ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • hf igice 9 ibice 1-2
  • Nimusenge Yehova uko mugize umuryango

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nimusenge Yehova uko mugize umuryango
  • Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • 1 NUKOMEZE UBUCUTI UFITANIYE NA YEHOVA
  • 2 NIMUGIRE UGUSENGA KWO MU MURYANGO
  • Intunganyo ifasha imiryango
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ugusenga kwo mu muryango ni iki?
    Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
  • Ugusenga kwo mu muryango—Mwoba mwotuma kurushiriza kuryoha?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Gukomezanya mu Rugo Kugira Muzokwameho Muri Kazoza
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
Ibindi
Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare
hf igice 9 ibice 1-2
Umugabo n’umugore bariko barigira hamwe Bibiliya

IGIHIMBA CA 9

Nimusenge Yehova uko mugize umuryango

“Nimusenge uwaremye ijuru n’isi.”​—Ivyahishuwe 14:7

Nk’uko wabibonye muri aka gatabu, Bibiliya irimwo ingingo ngenderwako nyinshi zizofasha urugo rwanyu. Yehova yipfuza ko uhimbarwa. Asezerana yuko mushize imbere ibijanye no kumusenga, “ibindi vyose na vyo muzovyongerwa.” (Matayo 6:33) Yipfuza vy’ukuri ko uba umugenzi wiwe. Nukoreshe akaryo kose uronse kugira ukomeze ubucuti ufitaniye n’Imana. Nta gateka umuntu yoterwa koza karuta ako.​—Matayo 22:37, 38.

1 NUKOMEZE UBUCUTI UFITANIYE NA YEHOVA

Umugabo n’umugore bari kumwe mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: “‘Nzobabera so, namwe muzombera abahungu n’abakobwa,’ ni ko Yehova . . . avuga.” (2 Abakorinto 6:18) Imana yipfuza ko uba umugenzi somambike wayo. Isengesho ni kimwe mu bintu vyogufasha kubishikako. Yehova akuremesha ngo “[u]senge ubudahengeshanya.” (1 Abatesalonika 5:17) Arashashaye kwumva ivyiyumviro vyo mu mutima wawe n’ibikuraje ishinga. (Abafilipi 4:6) Niwasenga uri kumwe n’abo mu rugo rwanyu, bazobona ko Imana atari umugani kuri wewe.

Turetse ukuyagira Imana, urakeneye kandi kuyitega ugutwi. Ivyo urashobora kubigira mu kwiga Ijambo ryayo n’ibitabu bishingiye kuri ryo. (Zaburi 1:1, 2) Nuzirikane ku vyo wiga. (Zaburi 77:11, 12) Gutega ugutwi Imana bisaba kandi ko witaba amakoraniro ya gikirisu udahorereza.​—Zaburi 122:1-4.

Kuyagira abandi ivyerekeye Yehova ni ikindi kintu gihambaye cogufasha gukomeza ubucuti ufitaniye na we. Uko urushiriza kubigira, ni ko uzorushiriza kwumva ko umwiyegereje.​—Matayo 28:19, 20.

ICO MWOKORA:

  • Nutegekanye buri musi umwanya wo gusoma Bibiliya no gusenga

  • Uko mugize urugo, nimushire imbere ivy’Imana aho gushira imbere ukwinezereza n’ukwisamaza

2 NIMUGIRE UGUSENGA KWO MU MURYANGO

Sebibondo yitegurira kwigisha umuryango wiwe, mu nyuma bakigira hamwe Ijambo ry’Imana

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: “Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.” (Yakobo 4:8) Murakeneye gushiraho urutonde rudahindagurika rw’ugusenga kwo mu muryango kandi mukarwubahiriza. (Itanguriro 18:19) Ariko si ivyo gusa. Mutegerezwa guha Imana ikibanza mu buzima bwanyu bwa misi yose. Nukomeze ubucuti abo mu rugo rwawe bafitaniye n’Imana mu kubayagira ivyayo “igihe wicaye mu nzu yawe, n’igihe ugenda ku nzira, n’igihe uryamye, n’igihe uvyutse.” (Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7) Niwihatire kumera nka Yosuwa, uwavuze ati: “Ariko jewe n’urugo rwanje tuzokorera Yehova.”​—Yosuwa 24:15.

ICO MWOKORA:

  • Nimugire urutonde rutunganijwe neza kandi rudahindagurika rwo kwigisha abagize urugo rwanyu ruhuje n’ivyo umwe wese muri bo akeneye

Inabibondo ariko arasomera igitabu umuhungu wiwe; umuryango uriko uragira agakino k’inkuru yo muri Bibiliya; sebibondo ariko ariga n’umukobwa wiwe

ABASAVYI BA YEHOVA BAHIMBAWE

Nta kintu coza gisumba ugusenga Yehova Imana. Biramuhimbara cane kubona urugo rwanyu rumukorera bivuye ku mutima. Uko mubigira, ni ko muzorushiriza gukunda Yehova no kumwigana. (Mariko 12:30; Abanyefeso 5:1) Guha Imana ikibanza mu mubano wanyu birakomeza ubucuti ufitaniye n’uwo mwubakanye. (Umusiguzi 4:12; Yesaya 48:17) Urugo rwanyu rurashobora guhimbarwa ibihe bidahera, muzi yuko ‘Yehova Imana yanyu yabahezagiye.’​—Gusubira mu vyagezwe 12:7.

NIWIBAZE UTI . . .

  • Mperuka ryari gutura isengesho ndi kumwe n’uwo twubakanye?

  • Ni igiki twokwigira hamwe uko tugize urugo cotuma turushiriza kwizera Yehova?

IVYO SERUGO YOKWITWARARIKA

  • Ntureke ngo hagire ikibatesha ugusenga kwo mu muryango

  • Numenyeshe imbere y’igihe abagize urugo rwawe ivyo muzoganirako kugira bitegure

  • Nukore uko ushoboye abagize urugo bose babe ari ho bari

  • Nutume ico kiringo kirangwamwo amahoro ku buryo bose bumva bahimbawe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika