ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jl icig. 1
  • Ivyabona vya Yehova bameze gute?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyabona vya Yehova bameze gute?
  • Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
  • Ivyo bijanye
  • Imico runtu ngirakamaro vy’ukuri
    Be maso!—2013
  • Imico myiza
    Be maso!—2019
  • Kuzigamwa n’imico runtu idata igihe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • 7 Imico myiza
    Be maso!—2018
Ibindi
Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
jl icig. 1

ICIGWA CA 1

Ivyabona vya Yehova bameze gute?

Icabona ca Yehova wo muri Danemarke

Muri Danemarke

Ivyabona vya Yehova bo muri Tayiwani

Muri Tayiwani

Ivyabona vya Yehova bo muri Venezuwela

Muri Venezuwela

Ivyabona vya Yehova bo mu Buhindi

Mu Buhindi

Uzi Ivyabona vya Yehova bangahe? Bamwebamwe ushobora gusanga ari ababanyi bawe, abo mukorana canke abo mwigana. Kibure ushobora gusanga umaze kuganira na bo ivyerekeye Bibiliya. None mu vy’ukuri turi ba nde, kandi ni kubera iki tubwira abandi ku mugaragaro ivyo twemera?

Turi abantu basanzwe. Turi abantu bava mu mice y’ubuzima itandukanye kandi tubayeho mu buryo butari bumwe. Bamwebamwe muri twebwe bahora mu madini atandukanye, abandi na bo bahora bahakana ko Imana ibaho. Yamara, imbere y’uko umwe wese muri twebwe aba Icabona, yaramaze igihe ariko arasuzuma yitonze ivyo Bibiliya yigisha. (Ivyakozwe 17:11) Twaremeye ivyo twize, maze turihitiramwo gusenga Yehova Imana.

Turungukira ku kwiga Bibiliya. Cokimwe n’abandi bantu bose, tubwirizwa guhangana n’ingorane be n’ubugoyagoye bwacu bwite. Mugabo kubera ko twagerageje gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya mu buzima bwacu bwa misi yose, twaragize ibintu biboneka duhinduye mu buzima. (Zaburi 128:1, 2) Iyo ni imwe mu mvo zituma tubwira abandi ibintu vyiza twize muri Bibiliya.

Tubaho twisunga ingingo ngenderwako z’Imana. Izo ngingo ngenderwako, nk’uko Bibiliya izigisha, ziratuma tubaho neza kandi tukubaha abandi, tutibagiye no kugira izindi kamere nko kuba inzirabugunge n’abanyabuntu. Ziragira ico ziterereye mu gutuma abantu bo mu kibano bamera neza kandi bakagira ico bamaze mu buzima, zikongera zikaremesha ubumwe n’inyifato runtu mu miryango. Kubera twajijutse yuko “Imana itagira nkunzi,” tugize umuryango ukwiye kw’isi yose mu vy’ukuri wemerwa na yo, utarangwamwo amacakubiri ashingiye ku moko no ku vya politike. Naho turi abantu basanzwe, tugize igisata c’abantu kidasanzwe.—Ivyakozwe 4:13; 10:34, 35.

  • Ni ibiki Ivyabona vya Yehova bahuriyeko n’abandi bantu?

  • Ni ingingo ngenderwako izihe Ivyabona bamenye biciye ku kwiga Bibiliya?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika