Imigisha Iva ku Gikenurwa c’Ubutsimvyi
“Umugisha w[a Yehova] uratungisha, kandi nta mubabaro awuvangamwo.”—IMIGANI 10:22.
1, 2. (a) Umutsimvyi umwe yaseruye ate inyiyumvo afise ku vyerekeye igikenurwa c’igihe cose? (b) Ni kuki abatsimvyi bafise uburyo bw’ukwumva umunezero bimwe vyuzuye kuruta, w’uguhindura abantu abigishwa?
“MBEGA hobaho umunezero usumba uw’ukubona umuntu mwigana acika uwushemeza Yehova w’inshirukabute? Birashwangamura, eka birakomeza ukwizera, kubona ukuntu Ijambo ry’Imana ari irinyabubasha mu gutuma abantu bagira amahinduka mu buzima bwabo kugirango bahimbare Yehova.” Ukwo ni ko umutsimvyi wo muri Kanada yanditse, uwakoze mu gikenurwa c’igihe cose imyaka irenga 32. Ku biraba igikenurwa ciwe c’ubutsimvyi, avuga ati: “Sinshobora kwiyumvira gukora ikindi kintu na kimwe. Vy’ukuri sinshobora kwiyumvira ikintu na kimwe cozana umunezero nka wo.”
2 Woba wemera ko haba umunezero munini mu kugira umugabane mu vy’ugusahiriza umuntu mu nzira y’ubuzima? Nkako nyene, abatsimvyi si bo bonyene bumva umunezero nk’uwo. Abasuku ba Yehova bose bafise inshingwano y’ ‘uguhindura abantu abigishwa,’ kandi barihata ngo babigire. (Matayo 28:19) Ariko rero, kubera ko abatsimvyi bashoboye kumara amasaha menshi mu gikenurwa co mu ndimiro, kenshi baba bafise uburyo bwo kwumva iminezero iva ku guhindura abantu abigishwa, bimwe vyuzuye kuruta. Ariko gukora ubutsimvyi birazana n’izindi mpera nyene. Urayaga n’abatsimvyi, bazokubwira yuko gukora ubutsimvyi ari uburyo bw’igitangaza bw’ukwumva ‘umugisha wa Yehova utungisha.’—Imigani 10:22.
3. Ni igiki coshobora kutuvyurira imbaga uko tubandanya gusukurira Yehova?
3 Ubu bwa vuba, abatsimvyi bava mu mihingo itari imwe y’isi barasabwe kudondora imigisha biboneye mu gikenurwa c’igihe cose. Reka turimbure ivyo bari bafise bavuga. Ariko ntucike intege niba ubusuku bwawe ari ububayabaye biturutse ku magara mabi, ubusaza, canke iyindi mimerere. Ibuka, ikintu gihambaye ni ugusukurira Yehova n’ubugingo bwose, uko ubushobozi bungana kwose. Mugabo, ukwumva insasanuro zitangwa n’abatsimvyi bamwebamwe bishobora mbere kwongereza ukuntu woshimishwa n’ugutangura uwo murimo uhesha impera, niba bishoboka.
Inyiyumvo Zigera Kure z’Ubushizi bw’Akanyota n’Umunezero
4, 5. (a) Ni kuki ugusangira inkuru nziza n’abandi ari ikintu kizana impera cane? (b) Abatsimvyi biyumva gute ku vyerekeye ukugira umugabane mu gikenurwa igihe cose?
4 Yezu yavuze, ati “Gutanga kuzana [ubuhirwe] kuruta guhabga.” (Ivyakozwe 20:35) Ni vyo, ugutanga kutarimwo ubwikunzi kurifitiye impera gutanga. (Imigani 11:25) Canecane ni ko bimera mu vy’ugusangira inkuru nziza n’abandi. Mu vy’ukuri, ni iyihe mpano nini gusumba twoshobora guha umuntu nkatwe yoba iruta kumufasha ngo aronke ubumenyi bwerekeye Imana, bujana mu buzima budashira?—Yohana 17:3.
5 Si ibitangaje, abagira umugabane mu gikenurwa igihe cose barakunda gutanga insasanuro zerekeye umunezero n’ukwumva cane ko baryimaze mu gikenurwa cabo. “Ndazi ko ata kindi gikorwa coshoboye gutuma numva ubushizi bw’akanyota bwavuye mu gusangira ukuri n’abandi,” ivyo bikavugwa n’umutsimvyi w’imyaka 64 y’amavuka wo mu Bwongereza. Hari umupfakazi wo muri Kongo (R.D.) yaseruye ico ugukora ubutsimvyi kwasobanuye kuri we, ati: “Ubusuku bw’umutsimvyi bwarambereye igihumuriza inyuma y’aho mburiye umugabo wanje nakunda. Uko nsohoka nkaja mu busuku gufasha abandi, ni ko niyumvamwo buhoro ukwo kubura kw’agacamutima. Nshira ukwizera kwanje mu masezerano ya Yehova kandi nkiyumvira canecane ukuntu nshobora gufasha abo turiko twigana ngo bagire amahinduka mu buzima bwabo. Mu mpera za buri musi, agatiro kanje kaba gasosa, n’umutima wanje ukaba wuzuye umunezero.”
6. Ni umunezero muki udasanzwe abatsimvyi bamwebamwe bagize?
6 Bamwe mu bamaze imyaka mirongo bakora ubutsimvyi baragize wa munezero udasanzwe w’ugusukurira mu turere twa kure, barashinga amakorane, ayahavuye akavamwo imizunguruko. Nk’akarorero, muri Abashiri, Hokkaido (izinga ry’Ubuyapani ry’amaja mu buraruko), hariyo umuvukanyikazi amaze imyaka 33 ari umutsimvyi. Aribuka yuko kw iteraniro ry’umuzunguruko rya mbere yagiyeko—kuri Hokkaido yose—ryarorerewe n’abantu 70 gusa. Ubu ho? Hari imizunguruko 12 kuri iryo zinga, hakaba hari abamamaji bose hamwe barenga 12 000. Iyumvire ukuntu umutima wiwe ubogaboga umunezero igihe arorera amateraniro n’imikwakwa ari kumwe n’amasinzi y’abavugiraheru b’Ubwami bagenziwe kuri iryo zinga!
7, 8. Ni umunezero nyabaki abatsimvyi babumazemwo igihe kirekire kuruta biyumvisemwo?
7 Abandi batsimvyi babumazemwo igihe kirekire baragize umunezero wo kubona abigishwa ba Bibiliya babatizwa hanyuma maze bakaramvurira utundi duteka tw’ubusuku duhambaye kuruta. Mu Buyapani umuvukanyikazi umwe yakoze ahantu icenda hatandukanye yari yashinzwe gukorera ubutsimvyi guhera mu 1957, aribuka igihe yasigira ikinyamakuru Amkeni! inkumi yakora muri banki. Mu mezi icenda iyo nkumi yari yabatijwe. Mu nyuma yarubatse, kandi we hamwe n’umugabo wiwe bacitse abatsimvyi b’imenamushike. Mbega ukuntu wabaye umunezero kuri uwo muvukanyikazi w’umutsimvyi igihe, aho yariko akorera ahagira gatatu, iryo korane ryagenderwa n’umucungezi waryo mushasha w’umuzunguruko n’umukenyezi wiwe—umwe yari yahoze ari umwigishwa wiwe wa Bibiliya!
8 Ntibitangaje kubona abagize igikenurwa c’ubutsimvyi umwuga babibona ko ari “agateka k’igiciro ntangere gakwiye gukundwa cane,” nk’uko umutsimvyi umwe w’imyaka 22 yabiseruye!
Ikimenyamenya c’Uko Yehova Atwitaho
9. Bwa Muronsabintu Mukuru, ni ibiki Yehova asezeranira abasuku biwe, kandi ivyo bisobanura iki kuri twebwe?
9 Yehova, we Muronsabintu Mukuru, asezerana kwitungira abasuku biwe, kubitaho mu vy’impwemu no mu vy’umubiri. Niho Umwami Dawidi wa kera yashoboye kuvuga ati: “Uhereye nkiri muto, none ndashāje, ariko sinigeze kubona umugororotsi yahebge, cank’uruvyaro rwiwe rusēgerereza ivyo kurya.” (Zaburi 37:25) Nkako nyene ico gikuramazinda Imana itanga ntikidukurako itegeko ry’ukuronsa ingo zacu ivy’umubiri, eka ntikinaduha uruhusha rw’ukwimonogoza mu kuzera ubutanzi bw’abavukanyi bacu b’abakirisu. (1 Ab’i Tesalonike 4:11, 12; 1 Timoteyo 5:8) Yamara, igihe tugize utwigoro túbigomba mu buzima bwacu kugira dusukurire Yehova bimwe vyuzuye kuruta, ntazigera aduta.—Matayo 6:33.
10, 11. Bivuye ku vyo biboneye, ni ibiki abatsimvyi batari bake bazi ku vyerekeye ubushobozi Yehova afise bw’ukuronsa umuntu ibintu?
10 Abatsimvyi kw isi iyo iva ikagera barazi mu vyo biboneye, yuko Yehova aronsa ibintu abishira mu maboko rutunga yiwe. Rimbura ivyashikiye umugabo n’umugore wiwe b’abatsimvyi bimukiye mu gisagara gitoyi ahari hakeneye cane abakwiririji b’Ubwami. Inyuma y’amezi makeyi, ubuzi bwo mw isi bwacitse imbonekarimwe, eka n’ayo baziganije arozwa. Maze baronka ifagitiri ya soransi y’umuduga isaba amadolari 81. “Nta buryo namba twari dufise bwo kuyiriha,” nya muvukanyi ni ko yavuze. Ati “Twarasenze bikomeye turi n’akoba iryo joro.” Bukeye bwaho, bararonse agakarata kavuye ku rugo rw’abariko na bone barwana urugamba mu vy’ubutunzi. Runo rugo rwari rwaronse amahera rusubijwe kw ikori, nk’uko bisigurwa na nya gakarata, hanyuma kubera ko yari ayaruta ayo bari biteze, bashatse guhako makeyi uwo mugabo n’umugore b’abatsimvyi. Bari bakōmetseko isheki y’amadolari 81! “Sinzigera nibagira uwo musi—imishatsi yo kw irugu yarampagararanye!” bikavugwa na nya muvukanyi w’umutsimvyi. “Twarashimye cane ubutanzi bw’urwo rugo.” Yehova na wene arashima ubuntu nk’ubwo, ari bwo buranga ka gatima k’ubutanzi aremesha mu basuku biwe.—Imigani 19:17; Abaheburayo 13:16.
11 Abatsimvyi batari bake barashobora kuvuga ivyabaye bisa n’ivyo. Urababaza, bazokubwira yuko batigeze ‘bahebwa.’ Umutsimvyi umwe w’imyaka 72 y’amavuka yararavye inyuma ku myaka irenga 55 amaze mu gikenurwa c’igihe cose, avuga ati: “Yehova ntarigera ampemukira.”—Abaheburayo 13:5, 6.
“Uburyo Bwiza Bihebuje bw’Ukwiyegereza Cane Yehova”
12. Ni kuki igikorwa c’ukumenyesha inkuru nziza ari agateka kibonekeje cane?
12 Ivy’uko Yehova mbere adusaba kuvugira aheru inkuru nziza y’Ubwami bwiwe biradutera agateka. Uko atubona—naho turi abanyagasembwa—ni nk’ ‘abakozi bakorana na we’ muri uwo murimo nkizabuzima. (1 Ab’i Korinto 3:9; 1 Timoteyo 4:16) Uko dukwiririza ku bandi ivyerekeye Ubwami bw’Imana, uko tuvugira aheru umuhero w’ubukozi bw’ikibi, uko dusigurira abantu urukundo rw’igitangaza yaranze mu gutanga incungu, uko tuzingurura Ijambo ryiwe rizima hanyuma vya bintu ritekeye vy’igiciro tukavyigisha abantu b’inzirabugunge, dusanga ubusanzwe twegerejwe cane Umuremyi wacu, Yehova.—Zaburi 145:11; Yohana 3:16; Abaheburayo 4:12.
13. Bamwe bavuga iki ku vyerekeye ico igikenurwa cabo c’ubutsimvyi gikora ku bucuti bafitaniye na Yehova?
13 Abatsimvyi barashobora kumara umwanya munini buri kwezi biga ivyerekeye Yehova bongera bavyigisha. Ni gute none bumva ko ivyo bigira ico bikoze ku bucuti bafitaniye n’Imana? “Gukora ubutsimvyi ni uburyo bwiza bihebuje bw’ukwiyegereza cane Yehova,” iyo nyishu igatangwa n’umukurambere umwe mu Bufaransa, uwumaze imyaka irenga cumi ari umutsimvyi. Uwundi mutsimvyi muri ico gihugu, uwumaze imyaka 18 mu gikenurwa c’igihe cose, avuga ati: “Ubusuku bw’umutsimvyi buraduha uburyo bwo ‘kwumvirizako, tukamenya ko Yehova aryoshe,’ uko bukeye uko bwije tukubaka ubucuti bwacu n’Umuremyi burushirije kuba ubukomeye.” (Zaburi 34:8) Umuvukanyikazi wo mu Bwongereza amaze imyaka 30 ari umutsimvyi na wene yiyumva gutyo. Agira ati: “Kurinda kwifashisha impwemu ya Yehova kugirango inyobore mu gikenurwa canje biramunyegereza. Vy’ukuri ndumva impwemu ya Yehova ibihe vyinshi inyerekeza ku muhana munaka ku gihe kibereye.”—Gereranya n’Ivyakozwe 16:6-10.
14. Ni mu buryo ki abatsimvyi bungukira ku gukoresha Bibiliya hamwe n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri yo uko bukeye uko bwije kugira bigishe abandi?
14 Abatsimvyi benshi basanga gukoresha Bibiliya hamwe n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri yo uko bukeye uko bwije kugirango basigure kandi bigishe ukuri kwo mu Vyanditswe bibafasha gukura mu bumenyi bw’Ijambo ry’Imana. Umuvukanyi w’imyaka 85 y’amavuka wo muri Esupanye amaze imyaka 31 ari umutsimvyi, asigura ati: “Gukora ubutsimvyi vyaramfashije kwironkera ubumenyi bwimbitse bwa Bibiliya, ubwo nakoresheje kugira mfashe abantu benshi ngo bagere ku kumenya Yehova n’intēgo ziwe.” Umuvukanyikazi wo mu Bwongereza amaze imyaka 23 akora ubutsimvyi avuga ati: “Iki gikenurwa c’igihe cose caramfashije kurima inambu nyinshi y’imfungurwa z’ivy’impwemu.” Gusigurira abandi “inyanduruko y’ivyizigiro biri muri [wewe]” birashobora gukomeza injijuko ubwawe ufise ku biraba vya vyemero uha agaciro. (1 Petero 3:15) Umutsimvyi umwe wo muri Ostraliya agira ati: “Gukora ubutsimvyi biraryohora ukwizera kwanje igihe nisigura imbere y’abandi.”
15. Abenshi bagize umutima ukunze bagira iki kugirango binjire mu gikenurwa c’ubutsimvyi vyongeye bakigumemwo, kandi ni kubera iki?
15 Birumvikana, abo bakenuzi b’abatsimvyi barajijutse yuko bacaguye ubwoko bw’ubusuku buzana imigisha ntaharurwa iva kuri Yehova. Ntibitangaje kubona benshi baragize umutima ukunze baragira amahinduka mu buzima bwabo, mbere bagaheba umwuga bafise mw isi n’amatungo yabo y’ivy’umubiri, kugira binjire mu gikenurwa c’ubutsimvyi kandi bakigumemwo!—Imigani 28:20.
Umutima Wawe Woba Wipfuza Cane Gukora Ibirushirije?
16, 17. (a) Niwaba uriko wibaza niba ugukora ubutsimvyi vyogushobokera, ni igiki woshobora kugira? (b) Bamwebamwe bumva bamerewe gute mu gihe badashoboye gukora ubutsimvyi?
16 Umaze kurimbura ico abatsimvyi bavuga ku vyerekeye imigisha iva ku gikenurwa c’ubutsimvyi, kumbure uriko wibaza niba ugukora ubutsimvyi bikwiriye kuri wewe. Niba ari ukwo, ni kuki utoganira n’umutsimvyi yakundiwe n’igikenurwa c’igihe cose? Ushobora kandi gusanga ari rufasha uganiriye n’umwe mu bakurambere mw ikorane, umuntu akuzi—azi uko amagara yawe ameze, imipaka utarenga, hamwe n’amabanga ujejwe mu rugo. (Imigani 15:22) Insasanuro abandi batanga zivugisha ukuri zirashobora kugufasha kugirango upime witonze, urabe niba ugukora ubutsimvyi vyogushobokera. (Gereranya na Luka 14:28.) Niba ushoboye gukora ubutsimvyi, imigisha uzoronka izoba myinshi koko.—Malaki 3:10.
17 Ariko none, bite ku bamamaji b’Ubwami b’abizerwa benshi batagira uburyo bw’ugukora ubutsimvyi, naho boba bipfuza gukora ibirushirije mu gikenurwa? Rimbura nk’akarorero inyiyumvo zagizwe n’umuvukanyikazi w’Umukirisu ariko arwana urugamba ngo arere abana biwe bane ari wenyene. Agira ati: “Merewe nabi, kuko nahora ndi umutsimvyi w’intahorereza, ariko ubu, biturutse ku mimerere ndimwo, sinshoboye gusohoka ngo je mu busuku bwo mu ndimiro cane nk’uko nahora.” Uwo muvukanyikazi arakunda abana biwe, bimwe vyo ku mutima, kandi arashaka kubasumira. Ubwo nyene, aripfuza cane gukora ibirushirije mu gikorwa c’ubukwiririji. “Ndakunda igikenurwa,” ni vyo asigura. Inyiyumvo nk’izo zirafiswe n’abandi Bakirisu babwitangiye, abo urwo bakunda Imana rutuma bashaka gusukurira Yehova ‘n’umutima wabo wose.’—Zaburi 86:12.
18. (a) Ni igiki Yehova yiteze kuri twebwe? (b) Ni kuki dukwiye kudacika intege niba imimerere turimwo ishingira umupaka ivyo dushoboye gukora?
18 Ibuka yuko ico Yehova atwitezeko ari ubusuku dukoranye ubugingo bwose. Uko buno bungana gushobora kuba ukurutana cane bivuye ku bugingo bumwebumwe bwose. Bamwe barashoboye gutunganya ivyabo kugirango basukure bwa batsimvyi b’intahorereza. Abandi benshi bariyandikisha ngo babe abatsimvyi bafasha haba uko akaryo kabonetse canke mu buryo bubandanya, bakamara amasaha 60 buri kwezi mu gikenurwa. Abenshi cane mu gisata ca Yehova ariko, baritanga mu gikorwa co gukwiririza no kwigisha, n’ubugingo bwabo bwose, ari abamamaji b’ikorane. Nuko rero, niba wewe vy’ukuri utangiriwe n’amagara mabi, ubusaza, amabanga ujejwe mu rugo, canke iyindi mimerere, ntugacike intege. Bugingo utanga ivyiza bihebuje ufise, ubusuku bwawe burafise agaciro mu nyonga z’Imana, nk’uko na bumwe bw’abari mu gikenurwa c’igihe cose bugafise!
Bose Barashobora Kwerekana Agatima k’Ubutsimvyi
19. Agatima k’ubutsimvyi ni iki?
19 Naho nyene woba udashoboye kwiyandikisha ngo ube umutsimvyi, urashobora kwerekana agatima k’ubutsimvyi. Agatima k’ubutsimvyi ni iki? Insohore yo muri Mukakaro 1988 y’Igikorwa Dukorera Ubwami yavuze iti: “Koshobora gusigurwa ko ari ukugira agatima ntahebuza ku biraba rya bwirizwa ryo gukwiririza no guhindura abantu abigishwa, umuntu akaba vy’ukuri uwijukiye urukundo n’ubwitwararitsi afitiye abantu, akaba uwibabaza, akaronka umunezero mu gukurikira Databuja ikanda mu rindi, kandi akagirira agahimbare mu bintu vy’impwemu, si mu bintu vy’umubiri.” Ushobora ute kwerekana agatima k’ubutsimvyi?
20. Ni gute abavyeyi bashobora kwerekana agatima k’ubutsimvyi?
20 Niba uri umuvyeyi afise abana bakiri bato, urashobora, n’umutima wawe wose, kubagīra inama y’uko bofata umwuga w’ukuba abatsimvyi. Agatima ntahebuza ufitiye igikenurwa gashobora kwinjiza muri bo ivy’uko bakeneye kugira ubusuku bwa Yehova co kintu gihambaye kuruta vyose mu buzima bwabo. Ushobora gutumira abatsimvyi n’abacungezi b’ingenzi be n’abakenyezi babo iwanyu kugira abana bawe bashobore kwungukira ku turorero tw’abaronkeye umunezero mu gikenurwa c’igihe cose. (Gereranya n’Abaheburayo 13:7.) No mu ngo nyene zigabaguritse mu vy’idini, abavyeyi bemera barashobora, mu mvugo no mu karorero, gufasha abana babo kugira igikenurwa cabo c’igihe cose ryo hangiro mu buzima.—2 Timoteyo 1:5; 3:15.
21. (a) Dushobora gute twese gushigikira abariko bakora ubutsimvyi? (b) Ni igiki abakurambere bashobora kugirango baremeshe abatsimvyi?
21 Mw ikorane, turashobora twese gushigikira n’umutima wacu wose abashoboye gukora ubutsimvyi. Nk’akarorero, woba ushobora kwihata cane ugakorana n’umutsimvyi mu gikenurwa, canecane mu bihe uwo mutsimvyi yohava yikorana wenyene? Ushobora neza kuzosanga habayeho ‘ukuremeshanya.’ (Abaroma 1:11, 12) Niba uri umukurambere, ushobora mbere gukora ibirushirije mu kuremesha abatsimvyi. Igihe inama y’abakurambere ikoranye, barakwiye kurimbura ubudahorereza ivyo abatsimvyi bakeneye. Igihe umutsimvyi acitse intege canke ariko ashikirwa n’ingorane zinaka, ntiwihute gutanga inama yuko yohagarika ubutsimvyi. Naho ugutanga inama nk’iyo vyoshobora kuba nkenerwa mu bihe bimwe na bimwe, ntiwibagire ko ubutsimvyi ari agateka k’igiciro umusuku w’igihe cose ashobora gushima bimwe bigera kure. Indemesho ntoyi hamwe n’impanuro zinaka nibura insahirizo vy’ingirakimazi, vyoshobora kuba ari vyo gusa akeneye. Ibiro vy’ishami ry’Ishirahamwe muri Esupanye vyandika ngo: “Mu gihe abakurambere baremesha ugukora ubutsimvyi, bagashigikira abatsimvyi mu gikenurwa co mu ndimiro, kandi bakabagendera cungere ubudahorereza, abatsimvyi baragira umunezero urushirije, bakumva ko bafise akamaro, kandi bakumva bashaka kubandanya naho hogira intambamyi zivyuka.”
22. Muri iki kiringo c’agakura co mu nkuru z’ivya kahise k’abantu, dukwiye kwiyemeza kugira iki?
22 Tubayeho mu kiringo c’agakura co mu nkuru z’ivya kahise k’umuntu. Yehova yaraduhaye igikorwa c’inkizabuzima co kurangura. (Abaroma 10:13, 14) Twaba dushobora kugira umugabane muri ico gikorwa igihe cose turi abatsimvyi canke tukaba tutabishoboye, nitwerekane agatima k’ubutsimvyi. Nitwiyumvemwo ubwihute bw’ibintu n’agatima k’ukwibabaza. Nitwiyemeze guha Yehova ico adushakako—ubusuku dukoranye ubugingo bwacu bwose. Kandi nitwibuke ko igihe dutanga ivyo dushobora gutanga vyose, vyaba bisa na twa duceri twa wa mupfakazi canke ya mavuta azimvye ya Mariya, ubusuku bwacu buba ari ubukoranywe ubugingo bwose, kandi Yehova arashima cane ubusuku dukoranye ubugingo bwacu bwose!
None Uribuka?
◻ Ni kuki igikenurwa c’igihe cose kizana inyiyumvo z’ubushizi bw’akanyota n’umunezero?
◻ Bivuye ku vyo biboneye, ni ibiki abatsimvyi batari bake bazi ku vyerekeye ubushobozi Yehova afise bwo kwitaho abasuku biwe?
◻ Abatsimvyi bumva ko igikenurwa cabo gikora iki ku bucuti bafitaniye na Yehova?
◻ Ushobora gute kwerekana agatima k’ubutsimvyi?
[Ifoto ku rup. 17]
Abatsimvyi bararonkera umunezero munini ku guhindura abantu abigishwa
[Ifoto ku rup. 17]
Abana bawe barashobora kwungukira ku kwifatanya n’abavugiraheru b’Ubwami b’igihe cose
[Ifoto ku rup. 17]
Abakurambere barashobora kuremesha abatsimvyi mu gikenurwa co mu ndimiro