27 MEFIBOSHETI
Ntiyagize inzika
MEFIBOSHETI yari umwuzukuru w’umwami akomeye yitwa Sawuli, akaba n’umuhungu wa Yonatani umugabo w’umutima rugabo kandi w’umwizigirwa kuri Yehova. Ariko igihe uwo mwana yari afise imyaka itanu, hari ibintu bikomeye vyashitse mu buzima bwiwe. Sekuru wiwe Sawuli yarakomerekeye bimwe bikomeye mu ntambara aca ariyahura. Yonatani se wa Mefibosheti na we nyene yapfiriye muri iyo ntambara. Igihe umurezi wa Mefibosheti yumva iyo nkuru ibabaje cane, yaciye aterura uwo mwana maze arahunga. Uwo mwana yaramwiyatse arakoroka aca arakomereka cane ku maguru. Mefibosheti yaciye amugara amaguru.
Biboneka ko Mefibosheti atigeze agira inzigo kubera ivyo bintu vyose vyamushikiye. Umwisirayeli umwe yitwa Makiri ni we yamuhaye indaro. Mu nyuma umwami Dawidi yaributse ivyo yasezeraniye umugenzi wiwe Yonatani ko yokwitwararitse abo mu muryango wiwe. (1 Sam. 20:14-17) Dawidi rero yaciye atumako Mefibosheti.
Mefibosheti yaragize ubwoba bwinshi. Yava mu muryango w’umwami mubi Sawuli. Ashobora kuba yiyumviriye ko Dawidi yashaka kumwica. Naho ari ukwo, yaragize umutima rugabo aritaba umwami. Dawidi yaramuyagishije abigiranye urukundo maze aramuha amatongo yari aya Sawuli, yongera amubwira ati: «Uzokwama ufungurira ku meza yanje.» Mefibosheti yarashimye cane naho yabona ko atari abibereye. Yarabajije umwami igituma amuteye iryo teka kandi yari umuntu asanzwe. Mbere yigereranije n’imbwa ipfuye!
Mefibosheti yamugaye akiri umwana, arabura abavyeyi, arahemukirwa yongera ararenganywa
Ariko haciye igihe, yarasubiye kugira ingorane. Abusalomu umuhungu wa Dawidi yaragararije bica bisaba ko umwami ahunga akava i Yeruzalemu. Ziba umusuku wa Mefibosheti yaragiye gufasha Dawidi ariko asiga shebuja i Yeruzalemu. Mefibosheti ntiyashobora gukurikira Dawidi. Ariko yarabonye ikindi yokora kugira yerekane ko yari intahemuka kuri Dawidi kandi ko yari amushigikiye. Ntiyigeze amwa ubwanwa bwiwe mu kwerekana ko yari mu kigandaro. Amaherezo Abusalomu yaratsinzwe maze Dawidi aragaruka i Yeruzalemu amahoro. Ariko rero, Dawidi yari afitiye ishavu Mefibosheti. Uti kubera iki?
Ziba yari yabesheye shebuja. Igihe yaja gufasha Dawidi yabesheye Mefibosheti ko yari umuhemu, ko yasigaye i Yeruzalemu arondera ko bamugira umwami. Iyumvire uko Dawidi yumvise amerewe. Yaheruka guhemukirwa n’umuhungu wiwe bwite, yongera kandi ahemukirwa na Ahitofeli umugenzi wiwe akaba n’umujanama yizigira cane. Bishoboka rero ko ari co catumye yemera ko n’uwundi muntu yomuhemukira. Dawidi yaciye ategeka ko Ziba atwara ya matongo yari aya Sawuli sekuru wa Mefibosheti.
Igihe Mefibosheti yamenya ko Ziba yamubesheye, yaragiye kuraba umwami Dawidi kugira amubwire ivyabaye vyose. Dawidi yarabajije Mefibosheti icatumye atava i Yeruzalemu ngo ajane na we. Mefibosheti yarasiguriye umwami icatumye atagenda, aramwibutsa ko yari ‘amugaye’ yongera aramubwira ko Ziba yamuhenze. Birashoboka ko Dawidi yabonye ko Mefibosheti atagiriye isuku ubwanwa bwiwe. Ivyo vyarerekana ko Mefibosheti yari ababajwe n’ivyashikiye Dawidi kandi ko atari yamuhemukiye. Naho ari ukwo, Dawidi yari yashavuye cane. Ntiyashaka kubandanya yumviriza ivyo Mefibosheti amubwira. Yaciye ahindura gatoyi ingingo yari yafashe. Yavuze ko Mefibosheti na Ziba bogabuye amatongo ya Sawuli.
None Mefibosheti yokwemeye gusangira amatongo n’umusuku wiwe yamuhemukiye akamubeshera ku mwami? Bishobora kuba vyarababaje Mefibosheti. Iyo umuntu arenganijwe biroroshe ko abika inzika mu mutima. (Gus. 19:18, 19) Bisaba umutima rugabo kugira umuntu ntagume yiyumvira ivyiwe gusa be n’ibibi abandi bamukoreye, ariko akaguma yiyumvira ikintu gihambaye kuruta, na co akaba ari ugukurikirana amahoro. None Mefibosheti yahisemwo gukora iki?
Yishuye Dawidi abigiranye ukwifata ruto ati: «[Ziba] nashake ayatware yose, kizima umwami wanje yagarutse iwe amahoro.» Uwo mugabo yicisha bugufi yari arajwe ishinga cane n’umwami Yehova yitoreye. Naho bari bamubesheye kandi bakamutwara amatongo yiwe, yagumye ahimbawe kandi akorera Yehova adahemuka. Naho Mefibosheti atigeze aja mu ntambara, yararushije umutima rugabo abasoda benshi!
Soma iyo nkuru muri Bibiliya:
Ikibazo co kuganirako:
Mefibosheti yerekanye gute umutima rugabo?
Niwinjire mu mizi
1. Imbere y’uko Mefibosheti aza kwa Dawidi, yaba «kwa Makiri.» Ni ikindi kintu ikihe cerekana ko Makiri yari intahemuka akaba n’umwakiranyi? (2 Sam. 9:3, 4; it «Makir» No. 2-wcgr)
2. Ni kubera iki Mefibosheti yigereranije n’«imbwa ipfuye»? (2 Sam. 9:8; it «Chien» ing. 5-wcgr) A
PhotoStock-Israel/Photodisc via Getty Images
Ifoto A: Mu bihe vya Bibiliya, Abisirayeli babona ko imbwa ari ibikoko bihumanye birya ivyo ari vyo vyose
3. Ni ibiki tuzi kuri Mefibosheti bitwereka ko atigeze yipfuza kuba umwami mu kibanza ca Dawidi? (w02 1/3 10 ing. 11, akajambo k’epfo.) B
Ifoto B: Birashoboka ko Yonatani yabwiye Mefibosheti uwo Yehova yatoye ngo abe umwami
4. Yehova yahezagiye gute Mefibosheti inyuma y’ivyo bintu vyabaye? (it «Mephibosheth» No. 2 ing. 3-wcgr)
Rondera ivyigwa wohakura
Hari benshi barwaye akabonge canke bari mu ngorane abavukanyi na bashiki bacu usanga badatahura neza. Ni ivyigwa ibihe bihumuriza bokwigira kuri Mefibosheti?
Dawidi amaze kwumviriza ibivugwa n’umuntu umwe gusa, yaciye atanga itongo rya Mefibosheti. Kubera iki bitaranga ubukerebutsi guca urubanza gihutihuti tudafise amakuru yose? C
Ifoto C
Wokwigana gute umutima rugabo wa Mefibosheti?
Zirikana mu buryo bwagutse
Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?
Ni ibiki nzobaza Mefibosheti niyazuka?
Rondera kumenya n’ibindi
Raba ingene twokwigana Mefibosheti igihe tubona ko twarenganijwe.
Igihe umwana abona ko abandi batamukunda, abavyeyi bokoresha gute inkuru ya Mefibosheti kugira bamufashe?
«Vyoba birashika ukumva umengo abandi barakwinuba?» (w11 1/6 26-27)