Ni Nde Abumba Ivyiyumviro Vyawe?
“NTA muntu nkeneye ko ambwira ico nokwiyumvira! Kandi nta muntu nkeneye ko ambwiriza ico nokora!” Uvuze ivyo ushimika gutyo kenshi biba bisobanura yuko wiyizigiye cane kandi ko wizigiye uko ubwawe ubona ibintu. Kwoba ari ko wiyumvira? Birumvikana, nta wundi muntu n’umwe akwiye kugufatira ingingo. Mugabo none, ubwo vyoba biranga ubukerebutsi wihutiye gutera akagere impanuro wohava usanga ari nziza? Hoba ata muntu yokwigera ashobora kugufasha gufata ingingo ziranga ubukerebutsi? Ivyo ari vyo vyose, ubwo vy’ukuri woba ushobora kwemera udakeka ko ata muntu ariko arabumba ivyiyumviro vyawe mbere utabica n’ikanda?
Nk’akarorero, imbere y’indwano ya kabiri y’isi yose, Joseph Goebbels, umushikiranganji wa Hitler ajejwe ivya poropagande yarifatiye mu minwe ivyerekeye ihingurwa ry’amasenema mu Budagi. Kubera iki? Kubera ko yatahuye yuko ivyo vyomuhaye ikirwanisho gikomeye cane yokoresheje mu “kwosha abantu mu vyo bemera, gutyo rero akabosha no mu kuntu bigenza.” (Propaganda and the German Cinema 1933-1945) Kumbure woba uzi amahano yavuye mu kuntu yakoresheje ubwo hamwe n’ubundi buryo kugira ngo yifatire abanyagihugu basanzwe—bakaba bari abanyagihugu bakomeye kandi bafise ubwenge—ngo bakurikire nk’impumyi filozofiya y’Abanazi.
Ico utoharira ni uko ukuntu wiyumvira n’ingene ukora ibintu, igihe cose hari ukuntu vyoshwa n’inyiyumvo z’abo utega ugutwi be n’uko babona ibintu. Ni vyo, ico si ngombwa ngo kibe ari ikintu kibi. Niba abo bantu ari abagushakira ineza vy’ukuri—nk’abigisha, abagenzi canke abavyeyi—ico gihe uzokwungukira cane ku mpanuro baguha n’inama bakugira. Mugabo, niba ari abantu bitwararika inyungu zabo bwite gusa kandi ubwabo bakaba barayovye canke barononekaye mu vyiyumviro vyabo, nk’uko intumwa Paulo yabadondoye bakaba ari abantu b’ “inyosha mbi,” ico gihe urahagabira!—Tito 1:10; Gusubira mu Vyagezwe 13:6-8.
Ntushire rero agati mu ryinyo ngo wiyumvire ko ata muntu yokwigera akwosha. (Gereranya na 1 Ab’i Korinto 10:12.) Bisa n’uko kenshi bishika kuruta uko wovyemera, ugasanga n’ukubimenya utabimenya. Fata akarorero koroshe k’ikintu uhitamwo kugura igihe ugiye gusuma. Vyoba nantaryo biva ku ngingo wifatiye ata wugusunitse, uzi ico ukora? Canke abandi bantu kenshi utabona boba bagira ico bahinduye ku co uhitamwo, bakabigira ku mayeri mugabo mu buryo bukomeye cane? Umutohozamakuru Eric Clark yibaza ko bagira ico bahinduye. Avuga ati: “Uko iyamamazwa ry’ibidandazwa rirushiriza kudushwaramwo, ni ko tubona buhoro ko rifise ico ritugira, ariko kandi, ni ko rirushiriza kugira vy’ukuri ico ridukozeko.” Avuga kandi yuko igihe abantu babajijwe ico biyumvira ku co iyamamazwa ry’ibidandazwa rishikako, “benshi bemera ko rifise ico rikora, mugabo atari kuri bo.” Abantu bakunda kwiyumvira yuko uwundi wese ashobora gufatwa, ariko ko bo batofatwa. “Womengo ni bo bonyene bakingiwe.”—The Want Makers.
Woba Waratsindagiwe mw’Iforoma ya Shetani?
Kuba woba woshwa n’iyamamazwa ry’ibidandazwa rigirwa ku musi ku musi birashobora kutagira ingaruka zikomeye. Ariko rero, hariho akandi kosho kokwega akaga kuruta. Bibiliya irerekana itomora yuko Shetani ari we muhanga mu vy’ukwifatira abantu. (Ivyahishuriwe 12:9) Filozofiya akoresha ahanini imeze nk’iciyumviro c’umuntu umwe ajejwe ivy’ukwamamaza ibidandazwa yavuze yuko hariho uburyo bubiri bwo gukwega abaguzi—“mu kubaryosharyosha canke mu kubumvisha ko babikeneye.” Niba abashinzwe amaporopagande n’ukwamamaza ibidandazwa bashobora gukoresha ubwo buryo bw’uruyeri kugira ngo babumbe ivyiyumviro vyawe, ibaze rero ukuntu Shetani ategerezwa kuba ari umuhanga kuruta mu vy’ugukoresha uburyo bumeze nk’ubwo nyene!—Yohana 8:44.
Intumwa Paulo ivyo yari abizi. Yaratinya ko bamwe mu Bakirisu bagenzi biwe boretse kuba maso, maze bagahendwa na Shetani. Yanditse ati: “Ariko [ndatinya] yuko, nk’uko ya nzoka yahendesheje Eva ukwiyorobeka kwayo, kumbure ivyiyumviro vyanyu vyokwoshwa, mugaca mureka ukugororoka n’ukwera mu vya Kristo.” (2 Ab’i Korinto 11:3) Iyo mburizi ntuyifate minenerwe. Atari ukwo, wohava uba nka ba bantu bemera yuko amaporopagande be n’ivyo kubumvisha ko bakeneye ibidandazwa bigira ico bikoze—ngo “mugabo atari kuri bo.” Ivy’uko poropagande ya Shetani igira ico ikoze koko biribonekeza neza hirya no hino mu bikorwa vya runyamaswa biba, mu gutituka kw’ukwigenza runtu be no mu buryarya vyatse indaro mu bantu bo muri iki gihe.
Ni co gituma Paulo yinginze Abakirisu bagenzi biwe “kudashushanyw[a] n’ivy’iki gihe.” (Abaroma 12:2) Umuhinduzi umwe wa Bibiliya yasubiyemwo ayo majambo ya Paulo mu bundi buryo ati: “Ntimureke ngo isi ibakikije ibatsindagire mw’iforoma yayo bwite.” (Abaroma 12:2, Phillips) Shetani azogerageza uburyo bwose kugira ngo aguhatire mw’iforoma yiwe, nk’uko umubumvyi wo mu bihe vya kera yatsindagirira ibumba mw’iforoma kugira ngo rize ririko udusaruro kandi rifise akaranga ashaka. Shetani ku bw’ico gikorwa yarateguye politike y’isi, ivy’ubucuruzi vyayo, amadini yayo be n’ivy’ukwisamaza biri muri yo ngo babikore. Nezaneza akosho kiwe gakwiye mu mihingo yose gute? Karakwiye hose nk’uko kari gakwiye hose mu gihe c’intumwa Yohani. Yavuze ati: “Isi yose iri muri wa Mubi.” (1 Yohana 5:19; raba kandi 2 Ab’i Korinto 4:4.) Niba ufise amazinda ku bushobozi Shetani afise bwo kuryosharyosha abantu no kwonona ivyiyumviro vyabo, niwibuke ukuntu ivyo yabikoze bikamushobokera ku bantu bari bagize ihanga rizima rya Isirayeli, abari bariyeguriye Imana. (1 Ab’i Korinto 10:6-12) None ibintu nk’ivyo vyoba vyogushikira? Birashobora kugushikira umuzirikanyi wawe uramutse uwugururiye akosho ka Shetani ko kuturyosharyosha.
Numenye Ibiriko Biragirwa
Ahanini, izo nguvu z’uruyeri zizokwosha ukwiyumvira kwawe uramutse gusa uziretse. Mu gitabu ciwe citwa The Hidden Persuaders, Vance Packard yavuze ibi bikurikira: “Turacafise uburyo bukomeye bwo kwikingira abo batujijura [bihishije]: turashobora guhitamwo kutajijurwa. Mu bihe nka vyose tuba tugifise ihitamwo twogira, kandi ntidushobora gushika aho tugirwa ibizeze mu gihe tuzi ibiriko biragirwa.” Ivyo ni ko biri no ku vyerekeye poropagande n’ububeshi.
Ni vyo, kugira ngo “[umenye] ibiriko biragirwa,” utegerezwa kuguma umuzirikanyi wawe uwugururiye kwakira ibintu bitwosha neza. Nka kurya kw’umubiri ufise amagara meza, bikenewe ko umuntu agaburira umuzirikanyi wiwe niba ashaka ko ukora neza. (Imigani 5:1, 2) Ukutamenya bishobora gukwega ingorane cokimwe no kumenya ibintu uko bitari. Ni co gituma naho ari ivy’ukuri ko ukeneye gukingira umuzirikanyi wawe ivyiyumviro na filozofiya bizimiza, ntukagerageze gutsimbataza agatima ko kwama ubona nabi impanuro yose uhawe canke ikintu cose umenyeshejwe cabure ngo wame urondera kubitora amahinyu.—1 Yohana 4:1.
Kujijurwa ata bugunge burimwo si cokimwe na poropagande yihishije. Intumwa Paulo nta nkeka yaraburiye wa musore Timoteyo kuba maso kubera “abantu babi, bo n’abahūmbūzi, bazorushiriza kuba babi, bazimiza bakazimizwa.” Mugabo Paulo yongeyeko ati: “Ariko weho ugume mu vyo wize, ukavyizezwa, kuk’uzi abākwigishije.” (2 Timoteyo 3:13, 14) Kubera ko ibintu vyose winjiza mu muzirikanyi wawe bitazobura kugira ico bikwoheje, ikintu nyamukuru ni ‘kumenya abo wigirako ibintu,’ ukamenya neza yuko ari abantu bakuronderera ineza, atari ba nsumirinda.
Ni we wihitiramwo. Urashobora guhitamwo ‘gushushanywa n’uru runkwekwe rw’ibintu’ mu kureka amafilozofiya y’iyi si be n’ibintu iha agaciro bikayobora ukwiyumvira kwawe. (Abaroma 12:2) Ariko iyi si ntiyitaho ineza yawe. Ni co gituma intumwa Paulo yabuye ati: “Mwirinde, ntihakagire ūbagira inyagano, abanyagishije [filozofiya y]’abantu ar’ibihendo vy’ubusa, bikurikira akaronda k’imigenzo y’abantu.” (Ab’i Kolosayi 2:8) Gutsindagirwa mw’iforoma ya Shetani muri ubwo buryo, canke ‘kugirwa na we inyagano,’ ntibisaba akigoro. Bimeze nko guhumeka umwotsi w’itabi ririko rinyobwa n’uwundi. Guhumeka izo mpemu zihumanye ubwavyo birashobora kugira ico bikugize.
Weho urashobora kwirinda guhema izo ‘mpemu.’ (Abanyefeso 2:2) Aho kuzihema, kurikira iyi mpanuro ya Paulo igira iti: “Muhinduke rwose, mugi[r]e imitima misha, kugira ngo mumenye neza ivy’Imana igomba, ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose.” (Abaroma 12:2) Ivyo bisaba akigoro. (Imigani 2:1-5) Uribuka ko Yehova atifatira abantu. Atuma ivyo bakeneye kumenya vyose babimenya, ariko kugira ngo uvyungukireko utegerezwa kubitega yompi no kureka bikagira ico bikoze ku kwiyumvira kwawe. (Yesaya 30:20, 21; 1 Ab’i Tesalonike 2:13) Utegerezwa kugira umutima wo gushaka kwuzuza umuzirikanyi wawe ukuri kwo mu “vyanditswe vyera,” ari ryo Jambo ry’Imana Bibiliya ryahumetswe.—2 Timoteyo 3:15-17.
Niwakirize Yompi Ukubumbwa na Yehova
Ivy’uko ukeneye kugaragaza agatima ko kwemera no kugamburuka niba ushaka kwungukira ku kosho kazanwa no kubumbwa na Yehova, vyaratangiwe ikigereranirizo mu buryo bukomeye igihe yabwira umuhanuzi Yeremiya kugendera ibumbiro ry’umubumvyi. Yeremiya yabonye umubumvyi urwavya rumwe aruhinduramwo ikindi kintu, igihe ico yariko aragerageza kubumba “[c]ononekarira mu ntoke z[iwe].” Yehova yaciye rero avuga ati: “Yemwe ab’inzu ya Isirayeli, mbega jewe sinoshobora kubagira nk’uyu mubumvyi? . . . Rāba nk’ukw’ibumba riri mu kuboko kw’umubumvyi, namwe ni ko muri mu kuboko kwanje, yemwe ab’inzu ya Isirayeli.” (Yeremiya 18:1-6) Ivyo vyoba bisobanura yuko abantu bo muri Isirayeli bari gusa nk’imidāga y’ibumba itagira ubuzima iri mu ntoke za Yehova kugira ngo ayibumbemwo ubwoko bw’urwavya yishakiye?
Yehova ntiyigera na rimwe akoresha ububasha bwiwe butagira uko bungana kugira atume abantu bakora ibitabavuye ku mutima; eka mbere si we yobazwa ibikoresho bikozwe nabi nk’uko vyogenda ku mubumvyi w’umuntu. (Gusubira mu Vyagezwe 32:4) Ubwononekare buza buraza igihe abo Yehova agerageza kubumba mu buryo bwiza banana bakanka ubuyobozi bwiwe. Iryo ni ryo tandukaniro rinini riri hagati yawe n’umudāga w’ibumba utagira ubuzima. Urafise uburenganzira bwo guhitamwo. Ukoresheje ubwo burenganzira, urashobora guhitamwo kwakiriza yompi canke gutera akagere n’ibigirankana akosho kava ku kubumbwa na Yehova.
Ese ingere ari icigwa gituma tuzirikana! Ewe kuntu ari vyiza kuruta gutega amatwi ijwi rya Yehova aho kuvugana ubwishime ngo “Nta muntu nkeneye ko ambwiriza ico nkora”! Twese turakeneye akosho katuyobora kava kuri Yehova. (Yohana 17:3) Nitube nka wa mwanditsi wa Zaburi Dawidi, yatuye isengesho ati: “[Yehova], nyereka inzira zawe, nyigisha amarango yawe.” (Zaburi 25:4) Niwibuke ico Umwami Salomo yavuze: “Umunyabgenge [azokwumviriza], yunguke ubgenge.” (Imigani 1:5) Woba uzotega amatwi? Niwatega amatwi, ni ho rero “[“ubushobozi bwo kwiyumvira,” NW] [bu]zogushibamira, ugutahura kuzokuzigama.”—Imigani 2:11.