ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w00 1/2 rup. 25-29
  • Nitunezererwe ya Mana Iduha Ubukiriro

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nitunezererwe ya Mana Iduha Ubukiriro
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Habakuki Asenga ngo Imana Igire Imbabazi
  • Yehova Ari ku Rugendo!
  • Abasavyi b’Imana Nta Nkeka Bazoronka Ubukiriro!
  • Umusi wa Yehova Uriko Uraza!
  • Niwizigire Yehova maze ubeho!
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Ababisha Bazogumaho Kugeza Ryari?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Yehova Ntazoteba
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Mufatire akarorero ku bahanuzi​—Habakuki
    Igikorwa dukorera Ubwami—2015
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
w00 1/2 rup. 25-29

Nitunezererwe ya Mana Iduha Ubukiriro

“Nzonezererwa Uhoraho, mpimbarwe n’Imana y’agakiza kanje”​—HABAKUKI 3:18.

1. Daniyeli yeretswe ivyerekeye iki imbere y’itemba rya Babiloni ryo mu 539 B.G.C.?

IMYAKA irenga cumi imbere y’itemba rya Babiloni ryabaye mu 539 B.G.C., umuhanuzi Daniyeli yari ageze mu zabukuru yareretswe ibintu vy’inkoramutima. Vyabura ibintu vyobaye kw’isi bigashikana kuri ya ntambara ya nyuma hagati y’abansi ba Yehova n’Umwami yagenye, ari we Yezu Kirisitu. Daniyeli yavyakiriye gute? Yagize ati: “Nca ncika intege, . . . ntangazwa n’ivyo neretswe.”​—Daniyeli 8:27.

2. Daniyeli mu vyo yeretswe yabonye uruhe rugamba, kandi wiyumvira iki ku vyerekeye iyegereza ryarwo?

2 Tweho bite? Turi mu gihe citereye cane! Tuvyakira gute iyo tubonye ko urugamba Daniyeli yabonye mu vyo yeretswe, ari yo ya ntambara y’Imana ya Harumagedoni, rwegereje cane? Tuvyakira dute iyo tubonye ko ububisha bwagaragajwe mu buhanuzi bwa Habakuki burushiriza kwimonogoza ku buryo abansi b’Imana bategerezwa guhonywa vyanse bikunze? Birashoboka ko tugira inyiyumvo nk’iza Habakuki ubwiwe, nk’uko zidondorwa mu kigabane ca gatatu c’igitabu ciwe c’ubuhanuzi.

Habakuki Asenga ngo Imana Igire Imbabazi

3. Habakuki yasenze ku bwa ba nde, kandi amajambo yiwe yogira ico akora kuri twebwe gute?

3 Habakuki ikigabane ca 3 ni isengesho. Nk’uko Hab 3 umurongo wa 1 uvyerekana, riseruwe mu gucura intimba no mu ndirimbo y’akababaro canke y’amaganya. Isengesho ry’uwo muhanuzi rituwe nk’aho yoba yariko yisabira. Ariko mu vy’ukuri Habakuki ariko avugira ihanga ryitoranirijwe n’Imana. Muri iki gihe, isengesho yatuye rifise insobanuro nini ku basavyi b’Imana, abakora igikorwa co kwamamaza Ubwami. Igihe dusoma Habakuki ikigabane ca 3 ivyo tubifise mu muzirikanyi, amajambo yaryo aratwuzuza akoba, ariko kandi akatwuzuza umunezero. Isengesho rya Habakuki, canke intimba acura, riraduha impamvu ikomeye yo kunezererwa Yehova, ya Mana iduha ubukiriro.

4. Ni kuki Habakuki yagize ubwoba, kandi dushobora kudakeka ko Imana izokoresha ubuhe bubasha?

4 Nk’uko twamaze kubibona mu biganiro bibiri vy’imbere y’iki, ibintu vyari vyifashe nabi cane mu gihugu c’Ubuyuda mu gihe ca Habakuki. Mugabo Imana ntiyoretse ngo ivyo bintu bibandanye. Yehova yobihagurukiye, nk’uko yari yarabigenjeje kera. Ntibitangaje kuba uwo muhanuzi yararanguruye ijwi ati: “Uhoraho, numvise inkuru zawe, [naratinye, NW] igikorwa cawe”! Yashaka kuvuga iki? ‘Inkuru za Yehova,’ zari inkuru zanditswe zerekeye ibikorwa vy’ububasha vy’Imana, nka bimwe vyo ku Kiyaga Gitukura, mu bugaragwa be n’i Yeriko. Ivyo bikorwa Habakuki yari abizi neza, kandi vyaramutera ubwoba kuko yari azi ko Yehova yosubiriye gukoresha ububasha bwiwe bukomeye mu kurwanya abansi biwe. Iyo tubona ububisha bw’abantu muri iki gihe, natwe turamenya ko Yehova azokora nk’uko yakoze mu bihe vya kera. Mbega ivyo vyoba bidutera ubwoba? Ego cane! Ariko rero turasenga nka Habakuki duti: “Hēmbūra ico gikorwa cawe hagati mur’iyi myaka, hagati mur’iyi myaka ukimenyekanishe; mu burake wame wibuka kugira akagongwe.” (Habakuki 3:2) Mu gihe cagenywe n’Imana, ‘hagati y’imyaka,’ izokoresha inguvu zayo z’igitangaza. Kandi ico gihe, ese yokwibuka kugirira imbabazi abayikunda!

Yehova Ari ku Rugendo!

5. ‘Imana yaje iva i Temani’ gute, kandi ivyo bigaragaza iki ku biraba Harumagedoni?

5 Bizogenda gute Yehova niyumva isengesho ryacu ryo gusaba imbabazi? Inyishu tuyisanga muri Habakuki 3:3, 4. Ubwa mbere, uwo muhanuzi agira ati: “Imana yaje ivuye i Temani, Uwera yaje ku musozi Parani.” Mu gihe c’umuhanuzi Musa, Temani na Parani hari ku nzira Abisirayeli baciyemwo mu bugaragwa bagana i Kanani. Igihe iryo hanga rinini ryakomeza urugendo rwaryo, vyasa n’aho Yehova ubwiwe yariko aragenda, kandi nta kintu coshoboye kumutangira. Imbere gato y’uko Musa apfa, yavuze ati: “Uhoraho yaturutse kuri Sinayi, yabarasiye aserutse kuri Seyiri, yakayanganye aserutse ku musozi Parani avuye hagati mu masinzi y’[abamarayika].” (Gusubira mu Vyagezwe 33:2) Yehova niyaja kurwanya abansi biwe kuri Harumagedoni, ubushobozi bwiwe budatangirwa buzogaragara nk’ukwo nyene.

6. Turetse ubuninahazwa bw’Imana, ni iki Abakirisu b’inkerebutsi babona?

6 Habakuki avuga kandi ati: “Ubgiza [bwa Yehova] bgakwiye ijuru, kand’isi yuzuye ishimwe ryiwe. Gukayangana kwiwe kwari nk’umuco.” Ese ukuntu ari ibintu vy’umwakaka! Koko, abantu ntibashobora guhanga amaso Yehova Imana ngo babeho. (Kuvayo 33:20) Ariko abasavyi b’Imana b’abizigirwa bo amaso y’imitima yabo arakayangana iyo bazirikanye ukwo kwakaka kwiwe. (Abanyefeso 1:18) Kandi uretse ubuninahazwa bwa Yehova, hari ikintu Abakirisu b’inkerebutsi babona. Muri Habakuki 3:4 hasozera havuga hati: “Ibishwārara vy’umuco vyava mu kuboko kwiwe, aho ni ho yatwikirira ububasha bgiwe.” Ni vyo, turabona ko Yehova agabirije kugira ico akoze, akoresheje ukuboko kwiwe kw’iburyo kw’inguvu n’ububasha.

7. Urugendo rw’intsinzi rw’Imana rusobanura iki ku bayigarariza?

7 Urugendo rw’intsinzi rw’Imana rusobanura ivyago ku bayigararije. Muri Habakuki 3:5 hagira hati: “Ikīza camugendera imbere, na Kizimire akamuja inyuma.” Igihe Abisirayeli bari begereje imbibe za ca Gihugu c’Isezerano mu mwaka w’1473 B.G.C., benshi muri bo baragararije, bisuka mu bushegabo no mu gusenga ibigirwamana. Ingaruka zabaye iz’uko hapfuye abantu barenga 20.000 bishwe n’akaranda karungitswe n’Imana. (Guharūra 25:1-9) Muri kazoza katari kure, Yehova niyagenda mu “ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose,” abamugararije na bo bazocumukura ku bw’ivyaha vyabo. Ndetse hari bamwe bokwicwa n’akaranda nya karanda.​—Ivyahishuriwe 16:14, 16.

8. Nk’uko muri Habakuki 3:6 habivuga, ni ibiki bibikiwe abansi b’Imana?

8 Ubu naho, umviriza indondoro yumvikana ya Yehova nyene ingabo ari mu gikorwa. Muri Habakuki 3:6, tuhasoma duti: “Arahagarara, agera ubunini bg’isi; arāba igitsure, amahanga agahinda agashitsi; imisozi y’intahava irasanzara, uturambi tw’inyame turanyika; ajana inzira ziwe za kera.” Ubwa mbere, Yehova ‘ahagaze’ nk’intwazangabo igenzura uko vyifashe ku rugamba. Abansi biwe barahindishwa agashitsi n’ubwoba. Barabona uwo bahanganye uwo ari we maze bakarahuka umutima, babura iyo baja n’iyo bava. Yezu yarabuye igihe “amoko yose yo mw isi azoboroga.” (Matayo 24:30). Amazi yamaze kurenga inkombe ni ho bazomenya ko ata muntu n’umwe ashobora guhagarara ahangana na Yehova. Amashirahamwe y’abantu, eka n’ayaboneka ko ari ntayegayezwa nk’“uturambi tw’inyame,” azosenyagurika. Ico gihe bizoba bimeze nk’‘inzira za kera’ z’Imana nka kumwe yakora mu bihe vya kera.

9, 10. Muri Habakuki 3:7-11 hatwibutsa iki?

9 Yehova ‘yarakiye’ abansi biwe. Mugabo, ni ibihe birwanisho azokoresha kuri wa musi w’intambara yiwe ihambaye? Nutege amatwi uko uwo muhanuzi abidondora mu kuvuga ati: “Watekuruye umuheto wawe, ushira imyampi mu ruge. Wasatuje isi inzūzi. Imisozi yarakubonye, irasambagirika; amazi arahondogana: I bgina humvikanisha ijwi ryaho, hatarika amaboko yaho. Izuba n’ukwezi vyigumiye i wavyo, kubg’imyampi yawe yagiye ibishwārara, n’ugukayangana kw’icumu ryawe rica ibibatsi.”​—Habakuki 3:7-11.

10 Mu gihe ca Yosuwa, Yehova yaratumye izuba n’ukwezi bihagarara mu buryo bugaragaza ububasha bwiwe butangaje. (Yosuwa 10:12-14) Ubuhanuzi bwa Habakuki butwibutsa yuko ubwo bubasha nyene buzokoreshwa na Yehova kuri Harumagedoni. Mu 1513 B.G.C., Yehova yaragaragaje ububasha afise kw’ibenga ry’isi, igihe yakoresha Ikiyaga Gitukura mu gusangangura ingabo za Farawo. Haheze imyaka mirongo ine, uruzi rwa Yorodani rwari runihiriye ntirwigeze rubera intambamyi urugendo rw’intsinzi Abisirayeli bagize bagana ca Gihugu c’Isezerano. (Yosuwa 3:15-17) Mu gihe c’umuhanuzikazi Debora, imvura z’isegenya zarakukumuye imikogote ya wa mwansi w’Abisirayeli Sisera. (Abacamanza 5:21) Izo nguvu nyene z’umwuzure, isegenya n’ibenga, bizoba biri mu minwe ya Yehova kuri Harumagedoni. Inkuba n’imiravyo na vyo biri mu kuboko kwiwe, nka kurya kw’icumu canke umutana wuzuye imyampi.

11. Ni igiki kizoshika Yehova niyarekura ububasha bwiwe buhambaye?

11 Mu vy’ukuri, bizoba biteye ubwoba igihe Yehova azorekura ububasha bwiwe buhambaye. Amajambo ya Habakuki agaragaza yuko ijoro rizohinduka umurango, umurango na wo ukazokwakaka kurusha uko izuba ryigeze kwakaka. Iyo ndondoro menyeshakazoza yahumetswe ya Harumagedoni yaba ari iy’ikigereranyo canke atari iy’ikigereranyo, ikitokekwa co ni uko Yehova azotsinda, ntareke ngo hagire umwansi n’umwe amucika.

Abasavyi b’Imana Nta Nkeka Bazoronka Ubukiriro!

12. Imana izokorera iki abansi bayo, mugabo ni bande bazorokoka?

12 Uwo muhanuzi arabandanya kudondora ibikorwa vya Yehova vyo gusangangura abansi biwe. Muri Habakuki 3:12 tuhasoma duti: “Wogoze igihugu ushangashiwe, wasiribanze amahanga uri n’uburake.” Naho nyene, Yehova ntazoza arapfa guhonya. Hari abantu bazorokoka. Muri Habakuki 3:13 havuga hati: “Wasidukanywe no kuzanira abantu bawe agakiza, no kuzanira agakiza uwo warobanuje amavuta.” Egome, Yehova azokiza abasavyi biwe basizwe b’abizigirwa. Ico gihe, ni ho Babiloni Hahambaye ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma izoba ihonejwe agahenebere. Ariko, muri iki gihe amahanga ariko aragerageza kuzimanganya ugusenga kw’ukuri. Abasuku ba Yehova bagiye vuba guterwa n’ingabo za Gogi w’i Magogi. (Ezekiyeli 38:1–39:13; Ivyahishuriwe 17:1-5, 16-18) Mbega ico gitero ca Shetani coba kizokwererwa? Oya! Ico gihe Yehova azosekura abansi biwe n’ishavu n’akantu, abasyere musi y’ibirenge vyiwe, nka kurya basya ubuheke ku rusyo. Mugabo azorokora abamusenga mu mpwemu no mu kuri.​—Yohana 4:24.

13. Habakuki 3:13 hazoranguka gute?

13 Isangangurwa ry’ababisha n’agasya n’akarenge ryabuwe muri aya majambo agira ati: “[Wewe Yehova] wasābije agatwe k’inzu y’umunyakibi, urayisangangura ushitsa no mu rukerēro.” (Habakuki 3:13) Iyo “nzu” ni uru runkwekwe rw’ububisha rwaremaremwe bitewe na Shetani ya Diyabule. Ruzosenyagurwa. “Umutwe,” ari wo ba bayobozi baterekwa Imana, uzojanjagurwa. Urwo rutonde rwose uko rungana ruzosamburwa gushika ku mushinge. Ntiruzokwongera kubaho ukundi. Ca wumva nawe ukuntu tuzoba dutabawe!

14-16. Nk’uko muri Habakuki 3:14, 15 habivuga, ni ibiki bizoshikira abasavyi ba Yehova be n’abansi biwe?

14 Kuri Harumagedoni, abagerageza gukuraho ‘uwasizwe’ wa Yehova bazoterwamwo umuvurungano. Nk’uko tubibona muri Habakuki 3:14, 15, uwo muhanuzi abwira Imana ati: “Wasogotesheje umugabisha w’ingabo ziwe ibimīto vyawe; baje ku[n]shwiragiza bameze nk’agashururu; umengo vyarabahimbara kuyongobeza umugorwa mu mpisho. Ikiyaga wagisiribangishije amafarasi yawe, bo n’umukuba w’amazi menshi.”

15 Igihe Habakuki yavuga ngo “ingabo . . . baje ku[n]shwiragiza bameze nk’agashururu,” uwo muhanuzi yabivugira abasavyi basizwe ba Yehova. Nka kumwe kw’abambuzi babunze, amahanga azovunduruka asimbire ku basenga Yehova kugira ngo abasangangure. Abo bansi ba Yehova bakaba n’ab’abasavyi biwe ‘bazohimbarwa’ cane, bizigiye kwererwa. Abakirisu b’abizigirwa bazoba basa n’aho ari bantantege, bameze nk’‘ingorwa.’ Ariko, izo ngabo zirwanya Imana nizagaba igitero cazo, Yehova azotuma basubiranamwo n’ibirwanisho vyabo. Bazokoresha ibirwanisho vyabo, ari vyo “bimīto” mu kurigita ingabo zabo bwite.

16 Mugabo hari n’ibindi bigiye kuza. Yehova azokoresha ingabo ziwe zo mu buryo bw’impwemu zirengeye abantu, kugira ngo zinonosore isangagurwa ry’abansi biwe. Akoresheje “amafarasi” y’ingabo ziwe zo mw’ijuru zizoba ziyobowe na Yezu Kirisitu, azogenda anesha aca mu “kiyaga” no mu “mukuba w’amazi menshi,” ni ukuvuga ikivunga c’abantu bamurwanya. (Ivyahishuriwe 19:11-21) Maze ababisha bazoca bakurwa kw’isi. Ese ingene rizoba ari igaragazwa ry’ubutungane n’ububasha vy’Imana bikomeye!

Umusi wa Yehova Uriko Uraza!

17. (a) Ni kuki dushobora kwizigira iranguka ry’amajambo ya Habakuki? (b) Dushobora gute kumera nka Habakuki mu gihe turindiriye umusi uhambaye wa Yehova?

17 Turashobora kwizigira tudakeka yuko amajambo ya Habakuki vuba agiye kuranguka. Ntazoteba. Woba wakiriye gute ivyo bintu umenye imbere y’igihe? Uribuka ko Habakuki yavyanditse ahumekewe n’Imana. Yehova azohaguruka, kandi ivyo nivyaba kw’isi hazobaho agatikizo. Ntibitangaje kuba uwo muhanuzi yaranditse ati: “Ndavyumvise, amara yanje aradobangana, iminwa yanje iradegezwa kubg’iryo jwi; ikimungu cinjira mu magufa yanje, mpindira agashitsi aho ndi; nkwiye guhangana n’umusi w’amagorwa nduhutse, igihe abansi bazotēza ubgoko bgacu ibitero.” (Habakuki 3:16) Habakuki yari ahagaritse umutima cane​—kandi ivyo birumvikana. Mugabo, ukwizera kwiwe kwoba kwarahungabanye? Habe na gato! Yari afise umutima wo kurindira atekanye umusi uhambaye wa Yehova. (2 Petero 3:11, 12) Mbega, tweho iyo si yo nyifato yacu? Ego cane! Turizera vyuzuye yuko ubuhanuzi bwa Habakuki buzoranguka. Ariko imbere yuko buranguka, tuzorindira twihanganye.

18. Naho Habakuki yari yiteze amagume, yagize iyihe nyifato?

18 Intambara nantaryo yama ikwega amagume, mbere no ku baributsinde. Ibifungurwa birashobora gukena. Hari aho abantu bahatakariza utwabo. Uburyo bwo kubaho burashobora gucupira. Ivyo nivyaramuka bitubayeko, tuzovyakira gute? Habakuki yagize inyifato y’akarorero, kuko yavuze ati: “Nah’umusukoni utoshurika, canke n’imizabibu ngw igire ico yama, n’icimburo c’imyelayo kikabura, n’imirima ntiyere indya na mba, n’umukuku ugahenebera mu ruhongore, ntihabe hakigira n’inka mu rugo: Na ho nyene jewe nzonezererwa Uhoraho, mpimbarwe n’Imana y’agakiza kanje.” (Habakuki 3:17, 18) Habakuki ata kwibesha, yari yiteze amagume, kumbure n’ikigoyi. Ariko rero ntiyigeze abura kunezererwa Yehova, we yaronkerako agakiza.

19. Ni ayahe magume ashikira Abakirisu benshi, mugabo dushobora kudakeka ku biki niba dushize Yehova imbere mu buzima bwacu?

19 Muri iki gihe n’intambara ya Yehova arwana n’ababisha itaraduka, hari benshi bacumukura bimwe bikomeye. Yezu yabuye ko intambara, ibigoyi, vya nyamugigima hamwe n’indwara z’ibiza, vyobaye mu bigize ‘ikimenyetso co kuhaba kwiwe’ mu bubasha bwa cami. (Matayo 24:3-14; Luka 21:10, 11) Benshi mu bo dusangiye ukwemera baba mu bihugu bisinzikajwe cane n’iranguka ry’ayo majambo ya Yezu, kandi ivyo bituma bashikirwa n’amagume menshi. Hashobora kumbure kuzoba n’abandi Bakirisu bashikirwa n’amakuba nk’ukwo nyene muri kazoza. Ku bandi benshi muri twebwe, birashoboka rwose yuko ‘umusukoni utazoshurika’ imbere y’uko umuhero uza. Mugabo turazi igituma ibi bintu biriko biraba kandi ico kiradukomeza. Bitayeko, turafashwe mu mugongo. Yezu yasezeranye ati: “Mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose muzovyongerwa.” (Matayo 6:33) Ivyo ntibitwizeza kuzobaho ingorane tubaza, mugabo bidukura amazinda yuko nitwashira Yehova imbere mu buzima bwacu, azotubungabunga.​—Zaburi 37:25.

20. Naho hari amagume y’akanya gato, dukwiye kwiyemeza gukora iki?

20 Amagume y’igihe gito twohangana na yo yose, ntituzotakaza ukwizera dufitiye inguvu zirokora za Yehova. Abenshi mu bavukanyi n’abavukanyikazi bacu bo muri Afirika, mu Buraya bwo mu Buseruko no mu yindi mihingo, bategerezwa guhangana n’amagume akomakomeye, ariko barabandanya ‘kunezererwa Yehova.’ Cokimwe na bo, nimuze natwe ntituzokwigere tureka kubigenza gutyo. Twibuke ko Umukama Segaba Yehova ari we Soko ryacu ry’“inkomezi.” (Habakuki 3:19) Ntazokwigera aduhemukira. Harumagedoni izoza ata kabuza, kandi nta gukeka hazokurikira isi nshasha. (2 Petero 3:13) Maze, “kumenya icubahiro c’Uhoraho kuzoba kwuzuye mw isi nk’ukw amazi abugereye mu kiyaga.” (Habakuki 2:14) Gushika kuri ico gihe c’akaroruhore, nimuze dukurikize akarorero keza ka Habakuki. Nimuze nantaryo ‘tunezererwe Yehova, duhimbarwe na ya Mana iduha ubukiriro.’

Woba Uvyibuka?

• Isengesho rya Habakuki ryogira ico rikoze kuri twebwe gute?

• Ni kuki Yehova aja mu rugendo?

• Ubuhanuzi bwa Habakuki buvuga iki ku vyerekeye ubukiriro?

• Dukwiye kurindira wa musi uhambaye wa Yehova dufise iyihe nyifato?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika