ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w99 1/5 rup. 3
  • Dushobora Kubaho Igihe Kingana Iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Dushobora Kubaho Igihe Kingana Iki?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Ivyo bijanye
  • Abavugwa muri Bibiliya boba vy’ukuri bararamvye ukuraho?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Twaremwe kugira tubeho
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
  • Abageze mu zabukuru ni umuhezagiro ku bakiri bato
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
w99 1/5 rup. 3

Dushobora Kubaho Igihe Kingana Iki?

Abantu muri rusangi baza bararushiriza kuramba, ivyo bigatuma benshi bibaza bati: ‘Dushobora kubaho igihe kingana iki?’

NK’UKO bivugwa n’igitabu kimwe, The New Encyclopædia Britannica (canditswe mu 1995), mu gihe caheze abantu benshi bemeye yuko Pierre Joubert ari we yaramvye kuruta abandi bose. Mu 1814 ni ho yapfa afise imyaka 113. Ego niko, hariho n’abandi bavugwa ko baramvye kuruta, ariko ku biraba imyaka yabo nta bihinyuza vyabonetse umuntu yokwizigira. Ariko rero ibihinyuza bitarimwo amakosa vyerekana yuko hariho abantu batari bake baramvye kuruta Pierre Joubert.

Uwitwa Jeanne Louise Calment yavukiye i Arles, mu bumanuko bushira ubuseruko bw’Ubufaransa kw’igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 1875. Urupfu rwiwe rwabaye kw’igenekerezo rya 4 Myandagaro 1997 amaze imyaka irenga 122, rwaravuzwe cane. Mu 1986, Shigechiyo Izumi wo mu Buyapani yapfuye afise imyaka 120 y’amavuka. Igitabu kimwe, Guinness Book of Records 1999, cerekanye uwitwa Sara Knauss w’imyaka 118 y’amavuka ko ari we muntu yari ashaje kuruta abandi bose igihe cariko kirandikwa. Yari yavutse kw’igenekerezo rya 24 Nyakanga 1880 i Pennsylvanie, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Igihe Marie-Louise Febronie Meilleur w’i Quebec, muri Kanada, yasandaba mu 1998 afise imyaka 118 y’amavuka, yasumba Sara imisi 26.

Si ivy’imbeshere, igitigiri c’abantu bakuze cane cariyongereye bimwe bitangaje. Igitigiri c’abantu bafise imyaka ijana canke irenga ngo bashobora kuzokwongerekana bakarenga imiliyoni 2,2 mu gice ca mbere c’ikinjana kigiye kuza! N’igitigiri c’abantu bafise imyaka 80 y’amavuka n’abayirenza carongerekanye kiva ku miliyoni 26,7 mu 1970 gishika ku miliyoni 66 mu 1998. Iryo ni iyongerekana ry’ibice 147 kw’ijana, ugereranije n’iyongerekana ry’ibice 60 kw’ijana ry’abantu bose baba kw’isi.

Vyongeye, si ukuvuga gusa yuko abantu barushiriza kuramba vyonyene. Benshi usanga kandi barangura ibintu abenshi bafise imyaka 20 y’amavuka badashobora no kugera umutwe. Mu 1990, John Kelly afise imyaka 82 y’amavuka yarirukanze arashitsa ico bita marato—ni ukuvuga ukwirukanga imetero 42 195—ayirukanga mu masaha atanu n’iminuta itanu. Mu 1991, Mavis Lindgren umutamakazi afise abuzukuruza w’imyaka 84 y’amavuka, yarirukanze izo metero nyene mu masaha indwi n’iminuta icenda. Kandi nta gihe kinini kihaciye umugabo w’imyaka 91 y’amavuka yirukanze akarangiza ya marato y’Igisagara c’i New York!

Ivyo ntibisobanura ko abageze mu zabukuru bo mu gihe ca kera bataranguye ibintu bitangaje. Mu gihe yari afise imyaka 99 y’amavuka, sogokuruza Aburahamu avugwa muri Bibiliya ‘yarirukanze gusanganira’ abashitsi biwe. Mu gihe Kalebu yari afise imyaka 85 y’amavuka, yaravuze ati: “Ukw inkomezi zanje zari ziri ico gihe [imyaka 45 imbere yaho], ngitabara mu rugamba ngatabaruka, n’ubu ni ko zikiri.” Vyongeye Bibiliya ivuga ivyerekeye Musa yuko igihe yari afise imyaka 120 y’amavuka, “amaso yiwe [ata]ribgarābe ivyijiji, cank’inkomezi ziwe ngo zigabanuke.”—Itanguriro 18:2; Yosuwa 14:10, 11; Gusubira mu Vyagezwe 34:7.

Yezu Kirisitu yaravuze ivya wa mugabo wa mbere Adamu na wa mwubatsi w’ubwato Nowa nk’abantu babayeho koko. (Matayo 19:4-6; 24:37-39) Igitabu c’Itanguriro kivuga yuko Adamu yabayeho imyaka 930, Nowa na we abaho 950. (Itanguriro 5:5; 9:29) Ubwo vy’ukuri abantu boba bararamvye kugeza iyo? Mbega twoba dushobora kubaho n’igihe kiruta ico, kumbure ibihe bidahera? Tugusavye ngo usuzume ikimenyamenya c’ivyo mu kiganiro gikurikira.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika