ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w98 1/9 rup. 22-27
  • Nugume Ata Nkomanzi mw’Ishirahamwe ry’Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nugume Ata Nkomanzi mw’Ishirahamwe ry’Imana
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ishirahamwe rya Yehova
  • Ishirahamwe ry’Imana Ridukingiye Gute?
  • Ni Bande Bagize Ishirahamwe ry’Imana
  • Ugucudika n’Isi
  • Ishirahamwe ry’Imana Riboneka
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • ‘Niwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Woba uriko urajana n’ishirahamwe rya Yehova?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Yehova ariko arayobora ishirahamwe ryiwe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
w98 1/9 rup. 22-27

Nugume Ata Nkomanzi mw’Ishirahamwe ry’Imana

“Izina ry[a Yehova] n’umunara ukomeye: umugororotsi awirukiramwo, akaba amahoro.”—IMIGANI 18:10.

1. Dukurikije isengesho Yezu yatuye, Abakirisu bari mu ngorane iyihe?

IMBERE gatoyi y’uko Yezu apfa, yasenze Se wiwe wo mw’ijuru asabira abayoboke biwe. Yavuze avyitwararikanye urukundo ati: “Nabahaye ijambo ryawe; kand’ab’isi barabanka, kukw atar’ab’isi, nk’uko nanje ntar’uw’isi. Singusaba ng’ubakūre mw isi, ariko ng’ubarinde wa Mubi.” (Yohana 17:14, 15) Yezu yari azi yuko isi yobaye ahantu hageramiye Abakirisu. Yokwerekanye yuko ibanka mu kubabeshera no mu kubahama. (Matayo 5:11, 12; 10:16, 17) Yobaye kandi isoko ry’ubwononekare.—2 Timoteyo 4:10; 1 Yohana 2:15, 16.

2. Ni hehe Abakirisu bashobora kutagira inkomanzi mu vy’umutima?

2 Iyo si yokwanse Abakirisu igizwe n’abiyonkoye ku Mana bakaba bari mu maboko ya Shetani. (1 Yohana 5:19) Iyo si ni nini cane kuruta ishengero ry’Abakirisu, kandi Shetani ubwiwe akaba afise inguvu nyinshi cane ziruta iz’umuntu uwo ari we wese. Ni co gituma urwanko rw’isi ari ikintu kirihanamiye vy’ukuri. Ni hehe none abayoboke ba Yezu bashobora kuba ata nkomanzi mu vy’umutima? Hari amajambo yavuzwe mu Munara w’Inderetsi [mu Congereza] wo ku wa 1 Kigarama 1922 yatanze inyishu ati: “Ubu turi mu gihe kibi. Hariho intambara hagati y’ishirahamwe rya Shetani n’ishirahamwe ry’Imana. Ni intambara y’akamarampaka.” Muri ayo matati, ishirahamwe ry’Imana ni ahantu hatagira inkomanzi mu vy’umutima. Ijambo “ishirahamwe” ntiriboneka muri Bibiliya, kandi muri iyo myaka y’1920, kuvuga ngo “ishirahamwe ry’Imana” cari ikintu gishasha. None iryo shirahamwe ni irihe? Kandi dushobora gute gukingirwa muri ryo?

Ishirahamwe rya Yehova

3, 4. (a) Turabiye ku kuntu bisigurwa n’inyizamvugo imwe be n’Umunara w’Inderetsi, ishirahamwe ni iki? (b) Ni mu buryo ki umuryango w’Ivyabona vya Yehova wo kw’isi yose ushobora kwitwa ishirahamwe?

3 Ishirahamwe ni “umugwi w’abashize hamwe, nk’uko vyerekanwa n’inyizamvugo yitwa Concise Oxford Dictionary.” Tuzirikanye ivyo, duca dutahura yuko kubera ko intumwa zungunganije Abakirisu bo mu kinjana ca mbere zikabagiramwo amashengero ari aho baba arongowe n’inama nyobozi yari i Yeruzalemu, birabereye kuvuga ko uwo ‘muryango w’abavukanyi’ wari ishirahamwe. (1 Petero 2:17) Ivyabona vya Yehova muri iki gihe bagize ishirahamwe mu buryo nk’ubwo. Ubumwe bwari mu nama nyobozi yo mu kinjana ca mbere bwarakomezwa n’ ‘abagabo b’ingabirano,’ nk’ “abungere n’abigisha.” Bamwe muri abo baragira ingendo bava mw’ishengero baja mu rindi mu gihe abandi bari abakurambere mu mashengero barimwo. (Abanyefeso 4:8, 11, 12; Ivyakozwe 20:28) ‘Ingabirano’ nk’izo zirakomeza ubumwe bw’Ivyabona vya Yehova muri iki gihe.

4 Umunara w’Inderetsi [mu Congereza] wo ku wa 1 Munyonyo 1922, ku vyerekeye iryo jambo “ishirahamwe” wavuze uti: “Ishirahamwe ni umugwi w’abantu bagiye hamwe bafise umugambi wo gushikira intumbero bishingiye.” Uwo Munara w’Inderetsi warabandanije usigura yuko kwita Ivyabona vya Yehova ishirahamwe ntivyatumye baba “akadumbi k’idini nk’uko iryo jambo rikoreshwa, ahubwo bisobanura gusa yuko Abatohoji ba Bibiliya [Ivyabona vya Yehova] bariko baragerageza gushitsa imigambi y’Imana kandi ivyo bakabikora nk’uko Umukama akora ibintu vyose, ni ukuvuga ku rutonde.” (1 Ab’i Korinto 14:33) Intumwa Paulo yarerekanye yuko Abakirisu bo mu gihe ciwe na bo nyene bakora ibintu ku rutonde. Umwifatanyo w’Abakirisu basizwe yawugereranije n’umubiri w’umuntu, uno ukaba ufise ibihimba vyinshi, kimwekimwe cose kikarangura uruhara cashinzwe ku buryo umubiri ushobora gukora mu buryo bubereye. (1 Ab’i Korinto 12:12-26) Ico ni ikigereranirizo ciza ntangere c’ishirahamwe! Ni kuki Abakirisu bari bagizwe ishirahamwe? Kwari kugira ngo basukurire “imigambi y’Imana,” bakore ivyo Yehova ashaka.

5. Ishirahamwe ry’Imana riboneka ni iki?

5 Bibiliya yabuye yuko Abakirisu b’ukuri muri iki gihe bobaye abantu bafatanye mu nda, bashizwe hamwe ngo bagire “igihugu” kimwe kigize “ihanga” rimwe, aho bobaye “nk’amatara mw isi.” (Yesaya 66:8; Ab’i Filipi 2:15) Iryo “hanga” ryungunganijwe neza ubu rigizwe n’abantu barenga imiliyoni zitanu n’igice. (Yesaya 60:8-10, 22) Ariko rero ntugire ngo aho ni ho gusa ishirahamwe ry’Imana rigera. Muri ryo n’abamarayika barimwo.

6. Mu nsobanuro yaryo yagutse kuruta, ishirahamwe ry’Imana rigizwe na ba nde?

6 Hari ibihe vyinshi abamarayika bakoranye n’abakozi b’Imana b’abantu. (Itanguriro 28:12; Daniyeli 10:12-14; 12:1; Abaheburayo 1:13, 14; Ivyahishuriwe 14:14-16) Birakwiriye rero kuba Umunara w’Inderetsi [mu Congereza] wo ku wa 15 Rusama 1925 wavuze uti: “Abamarayika beranda bose bari mu bagize ishirahamwe ry’Imana.” Vyongeye wavuze uti: “Ku mutwe w’ishirahamwe ry’Imana, uwufise ububasha bwose n’ubukuru bwose [ni] Umukama Yezu Kirisitu.” (Matayo 28:18) Ku bw’ivyo rero, mu nsiguro yagutse kuruta, ishirahamwe ry’Imana rigizwe n’abari mw’ijuru no kw’isi bose bakorera hamwe kugira ngo bashitse umugambi w’Imana. (Raba uruzitiro.) Ese ukuntu ari agateka k’igitangaza kuba turi mu barigize! Kandi ese ukuntu ari umunezero kuba turindiriye igihe ibiremwa bifise ubuzima vyose, ivyo mw’ijuru n’ivyo kw’isi, bizoba bigizwe ishirahamwe kugira ngo bishemeze Yehova Imana mu bumwe! (Ivyahishuriwe 5:13, 14) None rero ishirahamwe ry’Imana ridukingira gute muri iki gihe?

Ishirahamwe ry’Imana Ridukingiye Gute?

7. Ni mu buryo ubuhe ishirahamwe ry’Imana ridukingira?

7 Ishirahamwe ry’Imana rirashobora kudufasha mu kuturinda Shetani n’imitego yiwe y’urwenge. (Abanyefeso 6:11) Shetani arakaza abasenga Yehova, akabahama, akagerageza kubosha nabi arondera gusa ikintu kimwe: kubatesha ‘inzira bakwiye kujana.’ (Yesaya 48:17; gereranya na Matayo 4:1-11.) Ivyo bitero ntidushobora kwigera tuvyirinda vyose muri iyi si. Ariko rero, ubucuti bukomeye dufitaniye n’Imana hamwe n’ishirahamwe ryayo burakomera kandi bukadukingira, gutyo bukadufasha kuguma muri nya “nzira.” Ivyo bituma tudasigwa n’impera twiteze ijanye n’icizigiro cacu.

8. Ni mu buryo ki ishirahamwe ritaboneka rya Yehova rishigikiye abakozi biwe bo kw’isi?

8 None ni mu buryo ki ishirahamwe ry’Imana ridukingira? Ica mbere, turashigikiwe n’abakozi bo mu buryo bw’impwemu ba Yehova bimwe bidatsindwa. Igihe Yezu yari aremerewe cane, yarakorewe n’umumarayika. (Luka 22:43) Igihe Petero yari ahanamiwe n’urupfu, yarakijijwe n’umumarayika mu buryo bw’igitangaro. (Ivyakozwe 12:6-11) Naho muri iki gihe ibitangaro mwene ivyo ata bikiriho, abantu ba Yehova barasezeraniwe gushigikirwa n’abamarayika mu gikorwa cabo co kwamamaza inkuru nziza. (Ivyahishuriwe 14:6, 7) Kenshi baragira inguvu zirengeye izisanzwe igihe bahanganye n’ibintu bigoye. (2 Ab’i Korinto 4:7) Vyongeye, barazi neza yuko “umumarayika w[a Yehova] ashagaje impande zose z’abamwubaha, akabarokora.”—Zaburi 34:7.

9, 10. Bishoboka bite kuvuga ko ‘izina rya Yehova riba umunara ukomeye,’ kandi ni mu buryo ki iyo ngingo ikora ku vyerekeye ishirahamwe ry’Imana turifatiye hamwe?

9 Ishirahamwe rya Yehova riboneka na ryone riradukingira. Uti gute? Mu Migani 18:10 dusoma ngo: “Izina ry[a Yehova] n’umunara ukomeye: umugororotsi awirukiramwo akaba amahoro.” Ivyo ntibishaka kuvuga ko kuja turasubiramwo izina ry’Imana vyonyene bidukingira. Ahubwo, guhungira mw’izina ry’Imana bisobanura ko twizigira Yehova ubwiwe. (Zaburi 20:1; 122:4) Bisigura gushigikira ukugaba n’ukuganza kwiwe, tukaguma ku mategeko yiwe no ku ngingo ziwe, kandi tukizera imihango yaduhaye. (Zaburi 8:1-9; Yesaya 50:10; Abaheburayo 11:6) Birimwo no kuyobokera Yehova wenyene gusa. Abasenga Yehova muri ubwo buryo ni bo bonyene bashobora kuvuga kumwe kw’umwanditsi wa Zaburi bati: “Imitima yacu izomunezererwa [Yehova], kuko twishimiye izina ryiwe ryera.”—Zaburi 33:21; 124:8.

10 Ubu rero abari mw’ishirahamwe ry’Imana riboneka barifatanya na Mika mu kuvuga bati: “Ariko tweho tuzogendera mw izina ry[a Yehova] Imana yacu gushitsa ibihe bitazoshira.” (Mika 4:5) Ishirahamwe rya Yehova ryo mu gihe ca none ritororokaniye iruhande y’ ‘Abisirayeli b’Imana,’ muri Bibiliya bakaba bitwa “ubgoko bg’izina ryayo.” (Ab’i Galatiya 6:16; Ivyakozwe 15:14; Yesaya 43:6, 7; 1 Petero 2:17) Kuba abo mw’ishirahamwe rya Yehova rero bisobanura kuba abo mu gisata c’abarondera kandi bakaronka ugukingirwa mw’izina ry’Imana.

11. Ni mu buryo butomoye ubuhe ishirahamwe rya Yehova rikingira abarigize?

11 Turetse ivyo, ishirahamwe riboneka ry’Imana ni umuryango ufise ukwizera, ugizwe n’abantu basangiye ukwizera bakomezanya kandi bakaremeshanya. (Imigani 13:20; Abaroma 1:12) Ni ahantu abungere b’Abakirisu babungabunga intama, bakaremesha abarwaye n’abadendebuwe n’umubabaro, kandi bakarondera kuvyura abaguye. (Yesaya 32:1, 2; 1 Petero 5:2-4) “Wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” aratanga “ibifungurwa ku gihe kibereye” abicishije kw’ishirahamwe. (Matayo 24:45, NW) Uwo “mushumba,” uwugizwe n’Abakirisu basizwe, aratanga ibintu vyo mu buryo bw’impwemu vyiza cane kuruta ibindi vyose—ni ukuvuga ubumenyi nyakuri bushingiye kuri Bibiliya bushobora kujana umuntu mu buzima budashira. (Yohana 17:3) Abakirisu, babikesheje ubuyobozi bahabwa na nya “mushumba,” barafashwa kuguma bagendera ingingo ziri hejuru mu vy’ukwigenza runtu no mu ‘kugira ubgenge nk’inzoka, ariko bakamera nk’inuma ata karohe’ mu gihe bari ahantu h’ingeramizi habakikuje. (Matayo 10:16) Kandi barafashwa kugira ngo nantaryo bagire ‘vyinshi bakora mu gikorwa c’Umukama,’ ivyo ubwavyo bikaba bibakingira bimwe bikomeye.—1 Ab’i Korinto 15:58.

Ni Bande Bagize Ishirahamwe ry’Imana

12. Ni ba nde berekanwa ko bari mu bagize ishirahamwe ry’Imana ryo mw’ijuru?

12 Kubera ko ukwo gukingirwa gushobora kugirirwa abagize ishirahamwe ry’Imana, muri abo harimwo ba nde? Ku biraba ishirahamwe ryo mw’ijuru, inyishu y’ico kibazo nta mazinda irimwo. Shetani n’abamarayika biwe ntibakiri mw’ijuru. Mugabo, ba bamarayika b’abizerwa baracahari, bakaba bagize ‘ikoraniro rinini.’ Intumwa Yohani yabonye yuko mu misi y’iherezo ‘wa Mwagazi,’ ba bakerubi (‘vya binyabuzima bine’) hamwe n’ “abamarayika benshi,” bobaye bari hafi cane y’intebe y’Imana. Bobaye bari kumwe na ba bakurambere 24 bagereranya Abakirisu basizwe bamaze gushikira intoranwa yabo y’ubuninahazwa yo mw’ijuru. (Abaheburayo 12:22, 23; Ivyahishuriwe 5:6, 11; 12:7-12) Abo bose birumvikana ko bari mu bagize ishirahamwe ry’Imana. Mugabo mu bantu, ibintu ntibitomotse nk’ukwo.

13. Yezu yerekanye ate abari mw’ishirahamwe ry’Imana n’abatari muri ryo?

13 Yezu yaravuze ivyerekeye bamwebamwe bovuze ko bamukurikira, ati: “Benshi bazombgira kuri wa musi, ngo Mwami, Mwami; ntitwavugishwa n’Imana mw izina ryawe, ntitwasenda abadayimoni mw izina ryawe, ntitwakora ibitangaza vyinshi mw izina ryawe? Ni ho nzobajinjiburira, nti Nta ho nigeze mbamenya; mviraho, mwa bakora ibizira mwe.” (Matayo 7:22, 23) Mu gihe umuntu ari uwukora ibizira, bica vyumvikana ko atari mu bagize ishirahamwe ry’Imana, yaba yivugisha ibiki canke akaba aja gusenga hehe. Yezu yarerekanye kandi uburyo bwo kumenya uwuri mu bagize ishirahamwe ry’Imana. Yavuze ati: “Umuntu wese amvumereza, ati Mwami, Mwami, si we azokwinjira mu bgami bgo mw ijuru, atar’ūkora ivyo Data wo mw ijuru agomba.”—Matayo 7:21.

14. Ni imice iyihe y’ivyo Imana igomba yerekanwa ko ari itegeko ku bari mw’ishirahamwe ry’Imana?

14 Kugira ngo umuntu abe mu bagize ishirahamwe ry’Imana rero—intimatima yaryo na yo ikaba ari “ubgami bgo mw ijuru”—ategerezwa kuba akora ivyo Imana igomba. Ivyo igomba none ni ibiki? Paulo yaravuze umuce uhambaye cane wavyo igihe yavuga ati: “[Imana] igomba kw abantu bose bakizwa bagashika ku kumenya ivy’ukuri.” (1 Timoteyo 2:4) Mu gihe umuntu arondera vy’ukuri kwironkera ubumenyi nyakuri bwo muri Bibiliya, kubukoresha mu buzima bwiwe, no kubukwiragiza ku ‘bantu b’uburyo bwose,’ aba ariko arakora ivyo Imana igomba. (Matayo 28:19, 20; Abaroma 10:13-15) Ivyo Imana igomba kandi ni uko intama za Yehova zigaburirwa kandi zikabungabungwa. (Yohana 21:15-17) Amakoraniro y’Abakirisu ararangura uruhara ruhambaye cane muri ivyo. Umuntu atagira ikimubuza kuza kuri ayo materaniro ariko akabifata minenerwe, aba abuze ugushima ikibanza afise mw’ishirahamwe ry’Imana.—Abaheburayo 10:23-25.

Ugucudika n’Isi

15. Ni imburizi iyihe Yakobo yahaye amashengero yo mu gihe ciwe?

15 Imyaka nka 30 inyuma y’aho Yezu apfiriye, murumunawe Yakobo basangiye nyina yaravuze ibindi bintu bishobora gushira mu kaga ikibanza umuntu afise mw’ishirahamwe ry’Imana. Yanditse ati: “Yemwe basambanyi, ntimuzi yuko gucudika n’isi ar’ukwankana n’Imana? Nuk’umuntu wese agomba kuba incuti y’isi aba yīgize umwansi w’Imana.” (Yakobo 4:4) Umwansi w’Imana birumvikana ko adashobora kuba ari mu bagize ishirahamwe ryayo. None rero ugucudika n’isi ni ukuvuga iki? Kwasiguwe yuko kuri kwinshi, nko kugira abagenzi babi canke kugiranira imigenderanire na bo. Turetse ivyo, Yakobo yarashimitse ku kintu gitomoye—na co ni udutima tubitubi dutuma umuntu yigenza ukutabereye.

16. Imburizi y’uko ugucudika n’isi ari ukwankana n’Imana Yakobo yayitanze abitumwe n’iki?

16 Muri Yakobo 4:1-3, dusoma ngo: “Muri mwebge intambara ziva hehe, n’imitongano iva hehe? Mbega ntibiva mu bibahimbara birwanira mu ngingo zanyu? Murifuza, ariko ntimuhabga: murica, mugira ishari, ariko ntimushobora kuronka; murarwana muratabara. Ntimuhabga kuko mudasaba: murasaba ntimuhabge, kuko musaba nabi, kugira ngo muvyononere mu bibahimbara.” Yakobo aho amariye kwandika ayo majambo ni ho yababurira ngo ntibacudike n’isi.

17. Ni mu buryo ubuhe hari “intambara” n’ “imitongano” mw’ishengero ry’Abakirisu ryo mu kinjana ca mbere?

17 Ibinjana inyuma y’aho Yakobo apfiriye, Abakirisu b’ikinyoma bararwanye baranagandagurana vy’ukuri. Ariko rero, Yakobo yari yandikiye abagize ‘Isirayeli y’Imana’ bo mu kinjana ca mbere, abobaye ‘abaherezi n’abami’ mw’ijuru. (Ivyahishuriwe 20:6) Abo ntibagandagurana canke ngo bicane mu ntambara butambara. None ni kuki Yakobo yavuze ibintu mwene ivyo mu Bakirisu? Uwo wese yanka umuvukanyi wiwe Yakobo yamwise umwicanyi. Paulo na we ivyerekeye amatati hamwe n’inzankano bishingiye ku kudahuza kamere vyari mw’ishengero, yavuze ko vyari nko “guhārīra” n’ “imitongano.” (Tito 3:9; 2 Timoteyo 2:14; 1 Yohana 3:15-17) Muri ubwo buryo nyene, biboneka ko Yakobo yari afise mu muzirikanyi ivy’uko bananirwa gukunda Abakirisu bagenzi babo. Abakirisu, hagati muri bo nyene, bariko bagira ibintu mu buryo busa n’ukuntu abo mw’isi bakunda kubigiriranira.

18. Ni ibiki bishobora gutuma mu Bakirisu haba ibikorwa n’inyiyumvo bitaranga urukundo?

18 Ni kuki ibintu mwene ivyo vyashitse mu mashengero y’Abakirisu? Kubera udutima tubitubi, nk’ukunohokera ivy’abandi hamwe ‘n’ukwipfuza ibihimbara.’ Ubwibone, ishari hamwe n’uguhahamira ubukuru na vyone birashobora gusenyura ubucuti bwuzuye urukundo Abakirisu bafitaniye mw’ishengero. (Yakobo 3:6, 14) Udutima mwene utwo dutuma umuntu aba incuti y’isi, agaca rero aba umwansi w’Imana. Nta wibikamwo udutima nk’utwo ashobora kwitega kuguma mu bagize ishirahamwe ry’Imana.

19. (a) Ni nde akwiye gushirwako ikosa ubwa mbere na mbere mu gihe Umukirisu asanze ivyiyumviro bibi biriko biraranda imizi mu mutima wiwe? (b) Umukirisu ashobora gute gutsinda ivyiyumviro bibi?

19 None mu gihe dusanze ukwiyumvira kubi kuriko kuraranda imizi mu mutima wacu, ikosa dushobora kurishira kuri nde? Kuri Shetani? Ku rugero runaka, tworimushirako. Ni we ‘mutware w’ikirere’ aganza iyi si, iyirayemwo udutima mwene utwo. (Abanyefeso 2:1, 2; Tito 2:12) Mugabo rero, mu bisanzwe imizi y’ivyiyumviro bibi iri mu mubiri wacu bwite udatunganye. Yakobo amaze kugabisha ku vyerekeye ugucudika n’isi, yanditse ati: “Mwiyumvira yukw ivyanditswe bivugira ubusa, ng’Uwo Mpwemu yagererewe muri twebge atwikundiriza afuha?” (Yakobo 4:5) Twese turafise impengamiro mvukanwa yo gukora ikibi. (Itanguriro 8:21; Abaroma 7:18-20) Mugabo turashobora kurwanya iyo mpengamiro mu gihe twiyemerera intege nke dufise kandi tukizigira gufashwa na Yehova kugira tuzitsinde. Yakobo avuga ati: “[Imana] itanga ubuntu burushirije [impengamiro mvukanwa dufise yo gufuha].” (Yakobo 4:6) Babikesheje ugufashwa n’impwemu yera y’Imana hamwe n’ugushigikirwa n’Abavukanyi bizerwa b’intahemuka b’Abakirisu, biciye kandi ku gaciro k’inkuka y’incungu Yezu yatanze, Abakirisu b’intahemuka ntibatsindwa n’intege nke z’umubiri wabo. (Abaroma 7:24, 25) Bibereyeho ata nkomanzi mw’ishirahamwe ry’Imana ari incuti z’Imana, atari incuti z’isi.

20. Ni imigisha irimwo vyinshi iyihe abari mw’ishirahamwe ry’Imana bironkera?

20 Bibiliya isezerana iti: “[Yehova] azoha abantu biwe inkomezi, [Yehova] azoha abantu biwe umugisha w’amahoro.” (Zaburi 29:11) Niba vy’ukuri turi mu bagize “ihanga” rya Yehova ryo muri iki gihe, ari ryo shirahamwe ryiwe riboneka, tuzoronka ku nkomezi atanga twongere tugire amahoro aha abantu biwe bwa muhezagiro. Ego ni ko, isi ya Shetani ni nini cane kuruta ishirahamwe rya Yehova riboneka, kandi Shetani akaba aturusha cane inkomezi. Yamara Yehova ni we Mushoboravyose. Inguvu zikora ziwe ni rudatsindwa. Abamarayika biwe b’abanyabushobozi na bone bafatanye mu nda natwe mu gukorera Imana. Gutyo rero, urwanko duhanganye na rwo rwaba uruhe, turashobora guhagarara dushikamye. Nka kumwe kwa Yezu, turashobora gutsinda isi.—Yohana 16:33; 1 Yohana 4:4.

Woshobora Kubisigura?

◻ Ishirahamwe ry’Imana riboneka ni iki?

◻ Ishirahamwe ry’Imana ridukingira mu buryo butandukanye ubuhe?

◻ Ni ba nde bagize ishirahamwe ry’Imana?

◻ Dushobora dute kwirinda kuba incuti z’isi?

[Uruzitiro ku rup. 23]

Ishirahamwe ry’Imana Ni Iki?

Mu vyandikano vy’Ivyabona vya Yehova, imvugo ngo “ishirahamwe ry’Imana” ikoreshwa mu buryo butatu. 1 Ishirahamwe rya Yehova ritaboneka ryo mw’ijuru rigizwe n’ibiremwa vy’impwemu vy’intahemuka. Iryo muri Bibiliya ryitwa “Yerusalemu wo hejuru.”—Ab’i Galatiya 4:26. 2 Ishirahamwe rya Yehova riboneka, rigizwe n’abantu. Muri iki gihe, iryo rigizwe n’amasigarira y’abasizwe bari kumwe n’ishengero rinini. 3 Ishirahamwe rya Yehova rikwiye hose. Muri iki gihe, iryo rigizwe n’ishirahamwe rya Yehova ryo mw’ijuru hamwe n’abana biwe b’abarerano basizwe bari kw’isi abafise icizigiro c’ijuru. Amaherezo, rizojamwo n’abantu batagira agasembwa bazoba bari kw’isi.

[Ifoto ku rup. 24]

Imfungurwa z’ivy’impwemu nziza cane kuruta izindi zose ziratangwa biciye kw’ishirahamwe rya Yehova

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika