ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w99 1/10 rup. 16-21
  • “Ikintu Cose Cashingiwe Igihe Caco”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Ikintu Cose Cashingiwe Igihe Caco”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Igihe co Kurira n’Igihe co Gutwenga”
  • Naho Barira, Barahimbawe vy’Ukuri!
  • “Igihe co Kugumbirana n’Igihe co Kwirinda Kugumbirana”
  • Umubano w’ababiranye ni ingabire iva ku Mana
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Umubano w’ababiranye ni ingabirano iva ku Mana y’urukundo
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
  • Ukwabirana be n’ibanga ry’ubuvyeyi muri iki gihe c’iherezo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Gushingira Umubano Wanyu Ishimikiro Nyaryo
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
w99 1/10 rup. 16-21

“Ikintu Cose Cashingiwe Igihe Caco”

“Ikintu cose cashingiwe igihe caco, kand’igikorwa cose musi y’ijuru gifise akanya kaco.”—UMUSIGUZI 3:1.

1. Abantu b’abanyagasembwa bafise iyihe ngorane, kandi mu bihe bimwebimwe ivyo vyashikanye ku ki?

ABANTU kenshi bavuga bati: “Iyo menya nkagikora mu maguru masha.” Canke kumbure ataco bakigarura, bakagira bati: “Iyo menya nkarindira.” Ayo majambo agaragaza intambamyi abantu b’abanyagasembwa bafise yo kumenya igihe kibereye co gukorerako ibintu kanaka. Iyo ngorane yaratumye ubucuti busenyuka. Yatumye haba ukwihebura n’umubabaro. Kandi ikibabaje kuruta ni uko vyatumye ukwizera Yehova n’ishirahamwe ryiwe kw’abantu bamwebamwe kugabanuka.

2, 3. (a) Ni kuki twoba tugaragaje ubukerebutsi twemeye uburyo bwa Yehova bwo gushinga umwanya? (b) Dukwiye kugira uburimbane gute ku vyerekeye iranguka ry’ubuhanuzi bwa Bibiliya?

2 Kubera yuko Yehova afise ubwenge n’ukubona kure abantu badafise, abishatse arashobora kumenya imbere y’igihe uko igikorwa ico ari co cose kizogenda. Arashobora kumenya ‘ivy’iherezo guhera kw itanguriro.’ (Yesaya 46:10) Ni co gituma ashobora guhitamwo ata kwihenda igihe kibereye kuruta ibindi co gukora ikintu cose ashaka. None rero, aho kwizigira ukuntu dushinga umwanya mugabo tukihenda, twoba tugaragaje ubukerebutsi twemeye uburyo bwa Yehova bwo gushinga umwanya!

3 Nk’akarorero, Abakirisu bakomeye mu vy’impwemu bararindira badahemuka igihe Yehova yashingiye iranguka ry’ubuhanuzi bunaka bwa Bibiliya. Baguma bacurumba mu murimo wiwe, igihe cose bakaguma bibuka neza ingingo iri mu Gucura Intimba 3:26 ivuga iti: “Ni vyiza k’umuntu yizigira, akitega agakiza k’Uhoraho atekereje.” (Gereranya na Habakuki 3:16.) Muri ico gihe nyene, baremera badakeka yuko urubanza Yehova yavumereye ko azoshitsa, “naho [rw]otebagana, . . . [ntiru]zobura kuza, nti[ru]zoteba.”—Habakuki 2:3.

4. Amosi 3:7 na Matayo 24:45 hakwiye kudufasha gute kurindira Yehova twihanganye?

4 Ku rundi ruhande, turamutse tunaniwe gutahura neza ivyanditswe bimwebimwe vya Bibiliya canke insobanuro zitangwa mu bisohokayandikiro vy’Ishirahamwe Watch Tower, hoba hari icotuma tutihangana? Ukurindira igihe Yehova yashinze co gutomora ibintu ni ingendo iranga ubukerebutsi. “Ereg’Umwami Uhoraho ntazogira ico akora, atabanje kwibira akabanga abasavyi biwe avugisha.” (Amosi 3:7) Ese ingene ari isezerano ry’akaroruhore! Mugabo dukwiye kumenya neza yuko Yehova ahishura amabanga yiwe ku gihe we abona ko kibereye. Kugira ngo ivyo Imana ibishikeko yarahaye uburenganzira “umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” kugira ngo agaburire abasavyi bayo “imfungurwa [z’ivy’impwemu] ku gihe gikwiriye.” (Matayo 24:45, NW) Ni co gituma ata mvo n’imwe yotuma duhangayika birenze urugero, canke mbere tukanahagarika umutima ngo ibintu bimwebimwe ntibisobanuwe neza. Ahubwo turashobora kwizigira yuko turamutse turindiriye Yehova twihangana, azotanga “ku gihe gikwiriye” ibikenewe, abicishije kuri wa mushumba w’umwizerwa.

5. Kwihweza Umusiguzi 3:1-8 bifise akamaro gaki?

5 Wa Mwami w’umunyabwenge Salomo yaravuze ibintu bitandukanye 28, ikintu cose muri vyo kikaba gifise “igihe caco.” (Umusiguzi 3:1-8) Dutahuye insobanuro y’ivyo Salomo yavuze be n’ico bishikako, biraza kudufasha kumenya igihe kibereye be n’igihe kitabereye co gukora ibikorwa bimwebimwe, dufatiye ku kuntu Imana ibona ibintu. (Abaheburayo 5:14) Ivyo bizoca bituma dushobora kubaho tubikurikiza.

“Igihe co Kurira n’Igihe co Gutwenga”

6, 7. (a) Ni igiki gituma abantu bitwararika ibintu muri iki gihe “barira”? (b) Isi igerageza gute gutuma abantu batabona ko ibintu bishika muri yo atari ivyo gufata minenegwe?

6 Naho hari “igihe co kurira n’igihe co gutwenga,” ni nde ahitamwo kurira aho guhitamwo gutwenga? (Umusiguzi 3:4) Ikibabaje ni uko tuba mw’isi ahanini iguma idutera amarira. Inkuru zitera umubabaro ni zo zuzuye mu makuru. Turagwa igihumura igihe twumva ingene abakiri bato barasa abo bigana kw’ishure, abavyeyi bagoka ku bo bivyariye, ba gaterabwoba bica canke bagakomeretsa bikomeye abantu ataco babahora, be n’ivyitwa ngo ni ivyago vy’ivyaduka bitikiza abantu n’ibintu. Abana bishwe n’ikigoyi utwiso twarotse be n’impunzi zomowe mu vyazo ziriko ziranyaga amagara ni vyo twama tubona kuri tereviziyo. Amajambo atari azwi nk’ihonyabwoko, SIDA, intambara ruhonyanganda be na El Niño [soma Eleninyo] ubu aradugarika imizirikanyi n’imitima yacu—rimwe ryose mu buryo bwaryo.

7 Nta nkeka ko isi ya kino gihe yuzuye amakuba n’umubabaro wo mu mutima. Naho bimeze ukwo, mu buryo busa n’ukwiyobagiza ukuntu ivyo bintu bikomeye, inzego z’ivy’ukwidagadura ntizihengeshanya gushikiriza ibintu bitagira ikimazi, biteye isoni kandi kenshi biranga ubushegabo n’ubukazi, bikaba bigenewe kutuyovya kugira twirengagize amagorwa abandi barimwo. Mugabo, umutima utagira ico winona wo kugira ibitebu be n’ibitwenza bitagira mvura uzanwa n’iyo myidagaduro ntukwiye kwitiranywa n’umunezero nyakuri. Wa munezero w’icamwa c’impwemu yera y’Imana ni ikintu isi ya Shetani idashobora gutanga na gato.—Ab’i Galatiya 5:22, 23; Abanyefeso 5:3, 4.

8. Abakirisu muri iki gihe boba bakwiye gushira imbere ukurira canke ugutwenga? Sigura.

8 Kubera ko tuzi yuko ivyo muri iyi si bibabaje, turashobora gutahura yuko iki gihe atari na gato igihe co gushira imbere ibitwenza. Si co gihe co kubaho turajwe ishinga gusa no kwiruhura be no kwidagadura canke tukareka “ukwijandanjandira” kukaja imbere y’ugukurikirana ibintu vy’impwemu. (Gereranya n’Umusiguzi 7:2-4.) Intumwa Paulo yavuze ati: “Abakoresha ivy’isi [bakwiye kumera] nk’abatabikoresha nka cane.” Kubera iki? Kubera yuko “ivyo kw’isi bihinda bishira.” (1 Abakorenti 7:31, Ubwuzure Bushasha) Imisi yose Abakirisu b’ukuri babaho bazi neza yuko ibihe turimwo atari ivyo gufata minenegwe.—Ab’i Filipi 4:8.

Naho Barira, Barahimbawe vy’Ukuri!

9. Ni ibintu bibabaje ibihe vyari bihari mu misi y’imbere y’Umwuzure, kandi ivyo bivuze iki kuri twebwe muri iki gihe?

9 Abantu babayeho mu gihe ca wa Mwuzure wakwira kw’isi yose bafata minenegwe ubuzima. Bigira mu bikorwa vyabo vya misi yose maze ntibashobore kurizwa n’uko “ibibi vy’abantu . . . [vyari] vyinshi mw’isi,” ivy’uko ‘isi yuzuye umuryano’ ntihagira ico bibabwira. (Itanguriro 6:5, 11) Yezu yerekeje kuri ivyo bintu bibabaje, maze abura yuko abantu bo muri iki gihe cacu bogize inyifato nk’iyo. Yabuye ati: “[Ni] ko bāri bameze mu misi umwuzure utaribgatere: bārarya, bāranywa, bārarongora, bārashingira, bageza kuri wa musi Nowa yinjiye muri bga bgato, ntibagira ico bamenya kugeza ah’umwuzure waziye ubatwara bose; ni k’ukuza kw’Umwana w’umuntu kuzomera.”—Matayo 24:38, 39.

10. Abisirayeli baba mu misi ya Hagayi berekanye gute ko badakenguruka igihe Yehova yashinze?

10 Haheze nk’imyaka 1 850 Umwuzure uteye, ni ukuvuga mu misi ya Hagayi, Abisirayeli benshi baragaragaje iyo nyifato nyene yo kutanegwa na gato ibintu vy’impwemu. Kubera birukanga inyuma y’ivyabo bwite, barananiwe kubona yuko igihe barimwo cari igihe co gushira imbere ibintu vya Yehova. Dusoma duti: “Iri hanga rivuga ngw Igihe ntikiragera, igihe co kwongera kwubaka ingoro y’Uhoraho. Maz’ijambo ry’Uhoraho rivugira muri Hagayi uwavugishwa na we, riti Mbeg’iki n’igihe kibereye c’uko mwebge mwokwibera mu mazu yanyu ajererenze amagarwe, na yo iyi ngoro igihomvaguritse? None rero, uku ni k’Uhoraho Nyen’ingabo agize, ati Ni mwitegereze uko mumeze!”—Hagayi 1:1-5.

11. Ni ibibazo ibihe vyoba bibereye ko twibaza?

11 Twebwe Ivyabona vya Yehova muri iki gihe, kubera ko dufise amabanga n’uduteka twatewe imbere ya Yehova nka birya Abisirayeli bo mu gihe ca Hagayi bari bafise, vyoba vyiza kandi dushize umutima ku nzira zacu, ivyo tukabigira tudafyina. Twoba “turizwa” n’ukuntu isi imerewe be n’iceyi ivyo bisiga izina ry’Imana? Twoba tubabara igihe abantu banka ko Imana iriho canke n’ubwishime n’akantu bakiyobagiza ingingo zigororotse zayo? Twoba tuvyifatamwo nk’uko ba bantu bashirwako ikimenyetso Ezekiyeli yabonye mu vyo yeretswe bavyifashemwo, ubu hakaba haciye imyaka 2 500? Ku vyerekeye abo bantu dusoma duti: “Uhoraho [a]bgira [wa muntu yari afise ka gahembe karimwo wino], ati Genda unyuragire hagati mu gisagara, muri Yerusalemu, ushire ikimenyetso mu ruhanga rw’abantu banihishwa n’ibizira vyose bikorerwa hagati muri co, bikabariza.”—Ezekiyeli 9:4.

12. Ezekiyeli 9:5, 6 hafise iyihe nsobanuro ku bantu bo muri iki gihe?

12 Ico iyo nkuru isobanura kuri twebwe muri iki gihe kigaragara igihe dusomye amabwirizwa yahawe ba bagabo batandatu bari bafise ibirwanisho vyo gutikiza. Hagira hati: “Ni mugende muce mu gisagara mumukurikiye, muririke: ijisho ryanyu ntirigire uwo riziguriza, ntihagire n’uwo mugirira akagongwe: mwice mutikize umutāma n’umusore n’umwigeme n’abana bato n’abagore: ariko ntihagire umuntu n’umwe mwēgēra mu barikw ico kimenyetso; kandi muhēre ku rusengero rwanje rwera.” (Ezekiyeli 9:5, 6) Kugira turokoke uwo mubabaro uhambaye uguma wegereza wihuta biva ku vy’uko twemera ko iki gihe imbere ya vyose ari igihe co kurira.

13, 14. (a) Yezu yavuze ko ari abantu ki bahiriwe? (b) Nusigure igituma wiyumvira yuko iyo ndondoro ibereye neza Ivyabona vya Yehova.

13 Mugabo ntiwumve, kuba abasavyi ba Yehova ‘barizwa’ n’ibintu bica ivutu biri mw’isi ntibibabuza kugira umunezero. Ahubwo riho, mu vy’ukuri ni wo mugwi w’abantu bahimbawe kuruta abandi bose kw’isi. Yezu yarashikirije ikigaragaza ubuhirwe nyakuri igihe yavuga ati: “Hahirwa aboro mu mitima yabo [“abazi ko bakeneye ivy’impwemu,” NW], . . . abatuntuye, . . . abatekereza, . . . abafise inzara n’inyota vyo kugororoka, . . . abagira imbabazi, . . . abafise imitima itanduye, . . . ababanguranya, . . . abahamwa bahōrwa ukugororoka.” (Matayo 5:3-10) Hari ibimenyamenya bidaharurwa vyerekana yuko iyo ndondoro ikwiriye Ivyabona vya Yehova tubafatiye hamwe kuruta irindi shirahamwe ryose ry’ivy’idini.

14 Abasavyi bahimbawe ba Yehova barafise imvo yo “gutwenga,” canecane guhera aho ugusenga kw’ukuri gusubirijwe umutamana mu 1919. Mu buryo bw’impwemu, ivyabashikiye biteye akanyamuneza bimeze nk’ivyashikiye abatahutse bava i Babiloni mu kinjana ca gatandatu B.G.C.: “Hamwe Uhoraho yagarukana ab’i Siyoni bāri bārambukanywe ar’inyagano twāri tumeze nk’abarota. Ico gihe akanwa kacu kāri kuzuye ibitwengatwenga, n’indimi zacu zāri zuzuyemw’indirimbo: . . . Uhoraho yadukoreye ibikomeye, natwe turanezerewe.” (Zaburi 126:1-3) No mu gihe nyene co gutwenga mu buryo bw’impwemu, Ivyabona vya Yehova baragira ubukerebutsi bakagumiza mu muzirikanyi ko ibi bihe ari ivyo gufatana uburemere. Igihe isi nshasha izoba imaze gusasagara, ababa kw’isi na bo bakaba bamaze ‘gucakira ubuzima nyakuri,’ hazoba rero hageze ko agatwengo gasubirira amarira ibihe bidahera.—1 Timoteyo 6:19; Ivyahishuriwe 21:3, 4.

“Igihe co Kugumbirana n’Igihe co Kwirinda Kugumbirana”

15. Ni kuki Abakirisu badapfa guhitamwo uwo ari we wese mu kumugira umugenzi?

15 Abakirisu ntibapfa kugira umugenzi umuntu uwo ari we wese. Bagumiza mu muzirikanyi imburizi ya Paulo igira iti: “Ntimuzimire: kubana n’ababi kwonona ingeso nziza.” (1 Ab’i Korinto 15:33) Wa Mwami w’umunyabwenge Salomo na we yavuze ati: “Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge, arik’ūcudika n’ibipfu azokomereka.”—Imigani 13:20.

16, 17. Ivyabona vya Yehova babona gute ubugenzi, ukugenderanira kw’abadasangiye igitsina, be n’ukwubaka, kandi kubera iki?

16 Abasavyi ba Yehova bahitamwo gucudika n’abakunda Yehova n’ubugororotsi bwiwe nk’uko babikunda. Naho bashima kandi bakanezerezwa no kwifatanya n’abagenzi babo, babigiranye ubukerebutsi baririnda kurekerana ivy’ugukwegana kw’abadahuje ibitsina kwimonogoje mu bihugu vyinshi. Aho kuvyisukamwo bakabifata nk’uburyo bw’ukwinezereza ataco butwaye, babona ko ari intambwe ihambaye ishikana ku kwabirana ikwiye gusa kugirwa n’uwukuze mu vy’umubiri, mu vy’ubwenge no mu vy’impwemu yiteguriye kurushinga rukaguma—kandi akaba abirekuriwe n’Ivyanditswe.—1 Ab’i Korinto 7:36.

17 Bamwe barashobora kwiyumvira yuko kubona muri ubwo buryo ivyo kugenderanira kw’abadasangiye igitsina be n’ivyo kwubaka vyataye igihe. Mugabo Ivyabona vya Yehova ntibareka ngo akosho k’urunganwe kabaganze mu vy’uguhitamwo abagenzi canke mu vy’ugufata ingingo ku biraba ukugenderanira n’abo badasangiye igitsina be n’ukwubaka. Barazi yuko “ubgenge burangwa ko bugororotse n’ibikorwa vyabgo.” (Matayo 11:19) Yehova yama azi ibibereye kuruta, ari co gituma badafata minenegwe impanuro yiwe yo kwubaka “mu Mwami wacu [gusa].” (1 Ab’i Korinto 7:39; 2 Ab’i Korinto 6:14) Baririnda kwihutagiza kwubaka bafise iciyumviro kitari co c’uko ukwahukana canke ugutana ari inzira zemewe zishobora gufatwa igihe ubwo bucuti butitutse. Barafata umwanya ukwiye wo kurondera uwo bazokwubakana abereye, bazi yuko igihe bamaze kugiranira indagano zo kwabirana, iri tegeko rya Yehova rica rikora: “Bituma batakiri babiri, ariko baba babaye umubiri umwe. N’ukw ic’Imana yamatanije, umuntu ntaz’akimatanure.”—Matayo 19:6; Mariko 10:9.

18. Ni igiki gishobora kuba intango y’umubano uhimbaye?

18 Ukwabirana ni indagano y’ubuzima bwose umuntu ategura yitonze. Umugabo birumvikana ko azokwibaza ati: ‘Yoba vy’ukuri ari we muntu ankwiriye?’ Mugabo birahambaye kandi ko yibaza ati: ‘Noba vy’ukuri ndi umuntu amukwiriye? Noba ndi Umukirisu abushitse ashobora kumubungabunga mu kumuronsa ibintu vy’impwemu akeneye?’ Abaraririye kubana bompi barafise ibanga imbere ya Yehova ryo kuba abakomeye mu vy’impwemu, bashoboye gushinga rukaguma, ari vyo bikwiriye gushimwa n’Imana. Abubakanye b’Abakirisu ibihumbi n’ibihumbi barashobora kubishingira intahe ko igikenurwa c’igihe cose ari uburyo ntangere bwo gutanguza umubano uhimbaye, kubera yuko gishimikira ku gutanga aho gushimikira ku guhabwa.

19. Ni kuki Abakirisu bamwebamwe baguma ari abirebange?

19 Abakirisu bamwebamwe “[bar]irinda kugumbirana” mu guhitamwo kuguma ari abirebange kubera inkuru nziza. (Umusiguzi 3:5) Abandi barasubiza inyuma igihe co kwubaka gushika aho bumva ko bakwije ibisabwa vyo mu buryo bw’impwemu kugira bashobore gukwegera umugenzi abereye. Mugabo, nitwibuke kandi Abakirisu b’abirebange bipfuza ugukundwa be n’ivyiza biva ku kwubaka yamara bakananirwa kuronka uwo bubakana. Nta makenga yuko Yehova anezerezwa n’uko mu gihe barondera ivyo kwubaka banka kurenga ku ngingo z’Imana. Vyoba vyiza kandi dukengurutse ukutadohoka kwabo tukongera tukabaha indemesho ibereye baba bakwiriye.

20. Ni kuki abubakanye na bo nyene rimwe na rimwe “[b]irinda kugumbirana”?

20 Mbega n’abubakanye rimwe na rimwe boba “[bakwiye] kwirinda kugumbirana”? Bigaragara ko mu buryo bunaka ari ukwo biri, kuko Paulo yavuze ati: “Bene Data, ibi ni vyo mvuga, yukw igihe cāgiriye, uhereye none abari n’abagore bamere nk’abatabagira.” (1 Ab’i Korinto 7:29) Muri ubwo buryo, iminezero n’imihezagiro biva ku kwubaka rimwe na rimwe bikwiye gushirwa inyuma y’amabanga ya gitewokarasi. Kubona n’uburimbane ivyo bintu ntibizodendebura umubano, mugabo bizowukomeza kubera yuko bifasha kwibutsa abubakanye bompi yuko Yehova akwiye nantaryo kuba we shingiro ry’ugukomeza ubucuti bwabo.—Umusiguzi 4:12.

21. Ni kuki tudakwiye guhinyura abubakanye mu biraba kwibaruka ibibondo?

21 Vyongeye, abubakanye bamwebamwe bararetse kwibaruka ibibondo kugira ngo barushirize kugira umwidegemvyo wo kurangura umurimo bakorera Imana. Ivyo vyabasavye kwibabaza, kandi Yehova azobibaherera. Ducishemwo yuko, naho Bibiliya iremesha ubwirebange ku bw’inkuru nziza, nta kintu ivuga mu buryo butomoye ku vyerekeye ivyo kuguma ata kana ku bw’iyo mvo nyene. (Matayo 19:10-12; 1 Ab’i Korinto 7:38; gereranya na Matayo 24:19 be na Luka 23:28-30.) Ni co gituma abubakanye bose bakwiye kwifatira ingingo bishimikije uko ivyabo bwite vyifashe n’inyiyumvo zabo zivuye ku mutima. Ingingo abubakanye bofata yose, ntibakwiye kunegurwa.

22. Ni ngirakamaro ko tumenya iki?

22 Egome, “ikintu cose cashingiwe igihe caco, kand’igikorwa cose musi y’ijuru gifise akanya kaco.” Hariho mbere n’ “igihe c’intambara n’igihe c’impore.” (Umusiguzi 3:1, 8) Ikiganiro cacu gikurikira kiraza gusigura igituma ari ngirakamaro kuri twebwe kumenya igihe turimwo ubu muri ivyo bihe bibiri.

Woshobora Gusigura?

◻ Ni kuki ari ngirakamaro cane kuri twebwe kumenya yuko “ikintu cose cashingiwe igihe caco”?

◻ Ni kuki ahanini iki gihe ari “igihe co kurira”?

◻ Naho Abakirisu ‘barira,’ ni kuki vy’ukuri bahimbawe?

◻ Abakirisu bamwebamwe berekana gute yuko babona ko igihe ca none ari “igihe co kwirinda kugumbirana”?

[Ifoto ku rup. 18]

Naho Abakirisu ‘barizwa’ n’ibiba kw’isi . . .

[Ifoto ku rup. 19]

. . . mu vy’ukuri kw’isi ni bo bantu bahimbawe kuruta

[Ifoto ku rup. 20]

Igikenurwa c’igihe cose ni ryo shingiro ntangere ry’umubano uhimbaye

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika