ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w99 1/1 rup. 3-5
  • Imfashanyo Nyayo ku Muryango

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imfashanyo Nyayo ku Muryango
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukwirinda Kwahukana
  • Mu Gihe Abubakanye Badasangiye Idini
  • Igihe Se w’Abana Afata Minenerwe Amabanga Ajejwe
  • Umutima Urangwa Amahoro
  • Abagenzi Babi
  • Hoba Hariho Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo?
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Uburyo bwo Gutunganirwa mu Rugo
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Umubano wo mu Rugo Uhimbara Imana
    Ni Ibiki Imana Idusaba?
  • Nimuzigame Amahoro mu Rugo Rwanyu
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
w99 1/1 rup. 3-5

Imfashanyo Nyayo ku Muryango

“Ntitwoba tubeshe tuvuze ko umuryango ugeze ahatemba muri Amerika. Nta kindi ciyumviro umuntu yoshobora gushikako aravye ingo zahukana uko zingana, akaraba ibitigiri vy’abana b’ishushu, [hamwe n’]abantu basindira abana babo n’abo bubakanye.”

AYO majambo yavuzwe n’umushikirizamakuru wo kuri televiziyo yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Tom Brokaw, arahuye n’ukuntu ibintu bimeze mu bihugu vyinshi. None iyo ngorane y’imiryango isigura iki?

Mu buryo bwinshi, umuryango ni wo ikibano c’abantu gihagazeko. Iyo imiryango imerewe nabi, n’ikibano kiba kimerewe nabi. Vyongeye, umuryango ni wo ubumbatira abana kandi ukabatunga. Ni ho batangura kuronkera ivyigwa bihambaye cane kuruta vyerekeye ubuzima. None niba umuryango uri mu ngorane, abana bariko biga iki? Mbega none ugutekanirwa kwabo kuri hehe? Mbega nibakura bazoba abantu bameze gute?

Hoba hari ikintu cofasha ingo muri iki gihe c’amakuba? Ego kiriho. Umuryango ni urwego Imana ubwayo yashinze. (Itanguriro 1:27, 28) Mw’Ijambo ryayo Bibiliya, yaranatanze inyobozo za nkenerwa zigenga umuryango. (Ab’i Kolosayi 3:18-21) Ego niko, ntidushobora guhindura ikibano cose uko kingana, mugabo turashobora gukurikiza impanuro ya Bibiliya mu rugo rwacu. Twashaka kukubwira ivyerekeye abantu bamwebamwe babigize, n’ingaruka nziza baharonkeye.

Ukwirinda Kwahukana

Mu bihugu bitari bike, nka 50 mu mibano y’abubatse yose irateba igasambuka. Iyo ni ingorane ikwiye henshi mu mibano y’abantu! Ego niko, benshi mu bo usanga basigaranye urugo ari umuvyeyi umwe wenyene, bakora igikorwa kitoroshe co kurera abana babo. Ariko abatari bake ntibobura kwemera yuko birushiriza kuba vyiza igihe umugabo n’umugore bashoboye gutunganya ingorane zabo hanyuma bakagumana.

Hari umubano w’umugabo n’umugore mu mazinga ya Salomo wari werekeje ku makuba. Umunega, uwari umuhungu w’umutware umwe waho, yari inkazi kandi akaba yari afise ingeso mbi nyinshi. Umukenyezi wiwe ubuzima bwari bwamubereye amananiza gushika n’aho arondera kwiyahura. Maze umunega aremera kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Yarize yuko umuntu wese ashaka guhimbara Imana adategerezwa kumenya gusa ikibi ico arico, ariko kandi ko ategerezwa ‘kwanka ikibi.’ (Zaburi 97:10) Ivyo birimwo ukwanka ibintu nk’ukubesha, ukwiba, ubukazi, hamwe n’akaborerwe. Ivyo yarabishize ku muzirikanyi hanyuma bidatevye aratsinda ingeso mbi ziwe hamwe n’ugukara kwiwe. Umukenyezi wiwe yaratangajwe n’iryo hinduka, hanyuma umubano wabo uramera neza cane kuruta, babikesheje akosho k’Ijambo ry’Imana.

Muri Afirika y’Epfo, hari Icabona ca Yehova w’umugore yumvise ko umukoreshakazi wiwe hamwe n’umunega w’uno bariko biyumvira kwahukana. Nya Cabona yaraganiriye na nya mukoreshakazi wiwe ivyerekeye ukuntu Imana ibona umubano w’abubatse, yongera amwereka igitabu c’umutwe uvuga ngo Le secret du bonheur familial (Akabanga k’Ukuronka Ubuhirwe mu Rugo). Ico gitabu casohowe n’Ivyabona vya Yehova kirerekana ingingo za Bibiliya zigenga umubano w’abubatse, kigashimika canecane ku kuntu Bibiliya ifasha umugabo n’umugore gutorera umuti ingorane. Uwo mukoreshakazi hamwe n’umunega wiwe bompi barasomye ico gitabu hanyuma bagerageza gushira mu ngiro ata buryarya impanuro za Bibiliya cerekana. Ivyo vyatumye bafata ingingo yo kutahukana—uwo muryango na wo nyene uba urarokotse ubikesheje ugukurikiza ingingo za Bibiliya.

Mu Gihe Abubakanye Badasangiye Idini

Vyogenda gute mu mubano aho usanga abubakanye badasangiye idini? Bibiliya iraha Abakirisu impanuro ivugisha ikuri, y’uko bakwiye kurongora ‘mu Mwami gusa.’ (1 Ab’i Korinto 7:39) Mugabo rimwe na rimwe hari igihe umwe mu bubakanye ahindura idini. None ivyo vyotegerezwa guca bituma bahagarika umubano wabo? Ihibambewe!

Muri Botswana, hari umugore yari aherutse kuba Icabona ca Yehova babajije ukuntu iyo dini yiwe nshasha yamuhinduye. Yasavye umunega wiwe kumwishurira, nya mugabo avuga ibi: “Kuva aho umugore wanje abereye Icabona ca Yehova, mbona yarahindutse akagira ibintu vyinshi vyiza. Ubu asigaye ari n’akaguvu atari afise gatuma atekana, karangwa ubukerebutsi. Yaragize inguvu n’ukujijuka arahagarika kunywa itabi, rikaba ari ikosa ribi n’ubu jewe ryananiye guheba. Umukenyezi wanje ubu urukundo n’igishika adufitiye twe n’abana banje hamwe n’abandi nyene, vyarongerekanye. Yarongereje ukutinubana, canecane mu buryo afata abana. Ndamubona amara umwanya mu gikenurwa ciwe, akagerageza gufasha abandi gutuma ubuzima bwabo buba bwiza kuruta. Nariboneye kandi amahinduka meza muri jewe. Ndemera ko ivyo vyose tubikesha akarorero keza atanga.” Urumva ga ntuze ukuntu ingingo za Bibiliya zamye ivyiza muri uwo mubano! Hariho abantu benshi batari Ivyabona bavuze amajambo ameze nk’ayo ku vyerekeye abo bubakanye b’Ivyabona.

Igihe Se w’Abana Afata Minenerwe Amabanga Ajejwe

Ubucuti buri hagati ya se w’abana n’abana biwe ni iremezo ryo kwubaka ingo zikomeye. Intumwa Paulo yatanze iyi mpanuro: “Namwe ba se, ntimukaratse abana banyu, ariko mubarere, mubahana mubahanūra, uk[o Yehova] agomba.” (Abanyefeso 6:4) Bitangaje buhoro rero kuba ikiganiro kimwe co mu kinyamakuru The Wilson Quarterly cashize ingorane nyinshi ziba mu kibano kuri ba se w’abana batarangura uruhara bajejwe. Ico kiganiro cavuze giti: “Hagati y’umwaka w’1960 n’1990, igitigiri c’abana babaho batari kumwe na ba se babavyaye carongerekanye akarenga kabiri . . . Ukwinyusha uruhara ba se w’abana bajejwe, ni ikintu nyamukuru gitera nyinshi mu ngorane zibabaje kuruta kandi zibica bigacika mu kibano c’Abanyamerika.”

Ivyo vyoba none bisigura yuko abana batayoborwa na ba se bagenewe gupfa rubi? Oya. Kera Umwanditsi wa Zaburi yavuze ati: “N’iyo data na mama bonta, [Yehova, NW] azonyitorera.” (Zaburi 27:10) Hari umuhungu w’imyaka icenda wo muri Tayilande yasanze ivyo ari ivy’ukuri. Yabuze nyina akiri uruhinja, hanyuma bitumwe n’uko se atamushaka, yamusize kwa inakuru. Kubera ko uwo muhungu yiyumvamwo ko batamushaka kandi batamukunda, yagize umutima w’ukugarariza, asigara azwi ko ari umusinzi. Na inakuru ntiyamuvugana. Aho abamamazanjili babiri b’igihe cose b’Ivyabona vya Yehova baboneye ko kenshi uwo muhungu akunda guhagarara hanze y’Ingoro y’Ubwami yaho, umusi umwe baramutumiye mu nzu iwabo.

Baramubwiye ivyerekeye Imana, yuko Imana ikunda abana bayo nk’umuvyeyi. Baranavuze ivyerekeye Iparadizo izoba kw’isi, iyo Imana yasezeranye ku bantu b’abizerwa. (Ivyahishuriwe 21:3, 4) Ivyo vyose vyarashimishije uwo muhungu, kandi yagiye aragaruka imisi yose kwiga n’ibindi. Ivyo Vyabonakazi bamubwiye yuko yobwirijwe guhagarika kuba umusinzi niba ashaka vy’ukuri ko Imana imubera Umuvyeyi. Ivyo vyari bihuye n’amajambo Paulo yabwiye Abaroma ati: “Namba bishoboka, mu ruhande rwanyu, mwuzure n’abantu bose.” (Abaroma 12:18) Yobwirijwe kandi kubana neza na inakuru. (1 Timoteyo 5:1, 2) Ntiyatevye gushira mu ngiro ingingo za Bibiliya, kandi ntivyabuze kuryohora cane ukuntu yari abanye na inakuru. (Ab’i Galatiya 5:22, 23) Ababanyi baratangajwe cane n’amahinduka babonye kuri uwo muhungu, gushika aho bashaka ko abana babo bigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova!

Umutima Urangwa Amahoro

Intumwa Paulo yandikiye ab’i Kolosayi ati: “Mwambare urukundo, ni rwo mugozi [wunga ubumwe, NW]. Kand’amahoro ya Kristo aganze mu mitima yanyu.” (Ab’i Kolosayi 3:14, 15) Umutima urangwa amahoro hamwe n’urukundo ruvuye ku mutima ntibishobora kunanirwa kwunga umuryango. Vyongeye, birashobora kurandura amacakubiri aba yarawatsemwo indaro. Rukia, uwuba muri Alubaniya, yamaze imyaka 17 atavugana na musazawe biturutse ku kutumvikana kwo mu muryango. Igihe yigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, yaramenye ko umusavyi w’Imana wese asabwa kuremesha amahoro mu bandi. “[N]arondere amahoro, ayakurikire.”—1 Petero 3:11.

Rukia yasanze akwiye kurondera kugiranira amahoro na musazawe. Yamaze ijoro ryose asenga, hanyuma aja ku nzu ya musazawe umutima udidagizwa. Umusengezana wa Rukia yarakinguruye urugi, hanyuma abaza atangaye ati: “Aha uriko ukora iki?” Rukia yasabanye ubwitonzi ko yobonana na musazawe, asigura yuko ashaka ko bagiranira amahoro. Ivyo yabitumwe n’iki? Yabitumwe n’uko yari yabonye ko ari vyo Imana ishaka. Musazawe yaravyemeye, hanyuma mu kwongera kwunga ubumwe bagwana mu nda batibagura amosozi y’umunezero—uwo muryango wongera kwunga ubumwe ubihawe n’uko ingingo za Bibiliya zari zikurikijwe.

Abagenzi Babi

“Muri iki gihe, umwana agereranye amara amasaha indwi ku musi ariko araraba televiziyo. Ahejeje amashure y’intango aba amaze kubona abicanyi ibihumbi umunani hamwe n’ibikorwa vy’ubukozi bw’ikibi bishika ibihumbi ijana.” Ivyo bivugwa n’igitabu kimwe kivuga ivyotuma umuryango utunganirwa cane, The 7 Habits of Highly Effective Families. None ukuraba ibintu nk’ivyo bikora iki ku mwana? Kuri ico kibazo abitwa “abahinga” bavyo ubwabo ntibumvikana, mugabo Bibiliya iratugabisha ishimitse ku vyerekeye abagenzi babi. Ivuga nk’akarorero iti: “Ūcudika n’ibipfu azokomereka.” (Imigani 13:20) Ivuga kandi iti: “Kubana n’ababi kwonona ingeso nziza.” (1 Ab’i Korinto 15:33) Ubuzima bwo mu rugo burashobora kurushiriza kumera neza mu gihe tubona iyo ngingo ko ari iy’ukuri, abo bagenzi babi baba abantu canke ibiganiro vyo kuri televiziyo.

Hari nyina w’abana umwe wo muri Luxembourg yariko yigana Bibiliya n’Icabona ca Yehova. Umusi umwe abwira ico Cabona yuko ku migoroba abakobwa biwe babiri, umwe w’imyaka indwi uwundi umunani, bama mu maruru kandi bagasinda. Ico Cabona yamubajije ico abo bakobwa bakora ku migoroba. Uwo nyina wabo yavuze ko baraba televiziyo igihe ariko arasukura igikoni. Baraba ibiganiro bimeze gute? Uwo muvyeyi yishuye ati: “Urumva, ni ibiganiro nyene bimwe vy’amashusho agendagenda.” Aho uyo mushitsi wiwe avugiye ko ibiganiro mwene ivyo kenshi biba birimwo ubukazi, nyina wa nya bakobwa yaciye asezerana ko azoza arabigenzura.

Bwapfuye guca rimwe uwo nyina wabo aca avuga yuko yatewe ikinya no kubona amashusho abakobwa biwe baraba. Yarimwo ibisizimwe abantu biremaremeye ngo biva kure mu kirere, aho biciye bikagenda bitema ibintu bitongora. Yarasiguriye abakobwa biwe yuko Yehova yanka ubukazi n’uko adahimbarwa igihe turaba ubukozi bw’ikibi mwene ubwo. (Zaburi 11:5) Kubera ko abo bakobwa bashaka guhimbara Yehova, baremeye kuza baragira utwo bishushaniriza n’utwo bacapa aho kuraba televiziyo. Bidatevye, inyifato yabo y’ugusinda yarahindutse, maze muri urwo rugo haramera neza kuruta.

Utwo ni uturorero dukeyi gusa twerekana yuko ugukurikiza ingingo za Bibiliya bishobora gutunganya ubuzima bwo mu rugo. Impanuro itangwa na Bibiliya ntaco isiga inyuma. Ivuga ibintu vy’ukuri kandi ikaba igira ububasha bwo gutuma umuntu akora iciza. (Abaheburayo 4:12) Igihe abantu bize Bibiliya kandi bakagerageza gushira mu ngiro ico ivuga bimwe bitagiramwo uburyarya, imiryango irakomezwa, kamere z’abantu zikarushiriza kumera neza, bakirinda n’amakosa. Niyo umwe wenyene mu bagize urugo ari we akurikiye impanuro y’Imana, ibintu biramera neza kuruta. Vy’ukuri, mu mice yose y’ubuzima, dukwiye kubona Ijambo ry’Imana nka kumwe kw’umwanditsi wa Zaburi yanditse ati: “Ijambo ryawe n’itara rimurikira ibirenge vyanje, n’umuco umurikira mu nzira yanje.”—Zaburi 119:105.

[Ifoto ku rup. 5]

Ingorane z’umuryango zihora zija mu buryo igihe abawugize bose bagerageje vy’ukuri gukurikiza ingingo za Bibiliya

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika