Wewe Woba Witeguriye Umusi wa Yehova?
“Umusi uhambaye w[a Yehova, “NW”] uri hafi; uri hafi kand’urihuta.”—ZEFANIYA 1:14.
1. Ivyanditswe bidondora gute umusi wa Yehova?
‘UMUSI mukuru uteye ubwoba’ wa Yehova vuba ugiye kuza kuri uru runkwekwe rw’ibintu rubi. Ivyanditswe bidondora uwo musi wa Yehova nk’urugamba, umukorane, ubushangashirwe, amarushwa, amaganya, amaborogo, n’ugutongora. Yamara, hazogira abarokoka, kuko ‘umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokira.’ (Yoweli 2:30-32; Amosi 5:18-20) Egome, Imana ico gihe izohonya abansi bayo hanyuma ikize igisata cayo.
2. Ni kuki dukwiye gushira ubwihute ku musi wa Yehova?
2 Abamenyeshakazoza b’Imana bǎrashira ubwihute ku musi wa Yehova. Nk’akarorero, Zefaniya yanditse ati: “Umusi uhambaye w[a Yehova, NW] uri hafi; uri hafi kand’urihuta.” (Zefaniya 1:14) Iyo nyifato y’ibintu ubu irihutirwa rwose kuruta kubera ko Uwica Mukuru w’Imana, wa Mwami Yezu Kirisitu, yimirije ‘kwambara inkota yiwe kw itako ngo arwanire ukuri, ukwicisha bugufi n’ukugororoka.’ (Zaburi 45:3, 4) Woba witeguriye uwo musi none?
Bǎri n’Ivyitego Bihambaye
3. Ni ibiki Abakirisu b’Abanyatesalonike bamwebamwe bari barindiriye, kandi ni kubera impamvu zibiri izihe bari bihenze?
3 Hari benshi ivyitego bari bafise ku biraba umusi wa Yehova bitarangutse. Abakirisu ba kare bamwebamwe b’i Tesalonike bavuze, ngo ‘Umusi wa Yehova waje!’ (2 Ab’i Tesalonike 2:2) Ariko hǎriho impamvu zibiri ngenderwako z’uko utari bwashike. Mu kudonda imwe muri zo, intumwa Paulo yari yavuze ati: “Aho bazoba bavuga, bati Har’amahoro, nta nkomanzi; ni ho uguhona kuzobazako giturumbuka.” (1 Ab’i Tesalonike 5:1-6) Muri iki ‘gihe c’iherezo,’ twebwe ubwacu turorereye iranguka ry’ayo majambo. (Daniyeli 12:4) Abanyatesalonike kandi hariho ikindi kimenyamenya batari bafise c’uko umusi uhambaye wa Yehova washitse, kuko Paulo yababwiye ati: “Ubwa mbere hategerezwa kuza ubuhakanyi.” (2 Abanyatesalonika 2:3, Ubwuzure Bushasha) Igihe Paulo yandika ayo majambo (nko mu 51 G.C.), “ubuhakanyi” bw’uguheba Ubukirisu bw’ukuri ntibwari bwarandarande bikwiye. Muri iki gihe, turabubona bwezeza rwose muri Kirisitendomu. Abo Bakirisu basīzwe b’i Tesalonike, abagumye basukurira Imana n’ubwizerwe gushika gupfa, naho nyene ivyitego vyabo bitarangutse, amaherezo bararonse impera yo mw ijuru. (Ivyahishuriwe Yohana 2:10) Na twebwe nyene tuzohabwa impera niba tugumye turi abizerwa uko turorera umusi wa Yehova.
4. (a) Umusi wa Yehova ufatanijwe n’iki muri 2 Ab’i Tesalonike 2:1, 2? (b) Ni imbono z’ibintu izihe abitwa Abatanganyigisho ba Ekeleziya bari bafise ku kugaruka kwa Kirisitu hamwe n’ibijanye na kwo?
4 Bibiliya irafatanya ‘umusi uhambaye wa Yehova’ n’ “ukuhaba kw’Umukama wacu Yezu Kirisitu.” (2 Ab’i Tesalonike 2:1, 2, NW) Abitwa ngo ni Abatanganyigisho ba Ekeleziya bari bafise ivyiyumviro bitari bimwe ku vyerekeye ukugaruka kwa Kirisitu, ukuhaba kwiwe, n’Ingoma y’Imyaka Igihumbi yiwe. (Ivyahishuriwe Yohana 20:4) Mu kinjana ca kabiri G.C., uwitwa Papiyasi w’i Hiyerapoli yari n’ivyitego vy’iyimbuka ry’igitangaza ry’isi ku Ngoma y’Imilenari ya Kirisitu. Uwitwa Justin Martyr yaravuze ivy’ukuhaba kwa Yezu incuro n’izindi, akaba yari yiteze kandi ko Yeruzalemu yasubijwe umutamana yobaye icicaro c’Ubwami bwa Yezu. Uwitwa Irénée w’i Lyon yǐgisha yuko Inganji y’Abaroma imaze gusangangurwa, Yezu yoserutse mu buryo buboneka, akaboha Shetani, hanyuma akaja ku ngoma muri Yeruzalemu ho kw isi.
5. Incabwenge bamwebamwe bavuze iki ku vy’ “Umuzo wa Kabiri” wa Kirisitu hamwe n’Ingoma y’Imilenari yiwe?
5 Umutohozakahise Philip Schaff yavuze ko “ikintu [cari] cibonekeje kuruta ibindi” mu kiringo c’imbere y’Inama y’i Nikayo mu 325 G.C. kwari “ukwemera ingoma iboneka ya Kirisitu mu buninahazwa kw isi ari kumwe n’abatagatifu bazutse yomaze imyaka igihumbi, imbere y’izuka n’urubanza vya bose.” Hari inzinduzi imwe, The Dictionary of the Bible, yateguwe na James Hastings, ivuga iti: “Terituliyano, Irénée, na Hippolytus baracarondera Umuzo wimirije [wa Yezu Kirisitu]; ariko Abatanganyigisho bashigikira ivyiyumviro vyamuka i Alekizandiriya bo bazana ivyiyumviro bishasha. . . . Aho Agusitino afatanirije Imilenari n’ikiringo ca Ekeleziya ndarangavye, Umuzo wa Kabiri wigizwa kuri kazoza ka kure.”
Umusi wa Yehova n’Ukuhaba kwa Yezu
6. Ni kuki tudakwiye gusozera yuko umusi wa Yehova uri kure cane?
6 Ivyibazo vy’amakosa vyashikanye abantu ku kuzeruka, ariko twebwe ntitwiyumvire yuko umusi wa Yehova uri kure cane. Ukuhaba kwa Yezu kutaboneka, ugufatanywa na wo mu Vyanditswe, kwaramaze gutangura. Umunara w’Inderetsi hamwe n’ibisohokayandikiro bijana na wo vy’Ivyabona vya Yehova bihora bitanga ikimenyamenya mvavyanditswe c’uko ukuhaba kwa Kirisitu kwatanguye mu mwaka w’1914.a Ni igiki none Yezu yavuze ku vyerekeye ukwo kuhaba kwiwe?
7. (a) Imice imwimwe y’ikimenyetso c’ukuhaba kwa Yezu hamwe n’ic’insozēro y’urunkwekwe rw’ibintu ni iyihe? (b) Dushobora kurokorwa dute?
7 Ivy’ukuhaba kwa Yezu vyaracitse icumbikiro ry’ikiyago inyuma gatoyi y’urupfu rwiwe. Intumwa ziwe Petero, Yakobo, Yohani, na Andereya, aho bamwumviye abûra isangangurwa ry’urusengero rw’i Yeruzalemu, babajije bati: “Ivyo bizobaho ryari, kand’ikimenyetso kizoba iki c’[ukuhaba kwawe n’ic’insozēro y’urunkwekwe rw’ibintu, NW]?” (Matayo 24:1-3; Mariko 13:3, 4) Mu gusubizayo, Yezu yaravuze ko hobayeho intambara, ibigoyi, vya nyamugigima, hamwe n’ibindi bintu biranga “ikimenyetso” c’ukuhaba kwiwe hamwe n’insozēro y’urunkwekwe rw’ibintu. Yavuze kandi ati: “Uwihangana, agashitsa kw iherezo, ni we azokira.” (Matayo 24:13) Tuzokizwa nitwarindirako turi abizerwa gushika kw iherezo ry’ubuzima bwacu bwa none canke gushitsa kw iherezo ry’uru runkwekwe rubi.
8. Imbere y’umuhero w’urunkwekwe rw’ibintu rw’Abayuda, ni igiki cabwirizwa kurangurwa, kandi ubu ni igiki kiriko kirakorwa kuri ivyo?
8 Imbere y’umuhero, hari ikindi kintu kiri n’ico kivuze bidasanzwe kiranga ukuhaba kwa Yezu corangutse. Ku bicerekeye, yavuze ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwiririzwa mw isi yose ituweko ngo ibe icabona ku mahanga yose; hanyuma maze umuhero uzoza.” (Matayo 24:14, NW) Imbere y’uko Abaroma basangangura Yeruzalemu n’uko urunkwekwe rw’ibintu rw’Abayuda rurangira mu 70 G.C., Paulo yarashoboye kuvuga yuko inkuru nziza ‘yari yavuzwe mu bǎremwe bose bo musi y’ijuru.’ (Ab’i Kolosayi 1:23) Ariko rero muri iki gihe, igikorwa c’ubukwiririji gishika kure kuruta rwose kiriko kirakorwa n’Ivyabona vya Yehova “mw isi yose ituweko.” Mu myaka mikeyi iheze, Imana yarugururiye inzira icabona kinini ngo gishingwe mu Buraya bw’Ubuseruko. Hakoreshejwe amacapuriro hamwe n’ubundi buhinga kw isi yose, iyungungane rya Yehova rirabangiye umurimo wongerekanye, no mu ‘materitwari adakorwako’ nyene. (Abaroma 15:22, 23) Umutima wawe none woba ukugobera ngo ukore uko ushoboye kwose kugira ushinge icabona imbere yuko umuhero uza? Niba ari ukwo biri, Imana irashobora kugukomeza kugira uterêre umuganda ngirakamaro mu gikorwa kiri imbere.—Ab’i Filipi 4:13; 2 Timoteyo 4:17.
9. Yezu yasiguye iki, nk’uko vyanditswe muri Matayo 24:36?
9 Igikorwa c’ugukwiririza Ubwami hamwe n’iyindi mice ya ca kimenyetso c’ukuhaba kwa Yezu vyari vyaramenyeshejwe, ubu biriko biraranguka. Ni co gituma kuri uru runkwekwe rw’ibintu rubi umuhero wegereje. Ni ko, Yezu yavuze ati: “Uwo musi [n]’iyo saha nta wubizi, n’iyo boba abamarayika bo mw ijuru, cank’Umwana w’Imana, atari Data gusa.” (Matayo 24:4-14, 36) Ariko ikimenyeshakazoza Yezu yatanze kirashobora kudufasha kwitegurira “uwo musi [n]’iyo saha.”
Bari Biteguye
10. Tumenya dute ko bishoboka yuko tuguma turi maso mu vy’impwemu?
10 Kugira turokoke umusi uhambaye wa Yehova, dutegerezwa kuguma turi maso mu vy’impwemu kandi tugahagararira insengo y’ukuri dushikamye. (1 Ab’i Korinto 16:13) Turazi yuko ukurindirako mwen’ukwo gushoboka, kuko hari umuryango w’abibanga Imana wabigize gutyo ukarokoka Umwuzure wahoneje abantu b’abanyakibi mu 2370 B.G.C. Mu kugereranya ico kiringo n’ic’ukuhaba kwiwe, Yezu yavuze ati: “Uko vyari biri mu misi ya Nowa ni ko bizoba mu kuza kw’Umwana w’umuntu. Kukw ari ko bāri bameze mu misi umwuzure utaribgatere: bārarya, bāranywa, bārarongora, bārashingira, bageza kuri wa musi Nowa yinjiye muri bga bgato, ntibagira ico bamenya kugeza ah’umwuzure waziye ubatwara bose; ni k’ukuza kw’Umwana w’umuntu kuzomera.”—Matayo 24:37-39.
11. Ni ingendo nki Nowa yakurikiranye nanzi ngo hǎri ubukazi mu gihe ciwe?
11 Cokimwe natwe, Nowa n’umuryango wiwe bāba mw isi yuzuye ubukazi. “Abana b’Imana” b’abamarayika-bagarariji bari bihaye imibiri hanyuma bakīra abagore, ari bo bǎvyayeko Abanefili b’abayobe—inkozi z’ikibi bidakekwa ko batumye ubukazi burushiriza. (Itanguriro 6:1, 2, 4; 1 Petero 3:19, 20) Ariko rero, “Nowa yagendana n’Imana” mu kwizera. “Ntiyagira agasembga mu gihe c’urunganwe rwiwe”—urunganwe rw’abanyakibi bo mu gihe ciwe. (Itanguriro 6:9-11) Na twebwe twishimikije Imana, mw isengesho, turashobora kugira ukwo nyene muri iyi si y’ubukazi n’ubukozi bw’ikibi, uko turorera umusi wa Yehova.
12. (a) Turetse ukwubaka ubwato, ni igikorwa giki Nowa yakoze? (b) Abantu bǎkiriye gute ukwigisha kwa Nowa, hanyuma ingaruka zibabera nki?
12 Nowa arazwi cane ko ari we yabaye umwubatsi w’ubwato bw’ugukingira ubuzima mu gihe c’Umwuzure. Yari kandi “umwigisha w’ivyo kugororoka,” ariko urunganwe rwiwe “ntibagi[ze] ico bamenya” mu butumwa mvamana yashikiriza. Bǎrarya bakanywa, bakarongora, bakarera imiryango, eka bakikorera utwabo two mu buzima gushika aho Umwuzure ubakukumuriye bose. (2 Petero 2:5; Itanguriro 6:14) Ntibashaka kwumva ivyerekeye ijambo n’inyirongōro bigororotse, nk’uko nyene iyaruka ry’inkozi z’ikibi rya kino gihe ryiziba amatwi ku vyo Ivyabona vya Yehova bavuga ku vyerekeye “ukwihana mu nyonga z’Imana,” ukwizera muri Kirisitu, ubugororotsi, hamwe n’ “amateka azocibga.” (Ivyakozwe n’intumwa 20:20, 21; 24:24, 25) Nta nkuru dufise ivuga igitigiri c’abantu bari kw isi igihe Nowa yariko amenyesha ubutumwa bw’Imana. Ariko ikintu c’ukuri co ni uko abantu bo kw isi bagabanijwe vy’agahomerabunwa mu 2370 B.G.C.! Umwuzure warazimanganije abanyakibi, usiga gusa abari biteguriye ico gikorwa c’Imana, ari bo Nowa na bamwe ndwi bandi bo mu muryango wiwe.—Itanguriro 7:19-23; 2 Petero 3:5, 6.
13. Ni ivumero ncarubanza irihe Nowa yishimiye agaherezako, kandi ni mu buryo ki yakoze ibihuye na ryo?
13 Imana ntiyabwiye Nowa umusi n’isaha nyene Umwuzure woziriyeko hagisigaye imyaka ngo uze. Ariko rero igihe Nowa yari amaze imyaka 480 y’amavuka, Yehova yavumereye ati: ‘Impwemu yanje ntizokwama iranyinyūrana n’umuntu ibihe vyose, kuko ari uw’inyama gusa: nuko rero imisi yiwe izoba imyaka ijana na mirongwibiri.’ (Itanguriro 6:3) Nowa yarishimiye araherezako iryo vumero ncarubanza ry’Imana. Amaze gushikira imyaka 500, “avyara Shemu na Hamu na Yafeti,” kandi imigenzo yo muri iyo misi yerekana yuko imyaka iva ku 50 gushika ku 60 yahaciye imbere y’uko abahungu biwe barongora. Igihe Nowa yabwirwa kwubaka ubwato bw’iziguriza mu gihe c’Umwuzure, abo bahungu n’abagore babo bisa n’uko bamusahirije muri uwo mwinanato. Iyubakwa ry’ubwato umenga ryahuriranye n’igikorwa Nowa yakora c’ “umwigisha w’ivyo kugororoka,” gituma aguma ari na vyinshi akora mu myaka 40 gushika ku 50 ya nyuma imbere y’Umwuzure. (Itanguriro 5:32; 6:13-22) Muri iyo myaka yose, we hamwe n’urugo rwiwe bakoranye ukwizera. Natwe nyene niduserure ukwizera uko dukwiririza inkuru nziza twongera turorera Yehova.—Abaheburayo 11:7.
14. Yehova ni ibiki yahavuye abwira Nowa, kandi kubera iki?
14 Aho nya bwato bumariye kwegereza kurangizwa, Nowa ashobora kuba yariyumviriye yuko uwo Mwuzure wari wegereje, naho atari azi neza na neza igihe woziriyeko. Yehova yarahavuye amubwira koko ati: “Imisi indwi ishize, nzorekurira imvura kw isi imare imisi mirongwine igwa umurango n’ijoro.” (Itanguriro 7:4) Ivyo vyarahaye Nowa n’umuryango wiwe igihe nyene gihagije kugira ibikoko vy’ubwoko bwose bavyinjize muri nya bwato hanyuma na bo nyene ubwabo binjire muri bwo imbere y’uko Umwuzure utangura. Ntidukeneye kumenya umusi n’isaha isangangurwa ry’uru runkwekwe rw’ibintu rizotangurirako; irokoka ry’ibikoko ntirishinzwe twebwe, kandi abantu bazorokoka baramaze gutangura kwinjira mu bwato bw’ikigereranyo, ya paradizo y’ivy’impwemu y’igisata c’Imana.
“Mwame Mugavye”
15. (a) Mu majambo yawe bwite, wosigura ute amajambo Yezu yavuze dusanga muri Matayo 24:40-44? (b) Ukutamenya umusi n’isaha nyene vy’ukuza kwa Yezu ngo ashitse umwihoro w’Imana bigira ico bikora giki?
15 Ku vyerekeye ukuhaba kwiwe, Yezu yasiguye ati: “Ico gihe abagabo babiri bazoba [bariko barakora] mu murima, umwe azojanwa, uwundi arekwe. Abagore babiri bazoba bariko barasēra hamwe ku rusyo, umwe azojanwa, uwundi arekwe. Nuko mwame mugavye, kuko mutazi umusi Umwami wanyu azozako. Arikw ibi mubimenye: iyaba nyen’urugo yar’asanzwe azi igihe igisuma kiziramwo, yogavye, ntiyokunze kw inzu yiwe yimbga. Nuko namwe mwame mwiteguye, kuk’Umwana w’umuntu azoza mu gihe mutiyumviriye.” (Matayo 24:40-44; Luka 17:34, 35) Ukutamenya igihe nyene Yezu azozirako ngo ashitse umwihoro w’Imana gutuma tuguma turikanuye kandi kukaduha akaryo buri musi k’ukugaragaza yuko dusukurira Yehova dufise imvo zitari iz’ubwikunzi.
16. Ni ibiki bizoshikira abantu ‘bazorekwa’ n’‘abazojanwa’?
16 Mu bantu ‘bazorekwa’ ngo bahonerezwe hamwe n’abanyakibi hazoba harimwo abahoze babonesherezwa ariko bakaba batwawe n’ubuzima bw’ubwikunzi. Ese twoba mu “[ba]zojanwa,” abibanze kuri Yehova bimwe vyuzuye kandi bamukurira ubwatsi vy’ukuri kubera intunganyo zo mu vy’impwemu atanga abicishije kuri wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.” (Matayo 24:45-47, NW) Gushika kw iherezo, nidusukurire Imana n’ “urukundo ruva mu mutima utanduye, utarimw’ijwi ri[tw]āgiriza ikibi, no ku kwizera kutar’ukw’uburyarya.”—1 Timoteyo 1:5.
Ingeso Zera Ni Ntahara
17. (a) Ni ibiki vyavuzwe imbere y’igihe muri 2 Petero 3:10? (b) Bimwebimwe mu vy’ingeso zera biremeshwa muri 2 Petero 3:11 ni ibiki?
17 Intumwa Petero yanditse ati: “Umusi w[a Yehova, NW] uzoza nk’igisuma, ah’amajuru azovaho, hakaba n’ukwasana guhambaye, ivy’itanguriro vyose bigashongeshwa n’ikibengebenge gikaze, isi n’ibikorwa biri muri yo bigatongoka.” (2 Petero 3:10) Amajuru n’isi vy’ikigereranyo ntibizorokoka ubushuhe bw’ishavu ry’Imana riturira. Nuko Petero avuga ati: “None, kw ivyo vyose bizoshonga birtyo, mukwiye kumera mute mu ngeso zera no mu kwubaha Imana.” (2 Petero 3:11) Muri izo ngeso harimwo ukuba turi ku mahwaniro makirisu ubudahorereza, gukorera abandi iciza, no guterēra umuganda uri n’ico uvuze mu gukwiririza ya nkuru nziza.—Matayo 24:14; Abaheburayo 10:24, 25; 13:16.
18. Niba turiko dukomeza ukwifatanya n’isi, ni igiki dukwiye kugira?
18 ‘Ingeso zera no kwubaha Imana’ bisaba ko ‘tuguma tutandujwe n’isi.’ (Yakobo 1:27) None bite nitwaba turiko dukomeza ukwifatanya n’iyi si? Kumbure turakwegakwegwa ngo tugire impagararo ihanamiwe imbere y’Imana, mu kurondera imyisamazo ihumanye canke mu kwumviriza imiziki n’indirimbo bikorereza agatima kazira Imana k’iyi si. (2 Ab’i Korinto 6:14-18) Niba biri ukwo, niturondere imfashanyo iva ku Mana mw isengesho kugira ntituzoshirane n’isi, ariko tuzohagarare twemewe imbere y’Umwana w’umuntu. (Luka 21:34-36; 1 Yohana 2:15-17) Niba twariyeguriye Imana, nta mazinda tuzorondera gukora uko dushoboye kugira twubake kandi tuzigame ubucuti bw’igishika tugirana na yo hanyuma gutyo tube twiteguriye umusi uhambaye w’interakoba wa Yehova.
19. Ni kubera iki amasinzi y’abamamaji b’Ubwami bashobora kwitega kurokoka mw insozēro y’uru runkwekwe rw’ibintu rubi?
19 Nowa wa mwibangamana hamwe n’umuryango wiwe, bararokotse Umwuzure wahoneje isi ya kera. Abantu b’abagororotsi bararokotse umuhero wa rwa runkwekwe rw’ibintu rw’Abayuda mu 70 G.C. Nk’akarorero intumwa Yohani, nko mu 96-98 G.C., yari agishirutse ubute mu busuku yarangurira Imana, igihe yandika igitabu c’Ivyahishuwe, ivyo yigana mu Njili, hamwe n’amakete atatu yahumetswe. Mu bantu ibihumbi bakiriye ukwizera kw’ukuri kuri Pentekote mu 33 G.C., bisa n’uko abatari bake muri bo barokotse umuhero w’urunkwekwe rw’Abayuda. (Ivyakozwe n’intumwa 1:15; 2:41, 47; 4:4) Muri iki gihe, amasinzi y’abamamaji b’Ubwami barashobora kwizigira kurokoka insozēro y’urunkwekwe rubi rw’ibintu rw’ubu.
20. Ni kuki dukwiye kuba ‘abigisha b’ivy’ukugororoka’ b’abanyamwete?
20 Uko tuzigamwa ngo tuje mw isi nshasha ituri imbere, nitube ‘abigisha b’ivy’ukugororoka’ b’abanyamwete. Ewe kuntu ari agateka gusukurira Imana muri iyi misi y’iherezo! Kandi ese ingene ari umunezero kurongōra abantu tubajana mu “bwato” bwa kino gihe, ya paradizo y’ivy’impwemu yifitiwe n’igisata c’Imana! Amamiliyoni y’abari muri bwo ubu nibagume ari abizerwa, bari maso mu vy’impwemu, kandi biteguriye wa musi uhambaye wa Yehova. Ariko twese tuzofashwa n’iki kuguma turi maso?
[Akajambo k’epfo]
a Raba ikigabane c’10 n’ic’11 vy’igitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budashira, casohowe na Watchtower Bible and Tract Society of New York, Inc.
Wokwishura Ute?
◻ Ni ibiki bamwebamwe bari biteze ku biraba umusi wa Yehova hamwe n’ukuhaba kwa Kirisitu?
◻ Ni kuki dushobora kuvuga yuko Nowa hamwe n’umuryango wiwe bari biteguriye Umwuzure?
◻ Ni igiki kizoshikira ‘abaguma bari maso’ n’abataguma bari maso?
◻ Ni kuki ingeso zera ari ntahara, na canecane uko twegereza wa musi uhambaye wa Yehova?