Ushaka ko Abana Bawe Bogira Kazoza Kameze Gute?
WOBA ubona abana bawe nk’aho ari ingabire y’agaciro kanini? (Zaburi 127:3) Canke ukubarera woba ukubona nk’umuzigo mu vy’ubutunzi kandi utazi ko uzororanirwa? Aho kuba bizana inyungu y’amahera, ukurera abana biratwara amahera gushika igihe bazoba bashoboye kwitunga. Nk’uko nyene ukuzigama itunga umuntu yatoranye bimusaba gufata imigambi myiza, ni na ko bimeze kugira ngo umuntu arere mu buryo buroranirwa.
Abavyeyi bitaho ibintu barondera gushiriraho abana babo intango nziza mu buzima. Naho muri iyi si hashobora gushika ibintu bibi kandi bibabaje cane, abavyeyi barashobora gukora vyinshi kugira ngo bakingire uruvyaro rwabo. Rimbura ivyabaye kuri Werner na Eva, bamwe twavuga mu kiganiro c’imbere y’iki.a
Igihe Abavyeyi Bitaho Ibintu Koko
Werner avuga yuko aho kureka ngo ibintu bipfe uko bibaye, abavyeyi biwe baritayeho vy’ukuri ivyariko biraba kw’ishure. Avuga ati: “Narashimye cane inama ngirakimazi bangīra, kandi numva ko banyitayeho kandi ko bamfashe mu mugongo. Kubera bari abavyeyi, barankarira, ariko nari nzi yuko ari abagenzi banje nyakuri.” Igihe na ho Eva yari yataye umutwe kubera ibikorwa vyiwe vyo kw’ishure gushika n’aho adendeburwa n’umubabaro kandi bikamugora gutora agatiro, abavyeyi biwe ari bo Francisco na Inez, barafashe kandi umwanya utari muto baganira na we bongera bamufasha kugarura agatege mu bwenge no mu vy’impwemu.
None Francisco na Inez barondeye gute gukingira abana babo no kubategurira ubuzima bwabo bw’igihe bazoba bakuze? Kuva abo bana bakiri impinja, abo bavyeyi banyarukundo nantaryo bamana na bo mu two bakora twa misi yose. Aho kwifatanya na bagenzi babo bakuze gusa, Inez na Francisco barajana n’abana babo iyo baja hose. Nk’abavyeyi b’urukundo, baraha kandi umuhungu n’umukobwa babo ubuyobozi bubereye. Inez avuga ati: “Twarabigisha kubungabunga inzu, kudasesagura, no kubungabunga ivyambarwa vyabo. Kandi twarafashije umwumwe wese muri bo guhitamwo umwuga no gushira uburimbane hagati y’ivyo bashinzwe n’ibintu vy’impwemu.”
Ese ukuntu ari ngirakamaro cane gushobora kumenya abana bawe no kubaha ubuyobozi bwa kivyeyi! Reka twihweze ahantu hatatu ushobora gukora ivyo: (1) Fasha abana bawe guhitamwo akazi kabereye bokora; (2) bategure kugira ngo baze bamenye uko bavyifatamwo mu vyobatesha umutwe kw’ishure hamwe no ku kazi; (3) bereke ukuntu bokwironsa ivyo bakeneye mu vy’impwemu.
Bafashe Guhitamwo Akazi Gakwiriye
Kubera ko akazi umuntu akora katagira ico gakoze ku vy’ubutunzi bwiwe vyonyene, ahubwo kandi kamutwara umwanya munini, ukurera neza kurimwo n’ukurimbura ivyo umwana wese akunda hamwe n’ubushobozi afise. Kubera ko ata muntu w’umutima yoshima kubera abandi umuzigo, abavyeyi bakwiye kwiyumvira neza, ivyerekeye ukuntu umwana wabo ashobora kwitegurira kuzokwitunga no kuzotunga umuryango. Umuhungu wawe canke umukobwa wawe yoba akeneye kwiga umwuga kugira ngo aze abeho mu buryo ataco bubaye? Nk’umuvyeyi yitaho ibintu koko, nugire utwigoro dukomeye kugira ngo ufashe umwana wawe atsimbataze kamere nk’izi: umutima wo gukorana umwete, gushaka kwiga ibintu n’ugushobora kwumvikana n’abandi.
Rimbura ivya Nicole. Avuga ati: “Abavyeyi banje bagiye baransaba gukorana na bo mu kazi kabo k’ivy’isuku. Bangiriye inama yuko noza ndagira igice ntanga c’amahera nca ngo akoreshwe mu yo dukenera i muhira, n’uko ayasigaye na yo noyagumya ngo nze ndagura utwo nkeneye canke ndayaziganye. Ivyo vyaratumye ndushiriza kwiyumvamwo ko hari ibintu bindaba, kandi mu nyuma ivyo vyarambereye ngirakamaro mu buzima.”
Ijambo ry’Imana Bibiliya ntiritomora ubwoko bw’akazi umuntu yohitamwo. Ariko riratanga inyobozo zumvikana. Nk’akarorero, intumwa Paulo yavuze ati: “Umuntu wese ni yanka gukora ntākarye.” Igihe yandikira Abakirisu b’i Tesalonike, yavuze kandi ati: “Twumvise yuko hariho bamwe bo muri mwebge bagenda basaragurika, bama bīneganegera bakīta mu bitabakwiye. Arikw abameze bartyo turabagera tubahanūra kubg’Umwami Yesu Kristo, gukora ibikorwa batekereje, babone kurya ivyo bīronkeye ubgabo.”—2 Ab’i Tesalonike 3:10-12.
Yamara, kuronka akazi no guca amahera si co gusa gikenewe mu buzima. Mu nyuma abahahamiye amaronko birengeje barashobora kutamarwa ipfa, kandi bagashobora gusanga bariko “[ba]hahamira umuyaga.” (Umusiguzi 1:14) Aho guhimiriza abana babo ngo bakurikirane ukumenyekana n’ugutunga, biba vyiza abavyeyi babafashije kubona ubukerebutsi buri muri aya majambo intumwa Yohani yahumekewe n’Imana: “Ntimugakunde isi, cank’ibiri mw isi. Umuntu ni yakunda isi, ugukunda Data wa twese ntikuzoba kuri muri we. Kukw ikiri mw isi cose ar’ivyifuzo vy’umubiri, n’ivyipfuzo vy’amaso, [n’ukwiratira uburyo umuntu afise bw’ukubaho, NW], bitanduruka kuri Data wa twese, ariko vyanduruka mw isi. Kand’isi irikw irashirana n’ivyifuzo vyayo, arik’ūkora ivy’Imana igomba yamah’ibihe bidashira.”—1 Yohana 2:15-17.
Woshobora Kubaronsa Gute Ivyo Bakenera mu Mutima?
Mu gihe uri umuvyeyi, ntiwomera none nk’umwe amenyereza abakina inkino zo kwinonora imitsi? Ntashimika gusa ku vy’uko abinonoramitsi ashinzwe bokomeza ubushobozi bwabo bwo kwiruka bagasiga abandi canke gusimba harehare gusumba abandi. Bisa n’uko kandi yigora akabafasha kugira ngo batsinde agatima ako ari ko kose k’ukwihebura, gutyo inguvu zabo zo mu mutima akazongereza. Ku bikwerekeye none, ushobora gute kuremesha abana bawe, kubakomeza no kubavyurira ingiro?
Rimbura ivyerekeye Rogério, umwana w’imyaka 13. Turetse yuko yumva muri we atorohewe biturutse ku guhinduka kwo mu mubiri, yarumva aremerewe mu mutima kubera ukutumvikana kw’abavyeyi hamwe n’ukutamwitaho kwabo. None ku bana bamerewe nk’uwo hokorwa iki? Naho bidashoboka ko ukingira abana bawe amaganya yose hamwe n’utwosho twose, ntukigere urambirwa mu ruhara rwawe rw’ukuba umuvyeyi. Ata gucunga abana bawe ngo urenze urugero, nubatoze indero ubigiranye ugutahura, wame nantaryo wibuka yuko umwe wese ameze ukwiwe. Ugaragaje ubuntu n’urukundo, urashobora gukora vyinshi kugira ngo uwukiri muto yumve atekaniwe. Ivyo bizomurinda kandi gukurana ukwihebura n’ukwumva ko ataco umaze.
Utiriwe uraraba urugero abavyeyi bawe batunganiwemwo mu kukuronsa ivyo wakenera mu mutima, hari ibintu bitatu bishobora kugufasha gutunganirwa bwa muvyeyi w’ingirakamaro: (1) Niwirinde kwitwararika rwose ingorane zawe ku buryo wirengagiza ingorane zisa n’uko ari ntoyi abana bawe bagira; (2) niwigore uze uraganira n’abana bawe ku musi ku musi, mu buryo buhimbaye kandi buri n’ico buvuze; (3) nubashiremwo agatima k’ukutihebura ku biraba uburyo bwo gutorera umuti ingorane no kubana neza n’abantu.
Uwitwa Birgit yaratereje amaso inyuma ku myaka yiwe y’ubuto, avuga ati: “Nategerejwe kwiga yuko udashobora guhindura abantu ngo babe uko ushaka ko baba. Mawe yaranyumvisha yuko mu gihe mbonye ku bandi ikintu ntakunda, ico ndibugire ari ukwirinda kumera nka bo. Yavuze kandi yuko igihe ciza co guhindura inzira zanje ari igihe nari nkiri muto.”
Yamara abana bawe ico bakeneye si akazi n’ugutekanirwa mu mutima vyonyene. Ibaze uti: ‘Noba mbona ukurera nk’ibanga nashinzwe n’Imana?’ Niba ari ko ubibona, uzokenera gufasha abana bawe mu vyo bakenera mu vy’impwemu.
Uburyo bwo Kubaronsa Ivyo Bakenera mu vy’Impwemu
Muri ya Nsiguro yo ku Musozi Yezu Kirisitu yatanga, yavuze ati: ‘Hahirwa abazi ko bakeneye ivy’impwemu, kuko ubwami bw’ijuru ari ubwabo.’ (Matayo 5:3, NW) None ni ibiki umuvyeyi akora ngo abaronse ibikenewe mu vy’impwemu? Abana baragira ico bungutse kinini igihe abavyeyi batanga akarorero keza mu kugaragaza ukwizera Yehova Imana. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ūtizera ntibishoboka kw ayihimbara; kuk’uwēgēra Imana akwiye kwizera yukw iriho, igaha impēra abayirondera.” (Abaheburayo 11:6) Ariko rero kugira ngo ukwizera kugire ico kuvuze koko, isengesho rirakenewe. (Abaroma 12:12) Mu gihe wemanga ko ukeneye ivy’impwemu, uzorondera ubuyobozi buva ku Mana, nka kumwe vyagirwa n’umuvyeyi wa wa mwana yahavuye aba Umucamanza akomeye wa Isirayeli, ari we Samusoni. (Abacamanza 13:8) Ico uzokora si ugusenga gusa, ahubwo kandi ni ukugenda mw’Ijambo ry’Imana Bibiliya kugira ngo uharondere imfashanyo.—2 Timoteyo 3:16, 17.b
Naho kurera bitanga akazi kagoye ko guha abana ubuyobozi bwiza, kubashigikira mu vy’umutima hamwe no kubafasha mu vy’impwemu, birashobora kuvamwo impera nyinshi. Hari se w’abana babiri wo muri Berezili avuga ati: “Sinoruha ndota ntari kumwe n’abana banje. Hari ibintu vyinshi vyiza dushobora gusangira na bo.” Mu gusigura igituma abo bana bameze neza, nyina wabo arongerako ati: “Twama nantaryo turi kumwe na bo, kandi turagerageza gutuma banezerwa bagahimbarwa. Vyongeye, igihambaye kuruta ni uko nantaryo dusenga tubasabira.”
Priscilla aribuka urukundo n’ukwihangana abavyeyi biwe bamugaragariza igihe cose haba havyutse ingorane. Avuga ati: “Bari abagenzi banje nyakuri, kandi bagiye baramfasha mu kintu cose. Uko nari umwana, nariyumvamwo vy’ukuri ko mfatwa ‘nk’intoranwa iva kuri Yehova.’ ” (Zaburi 127:3) Nk’uko abandi bavyeyi benshi babigenza, ntimwoteganya umwanya mwoba muri kumwe n’abana banyu kugira ngo mushobore gusomera hamwe Bibiliya n’ibisohokayandikiro vya gikirisu? Kwihweza inkuru za Bibiliya hamwe n’ingingo ziri muri yo mumerewe neza birashobora gufasha abana kugira umwizero n’icizigiro nyakuri ca kazoza.
Igihe Abana Bose Bazoba Batekaniwe
Naho kazoza gasa n’akije ku bana benshi muri iki gihe, Ijambo ry’Imana riratwemerera yuko isi igiye kuba ahantu hatekanye abantu bazoba. Iyumvire igihe abavyeyi batazoba bahagaritse umutima ku vyerekeye ugutekanirwa kw’abana babo, mw’isi nshasha Imana yasezeranye! (2 Petero 3:13) Gerageza wiyumvire iranguka rikomeye rizoba ryabaye ry’ubu buhanuzi: “Ibingira rizobana n’umwagazi w’intama, n’ingwe izoryamana n’umwagazi w’impene, n’inyana n’umugunza w’intambge n’ishūri ishishe bizobana, kand’umwana mutoya ni we azobishorera.” (Yesaya 11:6) No muri iki gihe nyene, ugutekanirwa mu vy’impwemu kwavuzwe muri ayo majambo kuraranguka mu buryo bw’ikigereranyo mu bakorera Yehova. Hagati muri bo, uzokwiyumvamwo yuko Imana ikwitwararitse mu rukundo. Mu gihe ugaragaza yuko ukunda Imana, urashobora gushira amazinda yuko itahura inyiyumvo ufise z’umuvyeyi, kandi izogufasha kumenya uko uvyifatamwo mu maganya n’ibigeragezo mushobora guhura. Niwige Ijambo ryayo kandi wizigire Ubwami bwayo.
Fasha abana bawe mu nzira igana mu buzima budahera mu kubaha akarorero keza. Uhungiye kuri Yehova Imana, kazoza kawe n’ak’abana bawe gashobora kuzoruta ivyo witeze vyose. Urashobora kugira wa mwizero nyene umwanditsi wa Zaburi yari afise, we yaririmvye ati: “Uhimbarwe n[a Yehova], na we azoguha ivyo umutima wawe ugomba.”—Zaburi 37:4.
[Utujambo tw’epfo]
a Muri iki kiganiro hakoreshejwe amazina yasubiriye ayandi.
b Raba ikigabane ca 5 gushika ku c’7 mu gitabu Le secret du bonheur familial, casohowe na Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania.