Ushobora Gute Gukingira Abana Bawe?
INYUMA y’aho Wernera amariye imyaka akurikira ivyigwa kw’ishure ryo mu micungararo y’iwabo, yatanguye ivyigwa vya kaminuza ari kumwe n’abandi bayabaga nk’3 000 i São Paulo muri Berezili. Mu ntango, yabonye abanyeshure bagenzi biwe bagurisha ibiyayura umutwe kandi bakabifata. Kubera ko yari asanzwe yibereye mugufi, abanyeshure bamukurira ntibatevye kumugirako ibintu vyo kumunyuzura biteye isoni kandi bishobora kumugirira nabi.
Mushiki wa Werner yitwa Eva, na we nyene yaragize ingorane. Kubera ko yashaka gukora uko ashoboye kwose, yarize yivuye inyuma cane gushika aho arwara umunaniro aranavurunganirwa mu mutwe. Cokimwe n’abandi bayabaga, Werner na Eva bari bakeneye gukingirwa ku mubiri no mu bwenge. None weho abana bawe bakeneye gufashwa mu biki? Woshobora gute kubategurira ubuzima bwabo bw’igihe bazoba bakuze? Mu vy’ukuri, ushaka ko abana bawe bogira kazoza kameze gute?
Ntibakeneye Ibibatunga Vyonyene
Iyumvire gatoyi ukuntu abavyeyi bibagora gukingira abana babo muri iki gihe. Biturutse ku gutituka kw’ubuzima bwo mu miryango be n’iyongerekana ry’ubukene, mu bihugu bitari bike igitigiri c’abana b’ivyangazi gitera congerekana. Ivyo gukoresha abana bakiri bato ibikorwa vy’umunaniro ni ingaruka y’ukudashobora kubakingira ngo ntihahave hagira ababarirako mbege. Ukunywa ibiyayura umutwe na kwo nyene kuronona abakiri bato benshi. Nk’akarorero, igihe umusore umwe w’umunya Berezili yaba uwiziziwe n’ibiyayura umutwe, i muhira iwabo nta mahoro yabaye akihabazwa. Turetse umubabaro wo mu mutima abavyeyi biwe bagize, harabaye urugamba rwo kuronka amafaranga yo kumuvuza, kandi abacuruza ibiyayura umutwe b’imburakigongwe baza baraza iwabo kwishuza.
Ariko rero, naho hari imikazo mu buzima, abavyeyi benshi barabandanya urugamba atari urwo kuronsa abana babo ibifungurwa, ivyambarwa n’uburaro vyonyene, ariko kandi rwo kubakingira ubukazi, ukunywa ibiyayura umutwe n’izindi ngorane. Ako ni akigoro keza. Mugabo none koba gahagije? Twovuga iki ku vyerekeye kubakingira ivyobagirira nabi mu mutima no mu vy’impwemu? Abenshi batahura yuko ukurera kuroranirwa kurimwo ugutunganya ingorane abana babo bagira mu guhitamwo abagenzi hamwe n’ivy’ukwisamaza. Yamara, abavyeyi bashobora gute kwirinda kurenza urugero mu gukingira abana babo canke mu kubarekera umwidegemvyo? Uratewe akamo ngo urimbure inyishu usanga mu kiganiro gikurikira.
[Utujambo tw’epfo]
a Muri iki kiganiro hakoreshejwe amazina yasubiriye ayandi.