba, bagenda batera isi iyo iva ikagera, bakikeberezako ingo zitar’izabo. Abo n’ibirara vy’inkazi, kandi bateye ubgoba: uguhana no gutikiza ni bo bivako. Amafarasi yabo arusha ingwe ubukuba, kand’arusha ubukazi amabingira agenda ijoro: abagendera ku mafarasi yabo baza bihaya: mber’abagendera ku mafarasi yabo baza bavuye kure; baguruka nk’inkukuma yihutira ico irotsa. Bose bazanwa n’umuryano; amaso yabo bayahangana igihababu imbere yabo; bakumakuma imbohe nk’umusenyi. Mbere bacōkōra abami, bagatwenga abaganwa, ibihome vyose barabitwenga gusa, kuko babirundira ibigūngūzi vy’ivu vyo kwuririrako, bakabinesha. Bagaheza bagahita nk’umuyaga, bakomeza inzira, ar’abanyabicumuro; kand’inkomezi zabo bāzigize imana yabo.”
10. Ni ba nde bariko barahagurutswa na Yehova?
10 Ese ukuntu ari imburizi menyeshakazoza yatanzwe n’Isumbavyose! Yehova ahagurukije Abakaludaya, ihanga ry’inkazi rya Babiloni. Mu gihe bariko bagenda ‘bakwira isi iyo iva ikagera,’ barigarurira ingo nyinshi cane. Ese ukuntu biteye ubwoba! Ayo masinzi y’Abakaludaya ni “ibirara vy’inkazi kandi bateye ubwoba,” barahambaye kandi ni agacavutu. Yishiriraho amategeko yayo ntabanduka. ‘Imanza zabo ni izo bishiriyeho.’
11. Wodondora gute ukuza gutera Ubuyuda kw’ingabo za Babiloni?
11 Amafarasi y’Abanyababiloni anyaruka kuruta ingwe zigenda buravyo. Abagendera ku mafarasi babo bakaze kurusha amabingira ashonje, ahiga ijoro. Kubera ko ashashaye kugenda, ‘ibinono vyayo arabihondagura hasi’ (NW) acacanya. Aturutse kure i Babiloni agenda yerekeza i Buyuda. Kubera ko Abakaludaya baguruka nk’inkona yihutira ico kurya kiryoshe, ntibaza guteba gucakira igihigwa cabo. Mugabo, ico coba ari igitero co gusahura gusa, kigizwe n’abasirikare bake? Eka data! “Bose bazan[ywe] n’umuryano,” ari nk’amasinzi n’amasinzi ashwabadukiye kuyogeza ibintu. Mu maso habo haboneka umushasharo mwinshi babifitiye, bagenda bagana mu burengero berekeza i Buyuda n’i Yeruzalemu, bihuta cane nk’umuyaga w’i burasirazuba. Ingabo z’Abanyababiloni zigenda zigira imbohe abantu benshi cane, ku buryo “bakumakuma imbohe nk’umusenyi.”
12. Abanyababiloni bafise iyihe nyifato, kandi abo bansi b’igitangaza bacitse ‘koko abanyabicumuro’ kubera iki?
12 Ingabo z’Abakaludaya zitwenga abami n’abayobozi bakuru zikabashinyagurira, bose bakaba ata bushobozi bagira bwo guhagarika ugutera imbere kwazo zidatezura. ‘Zihinyura ibihome vyose,’ kubera ko ahakikijwe n’igihome aho ari ho hose hafatwa iyo Abanyababiloni ‘barunze ikigunguzi c’ivu’ bajako mu kuhatera. Mu gihe cagenywe na Yehova, uwo mwansi atangaje ‘azohita nk’umuyaga.’ Mu gutera i Buyuda n’i Yeruzalemu, azoba ‘umunyabicumuro,’ abitewe no kuba yagiriye nabi igisata c’Imana. Inyuma y’intsinzi ya bukwi na bukwi, umugabisha w’Abakaludaya azokwishima ati ‘Inkomezi zacu [tuzikesha] imana yacu.’ Mugabo ese ukuntu mu vy’ukuri azi bike!
Ishingiro Ryumvikana ry’Ukugira Icizigiro
13. Ni kuki Habakuki yuzuye icizigiro n’umwizero?
13 Habakuki amaze kurushiriza gutahura umugambi wa Yehova, icizigiro kirakura mu mutima wiwe. Kubera ko yuzuye umwizero adakeka, avuga amajambo yo guhimbaza Yehova. Nk’uko bibonekera muri Habakuki 1:12, uwo muhanuzi agira ati: “Mbega ntiwamyeho uhereye kera hose, Uhoraho Mana yanje, Uwera wanje? [wewe ntupfa, NW].” Ni vyo, Yehova ni Imana “uhereye ibihe bidashira, ugashitsa ibihe bidashira.”—Zaburi 90:1, 2.
14. Ni ingendo iyihe abahakanyi b’i Buyuda bafashe?
14 Uwo muhanuzi azirikanye ku vyo yeretswe n’Imana kandi agahimbarwa n’ubumenyi ivyo bimwunguye, abandanya ati: “Uhoraho, wabashizeho ng’ubacishe amateka; Gitandara we, wabashiriyeho guhana.” Imana yaciriyeko iteka abahuni b’i Buyuda, none baraririye gukangīrwa, guhanwa bikomeye na Yehova. Bari bakwiye kumubona nk’Igitandara cabo, igihome nyakuri kimwe rudende cabo, ubuhungiro bwabo n’Isoko ryabo ry’ubukiriro. (Zaburi 62:7; 94:22; 95:1) Yamara abayobozi b’abahuni b’i Buyuda ntibiyegereza Imana, kandi barabandanya gukandamiza abasavyi ba Yehova ataco babatwaye.
15. Ni mu buryo ki Yehova afise “inyonga zitunganye zitorāba ikibi”?
15 Ivyo bintu vyaratuntuje cane uwo muhanuzi wa Yehova. Nuko avuga ati: “Wewe [uri u]w’inyonga zitunganye [ku buryo ubona] ikibi, kand’utoshobora kwitegereza ivy’inzigo.” (Habakuki 1:13) Ni vyo, Yehova afise “inyonga zitunganye, zitorāba ikibi,” ni ukuvuga zitorenza uruho rw’amazi ku kibi.
16. Wodondora gute muri make ivyanditse muri Habakuki 1:13-17?
16 Habakuki rero afise mu muzirikanyi ibibazo kanaka bikangura ubwenge. Abaza ati: “N’iki gituma none witegereza abaryarukanyi, ukiyihorerera igihe umunyakibi arotsa umuntu amurusha ubugororotsi; ugahwanya abantu n’amafi yo mu kiyaga, canke n’ivyikwega hasi, bitagira ikibiganza? Bose babarobesha igera, bakabafatisha urusenga rwabo, bakabegeraniriza mu mukwabu wabo; ni co gituma banezerwa bagahimbarwa. Ni co gituma urusenga rwabo baruha ikimazi, n’umukwabu wabo bakawosereza imibavu; kukw ari vyo bibahesheje kwidibamira, bigatuma ivyo kurya vyabo bigwira. Mbega none bazohora bacurānura urusenga rwabo, bakāma bica amahanga ata kagongwe?”—Habakuki 1:13-17.
17. (a) Mu gutera Ubuyuda na Yeruzalemu, ni gute Abanyababiloni bashikije umugambi w’Imana? (b) Yehova agiye guhishurira iki Habakuki?
17 Mu gutera Ubuyuda n’umugwa mukuru waho Yeruzalemu, Abanyababiloni bokoze ivyo bishakiye. Ntibamenye ko bariko bakoreshwa nk’uburyo Imana ikoresha mu gushitsa urubanza rugororotse yaciriye igisata cahemutse. Biroroshe kubona igituma Habakuki yokwumva bigoye gutahura yuko Imana yokoresheje Abanyababiloni b’ababisha mu gushitsa urubanza rwayo. Abo Bakaludaya b’imburakigongwe ntibasenga Yehova. Babona abantu nk’‘amafi, n’ivyikwega hasi’ bigenewe gucakirwa no gutegekwa. Mugabo, Habakuki ntiyobandanije kuzazanirwa igihe kirekire. Yehova adatevye agiye guhishurira umuhanuzi wiwe ko Abanyababiloni batobuze guhanwa, bivuye ku busahuzi bagiranye umunoho, no ku kwagirwa n’amaraso basheshe runyamaswa.—Habakuki 2:8.
Yitegurira Kwakira Ayandi Majambo ya Yehova
18. Inyifato ya Habakuki dushobora kuyigirako iki nk’uko bibonekera muri Habakuki 2:1?
18 Ariko ubu, Habakuki arindiriye kwumva ayandi majambo Yehova aribumubwire. Uwo muhanuzi avuganye umwiyemezo ati: “Nzohagarara nshibamye, nje ku munara wo gushibamako, nkenguze ndābe ico aribumbarire, n’ico ndibumwishure, ku vy’amaganya yanje.” (Habakuki 2:1) Habakuki ararajwe ishinga cane n’ico Imana azovuga biciye kuri we bwa muhanuzi. Ukwizera kwiwe yuko Yehova ari Imana itirengagiza ibibi gutuma yibaza igituma ububisha bwimonogoje, ariko yiteguye kureka ukwiyumvira kwiwe kugororwe. Tweho none bite? Mu gihe twibajije igituma ibintu kanaka bibi vyihanganirwa, umwizero dufise w’uko Yehova Imana agororotse ukwiye kudufasha kuguma dufise uburimbane kandi tumurorereye.—Zaburi 42:5, 11.
19. Nk’uko Imana yari yabibwiye Habakuki, ni ibiki vyashikiye ba Bayuda bigira akagaramaruganda?
19 Nk’uko Imana yabwiye Habakuki, yarashikije urubanza yaciriye ihanga ryigira akagaramaruganda ry’Abayuda mu kureka Abanyababiloni bagatera Ubuyuda. Mu 607 B.G.C., barasanganguye Yeruzalemu n’urusengero, barica abato n’abakuze, bongera bajana inyagano nyinshi. (2 Ngoma 36:17-20) Bamaze igihe kirekire mu bunyagano i Babiloni, amasigarira y’Abayuda b’abizigirwa yarasubijwe mu gihugu cabo c’amavukiro, kandi amaherezo bongera kwubaka urusengero. Ariko rero, mu nyuma Abayuda barongeye guhemukira Yehova, canecane igihe batera akagere Yezu ngo si Mesiya.
20. Paulo yakoresheje gute Habakuki 1:5 ku biraba ivy’ugutera akagere Yezu?
20 Nk’uko mu Vyakozwe n’Intumwa 13:38-41 habivuga, intumwa Paulo yareretse Abayuda bo muri Antiyokiya ico ugutera akagere Yezu vyosobanuye kandi gutyo bakaba basuzuguye inkuka yiwe y’incungu. Paulo yarasubiyemwo amajambo yo muri Habakuki 1:5 ayakuye mu mpinduro y’Ikigiriki yitwa La Septante, atanga imburizi ati: “Mwiyubare, ivyavuzwe n’abavugishwa n’Imana vyoye kubashikako, ngo Rāba mwa banyagakēngērwe, mutangare, muyongayonge, kuko ngira nkore igikorwa mu gihe canyu, igikorwa mutazoruha mwemera, n’ah’umuntu yokibasobanurira.” Mu buryo buhuje n’ayo majambo yasubiwemwo na Paulo, iranguka rigira kabiri rya Habakuki 1:5 ryabaye igihe ingabo z’Abaroma zasangangura Yeruzalemu n’urusengero rwaho mu 70 G.C.
21. Abayuda bo mu gihe ca Habakuki babona gute “igikorwa” c’Imana co gutuma Abanyababiloni basangangura Yeruzalemu?
21 Ku Bayuda bo mu gihe ca Habakuki, “igikorwa” c’Imana co gutuma Abanyababiloni basangangura Yeruzalemu, cari ikintu batokwemera kubera ko uwo murwa wari icicaro c’ivy’ugusenga Yehova be n’aho umwami wiwe yasizwe yimira. (Zaburi 132:11-18) Yeruzalemu uko yakabaye ntiyaribwigere isangangurwa. Urusengero rwaho ntirwaribwigere ruturirwa. Umuryango wa cami wa Dawidi ntiwaribwigere utembagazwa. Nta washobora kwemera ko Yehova yoretse ivyo bigashika. Ariko rero biciye kuri Habakuki, Imana yaratanze imburizi yumvikana y’uko ivyo bintu vy’agacavutu vyoshitse. Kandi inkuru y’ivyabaye iremeza yuko vyabaye nk’uko vyari vyarabuwe.
“Igikorwa” c’Imana Ata Wocemera co mu Gihe Cacu
22. “Igikorwa” gitangaje ca Yehova kizoba kigizwe n’ibiki muri iki gihe?
22 Yehova yoba azokora “igikorwa” ata wocemera muri iki gihe cacu? Emwe, nta nkeka azogikora, n’aho ivyo bisa n’ibitokwemerwa n’abantu bakekeranya. Muri iki gihe, igikorwa kitokwemerwa ca Yehova kizoba ari isangangurwa ry’Abitwa Abakirisu. Nka kumwe kw’Ubuyuda bwa kera, Abitwa Abakirisu bivugisha ko basenga Imana mugabo barononekaye muri vyose. Yehova ubu bwa vuba azokuraho n’ibisigarira vyose vy’ugusenga kw’Abitwa Abakirisu, nk’uko azokuraho “Babiloni Hahambaye” yose uko yakabaye, ari yo ya nganji y’isi yose y’idini y’ikinyoma.—Ivyahishuriwe 18:1-24.
23. Impwemu y’Imana isunikira Habakuki gukora iki ubukurikira?
23 Yehova yari afitiye Habakuki ikindi gikorwa co gukora imbere y’uko Yeruzalemu isangangurwa mu 607 B.G.C. Ni ibiki Imana yari isigaje kubwira uwo mumenyeshakazoza wayo? Urabona, Habakuki yokwumvise ibintu vyotumye afata igicurarangisho ciwe akaririmbira Yehova indirimbo z’akababaro amusenga. Ariko rero, ubwa mbere na mbere impwemu y’Imana yotumye uwo muhanuzi atangaza ivyago vy’ibara bikomakomeye. Nta gukeka, twoshima kumenya insobanuro igera ibwina y’ayo majambo y’ubuhanuzi y’igihe cashinzwe n’Imana. Nimuze rero tubandanye gutega yompi ubuhanuzi bwa Habakuki.
Woba Uvyibuka?
• Ibintu vyari vyifashe gute mu Buyuda mu misi ya Habakuki?
• Yehova yaranguye ikihe “gikorwa” atawocemera mu gihe ca Habakuki?
• Ni ishingiro irihe ry’ukugira icizigiro Habakuki yari afise?
• Imana izorangura ikihe “gikorwa” atawocemera muri iki gihe cacu?
[Ifoto ku rup. 15]
Habakuki yaribajije igituma Imana ireka ubukozi bw’ikibi bukimonogoza. Na wewe woba uvyibaza?
[Ifoto ku rup. 16]
Habakuki yarabuye amakuba yoshikiye igihugu c’Ubuyuda mu minwe y’Abanyababiloni
[Ifoto ku rup. 16]
Ivyacukuwe mu misaka ya Yeruzalemu yasanganguwe mu 607 B.G.C.