ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w99 1/1 rup. 6-11
  • Ubukiriro Buva Kuri Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubukiriro Buva Kuri Yehova
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Yehova Arakiza Umugororotsi
  • Yehova Arokora Abasavyi Biwe Akabakiza Ababahahaza
  • Imana Irarokora Abayizigira
  • Yehova Arakiza Intadohoka
  • Yehova Nantaryo Arakiza Abasavyi Biwe
  • Ubukiriro Bujana mu Buzima Budahera
  • Nutume “Ukwizigira Ubukiriro” Kwawe Kuguma Gukayangana!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Ubukiriro ni iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • “Hagarare mushikamye, mubone ubukiriro bwa Yehova”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Nugire Ukumenyesha Icese ngo Uronke Agakiza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
w99 1/1 rup. 6-11

Ubukiriro Buva Kuri Yehova

“Imana y’ukuri itubera Imana y’ibikorwa vyo gukiza.”—ZABURI 68:20, NW.

1, 2. (a) Ni kuki dushobora kuvuga yuko Yehova ari we Soko ry’ubukiriro? (b) Woshobora gusigura gute Imigani 21:31?

YEHOVA ni we Mukiza w’abantu bamukunda. (Yesaya 43:11) Wa Mwami rurangiranwa wa Isirayeli Dawidi ivyo yabimenyeye ku vyamushikiye ubwiwe, hanyuma araririmba n’umutima wiwe wose ati: “Ubukiriro buva kuri Yehova.” (Zaburi 3:8, NW) Umuhanuzi Yona yavuze amajambo nk’ayo nyene aho yatura isengesho ry’inkoramutima igihe yari mu nda ya rwa rufi runini.—Yona 2:9.

2 Wa muhungu wa Dawidi, Salomo, na we nyene yari azi ko Yehova ari we Soko ry’ubukiriro, kubera yuko yavuze ati: “Ifarasi itegurirwa umusi w’intambara, arik’[ubukiriro buva kuri Yehova, NW].” (Imigani 21:31) Mu Buseruko bwo Hagati ha kera, inka zararimishwa, indogoba zigatwara imizigo, abantu bakagendera ku nyumpu, ifarasi na zo zigakoreshwa mu ntambara. Ariko imbere yuko Abisirayeli binjira muri ca Gihugu c’Isezerano, Imana yabwirije yuko uwuzoba umwami wabo “[adakwiye kwironderera] amafarasi menshi.” (Gusubira mu Vyagezwe 17:16) Amafarasi y’intambara ntiyobaye akenewe kubera yuko Yehova yokijije abasavyi biwe.

3. Ni ibibazo ibihe bikwiriye ko tubirimbura?

3 Umukama Segaba Yehova ni “Imana y’ibikorwa vyo gukiza.” (Zaburi 68:20, NW) Ese ukuntu ari iciyumviro kiremesha! Ariko ni “ibikorwa vyo gukiza” ibihe Yehova yakoze? Kandi yakijije ba nde?

Yehova Arakiza Umugororotsi

4. Tuzi gute ko Yehova arokora abantu bamuyobokera?

4 Abakurikirana ingendo y’ukugororoka bose ari abakozi biyeguriye Imana barashobora kuronkera impumurizo mu majambo intumwa Petero yavuze agira ati: “[Yehova] arazi gukiza abamwubaha ibibagerageza, no kurinda abagabitanya bahanwa gushitsa ku musi w’amateka.” Mu gutanga ikimenyamenya c’ivyo, Petero yavuze yuko Imana “itāgiriye ikigongwe isi ya kera, arikw igakiza Nowa, umwigisha vy’ivyo kugororoka, hamwe n’abandi ndwi, aho yazana umwuzure kw isi y’abatayubaha.”—2 Petero 2:5, 9

5. Nowa yasukuye ari “umwigisha w’ivyo kugororoka” ibintu vyifashe gute?

5 Iyumvire nawe uri mu bintu bimeze nk’uko vyari mu misi ya Nowa. Abadayimoni biyambitse imibiri y’inyama bari kw’isi. Abakomoka kuri abo bamarayika b’abagarariji bagirira abantu ivy’ubunyamaswa, kandi ‘isi yuzuye ubukazi.’ (Itanguriro 6:1-12) Ariko rero, ntawushobora guhata Nowa ngo areke igikorwa ca Yehova. Ahubwo, Nowa ni “umwigisha w’ivyo kugororoka.” We hamwe n’umuryango wiwe barubaka ubwato, batagira na gato amazinda yuko ubukozi bw’ikibi buzorandurwa mu gihe cabo. Ukwizera kwa Nowa kuratsindisha iyo si. (Abaheburayo 11:7) Uko ibintu vyifashe muri iki gihe ni nk’uko vyari vyifashe mu misi ya Nowa, bikerekana ko iyi ari imisi y’iherezo y’ivy’iyi si mbi. (Matayo 24:37-39; 2 Timoteyo 3:1-5) Nka kumwe kwa Nowa rero, woba uzogaragaza ko uri umwizerwa mu kuba umwamamaji w’ivy’ukugororoka, ugakora ufatanije n’abasavyi b’Imana uko urindira ubukiriro buva kuri Yehova?

6. Muri 2 Petero 2:7, 8 hatanga gute igihinyuza c’uko Yehova akiza umugororotsi?

6 Petero aratanga ikindi kimenyamenya c’uko Yehova arokora umugororotsi. Iyo ntumwa ivuga iti: “[Imana yararokoye] Loti, umugororotsi, yababazwa cane n’ingeso z’isoni nke z’abatirinda—nk’uk’uyo mugororotsi, aho yaba muri bo, yagira akabonge uko bukeye mu mutima wiwe ugororoka kubg’ibikorwa vyabo vy’ubugarariji yabona, akumva.” (2 Petero 2:7, 8; Itanguriro 19:1-29) Ubuhumbu bwacitse uburyo bwo kubaho bw’abantu amamiliyoni muri iyi misi y’iherezo. Nka kumwe kwa Loti, woba ‘uterwa akabonge n’ukwisuka mu bikorwa vy’isoni nke’ kugirwa n’abantu benshi cane muri iki gihe? Niba bigutera akabonge, kandi niba uriko urakora ibigororotse, urashobora kuba mu bazokizwa na Yehova igihe ivy’iyi si mbi bizoherengeterezwa.

Yehova Arokora Abasavyi Biwe Akabakiza Ababahahaza

7. Ibintu Yehova yagiriye Abisirayeli mu Misiri bihinyuza gute ko arokora abasavyi biwe akabakura mu gahahazo?

7 Igihe cose iyi si ishaje izoba ikiriho, abasuku ba Yehova bazoshikirwa n’uruhamo be n’agahahazo k’abansi. Ariko barashobora kwizigira yuko Yehova azobarokora, kubera yuko yarokoye abasavyi biwe bari bahahajwe mu bihe vyahera. Dufate ko wari Umwisirayeli ahahazwa n’Abanyamisiri bo mu gihe ca Musa. (Kuvayo 1:1-14; 6:8) Imana itejeje Misiri icago ku kindi. (Kuvayo 8:5–10:29) Aho ca cago cica kigira cumi gitikirije imfura z’Abanyamisiri, Farawo ararekura Isirayeli ngo igende, ariko mu nyuma akorakoranya ingabo ziwe maze akaboma inyuma. Ariko haciye igihe gito, we n’ingabo ziwe batikirizwa mu Kiyaga Gitukura. (Kuvayo 14:23-28) Wifatanije na Musa be na Isirayeli yose muri uru ruririmbo rugira ruti: “[Yehova] n’intōre mu ntambara, [Yehova] ni ryo zina ryiwe. Imikogote ya Farawo n’ingabo ziwe yabinuze mu kiyaga, ababisha biwe b’intorwa badobeye mu Kiyaga Gitukura. Amazi yo mw idamba arabarengeye, barokeye i bgina nk’ibuye.” (Kuvayo 15:3-5) Agatikizo nk’ako kararindiriye abo bose bahahaza abasavyi b’Imana muri iyi misi y’iherezo.

8, 9. Ufatiye ku gitabu c’abacamanza, tanga akarorero gahinyuza yuko Yehova akiza abasavyi biwe akabakura mu vyara vy’ababahahaza.

8 Inyuma y’aho Abisirayeli bamariye kwinjira mu Gihugu c’Isezerano, abacamanza baramaze imyaka n’iyindi ari bo baraba ivy’imanza muri bo. Abanyagihugu rimwe na rimwe baracumukura mu guhahazwa n’abanyamahanga, yamara Imana yarakoresha abacamanza b’abizerwa mu kubarokora. Naho natwe dushobora nk’ukwo nyene ‘kunihishwa n’abaduhahaza bakaducuranguza,’ Yehova azoturokora natwe kubera ko turi abasuku biwe b’intadohoka. (Abacamanza 2:16-18; 3:9, 15) Kukaba nkako, igitabu ca Bibiliya c’Abacamanza kiradukura amakenga ko Imana izobigira n’uko izodukiza mu buryo buhambaye kuruta biciye ku Mucamanza yagenye, Yezu Kirisitu.

9 Reka dusubire inyuma ku misi y’Umucamanza Baraki. Kubera ko Abisirayeli bagiye mu vy’ugusenga kw’ikinyoma hanyuma Yehova akabata, bamaze imyaka 20 batwazwa umukazo n’Umwami w’Umunyakanani Yabina. Sisera ni we ntwazangabo w’ingabo indiri z’Abanyakanani. Mugabo, ‘nta nkinzo canke icumu bishobora kuboneka mu Bisirayeli naho boba ibihumbi mirongwine,’ naho ico gihugu gishobora kuba kirimwo abantu imiliyoni zine. (Abacamanza 5:6-8) Maze Abisirayeli barihana, baratakambira Yehova. Nk’uko bibwirijwe n’Imana biciye ku muhanuzikazi Debora, Baraki akoranya ingabo 10 000 ku Musozi Tabora, maze Yehova akwegakwegera umwansi mu mwonga, munsi y’uwo musozi Tabora uhanamye. Amasinzi y’ingabo za Sisera be n’imikogote y’indwano 900, bizanana akaruru kenshi biciye mu kiyaya be no mu ruzi Kishoni rwari rwakamye. Ariko imvura y’isegenya y’agatangaza itumye Kishoni rwuzura ruraniha. Mu gihe Baraki n’ingabo ziwe bariko baramanuka Umusozi Tabora bikinze iyo mvura y’isegenya, bibonera agatikizo gatewe n’ubushangashirwe bwa Yehova. Ingabo za Baraki zigarika abo Banyakanani batekewe n’ubwoba bariko barahunga, ntihagira n’uwa kirazira abacika. Ese ukuntu ari imburizi ku baduhahaza bibwira ko boba barwanije Imana!—Abacamanza 4:3-16; 5:19-22.

10. Ni kuki dushobora kwemera tudakeka yuko Imana izorokora abasuku bayo bo mu gihe ca none mu minwe y’ababahahaza?

10 Yehova azokiza abasuku biwe bo mu gihe ca none abakure mu vyara vy’abansi babo bose babahahaza, nk’uko nyene yakijije Isirayeli yubaha Imana, mu bihe vy’amakuba. (Yesaya 43:3; Yeremiya 14:8) Imana yararokoye Dawidi “[i]mukura mu maboko y’abansi biwe bose.” (2 Samweli 22:1-3) Naho rero twoba duhahazwa canke ngo duhamwe duhorwa ko turi abasavyi ba Yehova, nimuze tube abarindutsi, kubera yuko Umwami Mesiya wiwe azotubohora akadukura mu gahahazo. Egome, ‘ubugingo bw’abakene azobukiza, azobacungura, abakize agahahazo n’umuryano.’ (Zaburi 72:13, 14) Ukwo gucungurwa vy’ukuri kuregereje.

Imana Irarokora Abayizigira

11. Ka gahungu Dawidi katanze akarorero akahe k’ukwiheka kuri Yehova?

11 Kugira tubone ubukiriro buva kuri Yehova, dutegerezwa kumwizigira tudatinya. Dawidi yaragaragaje ko yiheka ku Mana adatinya igihe yaja guhangana na ca kigatanya Goliyati. Niwiyumvire uwo Mufilisitiya agereza hejuru ahagaze imbere y’agahungu Dawidi, akasemereye kagira gati: “Uje kundwanya ufise inkota n’icumu n’agakobero, ariko jewe nje kukurwanya mw izina ry[a Yehova] Nyen’ingabo, Imana y’ingabo z’Abisirayeli wacōkōye. Uyu musi [Yehova] arakugabuye mu maboko yanje; ngira nkwice, nguce izosi; kand’imivyimba y’ingabo z’Abafilisitiya ngira ndayigaburire ibisīga vyo mu kirēre n’ibikōko vyo mw ishamba, kugira ngw isi yose imenye ko mu Bisirayeli har’Imana; kand’iri koraniro ryose rimenye yuk[o Yehova] adakirisha inkota cank’icumu, kukw’intambara ari’iy[a Yehova].” Goliyati ntiyatevye gupfa, kandi Abafilisitiya baraneshwa. Biragaragara ko Yehova akiza abasavyi biwe.—1 Samweli 17:45-54.

12. Ni kuki umuntu yibutse ivya wa muhizi wa Dawidi Eleyazari bishobora kumufasha?

12 Igihe duhanganye n’abaturwanya, dushobora kuba dukeneye ‘kurema’ no kurushiriza kwizigira Imana tugaherezako. (Yesaya 46:8-13, NW; Imigani 3:5, 6) Raba iki kintu cabereye ahantu hitwa Pasi-damimu. Isirayeli irakuye meza imbere y’ingabo z’Abafilisitiya. Ariko Eleyazari, umwe mu bahizi batatu rurangiranwa ba Dawidi ntatekerwa n’ubwoba. Ahagaze mu murima wa sayiri maze yicisha inkota Abafilisitiya akoresheje ukuboko kumwe. Gutyo, ‘Yehova atanga intsinzi ikomeye, arakiza Isirayeli.’ (1 Ngoma 11:12-14; 2 Samweli 23:9, 10) Nta n’umwe yiteze yuko twonesha intwaramiheto dukoresheje ukuboko kumwe. Ariko rero turashobora rimwe na rimwe kuba turi twenyene hanyuma tugashirwako umukazo n’abansi. Dukoresheje isengesho, twoba tuzokwiheka kuri Yehova ya Mana y’ibikorwa vyo gukiza? Twoba tuzorondera ko adufasha kugira ngo twirinde guta abo dusangiye ukwizera mu maboko y’abaduhama?

Yehova Arakiza Intadohoka

13. Ni kuki vyari bigoye kuguma umuntu ari intadohoka ku Mana muri bwa bwami bwa Isirayeli bwari bugizwe n’imiryango cumi?

13 Kugira ngo Yehova adukize, dutegerezwa kuguma turi intadohoka kuri we naho vyogenda gute. Abasavyi b’Imana bo mu bihe vya kera barashikiwe n’ibigeragezo binyuranye. Niwiyumvire ivyo wari guhangana na vyo iyo uba warabaye muri bwa bwami bugizwe n’imiryango cumi bwa Isirayeli. Ugutwaza umukazo kwa Rehobowamu kwaratumye ya miryango cumi yiyonkora irareka kumushigikira hanyuma ishinga bwa bwami bwo mu buraruko bwa Isirayeli. (2 Ngoma 10:16, 17; 11:13, 14) Mu bami babwo benshi, Yehu yari umwami mwiza kuruta, ariko na wene ‘ntiyagendeye mu vyagezwe vya Yehova n’umutima wiwe wose.’ (2 Abami 10:30, 31) Naho ari ukwo, bwa bwami bugizwe n’imiryango cumi bwari bufise abantu bama ari intadohoka. (1 Abami 19:18) Baragaragaje ukwizera Imana, na yo iragaragaza ko iri kumwe na bo. Naho hoba hari ibigerageza ukwizera kwawe, woba uguma uri intadohoka kuri Yehova?

14. Yehova yashikije ubukiriro ubuhe mu misi y’Umwami Hezekiya, kandi ni ibiki vyatumye Abanyababiloni batsinda Ubuyuda?

14 Ukutubaha Ivyagezwe vy’Imana kwari gukwiye hose kwarakwegeye akaga bwa bwami bwa Isirayeli. Igihe Abanyasiriya babwigarurira mu 740 B.G.C., abantu baturuka mu miryango cumi yabwo bategerezwa kuba barahungiye mu bwami bw’i Buyuda bugizwe n’imiryango ibiri, aho bashobora gusenga Yehova ku rusengero rwiwe. Bane mu bami 19 b’i Buyuda bakomoka kuri Dawidi—ni ukuvuga Asa, Yehoshafati, Hezekiya, na Yosiya—babaye rurangiranwa mu kuyobokera Imana. Mu misi ya ya ntadohoka Hezekiya, Abanyasiriya baraje gutera Ubuyuda bazanye ingabo zikomeye. Mu kwishura ugutakamba kwa Hezekiya, Imana yakoresheje umumarayika umwe rudende mu kwica Abanyasiriya 185 000 mw’ijoro rimwe gusa, gutyo iba ihaye ubukiriro abayisenga! (Yesaya 37:36-38) Mu nyuma, ukuba abanyagihugu barananiwe gukurikiza Ivyagezwe no kwumvira imburizi z’abahanuzi b’Imana vyatumye Abanyababiloni batsinda Ubuyuda bongera barasangangura umugwa mukuru wabwo Yeruzalemu be n’urusengero, mu 607 B.G.C.

15. Ni kuki Abayuda bari mu bunyagano i Babiloni bari bakeneye kwihangana, kandi amaherezo Yehova yarokoye abantu gute?

15 Abayahudi bari mu bunyagano bari bakeneye kwihangana kugira ngo bagume ari intadohoka ku Mana mu gihe c’imyaka nka 70 igoye bamaze bari mu bunyagano i Babiloni. (Zaburi 137:1-6) Umuntu umwe yibonekeje mu kuba intadohoka yari umuhanuzi Daniyeli. (Daniyeli 1:1-7; 9:1-3) Iyumvire umunezero yari afise igihe iryo Umwami Kuro w’Umuperesi yari yaravumereye ryashirwa mu ngiro mu 537 B.G.C., bigaha Abayuda uburenganzira bwo gusubira i Buyuda kwongera kwubaka urusengero! (Ezira 1:1-4) Daniyeli be n’abandi bari barihanganye imyaka n’iyindi, ariko amaherezo barabonye itembagazwa rya Babiloni be n’ibohozwa ry’abasavyi ba Yehova. Ivyo bikwiye kudufasha kugaragaza ukwihangana mu gihe turindiriye isangangurwa rya “Babuloni Hahambaye,” ya ngaji y’isi yose y’idini y’ikinyoma.—Ivyahishuriwe 18:1-5.

Yehova Nantaryo Arakiza Abasavyi Biwe

16. Imana yakijije abantu gute mu misi y’Umwamikazi Esiteri?

16 Yehova nantaryo arakiza abasavyi biwe igihe ari abizerwa kw’izina ryiwe. (1 Samweli 12:22; Yesaya 43:10-12) Nitwiyumvire ivyabaye mu misi y’Umwamikazi Esiteri—mu kinjana ca gatanu B.G.C. Umwami Ahasuwerusi (Xersès wa I) yari yagenye Hamani ngo abe umushikiranganji wa mbere. Hamani ishavu ryaramuriye kubera ko Umuyuda Moridekayi yanse kumukubitira inkoro hasi, agira umugambi wo kumurandurana n’Abayuda bose bari mu Ngaji y’Abaperesi. Yavuga ko batitondera amategeko, yongera agashirukabute, hanyuma yemererwa gukoresha impeta y’umwami iriko ikidodo kugira ngo ashire ikidodo ku cete gitanga itegeko ryo kubatsemba. Esiteri n’uburindutsi n’akantu yarahishuriye Umwami ivy’uko yamuka mu Bayuda yongera arashira ku kabarore umugambi w’ubwicanyi wa Hamani. Ntibitevye, Hamani amanikwa ku giti nyene yari yateguye ngo cicirweko Moridekayi. Moridekayi agirwa umushikiranganji wa mbere, ahabwa n’uruhusha rwo guha Abayuda uburenganzira bwo kwivuna. Baranesheje cane abansi babo. (Esiteri 3:1–9:19) Ivyo bintu vyabaye bikwiye gukomeza ukwizera kwacu yuko Yehova azorangura ibikorwa vyo gukiza abasuku biwe bagamburuka bo mu gihe ca none.

17. Ubugamburutsi bwagize uruhara gute mu kurokoka kw’Abakirisu b’Abayuda bo mu kinjana ca mbere baba i Yudaya?

17 Iyindi mvo ituma Imana ikiza abasavyi bayo ni uko bayigamburukira bakongera bakagamburukira Umwana wayo. Niwishire mu kibanza c’abigishwa ba Yezu b’Abayuda bo mu kinjana ca mbere. Yababwiye ati: “Ni mwabona i Yerusalemu hakikijwe n’ibitero, muze mumenye yuk’ubuyobe bgaho bugira gushike. Ico gihe, abazoba bar’i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire.” (Luka 21:20-22) Imyaka n’iyindi irahera, ukibaza igihe ayo majambo azorangukira. Maze hadutse umugumuko w’Abayuda mu 66 G.C. Ingabo z’Abaroma zirongowe na Cestius Gallus zikikuje Yeruzalemu kandi ziratera gushika ku mpome z’urusengero. Bukwi na bukwi, Abaroma bariyonjoroye ata mvo igaragara ibibatumye. Mbega Abakirisu b’Abayuda bagiye gukora iki? Mu gitabu ciwe citwa Ecclesiastical History (Igitabu ca III, ikigabane ca V, 3), Eusèbe avuga yuko bahunze bava i Yeruzalemu n’i Yudaya. Bararokoye igufa kubera yuko bagamburutse imburizi menyeshakazoza ya Yezu. Woba nk’ukwo nyene wihutira gukurikiza ubuyobozi bwo mu Vyanditswe butangwa biciye kuri wa “mubgiriza w’umwizigirwa” yagenywe kugaba ivyo Yezu “afise” vyose?—Luka 12:42-44.

Ubukiriro Bujana mu Buzima Budahera

18, 19. (a) Ni ubuhe bukiriro urupfu rwa Yezu rwatumye bushoboka, kandi ku bwa bande? (b) Intumwa Paulo yari yiyemeje gukora iki?

18 Gukurikira imburizi ya Yezu vyararokoye ubuzima bw’Abakirisu b’Abayuda b’i Yudaya. Ariko urupfu rwa Yezu rutuma “abantu bose” bashobora gukira bakinjira mu buzima budashira. (1 Timoteyo 4:10) Abantu batanguye gukenera incungu igihe Adamu yacumura, gutyo aba yitakarije ubuzima kandi aba agurishije umuryango w’abantu mu buja bw’icaha n’urupfu. (Abaroma 5:12-19) Inkuka z’ibitungwa zatangwa mu gihe c’Ivyagezwe vya Musa kwari ugupfuka ivyaha ku rugero rutoyi gusa. (Abaheburayo 10:1-4) Kubera ko Yezu atari afise se w’umuntu kandi bikaba bigaragara yuko impwemu yera y’Imana ‘yatwikiriye’ Mariya kuva igihe yasamiye gushika kw’ivuka rya Yezu, yavutse ata gicumuro canke agasembwa arazwe. (Luka 1:35; Yohana 1:29; 1 Petero 1:18, 19) Aho Yezu apfiriye ari intadohoka atagira agasembwa, yari atanze ubuzima bwiwe bwite butagira agasembwa kugira asubire kugura no kubohoza umuryango w’abantu. (Abaheburayo 2:14, 15) Gutyo Yezu “yitanze kw incungu [ikwiriye] ya bose.” (1 Timoteyo 2:5, 6) Si bose bazokwungukira kuri iyo ntunganyo y’ivy’ubukiriro, ariko Imana iremera yuko ivyiza biva kuri iyo ncungu bikora ku bayemera bafise ukwizera.

19 Igihe Kirisitu yashikiririza Imana mw’ijuru agaciro k’inkuka y’incungu yatanze, yari yongeye kugura abakomoka kuri Adamu. (Abaheburayo 9:24) Yezu aba rero atsindiye umugeni, uwugizwe n’abayoboke biwe basizwe 144 000 baduzwa mu buzima bw’ijuru. (Abanyefeso 5:25-27; Ivyahishuriwe 14:3, 4; 21:9) Yacitse kandi ‘Se Ahoraho’ w’abemera bose inkuka yatanze kandi bakaronka ubuzima budahera bwo kw’isi. (Yesaya 9:6, 7; 1 Yohana 2:1, 2) Ese ukuntu ari intunganyo iranga urukundo! Ukuyikenguruka kwa Paulo kugaragarira mw’ikete ryiwe ryahumetswe rya kabiri yandikiye Abakirisu b’i Korinto, nk’uko ikiganiro gikurikira kivyerekana. Kukaba nkako, Paulo yari yiyemeje kutareka ngo hagire ikintu na kimwe kimubuza gufasha abantu kwungukira ku ntunganyo za Yehova z’akaroruhore, kugira ngo baronke ubukiriro bujana mu buzima budahera.

Wokwishura Ute?

◻ Ni igihinyuza ikihe co mu Vyanditswe c’uko Imana ikiza abasavyi bayo b’abagororotsi?

◻ Tuzi gute ko Yehova akiza abamwizigira kandi bakaguma ari intadohoka?

◻ Ni intunganyo iyihe Imana yagize ku bw’ubukiriro bujana mu buzima budahera?

[Ifoto ku rup. 8]

Dawidi yarizigiye Yehova ya ‘Mana y’ibikorwa vyo gukiza.’ Nawe woba umwizigiye?

[Ifoto ku rup. 10]

Yehova nantaryo arakiza abasavyi biwe, nk’uko yabigaragaje mu gihe c’Umwamikazi Esiteri

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika