Hahiriwe Abaguma Bari Maso!
“Ehe ndaza nk’igisuma. Hahirwa ūba maso, akazigama impuzu ziwe.”—IVYAHISHURIWE YOHANA 16:15.
1. Kubera ko umusi wa Yehova wegereje, ni igiki dushobora kwitega?
UMUSI uhambaye wa Yehova uri hafi, kandi ivyo ni ukuvuga intambara! Mu mubono-ndoto, intumwa Yohana yarabonye “impwemu z’abadayimoni” zija ku “bami” bose b’isi, ni bo bategetsi. Kugira iki? Hewe, “[ku]bakoraniriz[a] ku ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose”! Yohani yongeyeko ati: “Zibakoraniriza ahantu hitwa Haru-Magedoni mu Giheburayo.”—Ivyahishuriwe Yohana 16:13-16.
2. Gogi w’i Magogi ni nde, kandi ni ibiki bizoshika niyatera igisata ca Yehova?
2 Vuba, Yehova azotuma abagize umuce w’ivya politike b’uru runkwekwe bahonya Babiloni Hahambaye, ya nganji y’isi yose y’idini y’ikinyoma. (Ivyahishuriwe Yohana 17:1-5, 15-17) Maze Gogi w’i Magogi, Shetani ya Diyǎbule yacubirijwe mu micungararo y’isi, azokwahura ingabo ziwe hanyuma n’akigoro kiwe kose, atere igitero igisata ca Yehova cibereye amahoro, gisa n’ikitagira gitabara. (Ezekiyeli 38:1-12) Ariko Imana izohaguruka kugira ikize igisata cayo. Ivyo bizoranga iyaduka rya wa ‘musi mukuru uteye ubwoba wa Yehova.’—Yoweli 2:31; Ezekiyeli 38:18-20.
3. Wodondora ute ibizoba vyavuzwe muri Ezekiyeli 38:21-23?
3 Egome, Yehova azotabara igisata ciwe yongere asangangure umuranga wose wa nyuma w’urunkwekwe rwa Shetani nitwashikira inyifato y’ivy’isi, yitwa Haru-Magedoni, canke Arumagedoni. Soma amajambo menyeshakazoza ari muri Ezekiyeli 38:21-23, hanyuma wiyumvire iryo rorêrwa. Yehova ahinanura ububasha bwiwe ngo azane imvura y’isegenya, amabuye-rubura y’agatikizo, umuriro w’ikivumbuzi, ikiza c’ubutindi. Ugutekerwa n’ubwoba kuruzura hose igihe ingabo za Gogi zitabwa mu muvurungano, zigasubiranamwo zikarwana. Abansi b’Imana Mushoboravyose barokoka abo ari bo bose baregagurwa igihe Yehova akoresha uburyo ndengerabutahuzi bw’ugukiza abasuku biwe. Ya ‘marushwa ahambaye’ yamenyeshwa imbere y’igihe niyamara kurangira, nta kintu kizoba kigisigaye c’urunkwekwe rwa Shetani rutibanga Imana. (Matayo 24:21) Ariko rero abanyakibi, no mu musonga wabo w’urupfu, bazomenya uwuriko abateza ubwo butindi. Ya Mana yacu nyen’intsinzi ubwayo ivuga iti: “Bazobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova.” Ivyo bishikiragihe vy’akataraboneka bizoshika mu gihe turimwo, mu kiringo c’ukuhaba kwa Yezu.
Ukuza nk’Igisuma
4. Yezu azoza mu buryo ki gusangangura uru runkwekwe rw’ibintu rubi?
4 Umukama Yezu Kirisitu yaninahajwe, yavuze ati: “Ehe ndaza nk’igisuma.” Ukuza nk’ukw’igisuma kwoba ukwa giturumbuka, ku mwanya utari witezwe, igihe abenshi basinziriye. Yezu niyaza nk’igisuma guhonya uru runkwekwe rubi, azoziguriza abari maso vy’ukuri. Yabariye Yohani ati: “Hahirwa ūba maso, akazigama impuzu ziwe, ngo ntagende amēnya, bakabona isoni z’ubgambure bgiwe.” (Ivyahishuriwe Yohana 16:15) Ayo majambo avuze iki? Kandi dushobora dute kuguma turi maso mu vy’impwemu?
5. Ni intondeko nki y’ubusuku bwo mu rusengero yari ihari igihe Yezu yari kw isi?
5 Mu bisanzwe, umucunzi ntiyonyahurwa impuzu ngo asigare amenya igihe asinziririye ku kazi. Ariko ivyo vyarashitse ku rusengero i Yeruzalemu igihe Yezu yari kw isi, imigabure y’abaherezi n’Abalewi ikaba yakora mu rusengero i Yeruzalemu. Mu kinjana ca 11 B.G.C. ni ho Umwami Dawidi yatondeka abaherezi amajana ba Isirayeli hamwe n’abasahirizi babo ibihumbi b’Abalewi abungunganya mu migabure 24. (1 Ngoma 24:1-18) Buri mugabure ugizwé n’abakozi bǎmenyerejwe barenga igihumbi wararamukirwa gukora mu rusengero n’imiburiburi kabiri mu mwaka, bakamarayo umushamvu wuzuye. Mugabo ku Misi y’Insago iyo migabure 24 yose yaba ihari iri ku kazi. Ku misi ya Pasika harakenerwa kandi ugufashwa gusumbirije.
6. Yezu yoba yariko yerekeza ku giki hamwe yavuga ngo “Hahirwa ūba maso, akazigama impuzu ziwe”?
6 Igihe Yezu yavuga ati “Hahirwa ūba maso, akazigama impuzu ziwe,” ashobora kuba yariko yerekeza ku buryo bwakurikizwa ico gihe bwari mu vyerekeye igikorwa c’umucunzi ku rusengero. Imishina y’Abayuda ivuga iti: “Abaherezi bǎguma barikanuye mu bibanza bitatu mu Rusengero: mu Cumba ca Abtinas, mu Cumba c’Urubeya, no mu Cumba c’Imbari; abalewi na bo mu bibanza mirongwibiri na kimwe: batanu ku nzugi zitanu z’Uruhimbi rw’Urusengero, bane mu mfuruka zarwo zine z’imbere, batanu ku nzugi zitanu zo mu Kigo c’Urusengero, bane ku mfuruka zine zo hanze, umwe na we mu Cumba c’Amashikanwa, wundi umwe na we mu Cumba c’Irido, hanyuma wundi umwe inyuma y’ikibanza c’Icicaro c’Ikigongwe [inze y’uruhome rw’inyuma rw’Ahera Cane]. Umukuru w’Uruhimbi rw’Urusengero yaratemberera buri musanzi akagenda afise ibimuri vyaka imbere yiwe, hanyuma hagize umusanzi adahaguruka ngo amubwire ati ‘Mukuru w’Uruhimbi rw’Urusengero, gira amahoro!’ maze bikagaragara yuko yariko aragona, yaramudîda n’inkoni yiwe, kandi yari afise uburenganzira bw’ukudomeka ivyambarwa vyiwe.”—Imishina, Middoth (“Impimo”), 1, igifungo 1-2, cahibanuwe na Herbert Danby.
7. Ni kubera iki abaherezi n’Abalewi bari ku kazi k’ugucunga ku rusengero bari bakeneye kuguma bari maso?
7 Abo Balewi bo n’abaherezi benshi bo muri uwo mugabure nkorabusuku baguma bari maso ijoro ryose kugira bagume bacunze, kugira kandi ntihagire umuntu n’umwe ahumanye yinjira mu bigo vy’urusengero. Kubera ko nya “mukuru w’Uruhimbi rw’Urusengero,” ari we “gapiteni w’urusengero,” yaja aratemberera ivyo bituro 24 vyose mu masaha y’uguterama, umusanzi wese yabwirizwa kuguma ari maso mu kibanza ciwe c’akazi niba adashaka ko bamufata atariko aracunga.—Ivyakozwe n’intumwa 4:1.
8. Impuzu z’ikigereranyo z’Abakirisu ni nyabaki?
8 Abakirisu basīzwe hamwe na bagenzi babo barakeneye kuguma bari maso mu vy’impwemu kandi bakagumana impuzu zabo z’ikigereranyo. Ivyo ni ibimenyamenya vy’inyuma biranga ko twagennywe ngo dukore igikenurwa ku rusengero rw’ivy’impwemu rwa Yehova. Icemeza ivyo, turafise impwemu yera y’Imana, ari yo nguvu nkorakazi, idufasha kurangura ibikorwa dushinzwe n’amabanga tujejwe bwa bamamaji b’Ubwami. Ukugonera mu bibanza vyacu vy’akazi turi abakenuzi b’Imana vyohava bidushira mu kaga k’ugufatwa na Yezu Kirisitu, we Gapiteni wa rwa rusengero ruhambaye rw’ivy’impwemu. Hamwe ico gihe twoba dusinziriye mu vy’impwemu, mu buryo bw’ikigereranyo twonyahurwa impuzu tugasigara amenya, kandi ivyambarwa vyacu vy’ikigereranyo bigashobora kudomekwa. None dushobora gute kuguma turi maso mu vy’impwemu?
Ukugene Dushobora Kuguma Turi Maso
9. Ni kuki ukwiga Bibiliya wifashishije ibisohokayandikiro bikirisu ari ikintu gihambaye cane?
9 Ukwiga Ivyanditswe dushirutse ubute twifashishije ibisohokayandikiro bikirisu kuratuvyurira ukuba maso mu vy’impwemu. Ukwiga mwen’ukwo kuzoturonsa ivyangombwa ku bw’igikenurwa, kuzodufasha kurinda amakuba, kwongere kuturangire inzira ijana mu buhirwe buhoraho. (Imigani 8:34, 35; Yakobo 1:5-8) Ukwiga kwacu gukwiye kuba kunozwa kandi gutera imbere. (Abaheburayo 5:14–6:3) Ibifungurwa vyiza bifungurwa ubudahorereza bishobora kudufasha kuguma turi maso kandi tugavye. Birashobora kubuza ubugoyagoye bwohava buba ikimenyetso c’uko dufungura nabi. Nta mpamvu dufise y’ugufungura nabi n’ugusinzira mu vy’impwemu, kuko Imana iriko ishinga intunganyo umuyoro kugira habeho imfungurwa z’ivy’impwemu biciye kuri wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.” (Matayo 24:45-47, NW) Ukwihereza imfungurwa z’ivy’impwemu ubudahorereza biciye ku kwiga kwa buri muntu ukwiwe hamwe no ku kwiga kw’urugo, ni uburyo bumwe bw’ukuguma turi maso no kuba “abahangaye mu kwizera.”—Tito 1:13.
10. Amahwaniro makirisu, amateraniro n’imikwakwa bidufasha gute kuguma turi maso mu vy’impwemu?
10 Amahwaniro makirisu, amateraniro hamwe n’imikwakwa biradufasha kuba maso mu vy’impwemu. Biratanga indemesho hamwe n’uturyo tw’‘ukwohererezanya ku rukundo no ku bikorwa vyiza.’ Na canecane dukwiye gutororokanira hamwe uko ‘tubona wa musi uguma wegereza.’ Uwo musi ubu si ivy’imbeshere uregereje. Ni ‘umusi wa Yehova,’ igihe azogaragaza ububesegaba bwiwe. Niba uwo musi uhambaye kuri twebwe vy’ukuri—kandi ni ko bikwiye kumera—‘ntituzokwibagira kwa gutororokanira hamwe.’—Abaheburayo 10:24, 25; 2 Petero 3:10.
11. Ni kuki twovuga ko igikenurwa gikirisu ari ntahara ku kuba maso kwo mu vy’impwemu?
11 Ukujamwo n’umutima wacu wose mu gikenurwa gikirisu ni ntahara kugira tube maso mu vy’impwemu. Uguterera umuganda vy’umwete kandi bidahorereza mu bukwiririji bw’inkuru nziza biratuma tuguma tugavye. Igikenurwa cacu kiraturonsa uturyo twinshi two kuganirira abantu ivyerekeye Ijambo ry’Imana, Ubwami bwayo hamwe n’intēgo zayo. Turamarwa akanyota n’ugushinga icabona inzu ku yindi, kugira amasūro mashasha, no kurongōra inyigo za Bibiliya zo ku muhana mu bisohokayandikiro nka ca kindi Ubumenyi Bujana mu Buzima Budashira. Abakurambere bo muri Efeso ha kera barashoboye gushinga intahe yuko Paulo yari yarabigishije ‘imbere y’abantu no mu kuva ku nzu aja ku yindi.’ (Ivyakozwe n’intumwa 20:20, 21) Ego ni ko, hariho Ivyabona vya Yehova b’abizerwa bamwebamwe bafise ingorane z’ivy’amagara zikomakomeye zibabuza igikenurwa mu buryo bunaka, ariko bararondera uburyo bw’ukubwira abandi ivya Yehova n’ukuba Umwami kwiwe, kandi kugira gutyo birabazanira umunezero mwinshi.—Zaburi 145:10-14.
12, 13. Dukwiye kuzibukira ukwiremereza ibifungurwa n’ibinyobwa kubera impamvu izihe?
12 Ukuzibukira ukwiremereza bizodufasha kuguma turi maso mu vy’impwemu. Igihe Yezu yariko avuga ivy’ukuhaba kwiwe, yarihanikije intumwa ziwe ati: “Mwirinde, kugira ngw imitima yanyu ntīremērwe no kudandahirwa no kuborerwa n’umwitwaririko w’ivy’ubu bugingo, ng’uwo musi ntubazeko giturumbuka, nk’umutego: kukw ari k’uzoshika ku bantu bose bashagaje mw isi yose.” (Luka 21:7, 34, 35) Uguhokera hamwe n’ukuborerwa ntabwo bihuye n’ingingo za Bibiliya. (Gusubira mu vyagezwe 21:18-21) Mu Migani 23:20, 21 havuga hati: “Ntukabe mu gitigiri c’abanohowe na vino, no mu c’abanyameru y’inyama: kukw imborerwa n’umunyameru uburuhiro ar’ugufūtāna, kand’itiro rizokwambika umuntu ubucocerwa.”—Imigani 28:7.
13 Ariko rero, naho nyene ukurya indenzarugero hamwe n’ukunywa cane bitoba bishikiriye urwo rugero, birashobora gutuma umuntu ahunikira, akanacika umunebwe kandi akanjanjwa ku vy’ugukora ukugomba kw’Imana. Mu bisanzwe, amaganya yerekeye urugo, amagara n’ibindi, ntabura. Yamara, tuzoba abahirwe niba dushize imbere ivyunguranyi vy’Ubwami mu buzima, kandi tukishimira yuko Dawe wa twese wo mw ijuru azoturonsa ivyo dukeneye. (Matayo 6:25-34) Ahandiho, “uwo musi” uzotuzako nk’“umutego,” kumbure nk’urubariko runyegejwe ruducakira tutabizi canke nk’urubariko ruriko icamba, nka zimwe zo gukwegakwega no gufata ibikoko ata co vyinona. Ivyo ntibizodushikira nitwaguma turi maso, tuzi neza yuko tubayeho mu ‘gihe c’iherezo.’—Daniyeli 12:4.
14. Ni kuki dukwiye gusengana ubwira?
14 Amasengesho y’ubwira ni ikindi cifashisho c’ukuba maso. Muri nya kimenyeshakazoza gihambaye, Yezu yaravuze ubundi ati: “Mwame mugavye, musenge mu bihe vyose, kugira ngo muze mushobore guhunga ivyo vyose bigira bibeho, ngo muhagarare imbere y’Umwana w’umuntu.” (Luka 21:36) Egome, nidusenge kugira twame nantaryo turi ku ruhande rwa Yehova hanyuma tuzogire impagararo ishimwa igihe Yezu wa Mwana w’umuntu azoza guhonya uru runkwekwe rubi rw’ibintu. Ku bw’ineza yacu bwite, no ku bw’ineza y’abizera bagenzi bacu dusengera, turakeneye ‘kuguma turi maso mw isengesho.’—Ab’i Kolosayi 4:2; Abanyefeso 6:18-20.
Igihe Kiriko Kiranyika
15. Ni igiki kirangurwa n’ubusuku bwacu bw’abigisha b’ivy’ukugororoka?
15 Uko turorera wa musi uhambaye wa Yehova, nta mazinda turipfuza gukora ivyo dushoboye vyose mu busuku tumurangurira. Tumusenganye ubwira kuri ivyo, “urugi runini ruja mu bikorwa bikomeye” dushobora kurwugururirwa. (1 Ab’i Korinto 16:8, 9) Ku gihe Imana yagennye, Yezu azoca urubanza hanyuma “intama” zigororotse zibereye ubuzima budashira azitanye n’“impene” zitibanga Imana, zibereye ugusangangurwa kw’ibihe bihoraho. (Yohana 5:22) Si twebwe dutanya intama n’impene. Ariko ubusuku turangura bwa bigisha b’ivy’ukugororoka, ubu buriko buraronsa abantu akaryo k’uguhitamwo ubuzima bw’ugusukurira Imana hanyuma gutyo bakagira icizigiro c’ukuzotanywa ku bw’ubuzima igihe Yezu “azozira afise ubgiza bgiwe.” Ubugufi bw’igihe gisigaye c’uru runkwekwe rw’ibintu burongerereza inkenero y’ugukora n’umutima wose igihe turondera ‘abari n’imero-gatima ibereye ubuzima budashira.’—Matayo 25:31-46; Ivyakozwe n’intumwa 13:48.
16. Ni kuki dukwiye kuba abamamaji b’Ubwami b’abanyamwete?
16 Igihe caranyikanye isi yo mu gihe ca Nowa, kandi vuba kigiye kunyikana uru runkwekwe rw’ibintu. Reka rero tube abamamaji b’Ubwami b’abanyamwete. Igikorwa cacu c’ugukwiririza kiriko kirasagamba, kuko buri mwaka abantu ibihumbi amajana babatizwa ngo bibe ikimenyetso c’uko biyeguriye Imana. Baracika abo mw iyungungane rihezagiwe rya Yehova—“abantu biwe, . . . intama zo mu canya ciwe.” (Zaburi 100:3) Mbega umunezero uri mu vy’ukujamwo mu gikorwa c’ugukwiririza Ubwami kizanira abenshi icizigiro imbere ya wa “musi mukuru uteye ubgoba w[a Yehova, NW]”!
17, 18. (a) Uko dukwiririza, dukwiye kwitega ko bamwe bovyakira gute? (b) Ni igiki gitegerezwa kuzohwikira abacokoranyi?
17 Cokimwe na Nowa, turashigikiwe n’Imana, kandi iradukingira. Egome, abantu, abamarayika bihaye imibiri, na ba Banefili, bategerezwa kuba baraninirije ubutumwa bwa Nowa, ariko ico nticamuhagaritse. Kino gihe, hari abaniniriza igihe tudoma urutoke ku kimenyamenya c’akumiza c’uko turi mu “misi y’iherezo.” (2 Timoteyo 3:1-5) Agashinyaguro mwen’ako ni agashitsa ikimenyeshakazoza ca Bibiliya kiraba ukuhaba kwa Kirisitu, kuko Petero yanditse ati: “Mu misi y’iherezo hazoza abacokoranyi bacokorana, bakurikira ukwifuza kwabo, babaza, bat’Isezerano ryo [kuhaba] kwiwe riri hehe se? Kuk’uhereye aho ba sogokuruza basinziririye, vyose bihora uko vyamye, uhereye ku kuremwa kw’isi.”—2 Petero 1:16; 3:3, 4, impirikano ni izacu.
18 Abacokoranyi ba kino gihe boshobora kwiyumvira bati: ‘Nta na kimwe kirahinduka guhera kw irema. Ubuzima burabandanya, abantu bakarya, bakanywa, bakarongora, bakarondoka. Naho Yezu ahari, ntazoshitsa urubanza nkiriho.’ Ese ukuntu bihenda! Niba badapfuye bitumwe n’izindi mpamvu imbere y’uko nya musi ushika, uwo musi nterakoba wa Yehova ni ngombwa uzobahwikire, nk’uko isangangura ry’agakomeye ryo mu Mwuzure ryaherengeteje iyaruka ribi ryo mu gihe ca Nowa.—Matayo 24:34.
Ni Ngombwa Tube Maso!
19. Dukwiye kubona gute imirimo yacu y’uguhindura abantu abayoboke?
19 Niba twariyeguriye Yehova, ntitwigere duhendwa ngo dusinzirizwe n’ukwiyumvira kutabereye. Iki ni igihe co kuguma turi maso, kugaragaza ukwizera ibimenyeshakazoza vy’Imana, no gushitsa ibanga twatumwe ry’ ‘uguhindura abayoboke abantu bo mu mahanga yose.’ (Matayo 28:19, 20) Uko uru runkwekwe rushikira iherezo ryarwo, nta kandi gateka tworonka gasumba ako gusukurira Yehova Mana turi munsi y’ubuyobozi bwa Yezu Kirisitu no guterera umuganda mu gikorwa co kw isi yose co gukwiririza “iyi nkuru nziza y’ubwami” (NW) imbere y’uko umuhero uza.—Matayo 24:14; Mariko 13:10.
20. Yosuwa na Kalebu basize akarorero nyabaki, kandi ingendo yabo itwereka iki?
20 Mu gisata ca Yehova hariho bamwebamwe bamaze imyaka mirongo canke kumbure igihe-buzima bamusukurira. Naho insengo y’ukuri twoba tuyitanguye vuba, nitube nka Kalebu, ‘uwakurikiye Yehova muri vyose.’ (Gusubira mu vyagezwe 1:34-36) We hamwe na Yosuwa bari biteguye neza kugira binjire mu Gihugu c’Isezerano gatoyi inyuma y’uguhabuzwa kwa Isirayeli ikuwe mu buja bwo mu Misiri. Ariko rero muri rusangi, Abisirayeli bakuze bǎrabuze ukwizera hanyuma babwirizwa kumara imyaka 40 mu bugaragwa, ari ho bǎguye. Kalebu na Yosuwa bararinze amagume ico gihe cose, ariko amaherezo abo bagabo babiri barinjiye mu gihugu c’isezerano. (Guharūra 14:30-34; Yosuwa 14:6-15) ‘Dukurikiye Yehova muri vyose’ kandi tukaguma turi maso mu vy’impwemu, tuzogira umunezero w’ukwinjira mw isi nshasha Imana yasezeranye.
21. Ni ibiki tuzokwibonera nitwaguma turi maso mu vy’impwemu?
21 Hariho ibimenyamenya bigaragaza yuko turi mu gihe c’iherezo n’uko umusi uhambaye wa Yehova wegereje. Iki si igihe c’uguhunikira n’ukwanjanjwa mu vy’ugukora ukugomba kw’Imana. Tuzohezagirwa vyonyene nitwaguma turi maso mu vy’impwemu kandi tukagumya impuzu zacu zitugenekereza ko turi abakenuzi bakirisu n’abasuku ba Yehova. Nitwiyemeze ‘kuguma turi maso, gushikama mu kwizera, kuba abagabo, kugira inkomezi.’ (1 Ab’i Korinto 16:13) Uko turi abasuku ba Yehova, umwe wese muri twebwe nabe intanyiganyiga kandi arinduke. Maze tuzoba turi mu biteguye umusi uhambaye wa Yehova niwaduka, tumusukurire n’ubwizerwe bwose turi mu murongo w’abahirwe baguma bari maso.
Wokwishura Ute?
◻ Impuzu zacu z’ikigereranyo wozisigura gute, kandi twozigumya dute?
◻ Uburyo bumwebumwe bw’ukuguma turi maso mu vy’impwemu ni ubuhe?
◻ Ni kuki dukwiye kwitega abacokoranyi, kandi dukwiye kubabona gute?
◻ Igikorwa cacu c’uguhindura abantu abayoboke dukwiye kukibona dute muri iyi misi y’iherezo?
[Iciyumviro ku rup. 25]
Woba wiyemeje kuguma uri maso mu vy’impwemu no kugumana impuzu zawe z’ikigereranyo?
[Ifoto ku rup. 26]
Abakirisu barafise impwemu yera y’Imana ibafasha kuguma bari maso no kurangura amabanga bashinzwe