ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/4 rup. 16-20
  • Ukwabirana be n’ibanga ry’ubuvyeyi muri iki gihe c’iherezo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukwabirana be n’ibanga ry’ubuvyeyi muri iki gihe c’iherezo
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukwabirana gutuma umuntu agira ico abazwa
  • Ibanga ry’ubuvyeyi rituma umuntu agira ico abazwa
  • Baguma ari abirebange canke ntibavyare ku bw’umugambi mwiza cane
  • “Amakuba mu mubiri”
  • “Hazoba amakuba akomeye”
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’umubano?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ingene abakirisu botuma umubano uroranirwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Umubano w’ababiranye ni ingabirano iva ku Mana y’urukundo
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
  • Mu Gihe Umubano w’Ababiranye Uri mu Gusambuka
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/4 rup. 16-20

Ukwabirana be n’ibanga ry’ubuvyeyi muri iki gihe c’iherezo

“Igihe gisigaye ni kigufi.”​—1 KOR. 7:29.

1. (a) Ni amahinduka ayahe yeze muri kino gihe usanga ari mu bintu “bigoye kwihanganira”? (b) Ni kubera iki amahinduka ajanye n’imico runtu igenga ingo aturaza ishinga?

IJAMBO ry’Imana ryari ryaravuze yuko “igihe c’iherezo” coranzwe n’intambara, vya nyamugigima, amapfa be n’ibiza. (Dan. 8:17, 19; Luka 21:10, 11) Vyongeye, Bibiliya yaragabishije yuko iki kiringo gihambaye cane muri kahise kose k’abantu coranzwe n’amahinduka ahambaye mu vy’imibano. Imivurungano mu buzima bwo mu ngo yobaye iri mu bintu “bigoye kwihanganira” vyo muri iyi “misi ya nyuma” itoroshe. (2 Tim. 3:1-4) Ni kubera iki amahinduka nk’ayo aturaza ishinga? Ni uko usanga akwiragiye hose kandi akaba akomeye ku buryo ashobora kugira ico akoze ku kuntu abakirisu muri iki gihe babona ivyo kwabirana be n’ibanga ry’ubuvyeyi. Uti mu buryo ubuhe?

2. Isi muri rusangi ibona gute ivy’ukwabirana n’ukwahukana?

2 Mu bihe vya none, kwahukana bisigaye ari ikintu gisanzwe kandi gikwiragiye hose, vyongeye igitigiri c’abahukana mu bihugu vyinshi usanga gitera ciyongera. Ariko rero, turakwiye kuguma twibuka neza yuko uburyo Yehova Imana abona ivy’ukwabirana be n’ukwahukana butandukanye cane n’ubusanzwe bwemerwa mw’isi idukikuje. None Yehova abibona gute?

3. Yehova na Yezu Kristu babona gute ivy’ukwabirana?

3 Yehova Imana yiteze ko abubaka izabo baguma ari intahemuka ku ndagano yabo y’ababiranye. Igihe Yehova yahuza umugabo n’umugore ba mbere mu mubano w’abubatse, yavuze yuko “umugabo . . . a[zo]bana n’umugore wiwe akaramata, bakaba umubiri umwe.” Mu nyuma Yezu Kristu yarasubiyemwo ayo majambo maze yongerako ati: “Ku bw’ivyo rero, ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe, umuntu ntakagitanye.” Yongeyeko kandi ati: “Uwo wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi, hanyuma akarongora uwundi, aba arenze ibigo.” (Ita. 2:24; Mat. 19:3-6, 9) Ku bw’ivyo rero, Yehova na Yezu babona ko umubano w’ababiranye ari uw’igihe cose, ukaba urangira igihe gusa umwe muri bo apfuye. (1 Kor. 7:39) Kubera ko umubano w’ababiranye ari indinganizo nyeranda, ukwahukana si ikintu co gufatira mu rwara. Nkako, Ijambo ry’Imana rivuga yuko Yehova yanka ukwahukana kudashingiye ku Vyanditswe.a​—Soma Malaki 2:13-16; 3:6.

Ukwabirana gutuma umuntu agira ico abazwa

4. Ni kubera iki abakirisu bakiri bato bamwebamwe bicuza kubera ko bihutiye kwubaka izabo?

4 Iyi si itubaha Imana tubayemwo yaratwawe n’ivy’igitsina. Buri musi, aho duca hose usanga amashusho n’amasanamu yerekana ubushegabo ari yo yuzuye. Ntidushobora kwirengagiza ingaruka bishobora kugira kuri twebwe, na canecane ku bakiri bato twikundira bo mw’ishengero. Urwaruka rukirisu rukwiye kuvyifatamwo gute ku bijanye n’ako kosho kabi gashobora gutuma ruvyurirwa inambu y’umubiri naho rugerageza kunanira mwene ivyo vyipfuzo? Hari abagerageje gutorera umuti ico kibazo mu kwubaka urwabo bakiri bato cane. Mu kubigenza gutyo, baba bizigiye ko birinze kwisuka mu vy’ubuhumbu. Ariko budakeye na kabiri, abatari bake baricujije ku bw’iyo ngingo bafashe. Uti kubera iki? Igishika bari bafitaniye bacubakana kimaze kugabanuka, bo hamwe n’abo bubakanye barabonye ko mu buzima bwa buri musi hari ibintu bike bahurizako. Uca ubona rero yuko abubakanye mwene abo bahanzwe n’ingorane ikomeye.

5. Ni igiki kizofasha abubatse kuguma ari intahemuka ku ndagano yabo y’ababiranye? (Raba n’akajambo k’epfo.)

5 Ushobora gusanga ari ikintu koko kigoye igihe wubakanye n’umuntu atandukanye cane n’uko wari uvyiteze, naho yoba ari umukirisu mugenzawe. (1 Kor. 7:28) Ariko rero, naho ibintu vyoba bigoye gute, abakirisu b’ukuri barazi yuko ukwahukana kudashingiye ku Vyanditswe atari wo muti wemewe w’ingorane zijanye n’umubano w’ababiranye utarimwo agahimbare. Ni co gituma abaguma bita ku rutare kugira ngo bazigame umubano wabo bitumwe n’uko bipfuza kuguma ari intahemuka ku ndagano yabo y’ababiranye, bibereye ko ishengero rya gikirisu ribaha icubahiro rikongera rikabafasha mu buryo buranga urukundo.b

6. Abakirisu bakiri bato bakwiye kubona gute icipfuzo bafise co kuzokwubaka urwabo?

6 Woba ukiri muto kandi ukaba utarubaka urwawe? Niba ari uko biri, ukwiye none kubona gute icipfuzo ufise co kuzokwubaka urwawe? Urashobora kwirinda ibintu vyinshi bivuna umutima igihe worindira gushika ubonye ko, haba mu vy’umubiri, mu bwenge canke mu vy’impwemu, ugeze kwubaka imbere y’uko utangura ivyo kugiranira imigenderanire y’urukundo n’umukirisu mudasangiye igitsina. Ego ni ko, Ivyanditswe ntibivuga imyaka umuntu ategerezwa kuba afise kugira ngo yubake urwiwe.c Ariko rero, Bibiliya irerekana yuko vyoba vyiza urindiriye gushika urenganye ca kiringo co mu buzima usanga umuntu agira inyiyumvo zikomeye cane mu vy’igitsina. (1 Kor. 7:36) Uti kubera ki? Kubera ko ivyipfuzo bikomeye vyo mu vy’igitsina bishobora gutuma utabona ibintu mu buryo bwiza maze ugafata ingingo zitaranga ubukerebutsi zoshobora gutuma uvunika umutima mu nyuma. Uribuka ko impanuro ziranga ubukerebutsi Yehova atanga ku bijanye n’umubano w’abubatse ziri muri Bibiliya ari izikugirira akamaro kandi zituma ugira agahimbare.​—Soma Yesaya 48:17, 18.

Ibanga ry’ubuvyeyi rituma umuntu agira ico abazwa

7. Ni ibiki bishikira abubakanye bamwebamwe bakiri imiyabaga, kandi ni kubera iki ivyo bishobora gutuma ibere riyaga mu mubano wabo?

7 Abahungu n’abakobwa bamwebamwe bubaka izabo bakiri bato usanga bategerezwa kuvyara umwana bakiri imiyabaga. Ntibaba mu vy’ukuri bararonse umwanya wo kumenyana mu buryo bubereye imbere y’uko uwo mwana avuka, uno akaba asaba kwitwararikwa amasaha 24 ku musi. Igihe urwo ruyoya ruciye ruba ari rwo uwo inabibondo yitwararika cane, kandi ivyo ni ibisanzwe, wa munega w’umuyabaga na we yoshobora guca afuha. N’ikigeretseko, kuza bararara ijoro batagohetse birashobora gutuma imitwe ishuha, ivyo na vyo bikaba bituma ibere riyaga hagati y’uwo mugabo n’umugore. Bidatevye, baca babona ko batakaje hafi umwidegemvyo wabo wose. Ubu ntibashobora kuja aho bashatse hose canke gukora ikintu cose bishakiye nk’uko vyari batarubakana. None bakwiye kubona gute ukwo kuntu ivyabo vyahindutse?

8. Ibanga ry’ubuvyeyi rikwiye kubonwa gute, kandi kubera iki?

8 Nk’uko nyene ukwabirana gutuma umuntu agira ico abazwa, ni ko n’ibanga ry’ubuvyeyi rikwiye kubonwa ko ari iryavuye ku Mana kandi ko ari agateka. Naho umwana avutse yoshobora gutuma mu buzima bw’abubakanye bakirisu haba amahinduka ameze gute, barakwiye gukora ibishoboka vyose kugira ngo bihanganire ayo mahinduka bazi ko bari n’ico bazobazwa. Kubera yuko Yehova yahaye abantu ubushobozi bwo kwibaruka, abavyeyi barakeneye kubona ko uruyoya rukivuka ari “ingabire Uhoraho agaba.” (Zab. 127:3) Inabibondo na sebibondo bakirisu bazokwihatira gushitsa amabanga bajejwe ari “abavyeyi [bunze] ubumwe n’Umukama.”​—Ef. 6:1.

9. (a) Kurera umwana birimwo n’iki? (b) Ni ibiki umunega ashobora gukora kugira ngo afashe umukenyezi wiwe kuguma akomeye mu vy’impwemu?

9 Kurera umwana bisaba kwitanga mu myaka itari mike. Bisaba gukoresha umwanya munini n’inguvu nyinshi. Umunega mukirisu arakwiye gutahura yuko bishoboka ko umukenyezi wiwe amaze kuvyara azomara imyaka itari mike aza aragira ivyo ahomvye mu gihe c’amakoraniro, kandi ko yoshobora kuronka uturyo turushirije kuba duke two kwiyigisha Bibiliya no kuyizirikanako. Ivyo birashobora gutuma ataguma akomeye mu vy’impwemu. Ibanga ry’ubuvyeyi risaba ko umunega akora ivyo ashoboye vyose kugira ngo afashe mu kwitaho uwo mwana. Yoshobora kugerageza kuza araronsa umukenyezi wiwe ivyo yoba yahomvye ku makoraniro mu kuganira na we mu nyuma ku vyiyumviro bimwebimwe vy’iyo porogarama i muhira. Yoshobora kandi kugira uruhara mu kwitwararika uwo mwana kugira ngo aronse umukenyezi wiwe akaryo ko kugira uruhara ruboneka mu kwamamaza Ubwami.​—Soma Abafilipi 2:3, 4.

10, 11. (a) Abavyeyi barera gute abana mu “kuyobora ivyiyumviro vyabo nk’uko Yehova yashinze”? (b) Ni kubera iki abavyeyi benshi bakirisu babereye gukezwa?

10 Ibanga ry’ubuvyeyi rirasaba n’ibindi vyinshi uretse gusa kuronsa umwana ibifungurwa, ivyambarwa, uburaro no kwitwararika amagara yiwe. Na canecane muri iki gihe c’iherezo kirushirije kubamwo akaga, kuva mu bwana bwabo abakiri bato barakeneye kumenya ingingo ngenderwako zigenga ukwigenza runtu bokwisunga mu buzima. Abavyeyi bakwiye kurera abana “mu kubatoza indero no mu kuyobora ivyiyumviro vyabo nk’uko Yehova yashinze.” (Ef. 6:4) Ukwo “kuyobora ivyiyumviro vyabo” gusobanura kwinjiza ivyiyumviro vya Yehova mu muzirikanyi w’umwana kuva akiri uruhinja kubandanya no muri ya myaka igoye cane y’ubuyabaga.​—2 Tim. 3:14, 15.

11 Igihe Yezu yabwira abayoboke biwe yuko bakwiye “[guhindura] abantu bo mu mahanga yose abigishwa,” nta gukeka ko canecane yashaka kuvuga yuko abavyeyi bakwiye gufasha abana babo kugira ngo babe abigishwa. (Mat. 28:19, 20) Ivyo usanga ari urugamba kubera imikazo iyi si ishira ku bakiri bato. Ku bw’ivyo rero, abavyeyi bashobora kurera abana babo gushika babaye abakirisu biyeguye, mu vy’ukuri barabereye gukezwa n’abagize ishengero ryose babigiranye igishika. Baba ‘baratsinze’ akosho k’isi biciye ku kwizera kwabo no ku kuba ari abavyeyi b’abizigirwa bitwararika ibanga bajejwe.​—1 Yohani 5:4.

Baguma ari abirebange canke ntibavyare ku bw’umugambi mwiza cane

12. Ni kubera iki abakirisu bamwebamwe bafata ingingo yo kuguma ari abirebange mu gihe kinaka?

12 Kubera yuko “igihe gisigaye [ari] kigufi” kandi “ibintu vyo kuri iyi si [bikaba] biriko birahindagurika,” Ijambo ry’Imana riduhimiriza kuzirikana ku vyiza bizanwa n’ukuguma turi abirebange. (1 Kor. 7:29-31) Ni co gituma abakirisu bamwebamwe bahitamwo kuguma ari abirebange ubuzima bwabo bwose canke bagafata ingingo yo kumara imyaka nk’ingahe batarubaka izabo. Birashimishije kubona badakoresha uwo mwidegemvyo bahabwa n’ubwo bwirebange kugira ngo bakurikirane inyungu zabo bwite. Benshi bahitamwo kuguma ari abirebange kugira ngo basukurire Yehova ‘ata kibasamaza.’ (Soma 1 Abakorinto 7:32-35.) Hari abakirisu b’abirebange usanga ari abatsimvyi canke Abanyabeteli. Abatari bake bararondera kurushiriza kubera kirumara ishirahamwe rya Yehova mu gukwiza ibisabwa kugira ngo bitabe rya Shure rimenyereza abasuku. Nkako, ababa baramaze igihe kinaka ari abasuku b’igihe cose bakiri abirebange maze mu nyuma bagahitamwo kwubaka izabo, akenshi usanga babona ko umubano wabo ukiriko urungukira ku vyigwa vy’agaciro baba barigiye muri iyo myaka y’ubwirebange.

13. Ni kubera iki abakirisu bamwebamwe bubatse bafata ingingo yo kutavyara?

13 Mu mihingo imwimwe y’isi, hari n’irindi hinduka ryo mu buzima bwo mu muryango rimaze kwigaragaza, aho usanga abubatse batari bake bafata ingingo yo kutavyara. Hari abahitamwo kutavyara kubera imvo z’ivy’ubutunzi; abandi na bo barabigira kubera bashaka kworoherwa no gukurikirana umwuga munaka utuma baronka amahera menshi. No mu bakirisu, hariho abubaka izabo bakirinda kuvyara. Ariko rero, akenshi usanga bahitamwo kutavyara kugira ngo barushirize kworoherwa mu gusukurira Yehova. Ivyo ntibisobanura yuko mwene abo bantu badahimbarirwa ubuzima bw’abubatse nk’abandi bose. Barabuhimbarirwa nyene. Ariko rero, barafise umutima ukunze wo gushira ivy’Ubwami imbere y’uduteka tumwetumwe tuzanwa n’ugushinga umuryango. (1 Kor. 7:3-5) Bamwebamwe muri abo bubakanye usanga basukurira Yehova be n’abavukanyi babo ari abacungezi b’imizunguruko canke b’intara kibure Abanyabeteli. Abandi na bo usanga ari abatsimvyi canke abamisiyonari. Yehova ntazokwibagira igikorwa cabo be n’urukundo berekana ku bw’izina ryiwe.​—Heb. 6:10.

“Amakuba mu mubiri”

14, 15. Abavyeyi bakirisu bashobora kugira ayahe “makuba mu mubiri wabo”?

14 Intumwa Paulo yabwiye abakirisu bubatse yuko bogize “amakuba mu mubiri wabo.” (1 Kor. 7:28) Ayo makuba yoshobora kuba arimwo ingorane z’amagara yabo, ay’abana babo canke ay’abavyeyi babo bageze mu zabukuru. Yoshobora kuba arimwo kandi ingorane canke ibintu bivuna umutima bifitaniye isano n’ukurera abana babo. Nk’uko vyavuzwe mu ntango y’iki kiganiro, Bibiliya yari yaravuze yuko “imisi ya nyuma” yotumye haba “ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.” Muri ivyo bintu bigoye kwihanganira, hobaye harimwo abana “bagambararira abavyeyi.”​—2 Tim. 3:1-3.

15 Kurera abana usanga ari urugamba rutoroshe ku bavyeyi bakirisu. Ntitwatewe urucanco rudukingira ingaruka mbi z’“ibihe bitoroshe” turimwo. Ni co gituma abavyeyi bakirisu bategerezwa kuguma barwana badatezura n’akosho konona “ibintu vy’iyi si” bishobora kugira ku bana babo. (Ef. 2:2, 3) Vyongeye, urwo rugamba ntibama imisi yose barutsinze! Bishitse umwana w’umuhungu canke w’umukobwa wo mu muryango wa gikirisu akareka gusukurira Yehova, aba ari “amakuba” koko ku bavyeyi baba baragerageje kumurerera mu kuri kw’Imana.​—Imig. 17:25.

“Hazoba amakuba akomeye”

16. Ni “amakuba” bwoko ki Yezu yavuze ko azoba?

16 Ariko rero, hariho ayandi makuba azoba akomeye kuruta kure n’iyo “amakuba” yose umuntu yogira mu mubano wiwe no mu kurera abana. Mu buhanuzi Yezu yatanze ku bijanye n’ukuhaba kwiwe be n’insozero y’ivy’iyi si, yavuze ati: “Hazoba amakuba akomeye atigeze kubaho kuva mu ntango y’isi gushika n’ubu, oya, kandi atazokwongera kubaho.” (Mat. 24:3, 21) Mu nyuma Yezu yarahishuye yuko isinzi rinini ryorokotse ayo “makuba akomeye.” Yamara rero, iyi si ya Shetani izoguma irwanya Ivyabona vya Yehova bibereyeho amahoro gushika ku gitero simusiga ca nyuma azogaba kuri bo. Nta gukeka ko kizoba ari igihe kigoye kuri twebwe twese, baba abakuze canke abana.

17. (a) Ni kubera ki dushobora kwitega kazoza dufise icizigiro? (b) Ni igiki gikwiye kugira ico gikoze ku kuntu tubona ivy’ukwabirana be n’ibanga ry’ubuvyeyi?

17 Naho ari ukwo, ntidukwiye gutekerwa n’ubwoba ku bijanye na kazoza. Abavyeyi baguma ari abizigirwa kuri Yehova barashobora kwizigira ko bazokingirwa hamwe n’abana babo bakiri bato. (Soma Yesaya 26:20, 21; Zef. 2:2, 3; 1 Kor. 7:14) Ariko guhera ubu, ese ukuba tuzi neza yuko tubayeho mu misi itoroshe vyogira ico bikoze ku kuntu tubona ivy’ukwabirana be n’ibanga ry’ubuvyeyi muri iki gihe c’iherezo! (2 Pet. 3:10-13) Muri ubwo buryo, twaba tubayeho turi abirebange canke twubatse, tukaba dufise abana kibure tutabafise, tuzohesha icubahiro n’ishemezo Yehova hamwe n’ishengero rya gikirisu.

[Utujambo tw’epfo]

a Raba igitabu Vivez en gardant à l’esprit le jour de Jéhovah ku gatwe gatoyi kavuga ngo “Il a haï le divorce,” ku rupapuro rwa 125.

b Abariko baranyinyana n’ingorane zo mu mubano w’ababiranye bazokomezwa n’ugusubira kurimbura ibiganiro nk’ibi bivuga ivy’abubatse dusanga mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Nyakanga 2003 no muri Réveillez-vous! yo ku wa 8 Nzero 2001.

c Raba mu gitabu Ibibazo urwaruka rwibaza​—Inyishu ngirakimazi, ikigabane ca 30 kivuga ngo “Noba ngeze kwubaka urwanje?”

Mu buryo bw’isubiramwo

• Ni kubera iki abakirisu bakiri bato bakwiye kutihutira kwubaka izabo?

• Kurera umwana bisaba iki?

• Ni kubera iki abakirisu benshi baguma ari abirebange, bubatse na ho bagahitamwo kutavyara?

• Ni “amakuba” ayahe yoshobora gushikira abavyeyi bakirisu?

[Ifoto ku rup. 17]

Ni kubera iki biba biranga ubukerebutsi abakirisu bakiri bato batihutiye kwubaka izabo?

[Ifoto ku rup. 18]

Umunega arashobora kugira vyinshi akoze kugira ngo afashe umukenyezi wiwe kugira uruhara ruboneka mu mirimo yo mu vy’impwemu

[Ifoto ku rup. 19]

Ni kubera iki abakirisu bamwebamwe bubatse bahitamwo kutavyara?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika