‘Yehova Ntazota Abantu Biwe’
“Amarushwa y’umugororotsi ni menshi, arik[o Yehova, “NW”] ayamukiza yose.”—ZABURI 34:19.
1, 2. (a) Yehova ahezagira gute abantu biwe muri iki gihe? (b) Abakirisu benshi bahanzwe n’ibiki, kandi ni ibibazo ibihe bivyuka?
MW IRANGUKA ry’ivyari vyaravuzwe na Bibiliya, abasenga Yehova bibereye mw iparadizo y’ivy’impwemu. (2 Ab’i Korinto 12:1-4) Ivyabona vya Yehova bari mu kigenzi gikwiye mu mahanga yose kirangwa n’urukundo hamwe n’ubumwe. (Yohana 13:35) Barifitiye ubumenyi bugera kure kandi ata co busiga inyuma bw’ibintu vy’ukuri vyo muri Bibiliya. (Yesaya 54:13) Ese ukuntu bakurira ubwatsi Yehova kubona abatera agateka k’ukuba abashitsi mw ihema ryiwe ryo mu vy’impwemu!—Zaburi 15:1.
2 Naho mw iyungungane rya Yehova bose bifitiye ugusagamba mu vy’impwemu, bamwe basa n’ababa mu mahoro n’ugutekanirwa bibayabaye, mu gihe abandi na bo bashikirwa n’amarushwa y’ubwoko bunaka canke bunaka. Abakirisu benshi harashika aho baba abateye imbabazi igihe kirekire, kandi ata kuremururwa baziga. Ukuvunika umutima ni ikintu gisanzwe iyo ibintu vyifashe gutyo. (Imigani 13:12) None ivyago coba ari ikimenyamenya c’uko tudahimbara Imana? Yehova hoba hariho ukuntu akingira Abakirisu bamwebamwe mu buryo budasanzwe abandi na bo akabata?
3. (a) Yehova yoba ari we yobazwa amabi ashikira abantu biwe? (b) Ni kuki n’abasenga Yehova b’abizerwa bahura n’ubucumukure bushikira abantu?
3 Bibiliya yishura iti: “Umuntu niyageragezwa gukora ibibi, yoye kuvuga ngw Imana ni yo ingerageje. Kukw Imana itageragezwa n’ibibi, kandi na yo nta we ibigerageresha.” (Yakobo 1:13) Yehova ni we Mukingizi na Rutunga w’abantu biwe. (Zaburi 91:2-6) “[Yehova n]tazota abantu biwe.” (Zaburi 94:14) Ivyo ntibisigura yuko abasenga b’abizerwa batazoshikirwa n’ubucumukure. Ivy’isi ya kino gihe birongowe n’abantu kuri bo amakemwa ari ubwome. Benshi usanga barononekaye, abatari bake ugagasanga ni babi vyenyuje. Nta n’umwe muri bo arondera ubukerebutsi kuri Yehova. Ivyo bituma abantu bacumukura cane. Bibiliya iravuga idahisha yuko abantu ba Yehova badashobora kwama birinda inkurikizi zibabaje z’amakemwa y’umuntu n’ubukozi bw’ikibi bwiwe.—Ivyakozwe n’intumwa 14:22.
Abakirisu b’Intahemuka Bariteze Gucumukura
4. Ni ibiki Abakirisu bose bashobora kwitega bugingo bakiba muri iyi si mbi, kandi ni kubera iki?
4 Naho abagendanyi ba Yezu atari ab’isi, baba muri iyi si. (Yohana 17:15, 16) Muri Bibiliya Shetani arashirwa ku kabarore yuko ari we nguvu iganza yikinze inyuma y’iyi si. (1 Yohana 5:19) Ni co gituma Abakirisu bose bashobora kwitega yuko biteba bitebuka, bategerezwa guhangana n’ingorane zikomeye. Ivyo intumwa Petero yari abifise ku muzirikanyi igihe yavuga ati: “[Nimugumane amenge yanyu, NW], mwame mugavye: umurezi wanyu, ari we wa Murwanizi, agendagenda nk’intambge yivuga, arondera uwo arotsa. Mumurwanye mufise ukwizera gushikamye, muzi yukw imibabaro ihwanye n’iyanyu ishitswa kuri bene Data bari mw isi.” (1 Petero 5:8, 9) Egome, umuryango wose w’abavukanyi ushobora kwitega ubucumukure.
5. Yezu yatomoye gute ivy’uko Abakirisu b’abizerwa bazoshikirwa n’ibintu bibabaje mu buzima?
5 Naho twoba dukunda rwose Yehova tukaba kandi turi intahemuka ku ngingo ziwe, tuzoshikirwa n’ibintu bibabaza mu buzima. Yezu ivyo yarabishize ahabona mu mugani wanditse muri Matayo 7:24-27, aho yahushanije abumvira amajambo yiwe n’abatayumvira. Abigishwa bagamburuka yabagereranije n’umuntu w’incabwenge yubakira inzu ku rutare rukomeye. Abatumvira amajambo yiwe yabasanishije n’umuntu w’ikijuju yubakira inzu yiwe ku musenyi. Ikirura gikomeye kimaze guhuhuta, ya nzu yubakiwe ku rutare ni yo yonyene irusimba. Ntuyoberwe yuko ku vyerekeye inzu y’uwo mugabo w’umunyabwenge “isegenya [yaguye], inkukūra iratwaza, igihuhuta kirahuhuta, bisūrira kuri nya nzu, ntiyagwa.” Yezu ntiyasezeranye yuko uwo muntu w’incabwenge yokwamye ari n’amahoro n’ugutekanirwa. Ahubwo, uguca ubwenge kwa nya muntu kwotumye yitegurira kurinda ikirura. Iciyumviro nk’ico kirashikirijwe mu mugani w’umubivyi. Muri co, Yezu asigura yuko n’abasenga b’ingamburutsi ‘b’umutima mwiza utunganye’ na bo nyene ‘bokwamye imbuto n’ukwihangana.’—Luka 8:4-15.
6. Mu kigereranirizo Paulo yatanze c’ibikoresho binanira umuriro, ibigeragezo vy’umuriro bishikira bande?
6 Igihe intumwa Paulo yandikira Abanyakorinto, yakoresheje imvugo nyitiriro kugira agereranye ivy’uko hakenewe kamere zikomeye zishobora kudufasha guhangana n’ibigeragezo. Ibikoresho binanira umuriro nk’inzahabu, ifeza, hamwe n’amabuye y’igiciro birahuye na kamere z’Imana. (Gereranya n’Imigani 3:13-15; 1 Petero 1:6, 7.) Ariko, utugeso tw’umubiri dusanishwa n’ibikoresho biturirwa n’umuriro. Maze Paulo avuga ati: “Igikorwa c’umuntu wese kizoseruka. Wa musi uzogiserura, kuk’uzohishuranwa n’umuriro, kand’igikorwa c’umuntu wese uwo muriro uzokigeza ico kirimwo. Igikorwa c’umuntu, ico yubatse kur’iryo tanguriro, ni carama, azohabga ingero.” (1 Ab’i Korinto 3:10-14) N’aha nyene, Bibiliya isigura yuko twese tutazobura gushikirwa n’ibigeragezo binaka bimeze nk’umuriro.
7. Nk’uko bivugwa mu Baroma 15:4, Ivyanditswe bishobora kudufasha gute kwihanganira ibigeragezo?
7 Hariho inkuru injojo muri Bibiliya zivuga ivy’abasuku b’Imana b’intahemuka babwirijwe kwihanganira ivyago, rimwe na rimwe bakavyihanganira ibihe n’ibindi. Yamara, Yehova ntiyabataye. Intumwa Paulo yoba yari afise ubwo burorero ku muzirikanyi igihe yandika ati: “Ivyanditswe kera vyose vyandikiwe kutwigisha, kugira ngo kwihangana no guhumurizwa guheshwa n’ivyanditswe biduhe kwizigira ibizoba.” (Abaroma 15:4) Rimbura uturorero tw’abantu batatu bashikiwe n’ivyago vyinshi kandi bafitaniye n’Imana ubunywanyi bukomeye.
Ivyo Twigira mu Nkuru zo Muri Bibiliya
8. Ni ibiki Yehova yarekuye ku vyerekeye Yozefu, kandi vyamaze igihe kingana iki?
8 Yozefu Umuhungu wa Yakobo yaragiriwe ubuntu na Yehova kuva akiri mutoyi. Mugabo, yaracumukujwe n’urukurakuranwe rw’ivyago kandi ata kibi yakoze. Abavukanyi biwe bwite baramushoreyeko amaboko baramukorera amabi. Yaragurishijwe bwa muja ajanwa mu gihugu atazi, hano aragirizwa abesherwa, atabwa mw “ibohero.” (Itanguriro 40:15) Ngaho “[barabábarishije] ibirenge vyiwe iminyororo, bamushira mu vyuma.” (Zaburi 105:17, 18) Mu gihe Yozefu yamaze agizwe umuja kandi aboshwe, ategerezwa kuba yaratakambiye Yehova yisubiriza, ngo amutabare. Yamara, naho yari yakomejwe na Yehova mu buryo bunyuranye, yaramaze imyaka 13 yama avyuka mu gatondo akiri umuja canke imbohe.—Itanguriro 37:2; 41:46.
9. Dawidi yategerejwe kwihanganira ibiki mu myaka itari mike?
9 Ibindi bisa n’ivyo ni ivya Dawidi. Igihe Yehova yariko acagura umuntu akwiza ibisabwa ngo ategeke Isirayeli, yavuze ati: “Mbonye Dawidi mwene Isayi umuntu ameze nk’uk’umutima wanje ugomba.” (Ivyakozwe n’intumwa 13:22) Naho Dawidi imbere ya Yehova yari n’ikibanza c’iteka, ayo yabonye si make. Imbere y’ingeramizi y’urupfu, yaranyegeye imyaka itari mike mu bugaragwa, mu masenga, mu migāga, no mu mahanga. Yahigwa bwa gikoko co mw ishamba, aracumukuzwa n’ukuvunika umutima hamwe n’ubwoba. Yamara rero, yarihanganiye mu nkomezi za Yehova. Dawidi nta cari kumubuza kuvuga afatiye ku vyo yiboneye, ati: “Amarushwa y’umugororotsi ni menshi, arik[o Yehova, NW] ayamukiza yose.”—Zaburi 34:19.
10. Icago giherejeko cashikiye Naboti n’umuryango wiwe ni ikihe?
10 Mu gihe c’umumenyeshakazoza Eliya, muri Isirayeli hari abantu 7 000 gusa batari bapfunyiye ivi imana y’ikinyoma Bayali. (1 Abami 19:18; Abaroma 11:4) Naboti, uwoba yari muri bo, yarahitanywe n’akarenganyo gateye ubwoba. Yarambitswe ibara n’abamudodobereje ngo yarogose. Aho baboneye ko hari ikimwagira, yarumirijwe hanyuma umwami amusomera urw’uko ngo yicishwa amabuye, amaraso yiwe arigatwa n’imbwa. N’abahungu biwe nyene barishwe! Yamara, yazize ubusa. Amasura yamwagirije bari ababeshi. Urwo rubanza rwose wari umugambi wapanzwe n’Umwamikazi Yezebeli kugira umwami ashikire uruzabibu rwa Naboti.—1 Abami 21:1-19; 2 Abami 9:26.
11. Intumwa Paulo atubwira iki ku vyerekeye abagabo n’abagore b’abizerwa bo mu nkuru za Bibiliya?
11 Yozefu, Dawidi, na Naboti, ni uturorero dutatu gusa mu bagabo n’abagore benshi b’abizerwa bavugwa muri Bibiliya bashikiwe n’ivyago. Intumwa Paulo yaranditse ivya kahise asubiramwo ivy’abasuku ba Yehova mu biringo vyaheze. Mu vyo yasubiyemwo yaravuze ivy’abantu “bāgerageresh[ejwe] gushinyagurirwa no gukubitwa ibimoko, mbere bāshirwa mu ngoyi no mu mabohero: bicishijwe amabuye, bākerewemwo kubiri, bārageragejwe, bicishijwe inkota, bāyerera bambaye insāto z’intama n’iz’impene, bāri baburaniwe, bababazwa, bagirirwa nabi, (isi ntiyar’ibabereye ko bayibamwo), bāyerera mu bugaragwa no mu bisozi no mu masenga no mu vyobo.” (Abaheburayo 11:36-38) Ariko Yehova ntiyabataye.
Yehova Arababaye Abacumukuzwa
12. Amarushwa amwemwe ashikira Ivyabona vya Yehova muri iki gihe ni ayahe?
12 None abantu ba Yehova ubu bite? Uko tugize iyungungane, turashobora kuzêra ugukingirwa n’Imana, hamwe n’ukurengana mu mahoro imisi y’iherezo na ya marushwa ahambaye. (Yesaya 54:17; Ivyahishuriwe Yohana 7:9-17) Ariko rero, umwumwe wese turiyemerera yuko “ibihe n’ibiza ku muntu” bishikira bose. (Umusiguzi 9:11) Muri iki gihe hariho Abakirisu benshi b’abizerwa bacumukuzwa n’ivyago. Bamwe usanga bihanganira ubukene budashoboka. Bibiliya iravuga ivy’Abakirisu b’“impfuvyi n’abapfakazi” bari mu marushwa. (Yakobo 1:27) Abandi usanga bacumukura bivuye ku vyago vy’ivyaduka, intambara, ubukozi bw’ikibi, ugutwaza umukazo, indwara, n’urupfu.
13. Ni ibintu bigoye ibihe biherutse gushikirizwa muri raporo?
13 Nk’akarorero, muri raporo amashami ya Watch Tower yashikirije Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova mu 1996, yavuze yuko bamwe mu bavukanyi n’abavukanyikazi bacu bari mu munyororo, aho bamererwa nabi bimwe biteye ikigongwe, bázira ukwumira ku ngingo za Bibiliya. Hari amakorane atatu mu gihugu co muri Amerika y’Ubumanuko yasanzaye igihe imigwi ndwanarugamba yatekeza Ivyabona amajana ngo bave muri nya ntara. Mu gihugu kimwe co muri Afirika y’Uburengero, hariho Ivyabona bishwe bacakiriwe ahabera ugutana mu mitwe mu ndwano y’abanyagihugu. Mu gihugu kimwe co muri Amerika yo Hagati, inyifato y’ivy’ubutunzi imazé kuba iyibabaje y’abavukanyi bamwebamwe, yari yunyuwe n’igitero gikaze c’inkuruma. Mu bindi bibanza igihe ubukene n’amapfa bishobora kuba atari ingorane zikomakomeye, amosho mabimabi ashobora kugabanya umunezero wa bamwebamwe. Abandi bararemerwa n’imiruho y’ubuzima bwa kino gihe. Abandi na bo kubera ukutanegwa kw’abanyagihugu, bashobora kwumva yuko bavunitse umutima igihe bakwiragiza inkuru nziza y’Ubwami.
14. (a) Ni ibiki twigira ku karorero ka Yobu? (b) Aho kwiyumvira ibitwihebuza, ni ibiki dukwiye kugira mu gihe dushikiwe n’amagorwa?
14 Ivyo bintu vyose ntidukwiye kuvyumvamwo ikimenyamenya c’uko tudahimbara Imana. Ibuka ivyabaye kuri Yobu hamwe n’amabi yabonye. Yari “umuntu atunganye w’umugororotsi.” (Yobu 1:8) Ibaze ukuntu Yobu ategerezwa kuba yaracitse intege igihe Elifazi yamwomekako ubukozi bw’ikibi! (Yobu, ibigabane vya 4, 5, 22) Ntidushaka guca dupfundika iciyumviro c’uko dushikirwa n’ivyago kubera ko hari ukuntu twahemukiye Yehova canke kubera Yehova yadukuyeko umuhezagiro wiwe. Ukwiyumvira kw’ukwihebura igihe turi mu marushwa kwoshobora gutuma ukwizera kwacu kugoyagoya. (1 Ab’i Tesalonike 3:1-3, 5) Igihe dushikiwe n’amagorwa, ni vyiza kuzírikana ku vy’uko Yehova na Yezu bari hafi y’umugororotsi naho hoshika ibiki.
15. Tumenya dute yuko Yehova arazwa ishinga rwose n’ivyago bishikira abantu biwe?
15 Intumwa Paulo aradusubiriza umutima mu nda igihe avuga ati: “Ni nde azodutandukanya n’urukundo rwa Kristo? Mbega n’amarushwa, canke n’ivyago, canke n’uguhamwa, canke n’inzara, canke n’ukwambara ubusa, canke n’ukuba mw irinde, canke n’inkota? . . . Mmenye neza ntabikekeranya yuko naho rwoba urupfu, cank’ubu[zima], cank’abamarayika, cank’abaganza, cank’ibiriho, cank’ibizoba, cank’abafise ubushobozi, cank’uburebure bg’igihagararo, cank’uburebure bg’amajepfo, cank’ikindi caremwe cose, ata kizoshobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana ruri muri Kristo Yesu Umwami wacu.” (Abaroma 8:35, 38, 39) Yehova ararajwe ishinga rwose natwe kandi arazi umubabaro turimwo. Igihe Dawidi yari akiriko arahunga, yanditse ati: “Inyonga z[a Yehova] ziri ku bagororotsi, n’amatwi yiwe ayabangira ugutakamba kwabo. [Yehova] aba hafi y’abafise imitima imenetse.” (Zaburi 34:15, 18; Matayo 18:6, 14) Data wa twese wo mw ijuru aratubabaye, kandi arumvira ikigongwe abari mu marushwa. (1 Petero 5:6, 7) Araduha ivyo dukeneye kugira twihangane, naho twocumukuzwa n’ibiki.
Ingabire Yehova Atanga Ziradutunga
16. Ni ibiki Yehova yatunganije bidufasha kwihangana, kandi bidufasha mu buryo ki?
16 Naho tudashobora kwitega kugira ubuzima butagiramwo amabi muri iyi si ishaje, “ntiduhebga.” (2 Ab’i Korinto 4:8, 9) Yezu abagendanyi biwe yabasezeraniye umufasha. Yavuze ati: “Nzosaba Data, na we azobaha uwundi Mwitsa, ngw az’abane namwe ibihe bidashira, ni we [m]pwemu [y]’ukuri.” (Yohana 14:16, 17) Kuri Pentekote yo mu 33 G.C., intumwa Petero yabwiye abamwumviriza yuko bashobora kuronka ‘ingabire, ari yo mpwemu yera.’ (Ivyakozwe n’intumwa 2:38) Impwemu yera none yoba idufasha muri iki gihe? Egome! Inguvu nkorakazi ya Yehova iraduha ivyamwa vy’igitangaza: ‘Urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, ubuntu, ukumera neza, ukwizera, ubwitonzi, ukwigumya.’ (Ab’i Galatiya 5:22, 23) Izo zose ni kamere z’igiciro ntangere zidufasha kwihangana.
17. Ibintu vy’ukuri vyo muri Bibiliya bimwebimwe bikomeza ukwizera kwacu n’ingingo twafashe ngo turindire Yehova twihanganye ni ibihe?
17 Impwemu yera kandi iradufasha gutahura yuko amarushwa y’ubu ari “a[ya]hwahutse y’akanya” tuyagereranije n’impêra y’ubuzima budashira. (2 Ab’i Korinto 4:16-18) Turazi tudakeka ko Imana itazokwibagira ibikorwa vyacu hamwe n’urukundo twerekana ku bwayo. (Abaheburayo 6:9-12) Iyo dusomye amajambo mahumekano yo muri Bibiliya, turahumurizwa n’uturorero tw’abasuku b’abizerwa ba kera bihanganiye ivyago vyinshi ariko bakitwa abahirwe. Yakobo yandika ati: “Abāvugishijwe mw izina ry’Umwami Imana bababere icitegererezo bene Data, co kubabazwa no kwihangana. Eh’abihanganye tubita abahirwe.” (Yakobo 5:10, 11) Bibiliya isezerana “ubushobozi buhebuje” bwo kudufasha kwihanganira ibigeragezo. Yehova kandi araduhezagiza icizigiro c’izuka. (2 Ab’i Korinto 1:8-10; 4:7) Mu gusoma Bibiliya buri musi no mu kuzirikana kuri iyo mihango, tuzokomeza ukwizera kwacu hamwe n’ingingo twafashe yo kurindira Imana twihanganye.—Zaburi 42:5.
18. (a) Muri 2 Ab’i Korinto 1:3, 4, ni ibiki turemeshwa kugira? (b) Abacungezi b’Abakirisu bashobora gute kugaragaza ko ari amasôko y’uguhumurizwa n’ukuruhurirwa?
18 Vyongeye, Yehova yaraduhaye iparadizo y’ivy’impwemu, aho dushobora kunezererwa urukundo nyarukundo rw’abavukanyi n’abavukanyikazi bacu b’Abakirisu. Twese turafise uruhara dushobora kurangura mu vy’uguhumurizanya. (2 Ab’i Korinto 1:3, 4) Abakirisu b’abacungezi canecane, barashobora kuba isôko rinini ry’uguhumurizwa n’ukuruhurirwa. (Yesaya 32:2) Bwa ‘ngabire mu bagabo,’ batumwe gukomeza abacumukura, ‘kuremesha abarandutse imitima,’ no ‘kuramira abanyantege nke.’ (Abanyefeso 4:8, 11, 12, NW; 1 Ab’i Tesalonike 5:14) Abakurambere bararemeshwa gukoresha neza ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!, hamwe n’ibindi bisohokayandikiro bitangwa na wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.” (Matayo 24:45-47, NW) Ivyo birimwo itimbi ry’impanuro zishingiye kuri Bibiliya zishobora kudufasha gutorera umuti—eka no gukinga—zimwezimwe mu ngorane zidutera amaganya. Nitwigane Yehova mu guhumurizanya no mu kuremeshanya mu bihe bigoye!
19. (a) Ni igiki kidufasha kwirinda amabi amwamwe? (b) Amaherezo, ni nde dukwiye kwizigira, kandi ni igiki kizotuma dushobora guhanga ibigeragezo?
19 Uko turushiriza kwinjira mu misi y’iherezo ibintu mw isi ya kino gihe na vyo bikarushiriza kwunyuka, Abakirisu barakora uko bashoboye kugira birinde ivyago. (Imigani 22:3) Ukubona ibintu neza, ukurorana mu muzirikanyi, hamwe n’ukumenya ingingo za Bibiliya birashobora kudufasha gufata ingingo ziranga ubukerebutsi. (Imigani 3:21, 22) Turumviriza Ijambo rya Yehova kandi tukarigamburuka kugira twirinde gukora amakosa tutokoze. (Zaburi 38:4) Mugabo rero turatahura yuko ata kigoro twogira gashoboye guherengeteza ubucumukure mu buzima bwacu. Muri iyi si, abagororotsi batari bake barahanga amabi akomakomeye. Ariko rero, turashobora kurinda ibigeragezo bidushikira twizigiye rwose yuko “[Yehova] atazota abantu biwe.” (Zaburi 94:14) Kandi turazi yuko ivy’iyi si hamwe n’amarushwa yayo vuba bizoba vyagiye. Nitwiyemeze rero ‘kutarambirwa n’ugukora ivyiza, kuko igihe ni cashika tuzokwimbura.’—Ab’i Galatiya 6:9.
Twize Iki?
◻ Ni ibigeragezo ibihe bishikira umuryango wose w’Abakirisu?
◻ Ni uburorero bwa Bibiliya ubuhe budufasha gutahura yuko ivyago atari ikimenyamenya c’uko tudahimbara Yehova?
◻ Yehova amererwa ate ku vyerekeye amabi ashikira abantu biwe?
◻ Zimwezimwe mu ngabire ziva kuri Yehova zidufasha kwihanganira ibigeragezo ni izihe?
[Amafoto ku rup. 23]
Dawidi, Naboti, na Yozefu, ni abantu batatu bashikiwe n’ivyago