Urama Wiyegereje Tewokarasi
“[Yehova n]i we mucamanza wacu; [Yehova] ni we adushingira ivyagezwe; [Yehova] ni we Mwami wacu.”—YESAYA 33:22.
1. Ni kuki ivy’intwaro ari ikibazo kiraje ishinga abantu benshi cane?
IKIBAZO cerekeye intwaro kiraraje ishinga cane abantu bose. Intwaro nziza izana amahoro n’ubusagambe. Bibiliya ivuga iti: “Umwami akomeresha igihugu [“ubutungane,” NW].” (Imigani 29:4) Mugabo rero intwaro mbi ituma haba akarenganyo, ukunyuruza n’agahotoro. “Iy’umunyakibi aganza, abantu baraniha.” (Imigani 29:2) Mu nkuru y’ivyabaye yose, abantu baragerageje ubwoko bwinshi bw’intwaro—ariko ikibabaje kenshi usanga ‘baniha’ kubera agahotoro k’ababatwara. (Umusiguzi 8:9) Hoba hazobaho intwaro izororanirwa mu kuzanira umunezero uramba abo itwara?
2. Ni kuki ijambo “tewokarasi” ridondora neza intwaro yatwara ab’Isirayeli ba kera?
2 Umutohozakahise Yozefe yaravuze ubwoko bumwe rudende bw’intwaro igihe yandika ati: “Ibisata bimwebimwe vy’abantu ububasha bwa rutura bw’ivya politike babushize mu minwe y’intwaro zifatiwe n’umuntu umwe, abandi babuha izifatiwe n’akarwi k’abantu bake, abandi na bo babuha abanyagihugu. Ariko rero umutangamategeko wacu [Musa] muri mwene ubwo butegetsi bwose nta na bumwe bwamureheje, ahubwo ibwirizwa-shingiro ryiwe yarihaye imero y’igishobora kwitwa ‘tewokarasi,’ duhase iryo jambo, ukugaba n’ukuganza hamwe n’ubukuru vyose abishira mu maboko y’Imana.” (Against Apion, II, 164-5) Dukurikije inyizamvugo yitwa Concise Oxford Dictionary, tewokarasi bisobanura “intwaro y’Imana.” Iryo jambo ntiriboneka muri Bibiliya, mugabo riradondora neza intwaro yatwara Abisirayeli ba kera. Naho Abisirayeli bahavuye bagira umwami w’umuntu, umutegetsi nya mutegetsi wabo yari Yehova. Yesaya umuhanuzi w’Umwisirayeli yavuze ati: “[Yehova n]i we mucamanza wacu; [Yehova] ni we adushingira ivyagezwe; [Yehova] ni we Mwami wacu.”—Yesaya 33:22.
Tewokarasi Nyakuri Imeze Gute?
3, 4. (a) Tewokarasi nyakuri ni iki? (b) Umusi umwe hatari kure, ni imihezagiro iyihe tewokarasi izozanira abantu bose?
3 Kuva aho Yozefe amariye gucura iryo jambo, hari ibibano vyinshi vyagiye bivugwa ko biganzwa na tewokarasi. Bimwe muri vyo vyabonetse yuko bigira ivy’ukwinuba abandi, bigapfa kugira ishaka ry’umurengera kandi bikagira agahotoro bimwe vya ruburakigongwe. Vyoba vyari ibigizwe na tewokarasi nyakuri? Inyishu ni oya dukurikije insobanuro Yozefe yakoreshejemwo iryo jambo. Ingorane ni uko insobanuro ya “tewokarasi” yaguwe. Igitabu World Book Encyclopedia kirisigura ko ari “intwaro aho igihugu gitegekwa n’umupadiri canke abapadiri, kandi muri co abagize igipadiri bakaba bafise ubukuru mu vy’igihugu no mu vy’idini.” Ariko tewokarasi nyakuri rero, si intwaro itwarwa n’abapadiri. Ni ubutegetsi bw’Imana vy’ukuri, intwaro itwarwa n’Umuremyi w’ijuru n’isi, Yehova Imana.
4 Umusi umwe hatari kure, isi yose izoba iganzwa na tewokarasi; ca wibaza ukuntu uzoba ari umuhezagiro! “Imana ubgayo izobana n[’abantu], izoba Imana yabo. Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize.” (Ivyahishuriwe 21:3, 4) Nta butegetsi na bumwe buhagarikiwe n’abaherezi, abantu b’abanyagasembwa, bwoshobora kuzana ubuhirwe mwene ubwo. Ubutegetsi bw’Imana ni bwo bwonyene bubishoboye. Ni co gituma Abakirisu b’ukuri batagerageza kwinjiza tewokarasi biciye mu vya politike. Barihangana bakarindira igihe Imana izoshiraho tewokarasi ikwiye isi yose mu gihe yo ubwayo yashinze no mu buryo yo ishaka.—Daniyeli 2:44.
5. Tewokarasi nyayo itwara hehe muri iki gihe, kandi ni ibibazo ibihe bivyuka kuri ico?
5 Mugabo mu kurindira, tewokarasi nyakuri iriho koko. Uti iri hehe? Iri mu bagamburukira ubutegetsi bw’Imana n’umutima ukunze, bagasenyera ku mugozi umwe mu gukora ivyo ishaka. Abizerwa mwene abo baratororokanijwe bagirwa “ihanga” ryo mu vy’umutima rikwiye kw’isi yose, mu “gihugu” caryo co mu vy’umutima. Ni abasigaye bo mu “Bisirayeli b’Imana” hamwe na bagenzi babo b’Abakirisu barenga imiliyoni zitanu n’igice. (Yesaya 66:8; Ab’i Galatiya 6:16) Abo barumvira Yezu Kirisitu, we Mwami wo mw’ijuru yimitswe na Yehova Imana, ‘Umwami w’ibihe bidashira.’ (1 Timoteyo 1:17; Ivyahishuriwe 11:15) None ni mu buryo ubuhe iryo shirahamwe ari irya gitewokarasi? Abaririmwo babona gute abakuru b’intwaro z’isi? Kandi abantu bafise ubukuru mu muryango wabo wo mu vy’umutima baguma bisunga gute ingingo y’ivya tewokarasi?
Ishirahamwe rya Gitewokarasi
6. Bishoboka bite ko ishirahamwe riboneka rigizwe n’abantu rishobora kuba ritegekwa n’Imana?
6 Bishoboka bite ko ishirahamwe rigizwe n’abantu riba iritegekwa na Yehova, uwuvyagiye mu majuru ataboneka? (Zaburi 103:19) Ni mu buryo bw’uko abifatanije na ryo bakurikira iyi mpanuro yahumetswe ivuga ngo: “Wizigize [Yehova] umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe.” (Imigani 2:6; 3:5) Barareka Imana ikabategeka uko bubahiriza “ivyagezwe vya Kristo” kandi mu buzima bwabo bwa misi yose bagakurikiza ingingo za Bibiliya zahumetswe. (Ab’i Galatiya 6:2; 1 Ab’i Korinto 9:21; 2 Timoteyo 3:16; raba Matayo 5:22, 28, 39; 6:24, 33; 7:12, 21.) Kugira ngo ivyo babishikeko, bategerezwa kuba abatohoji ba Bibiliya. (Zaburi 1:1-3) Nka kumwe kwa ba Banyaberoya ba kera “b’imico myiza,” ntibakurikira abantu, ahubwo baguma barabira muri Bibiliya ibintu bariko bariga. (Ivyakozwe 17:10, 11; Zaburi 119:33-36) Bifatanije n’umwanditsi wa Zaburi mu gusenga bati: “N’unyigishe guhitamwo neza no kumenya ubgenge; kuko nizeye amabgirizwa yawe.”—Zaburi 119:66.
7. Urutonde rw’ubucungezi rumeze gute muri tewokarasi?
7 Mw’ishirahamwe iryo ari ryo ryose, hategerezwa kubamwo abafise ubukuru canke batanga ubuyobozi. Mu Vyabona vya Yehova na ho nyene ni uko bimeze. Bakurikiza uru rutonde rw’ivy’ubukuru rwaciwe ku mayange n’intumwa Paulo ngo: ‘Umutwe w’umugabo wese ni Kristo, kandi umutwe w’umugore wese ni umugabo, kandi umutwe wa Kristo ni Imana.’ (1 Ab’i Korinto 11:3) Duhuje n’ivyo, abagabo bakwiza ibisabwa bonyene ni bo bakora bwa bakurambere mu mashengero. Kandi naho Yezu we ‘mutwe w’umugabo wese’ ari mw’ijuru, kw’isi haracariho “abasigaye” bo mu bavukanyi biwe basizwe, abafise icizigiro co gutegekana na we mw’ijuru. (Ivyahishuriwe 12:17; 20:6) Abo bagize wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.” Abakirisu barerekana ko bagamburukira Yezu, gutyo bakaba bagamburukiye Yehova we mutwe wa Yezu, mu kwemera ubucungezi bw’uwo “mushumba.” (Matayo 24:45-47, NW; 25:40) Muri ubwo buryo, tewokarasi iba irimwo urutonde. “Imana [si] iy’umuvurungano, ariko n’iy’amahoro.”—1 Ab’i Korinto 14:33.
8. Abakurambere b’Abakirisu bashigikira gute ingingo y’ivya tewokarasi?
8 Abakurambere b’Abakirisu barashigikira ingingo y’ivya tewokarasi kubera ko bemera yuko hari ico babazwa na Yehova ku kuntu bakoresha ubukuru bafise buri n’aho bugera. (Abaheburayo 13:17) Kandi mu gufata ingingo, bishimikiza ubwenge buva ku Mana, ntibishimikiza ubw’iwabo. Muri ivyo, barakurikira akarorero ka Yezu. Yari we muntu w’umunyabwenge aruta ababayeho bose. (Matayo 12:42) Yamara rero, yabwiye Abayuda ati: “Nta co Umwana ashobora kwigenera, atabonye Se agikora.” (Yohana 5:19) Abakurambere na bo nyene bafise agatima nka kamwe k’Umwami Dawidi. Yari afise ubukuru bukomeye muri tewokarasi. Yamara yarondera gukurikira inzira ya Yehova, si iyiwe bwite. Yasenze avuga ati: “Ndangira inzira yawe, [Yehova], undōngōre mu nzira y’umuharuro.”—Zaburi 27:11.
9. Ku biraba ivyizigiro bitandukanye hamwe n’uduteka dutandukanye two mu murimo muri tewokarasi, Abakirisu biyeguriye Imana babona ibintu gute mu buryo burimbanye?
9 Hari abasa n’abatemera ko vyoba bitaranga ubutungane kuba ubukuru mw’ishengero buhabwa abagabo bakwiza ibisabwa bonyene ntibuhabwe abagore babikwiza, canke kuba bamwe bafise icizigiro c’ijuru abandi bakaba bafise icizigiro co kuzoba kw’isi. (Zaburi 37:29; Ab’i Filipi 3:20) Ariko rero Abakirisu biyeguriye Imana baratahura yuko izo ndinganizo ari izivugwa mw’Ijambo ry’Imana. Bakurikira tewokarasi. Niba hari n’abatazemera, kenshi usanga ari abatemera ingingo za Bibiliya. Vyongeye, Abakirisu barazi yuko abagabo n’abagore bangana mu nyonga za Yehova ku biraba ukuronka ubukiriro. (Ab’i Galatiya 3:28) Ku Bakirisu nyakuri, kuba abasenga Segaba w’ijuru n’isi ni ko gateka gakomeye gusumba utundi gashoboka, kandi barahimbarwa no kurangura uruhara urwo ari rwo rwose Yehova abashinga. (Zaburi 31:23; 84:10; 1 Ab’i Korinto 12:12, 13, 18) Vyongeye, ubuzima budashira, bwaba ubwo mw’ijuru canke kw’isi y’iparadizo, ni icizigiro ciza igitangaza vy’ukuri.
10. (a) Ni umutima mwiza uwuhe Yonatani yerekanye? (b) Abakirisu muri iki gihe berekana gute umutima umeze nk’uwa Yonatani?
10 Gutyo rero Ivyabona vya Yehova basa na Yonatani, wa muhungu yatinya Imana w’Umwami Sauli. Yonatani bisa n’uko yari kuba umwami mwiza ntangere. Ariko rero, biturutse ku guhemuka kwa Sauli, Yehova yahisemwo Dawidi ngo abe umwami agira kabiri wa Isirayeli. Mbega Yonatani yoba yarahekenye imisaya kubera ico? Oya. Yabereye Dawidi umugenzi mwiza, aranamukingira Sauli. (1 Samweli 18:1; 20:1-42) Mu buryo nk’ubwo nyene, abafise icizigiro co kuba kw’isi ntibagirira ishari abafise icizigiro c’ijuru. Kandi Abakirisu b’ukuri ntibagirira ishari abafise ubukuru bwa gitewokarasi mw’ishengero. Ahubwo, “[barabubaha] rwose mu rukundo,” bagashima igikorwa bakorana ubwira ku neza y’abavukanyi n’abavukanyikazi babo bo mu vy’umutima.—1 Ab’i Tesalonike 5:12, 13.
Ukuntu Abakurikira Tewokarasi Babona Ubutegetsi bw’Abantu
11. Abakirisu bagamburukira ubutegetsi bwa gitewokarasi babona gute abakuru b’iyi si?
11 Niba Ivyabona vya Yehova bayobowe na tewokarasi, ari bwo butegetsi bw’Imana, babona gute none abategetsi b’ibihugu? Yezu yavuze ko abayoboke biwe batobaye “ab’isi.” (Yohana 17:16) Ariko rero, Abakirisu baremera ko hari umwenda bafitiye “Kayisari,” ni ukuvuga intwaro z’abantu. Yezu yavuze yuko ‘ivya Kayisari bakwiye kubiha Kayisari, ivy’Imana bakabiha Imana.’ (Matayo 22:21) Dukurikije Bibiliya, intwaro z’abantu ‘zashizwe mu bibanza bibayabaye zirimwo ku bw’Imana.’ Yehova, we Soko ry’ubukuru bwose, aretse ngo intwaro zibeho, kandi yiteze ko zikorera iciza abo zitwara. Iyo zibigenjeje gutyo, ziba ari “umukozi w’Imana.” Abakirisu baragamburukira intwaro y’igihugu babamwo “ku bg’ijwi [ryabo] ryo mu mutima.” (Abaroma 13:1-7) Birumvikana ko mu gihe Leta yosaba ikintu gihushanye n’itegeko ry’Imana, Umukirisu “[yo]kwumvira Imana kuyirutisha abantu.”—Ivyakozwe 5:29.
12. Igihe Abakirisu bahamwe n’abakuru, bakurikira akarorero ka nde?
12 None vyogenda gute mu gihe abategetsi bahamye Abakirisu b’ukuri? Ngaho baca bakurikira akarorero k’Abakirisu ba mbere, abihanganiye ibihe vy’uruhamo rukomeye. (Ivyakozwe 8:1; 13:50) Ivyo bigeragezo vy’ukwizera ntivyabaye ibintu batari biteze, kuko Yezu yari yarabuye yuko vyoje. (Matayo 5:10-12; Mariko 4:17) Yamara rero abo Bakirisu ba mbere ntibasubirije mu nkoko ababahama; eka mbere n’ukwizera kwabo ntikwagoyagoye igihe baba bari mu mukazo. Ahubwo riho, bakurikiye akarorero ka Yezu: “Yaratutswe, ntiyabasubiza; yarababajwe, ntiyabahigira; ariko yiha Īdaca urwa nkunzi.” (1 Petero 2:21-23) Emwe, ingingo Abakirisu bagenderako zaratsinze agasomborotso ka Shetani.—Abaroma 12:21.
13. Ivyabona vya Yehova bifata gute ku vy’uruhamo no ku vy’amasekeza agirwa yo kubambika ibara?
13 Ni na ko bimeze n’uyu musi. Muri iki kinjana, Ivyabona vya Yehova baracumukuriye bimwe bibi mu minwe y’abategetsi b’abanyagahahazo—nk’uko nyene Yezu yari yarabivuze. (Matayo 24:9, 13) Mu bihugu bimwebimwe harakwiragizwa amajambo y’ibinyoma n’ayavuga Ivyabona uko batari, agakwiragizwa n’abagerageza gusunika abakuru ngo bagirire nabi abo Bakirisu b’inziraburyarya. Mugabo, Ivyabona naho ‘bagirirwa nabi’ gutyo, barerekana ko ari abakozi b’Imana mu kwigenza neza. (2 Ab’i Korinto 6:4, 8) Igihe bishoboka, barashikana ivyabo imbere y’abakuru n’imbere y’amasentare ya nya gihugu kugira ngo berekane ko ata kibi kibagira. Barakoresha uburyo bwose bafise kugira ngo baburanire icese inkuru nziza. (Ab’i Filipi 1:7) Ariko iyo bamaze gukora ivyo bashoboye vyose batarenze amategeko, barekera ibintu mu minwe ya Yehova. (Zaburi 5:8-12; Imigani 20:22) Igihe bikenewe, nka kumwe kw’Abakirisu ba mbere, ntibatinya gucumukura ku bw’ubugororotsi.—1 Petero 3:14-17; 4:12-14, 16.
Nushire Imbere Ukuninahaza Imana
14, 15. (a) Ikintu gishirwa imbere ni ikihe ku bashigikira ingingo y’ivya tewokarasi? (b) Ni ryari Salomo yatanze akarorero keza k’ukwicisha bugufi mu kibanza yarimwo c’ubucungezi?
14 Igihe Yezu yigisha abayoboke biwe gusenga, ikintu ca mbere yavuze kwari ukweza izina rya Yehova. (Matayo 6:9) Duhuje n’ivyo, ababaho bayobowe na tewokarasi barondera kuninahaza Imana, ntibarondera ukwininahaza. (Zaburi 29:1, 2) Bibiliya itwiganira ko mu kinjana ca mbere ivyo vyabereye igitsitaza bamwe mu banse gukurikira Yezu, kubera ko “bashima ubuninahazwa bw’abantu” (Yohani 12:42, 43, UB) Koko, kugira ngo umuntu aho gushira imbere icubahiro ciwe bwite ashire imbere Yehova, bisaba ukwicisha bugufi.
15 Salomo yarerekanye umutima mwiza muri ivyo. Raba amajambo yavuze igihe co kwinjira rwa rusengero rw’ubwiza yari yarubatse, uyagereranye n’ayo Nebukadinezari yavuze ku vyerekeye ivyo yari yarashitseko mu vy’ukwubaka. Nebukadinezari yarirase vy’akarengarugero, avuga ati: “Mbeg’aha si Babuloni hahambaye aho niyubakiye ngo habe umurwa wanje niberako, mpubakishije inkomezi z’ububasha bganje, ngo hatere igitinyiro canje icubahiro?” (Daniyeli 4:30) Salomo we yarifashe ruto acisha bugufi ivyo yakoze, mu kuvuga ati: “N’ivy’ukuri Imana yoza kubana n’abantu mur’iyi si? Rāba ijuru, mbere n’ijuru risumba ayandi, ntushobora kurikwirwamwo, nkanswe iyi nzu nubatse.” (2 Ngoma 6:14, 15, 18; Zaburi 127:1) Salomo ntiyihimbaje. Yari azi yuko yari gusa uwuserukira Yehova, yandika ati: “Ubgibone buje, ni ho haza gutētērwa, arik’ubgenge bubana n’abicisha bugufi.”—Imigani 11:2.
16. Abakurambere berekana gute ko ari umuhezagiro nyawo mu kutininahaza?
16 Abakurambere b’Abakirisu na bo nyene bahimbaza Yehova, ntibihimbaza. Bakurikira iyi mpanuro ya Petero igira iti: “Umuntu iy’agabuye, agabure nk’ūfise ubushobozi Imana itanga; kugira ngw Imana iterwe icubahiro muri vyose, kubga Yesu Kristo.” (1 Petero 4:11) Intumwa Paulo yaradondoye ‘ibanga ry’umucungezi,’ ntiyavuga ko ari ikibanza gihambaye c’ukuba uw’imbere, ahubwo ko ari “igikorwa ciza.” (1 Timoteyo 3:1) Ico abakurambere bagenerwa ni ugukorera abandi, si ugutegeka. Ni abigisha bakaba n’abungere b’umukuku w’Imana. (Ivyakozwe 20:28; Yakobo 3:1) Abakurambere bicisha bugufi kandi bitanga barabera ishengero umuhezagiro nyakuri. (1 Petero 5:2, 3) “Abameze nk[’ukwo] mwame mububaha,” kandi mukurire ubwatsi Yehova kuba yaratanze abakurambere benshi gutyo bakwiza ibisabwa ngo bashigikire tewokarasi muri iyi “misi y’iherezo.”—Ab’i Filipi 2:29; 2 Timoteyo 3:1.
“Mwigāne Imana”
17. Ni mu buryo ubuhe abayoborwa na tewokarasi bigana Imana?
17 Intumwa Paulo yahimirije iti: “Mwigāne Imana, nk’abana ikunda.” (Abenyefeso 5:1) Abiyorohereza tewokarasi baragerageza kwigana Imana uko bishobokera abantu b’abanyagasembwa. Nk’akarorero, Bibiliya ivuga kuri Yehova iti: “Ico Gitandara, igikorwa ciwe n’agahore; kand’inzira ziwe zose ziragororotse. N’Imana yo kwizigirwa, itarimwo kugabitanya, iroranya, kandi y’Inyakuri.” (Gusubira mu Vyagezwe 32:3, 4) Kugira ngo Abakirisu bigane Imana muri ivyo, barondera ubwizerwe, ubugororotsi, n’ukugira ubutungane mu buryo burimwo uburimbane. (Mika 6:8; 1 Ab’i Tesalonike 3:6; 1 Yohana 3:7) Barazibukira ibintu vyinshi bisigaye vyemewe n’isi, nk’ubuhumbu, umwina n’umunoho. (Abanyefeso 5:5) Kubera ko abasuku ba Yehova bakurikira ingingo ngenderwako ziva ku Mana ntibakurikire iz’abantu, ishirahamwe ryiwe ni irya gitewokarasi, rityoroye kandi rimeze neza.
18. Kamere y’Imana iri imbere y’izindi ni iyihe, kandi Abakirisu bagaragaza iyo kamere gute?
18 Kamere iri imbere y’izindi ya Yehova Imana ni urukundo. Intumwa Yohani avuga, ati “Imana [ni] urukundo.” (1 Yohana 4:8) Kubera ko tewokarasi bisobanura ubutegetsi bugirwa n’Imana, ni ukuvuga ko ari ubutegetsi bugirwa n’urukundo. Yezu yavuze ati: “Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko mur’abigishwa banje.” (Yohana 13:35) Iryo shirahamwe rya gitewokarasi ryaragaragaje urukundo bimwe vyibonekeje muri iyi misi igoye. Mu gihe ca za ndyane z’ivy’ihonyabwoko muri Afirika, Ivyabona vya Yehova baragaragarije urukundo abantu bose, ata kuraba ubwoko bwabo. Mu gihe ca ya ntambara y’ahahoze ari Yugosilaviya, Ivyabona vya Yehova bo mu turere twose barafashanije, mu gihe ayandi madini yari yagiye mu vyiswe “ugutyorora ubwoko.” Umwe wese mu Vyabona vya Yehova aragerageza kwubahiriza iyi mpanuro ya Paulo: “Umururazi wose no kujingitwa n’uburake no gutongana no gutukana bibavemwo, hamwe n’inzigo yose. Mugiriranire neza, mugiriranire imbabazi, muharirane nk’ukw Imana na yo yabahaririye muri Kristo.”—Abanyefeso 4:31, 32.
19. Ni imihezagiro iyihe iza ubu no mu muri kazoza ku biyorohereza tewokarasi?
19 Abiyorohereza tewokarasi barironkera imihezagiro myinshi. Barafitaniye amahoro n’Imana hamwe n’Abakirisu bagenzi babo. (Abaheburayo 12:14; Yakobo 3:17) Barafise umugambi mu buzima. (Umusiguzi 12:13) Barafise umutekano wo mu vy’umutima, bakaba kandi bafise icizigiro ca kazoza kitagiramwo amazinda. (Zaburi 59:9) Si ivy’imbeshere, barahonja ukuntu ibintu bizoba bimeze igihe abantu bose bazoba bayoborwa n’ubutegetsi bwa gitewokarasi. Maze, nk’uko Bibiliya ibivuga, “hose ku murwa wanje wera ntihazoba hakir’ibiryana cank’ivyica; kuko kumenya [Yehova] kuzoba kwuzuye mw isi, nk’ukw amazi abugereye mu kiyaga.” (Yesaya 11:9) Mbega ukuntu kizoba ari igihe c’ubwiza ntangere! Twese turakaronka ikibanza muri iyo Paradizo yo muri kazoza tudafitiye amazinda, mu kwama twiyegereje tewokarasi ubu.
Woshobora Kubisigura?
◻ Tewokarasi nyakuri ni iki kandi tuyisanga hehe muri iki gihe?
◻ Abantu bagamburukira gute ubutegetsi bwa gitewokarasi mu buzima bwabo?
◻ Ni mu buryo butandukanye ubuhe abayobowe na tewokarasi bose barondera ukuninahazwa kw’Imana imbere y’ukwabo bwite?
◻ Kamere zimwezimwe z’Imana ziganwa n’abashigikira tewokarasi ni izihe?
[Ifoto ku rup. 31]
Salomo yashize ukuninahazwa kw’Imana imbere y’ukwiwe bwite