ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w99 1/9 rup. 15-20
  • Rwaruka—Nimurwanye ka Gatima k’Isi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Rwaruka—Nimurwanye ka Gatima k’Isi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Nitumenye Agatima k’Isi Ako Ari Ko
  • Ibintu Bigaragaza Agatima k’Isi
  • Nitwamirire Kure ka Gatima k’Isi
  • Kugaragaza “Agatima Kameze Ukundi”
  • Nuronke impwemu y’Imana, nturonke iy’isi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ni agatima akahe werekana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Nunanire “impwemu y’isi”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
w99 1/9 rup. 15-20

Rwaruka—Nimurwanye ka Gatima k’Isi

“Tweho ntitwāhawe impwemu [“agatima,” “NW”] y’iyi si, ariko twāhawe [im]pwemu [i]va ku Mana.”—1 AB’I KORINTO 2:12.

1, 2. (a) Ni itandukaniro irihe umuntu ashobora kubona hagati y’urwaruka rwo mw’isi n’urwaruka ruri mu mashengero y’Ivyabona vya Yehova? (b) Abakiri bato benshi b’Ivyabona bashobora gukezwa gute n’igishika cinshi?

“URWARUKA rwacu rwarihebuye, rwaratawe kandi ruriko ruragarariza.” Ivyo vyavuzwe n’ikinyamakuru kimwe, The Sun-Herald, co muri Ostraliya. Congeyeko giti: “Ibiharuro bishikirizwa na sentare vyerekana ko habaye iyongerekana ry’ibice 22 kw’ijana [tugereranije n’umwaka uheze] ry’igitigiri c’abakiri bato bashengezwa bagirizwa ko bakoze ibitero bikomakomeye . . . Kuva hagati y’imyaka y’1960, urwaruka rwiyahura rwiyongereye incuro zitatu . . . kandi itandukaniro riri hagati y’abatarukiye rimwe ryabaye imanga nya manga abakiri bato banyerereramwo barushiriza kwiyongera, bakita mu biyayura umutwe, mu kaborerwe no mu kwiyovya ubwenge.” Yamara rero, ivyo bintu ntibiri gusa mu gihugu kimwe. Hirya no hino kw’isi abavyeyi, abigisha n’abavura indwara zo mu mutwe baridogera ukuntu urwaruka rumeze.

2 Ese ukuntu hari itandukaniro rinini hagati y’urwaruka rwinshi rwo muri iki gihe n’urwaruka rwisoneye dusanga mw’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova! Yamara ntidushaka kuvuga ko batagira agasembwa. Na bo nyene barafise urugamba barwana, bakagira n’ “[u]kwifuza kw’ubusore.” (2 Timoteyo 2:22) Mugabo urwo rwaruka rwacu turufatiye hamwe, rwarafashe impagararo iranga uburindutsi ku bw’ibigororotse, kandi rwaranse gutsindwa n’imikazo y’isi. Yemwe rwaruka mwese, turabakeje n’umutima wacu wose mwebwe mutsinda urugamba murwana n’ “ibikorwa vy’uruyeri” vya Shetani! (Abanyefeso 6:11, NW, akajambo k’epfo.) Nka kurya kw’intumwa Yohani, turavyurirwa umutima wo kuvuga duti: “Narabandikiye misore [n’inkumi], kuko mufise inkomezi, kand’ijambo ry’Imana rikaguma muri mwebge, kandi mwanesheje wa Mubi.”—1 Yohana 2:14.

3. Ijambo “agatima” rishobora gusobanura iki?

3 Ariko rero, kugira ngo mubandanye gustinda urugamba murwana na wa mubi, mutegerezwa kurwanya mwivuye inyuma ico Bibiliya yita “agatima k’isi.” (1 Ab’i Korinto 2:12, NW) Nk’uko vyerekanwa n’igitabu kimwe kivuga ivy’Ikigiriki, “agatima” gashobora gusobanura “inyifato canke akosho kuzura ubugingo bw’umwumwe wese kakongera kakabuyobora.” Nk’akarorero, ubonye ko umuntu yijiriwe, urashobora kuvuga yuko ari n’ “agatima” kabi. “Agatima” kawe, inyifato yawe, canke ivy’umutima wawe ukunda birosha amahitamwo ugira; birayobora ibikorwa vyawe n’imvugo yawe. Igishimishije ni uko abantu umwe wese ukwiwe n’imigwi y’abantu, bashobora kugaragaza “agatima” kanaka. Intumwa Paulo yandikiye umugwi w’Abakirisu ati: “Ubuntu tudakwiriye bw’Umukama Yezu Kirisitu bubane n’agatima mugaragaza.” (Filemoni 25, NW) None, ni agatima akahe neza na neza iyi si igaragaza? Kubera yuko “isi yose iri muri wa Mubi,” ari Shetani ya Diyabule, agatima k’isi ntigashobora kuba keza, siko?—1 Yohana 5:19.

Nitumenye Agatima k’Isi Ako Ari Ko

4, 5. (a) Ni agatima akahe kosha abo mw’Ishengero ryo muri Efeso imbere yuko bacika Abakirisu? (b) “Uwiharije ubukuru [bw’i]kirere” ni nde, kandi ico “kirere” ni iki?

4 Paulo yanditse ati: “[Ni mwebwe Imana yagize bazima] mwari abapfu bishwe n’ibibi be n’ibicumuro vyanyu, kuko mwahora mubigenderamwo kera, mu gukurikira imigenzo y’iyi si, mu gukurikiza uwiharije ubukuru [bw’i]kirere, [ka gatima] [ka]gira ubu ico [ka]mara mu bantu b’intabarirwa. Muri bo, natwe twarimwo twese kera mu kuba mu vyipfuzo vya kamere yacu y’abantu tugakora ivyo ya kamere n’ivyipfuzo vyayo bishaka, kandi ku bwacu twari twagenewe guhanwa nk’abandi.”—Abanyaefezi 2:1-3, Ubwuzure Bushasha.

5 Imbere yuko Abakirisu bo muri Efeso biga inzira ya gikirisu, bari bahoze ari abayoboke b’ “uwiharije ubukuru [bw’i]kirere,” Shetani ya Diyabule, batabica n’ikanda. Ico “kirere” si ikibanza bubanza Shetani n’amadayimoni yiwe bacumbitsemwo. Igihe Paulo yandika ayo majambo, Shetani ya Diyabule n’amadayimoni yiwe bari bagishobora gushika mw’ijuru. (Gereranya na Yobu 1:6; Ivyahishuriwe 12:7-12.) Ijambo “ikirere” risobanura agatima, canke inyifato y’umuzirikanyi vyiganje mw’isi ya Shetani. (Gereranya n’Ivyahishuriwe 16:17-21.) Nka kumwe kw’umuyaga udukikije, ako gatima kari ahantu hose.

6. “Ubukuru [bw’i]kirere” ni iki, kandi bwigaragariza mu biki mu rwaruka rwinshi?

6 Mugabo “ubukuru [bw’i]kirere” ni iki? Bigaragara yuko ubwo bwerekeza ku kosho gakomeye ico “kirere” gifise ku bantu. Paulo avuga yuko ako gatima “[ga]korera mu bantu b’intabarirwa.” Agatima k’isi rero kavyara agatima ko kuba intabarirwa no kugarariza, kandi akosho k’urunganwe ni bumwe mu buryo ubwo bukuru bugaragariramwo. Umwigeme umwe akiri muto w’Icabona avuga ati: “Igihe uri kw’ishure, nantaryo umuntu wese aguma akuremesha kugarariza gatoyi. Abana barushiriza kukwubaha ukoze ikintu cegereza ingendo y’ubugarariji.”

Ibintu Bigaragaza Agatima k’Isi

7-9. (a) Nuvuge uburyo bumwebumwe agatima k’isi kigaragaza mu rwaruka muri iki gihe. (b) Woba umaze kubona bimwe muri ivyo bintu aho iwanyu?

7 Muri iki gihe, ni ibintu bimwebimwe ibihe bigaragaza agatima k’isi mu bakiri bato? Ubugunge n’ubugarariji. Hari inkuru y’ikinyamakuru kimwe yavuze yuko ibice birenga 70 kw’ijana vy’abari muri kaminuza mu mwaka ushira uwa nyuma n’abari mu wa nyuma bavuze yuko bigeze kwiba ikibazo mw’ishure ryisumbuye. Imvugo ataco zibanga, z’akanebaguro, zitisoneye, na zo nyene zireze. Ni vyo, hari igihe Yobu n’intumwa Paulo bakoresheje ico bamwe bobona ko ari imvugo z’akanebaguro, kugira ngo baserure ishavu rigororotse. (Yobu 12:2; 2 Ab’i Korinto 12:13) Yamara rero, amajambo y’akanebaguro aryana umutima ava mu kanwa k’urwaruka rwinshi kenshi usanga ataho ataniye n’ugutukana.

8 Kurenza urugero mu vy’ukwiruhura na vyo nyene biragaragaza agatima k’isi. Amatambiro akora ijoro, amaswarea be n’izindi mero z’ibiteramo bitagiramwo ukwigerera bigirwa n’urwaruka birakundwa cane n’abakiri bato. Kurenza urugero mu nyambaro no mu kwitunganya na vyo nyene bireze. Guhera ku kwambara ibibarenze kugeza ku biharawe vy’agahomerabunwa, nk’ukwitobagura umubiri, urwaruka rwinshi rwo muri iki gihe rwigaragaza ko rufise ka gatima k’ubugarariji k’isi. (Gereranya n’Abaroma 6:16.) Kwitwararika amaronko ni ikindi kigaragaza ako gatima. Nk’uko ikinyamakuru kimwe c’ivy’uburezi cabivuze, “abagwizatunga ntibahengeshanya gukwiragiza mu bana ubuhinga indiri butangaje be n’ibihingurano vyinshi [bidaharurwa].” Urwaruka rwo muri Leta Zunze Ubumwe rurangiza amashure yisumbuye rwaramaze gukurikirana kuri Televiziyo iyamamazwa ry’ibidandazwa incuro 360 000. Urunganwe rwawe rurashobora na rwo nyene kuguhatira ku kugura ikintu. Hari umwigeme w’imyaka 14 avuga ati: “Umuntu wese nantaryo aguma akubaza ati: ‘Uyu mupira wawe, aka gakoti kawe canke aka kajinisi kawe gafise irihe zina?’ ”

9 Kuva mu bihe vya Bibiliya, umuziki utabereye wamye ari igikoresho Shetani akoresha kugira ngo akabure inyifato ihumanye. (Gereranya no muri Kuvayo 32:17-19; Zaburi 69:12; Yesaya 23:16) Ntibitangaje rero kuba imiziki ifise ibitero be n’amajambo y’ibiterasoni bikwegera abantu ku buhumbu, rimwerimwe bitanakikiriza, be n’iyifise umudundo ukabura kandi ukomeye usigaye ukundwa na benshi. Yamara ikindi kigaragaza agatima gahumanye k’isi ni ubushegabo. (1 Ab’i Korinto 6:9-11) Ikinyamakuru kimwe, The New York Times gishikiriza ibi: “Ku miyabaga myinshi gusambana vyacitse nka co kintu gisigaye gisabwa kugira ngo bemerwe n’urunganwe rwabo . . . Mu barangiza amashure yisumbuye, abarenga babiri kuri batatu usanga baramaze gusambana.” Hari ikiganiro co mu kinyamakuru kimwe, The Wall Street Journal, catanze ikimenyamenya c’uko abana bari hagati y’imyaka 8 na 12 “bariko bararushiriza gushurashura.” Hari umuhanuzwajambo w’ishure aherutse gukukuruka yagize ati: “Turatanguye kubona utwana dukeyi two mu wa gatandatu dutwara ibitwarire.”b

Nitwamirire Kure ka Gatima k’Isi

10. Abakiri bato bamwebamwe bo mu miryango y’Abakirisu bahaye indaro gute agatima k’isi?

10 Ni ibara ku mutemere kubona Abakirisu bamwebamwe bakiri bato barahaye indaro agatima k’isi. Umwigeme umwe w’Umuyapani yiyemereye ati: “Imbere y’abavyeyi banje n’Abakirisu bagenzanje nagaragaza inyifato nziza, mugabo kandi nari mfise ubundi buzima.” Uwukiri muto umwe wo muri Kenya avuga ati: “Naramaze igihe kinaka mfise ubuzima burimwo tubiri, bwarimwo ibiteramo, imiziki ya roke no kugira abagenzi babi. Nari nzi ko ivyo ari bibi, mugabo nagerageza kuvyiyobagiza, nizigira yuko hashize igihe vyorangiye gusa. Mugabo ntivyarangiye. Ibintu vyaguma gusa vyunyuka.” Uwundi muto wo mu Budagi avuga ati: “Vyose vyahereye ku kugira abagenzi bameze nabi. Maze ntangura kunywa itabi. Nashaka kubabaza abavyeyi banje, mugabo nasanze ari jewe nyene nibabaza.”

11. Kalebu yashoboye gute kurwanya ivyo kuja ku ruhande rw’ishengero igihe ba batasi cumi bazana inkuru mbi?

11 Yamara, birashoboka ko umuntu arwanya agatima k’isi, emwe akamirira kure. Rimbura akarorero ka kera ka Kalebu. Igihe ba batasi cumi b’abanyabwoba bazana inkuru mbi ku vyerekeye ca Gihugu c’Isezerano, we hamwe na Yosuwa baranse gucika ivutu ngo baje ku ruhande rw’ishengero. Bavuganye uburindutsi bati: “Igihugu twanyuragiyemwo tugitata, n’igihugu ciza c’agahebuza. Uhoraho namba tumuhimbaye, azotujana mur’ico gihugu, akiduhe; kandi n’igihugu gitemba amata n’ūbuki.” (Guharūra 14:7, 8) Ni igiki catumye Kalebu ashobora kunanira uwo mukazo wose? Ku vyerekeye Kalebu Yehova yavuze ati: “Yari n’agatima kameze ukundi.”—Guharūra 14:24, NW.

Kugaragaza “Agatima Kameze Ukundi”

12. Ni kuki ari ngirakamaro ko umuntu agaragaza ‘agatima kameze ukundi’ ku biraba imvugo akoresha?

12 Muri iki gihe, bisaba uburindutsi n’inguvu kugira ngo umuntu agaragaze “agatima kameze ukundi,” ni ukuvuga inyifato yo mu mutima itandukanye n’iy’isi. Uburyo bumwe ushobora kubigira ni mu kwirinda imvugo y’akanebaguro, itaranga kwubaha. Birahambaye kubona yuko ijambo ry’Igifaransa sarcasme, mu Kirundi ari ryo “akanebaguro,” ryavuye mu rivuga ry’Ikigiriki risobanura ijambo ku rindi ngo “gushikagura inyama nka kurya kw’imbwa.” (Gereranya n’Ab’i Galatiya 5:15.) Nka kurya amenyo y’imbwa ashobora gushikagura inyama ziri kw’igufa, “ugutebura” mu kunebagura kurashobora kwambika ibara abandi. Mugabo mu B’i Kolosayi 3:8 hakwinginga “[k]wiyambura n’ibi vyose: uburake, kujingitwa, urwanko rw’ubusa, gucokorana, kandi ntihakagire amagambo ateye isoni ava mu kanwa ka[we].” No mu Migani 10:19 havuga hati: “Mw isinzi ry’amajambo ntihaburamw’ugucumura, arik’uwigarura mu vy’iminwa ivuga n’umunyabgenge.” Igihe hari uwugututse, niwigumye ‘uhindukize uwundi musaya,’ kumbure mu kubivugana mu mwiherero n’uwagucokoye ubigiranye ubwitonzi kandi mu mahoro.—Matayo 5:39; Imigani 15:1.

13. Urwaruka rushobora gute kugira uburimbane mu kuntu rubona ibintu vy’umubiri?

13 Ubundi buryo bwo kugaragaza ‘agatima kameze ukundi’ ni mu kuguma tubona ibintu vy’umubiri ku burimbane. Birumvikana, ni ibisanzwe ko umuntu ashaka kugira ibintu vyiza. Biboneka ko Yezu Kirisitu ubwiwe yari atunze n’imiburiburi impuzu imwe y’igiciro. (Yohana 19:23, 24) Ariko rero, igihe gutunga ibintu bicitse ikintu kiguma kigutesha umutwe kandi igihe cose ukama uriko usaba abavyeyi kugura ibintu vy’ukuri badashobora kuronka, canke igihe wama gusa ushaka kwigana urundi rwaruka, muri ico gihe agatima k’isi gashobora kukuganza kuruta uko uvyiyumvira. Bibiliya ivuga iti: “Ikiri mw isi cose ar’ivyifuzo vy’umubiri, n’ivyifuzo vy’amaso, n’ubgibone bg’ubu bugingo, [ntivy]anduruka kuri Data wa twese, ariko vyanduruka mw isi.” Ni vyo, ntiwirekure ngo uganzwe n’agatima k’isi ko guhahamira amaronko! Niwige kubumbwa n’utwo ufise.—1 Yohana 2:16; 1 Timoteyo 6:8-10.

14. (a) Abasavyi b’Imana bo mu gihe ca Yesaya bagaragaje gute ko batabona ivyo kwiruhura ku burimbane? (b) Ni ingeramizi izihe abakiri bato b’Abakirisu bamwebamwe bahuye na zo mu masware no mu biteramo bitarimwo ukwigerera?

14 Kugumiza ivy’ukwiruhura mu kibanza cavyo na vyo nyene ni ngirakamaro. Umuhanuzi Yesaya yavuze ati: “Bazobona ibara, abazindurwa mu gatondo no kwirukira ibiboreza, bakarāra kw ijoro gushitsa vino ibaboreje! Mw inywa ryabo bagira inanga n’ikembe n’agashako k’ingoma n’umwironge na vino; yamara ntibītegereza igikorwa c’Uhoraho, ntibashira umutima ku gikorwa c’amaboko yiwe.” (Yesaya 5:11, 12) Birababaje kubona yuko Abakirisu bamwebamwe bakiri bato bisuka mu biteramo nk’ivyo bitarimwo ukwigerera. Igihe umugwi umwe w’Abakirisu bakiri bato wasabwa kudondora ibibera mu matambiro y’urwaruka, hari umuvukanyikazi akiri muto yagize ati: “Igihe cose haba hari abatata. Nasanze ndi hagati yabo.” Hari umuvukanyi akiri muto yongeyeko ati: “Kunywa inzoga, kunywa itabi, ibintu nk’ivyo.” Uwundi muvukanyi akiri muto yiyemereye ati: “Abantu baraborerwa. Bakora ibintu nk’ibijuju! Kandi haba hariyo ibiyayura umutwe. Hakorerwa ibintu vyinshi bibi. Uramutse ugiyeyo ukiyumvira yuko ataco vyokugira, uba wihenze.” Bibiliya rero ntiyihenze igihe akaborerwe canke “ibiteramo bitarimwo ukwigerera” ibishira mu “bikorwa vy’umubiri.”—Ab’i Galatiya 5:19-21; Byington; Abaroma 13:13.

15. Bibiliya yerekana ko umuntu yokwiruhura ku burimbane gute?

15 Kwirinda ukwiruhura mu buryo bwonona ntibizotuma utegerezwa kugira ubuzima butarangwa umunezero. Dusenga “Imana ihimbawe,” (UB) ishaka ko winovora ubuto bwawe! (1 Timoteyo 1:11; Umusiguzi 11:9) Mugabo, Bibiliya ibura iti: “Uwishinga ikiyāgīriro [“ukwinezereza,” Lamsa] azocika umukene.” (Imigani 21:17) Ni vyo, ivyo kwiruhura uramutse ubigize co kintu gihambaye kuruta mu buzima bwawe, mu vy’impwemu uzocika mukene. Ni co gituma wokurikiza ingingo ngenderwako za Bibiliya mu gihe uhitamwo uburyo bwo kwiruhura. Hariho uburyo bwinshi bwo kwinezereza buzokwubaka butazogusambura.c—Umusiguzi 11:10.

16. Abakirisu bakiri bato bashobora gute kwerekana ko batandukanye n’abandi?

16 Wambaye ukongera ukitunganya mu buryo bukwiriye, ugashibura agahararo k’isi, ivyo na vyo nyene bizogaragaza ko utameze nk’abandi. (Abaroma 12:2; 1 Timoteyo 2:9) No guhitamwo imiziki ni ko kw’uko. (Ab’i Filipi 4:8, 9) Umukirisu umwe akiri muto yiyemerera ati: “Ndafise umuziki nzi ko nari nkwiye guta, mugabo numva uryoshe cane.” Hari uwundi musore na we yemeye ibi: “Kuri jewe, akaziki ni umutego kubera ko ndagakunda. Igihe nsanzemwo ikintu kitagenda neza, canke igihe abavyeyi banje bakinyeretse, vy’ukuri nca ntegerezwa guhata umuzirikanyi wanje ngo ubwirize umutima wanje kubera yuko mu mutima mba nkunda ako kaziki.” Rwaruka, ‘ntimukayoberwe imigabo [ya Shetani]’! (2 Ab’i Korinto 2:11) Ariko akoresha imiziki arondera gukevya Abakirisu bakiri bato ngo abakure kuri Yehova! Hari ibiganiro vyaserutse mu bisohokayandikiro vy’Ishirahamwe Watch Tower vyavuga ivyerekeye imiziki ya rap, heavy metal, be n’ubwoko bunaka bwa roke.d Yamara rero, ibisohokayandikiro vya Watch Tower ntibishobora kugira ico bivuze ku bwoko bwose n’umuderi wose w’umuziki mushasha wadutse. Ni co gituma ukwiye gukoresha “ububasha bwo kwiyumvira” be n’ “ubukerebutsi” igihe urobanura imiziki.—Imigani 2:11, NW.

17. (a) Por·neiʹa ni iki, kandi irimwo n’ibihe bikorwa? (b) Ku vyerekeye ukwigenza runtu, Imana igomba iki?

17 Ubwa nyuma, ukwiye kuguma utyoroye mu vy’ukwigenza runtu. Bibiliya ihimiriza iti: “Muhunge ubushakanyi.” (1 Ab’i Korinto 6:18) Ijambo ry’Ikigiriki ryo mu ntango rihindurwa ngo ubushakanyi, ari ryo por·neiʹa, ryerekeza ku gukoresha igitsina mu buryo ubwo ari bwo bwose butemewe, dushizemwo no gukoresha ibihimba vy’irondoka ku wo mutubakanye. Ivyo birimwo gucisha igitsina mu kanwa no gukuyakuya nkana ibihimba ry’irondoka. Abakirisu bakiri bato batari bake baragiye muri iyo nyifato, biyumvira yuko batariko barakora ubusambanyi vy’ukuri. Ariko rero, Ijambo ry’Imana rivuga mu buryo butomoye riti: “Ico Imana igomba, n’ukwezwa kwanyu, ko mwirinda ubushakanyi; kugira ng’umuntu wese muri mwebge amenye kuganziriza uwiwe mubiri mu kwezwa no mu kuwubaha.”—1 Ab’i Tesalonike 4:3, 4.

18. (a) Uwukiri muto ashobora gute kwirinda kwandukizwa n’agatima k’isi? (b) Mu kiganiro gikurikira tuza kwihweza iki?

18 Ni vyo, ubifashijwemwo na Yehova, urashobora kwirinda kwandukizwa n’agatima k’isi! (1 Petero 5:10) Yamara rero, Shetani kenshi arahisha imitego yiwe iteza urupfu, kandi rimwe na rimwe bishobora kuba bisaba ubukerebutsi nyakuri kugira ngo umuntu abone iyo ngeramizi. Ikiganiro cacu gikurikira kigenewe gufasha urwaruka gutsimbataza ububasha bwabo bwo gutegera.

[Utujambo tw’epfo]

a Biba ari ibiteramo birimwo ivyo gutamba, kenshi bimara ijoro ryose. Kugira ngo umenye ibindi, raba ikiganiro kivuga ngo “Les Jeunes s’interrogent . . . Les raves, un ammusement sans danger?” (Urwaruka Ruribaza . . . Kugira Amasware, Kwoba Ari Ukwinezereza Kutagiramwo Ingeramizi?) casohowe muri Réveillez-vous! yo ku wa 22 Kigarama 1997.

b Abana b’imyaka nka 11.

c Kugira ngo ugirwe inama, raba urupapuro rw’296 gushika ku 303 rw’igitabu Les Jeunes s’interrogent — Réponses pratiques.

d Raba inomero y’Umunara w’Inderetsi yo ku wa 15 Ndamukiza 1993.

Ibibazo vy’Isubiramwo

◻ ‘Agatima k’isi’ ni iki, kandi ‘kaganza’ gute abantu?

◻ Ni ibintu bimwebimwe ibihe bigaragaza agatima k’isi mu rwaruka muri iki gihe?

◻ Abakirisu bakiri bato bashobora gute kugaragaza ‘agatima kameze ukundi’ mu mvugo no mu kwiruhura?

◻ Abakirisu bakiri bato bashobora kugaragaza gute ‘agatima kameze ukundi’ ku vy’ukwigenza runtu n’imiziki?

[Ifoto ku rup. 17]

Urwaruka rwinshi ruragaragaza mu kuntu rwigenza, yuko ‘ruganzwa’ na ka gatima k’isi

[Ifoto ku rup. 18]

Nuhitemwo neza imiziki

[Ifoto ku rup. 19]

Kurwanya agatima k’isi bisaba uburindutsi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika