ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jr ikig. 14 rup. 168-181
  • Urashobora kwungukira kuri rya sezerano rishasha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urashobora kwungukira kuri rya sezerano rishasha
  • Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IGITUMA HASHIZWEHO RYA SEZERANO RISHASHA
  • RYA SEZERANO RISHASHA NI IKI?
  • ABUNGUKIRA KURI RYA SEZERANIRO RISHASHA
  • IMIHEZAGIRO RYA SEZERANO RISHASHA RITURONSA UBU BE NO MURI KAZOZA
  • Muzoba “ubwami bw’abaherezi”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Imigisha Ihambaye Kuruta Biciye kw Isezerano Risha
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Yehova Ni Imana y’Amasezerano
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Yehova yari yaravuze ibijanye n’isezerano rishasha
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
jr ikig. 14 rup. 168-181

IKIGABANE CA CUMI NA KANE

Urashobora kwungukira kuri rya sezerano rishasha

1. Ni igikorwa ikihe kirimwo bibiri Yeremiya yaranguye?

YEHOVA yajeje Yeremiya igikorwa carimwo bibiri. Kimwe muri ivyo kwari ukugira ngo ‘arandure, asiturire hasi, atikize yongere asambure.’ Ikindi na co kwari ukugira ngo ‘yubake yongere ateragire.’ Uwo muhanuzi yaranguye ico gikorwa ca mbere mu gushira ku kabarore ububisha bw’Abayuda bishira hejuru, agatangaza urubanza Imana yabaciriye be n’urwo yaciriye Babiloni. Yamara rero, ubuhanuzi Yeremiya yashikiriza bwarimwo icizigiro ku bijanye na kazoza. Yaravuze ko Imana yokwubatse ivyo yateguye kwubaka be n’uko yoteragiye ivyo yateguye guteragira. Nk’akarorero, Yeremiya yariko arangura ico gikorwa ca kabiri igihe yavuga ibijanye n’uko Abayuda bosubiye kugaruka mu gihugu cabo c’amavukiro.​—Yer. 1:10; 30:17, 18.

2. Ni kubera iki Yehova yohanye abasavyi biwe, kandi ivyo yobigize ku rugero uruhe?

2 Kuba Yeremiya yaratangaje ko abasavyi b’Imana bogarutse mu gihugu cabo, ntivyasigura ko Imana yobaye ibafashe nka kurya kw’umwana afyinishwa canke ngo ibe irenze ku ngingo ngenderwako zayo zijanye n’ubutungane. Ahubwo riho, yohanye abo Bayuda bigira ibiro biteze. (Soma Yeremiya 16:17, 18.) Mu gihe ca Yeremiya, abantu bari ku rushi b’i Yeruzalemu ni bo bariko ‘bashitsa ubutungane’ canke ‘barondera ubwizigirwa,’ kandi Yehova hari hageze ko afatira ingingo abigira ibiro biteze. Yavuze ati: “Nduhijwe no kwicuza.” (Yer. 5:1; 15:6, 7) Abo Bayuda bari “basubiye mu makosa ya basekuruza babo, bamwe ba mbere, abanse kugamburuka” amajambo ya Yehova. N’ikindi kandi, abo Bayuda barashavuje Imana mu kurenga ibigo mu buryo bw’impwemu, ivyo bakaba babigize mu gusenga imana z’ikinyoma. (Yer. 11:10; 34:18) Yehova yokosoye abasavyi biwe, akanabahana “ku rugero rubereye.” Ivyo vyotumye bamwe muri bo bikubita agashi maze bakamugarukako.​—Yer. 30:11; 46:28.

3. Ni kubera iki ukwiye gusuzuma ubuhanuzi buvuga ibijanye na rya sezerano rishasha?

3 Imana yarakoresheje Yeremiya kugira ngo avuge imbere y’igihe ikintu cozaniye abantu ivyiza vyinshi kandi vyamaho, ni ukuvuga isezerano rishasha. Uko tubandanya turimbura ubuhanuzi Yeremiya yanditse, turafise imvo nyinshi zituma twitunira kuri iryo sezerano ryiza igitangaza. Iryo sezerano ryosubiriye iryo Imana yari yaragiranye n’Abisirayeli inyuma y’aho baviriye mu Misiri, Musa akaba ari we yabaye umuhuza waryo. (Soma Yeremiya 31:31, 32.) Igihe Yezu Kristu yatanguza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba, yaravuze ibijanye n’iryo sezerano rishasha, akaba ari co gituma dukwiye gusuzuma neza ibiryerekeye. (Luka 22:20) Intumwa Paulo yaravuze ibijanye n’iryo sezerano mw’ikete yandikiye Abaheburayo. Yarasubiyemwo ubuhanuzi Yeremiya yanditse yongera arashimika ku kamaro k’iryo sezerano rishasha. (Heb. 8:7-9) Ariko neza na neza iryo sezerano rishasha ni iki? Ni kubera iki ryari rikenewe? Ni bande bari muri ryo, kandi wewe ubwawe ushobora gute kuryungukirako? Reka tubirabe.

IGITUMA HASHIZWEHO RYA SEZERANO RISHASHA

4. Rya sezerano rishingiye kw’Itegeko ryaranguye iki?

4 Kugira ngo dutahure iryo sezerano rishasha, dukwiye kubanza kumenya neza igituma hari harashizweho isezerano rya kera, ni ukuvuga rya sezerano rishingiye kw’Itegeko. Ryari ryashizweho kugira ngo rirangure ibintu bitari bike ku neza y’ihanga ry’Abisirayeli ryari ryiteze rwa Ruvyaro rwari rwarasezeranywe, runo rukaba rwotumye abantu benshi bahezagirwa. (Ita. 22:17, 18) Igihe Abisirayeli bemera iryo sezerano rishingiye kw’Itegeko, baciye baba ‘inyegu idasanzwe’ y’Imana. Biciye kuri iryo sezerano, umuryango wa Lewi ni wo wovuyemwo abobaye abaherezi b’iryo hanga. Igihe Yehova yagirana iryo sezerano na Isirayeli ku Musozi Sinayi, yaravuze ibijanye n’“ubwami bw’abaherezi n’ihanga ryeranda,” ariko ntiyahishuye igihe iryo hanga ryobonekeyeko be n’ingene vyogenze. (Kuv. 19:5-8) Mu kurindira ko riboneka, iryo sezerano ryarerekanye mu buryo butomoye yuko Abisirayeli batari bashoboye gushitsa mu buryo butagira agahaze ivyo Itegeko ryabasaba. Ryaratumye rero ibicumuro vyabo bija ku mugaragaro. Ni co gituma iryo Tegeko ryasaba ko Abisirayeli bama nantaryo batanga ibimazi vyo guhongera ibicumuro vyabo. Yamara, vyaragaragaye ko hari ikindi kintu cari gikenewe, na co kikaba ari ikimazi gitunganye cotanzwe rimwe rizima. Mu vy’ukuri, vyari bikenewe cane ko ibicumuro biharirwa rimwe rizima.​—Gal. 3:19-22.

5. Ni kubera iki Yehova yavuze imbere y’igihe ibijanye na rya sezerano rishasha?

5 Turatanguye rero gutahura igituma Imana yahumekeye Yeremiya kugira ngo avuge ibijanye n’irindi sezerano, iryo na ryo akaba ari rya sezerano rishasha, naho isezerano rishingiye kw’Itegeko ryari rigikora. Yehova abitumwe n’urukundo rwiwe be n’ubuntu bwiwe, yashaka kuronsa imfashanyo y’ibihe bidahera abantu bo mu mahanga yose. Imana ibicishije kuri Yeremiya yaravuze ku bijanye n’abobaye bari muri iryo sezerano, iti: “Nzobababarira ikosa ryabo, kandi igicumuro cabo sinzosubira kucibuka.” (Yer. 31:34) Naho uwo muhango watanzwe mu gihe ca Yeremiya, hariho ivyiza vyinshi igitangaza ubikiye umuryango w’abantu. Uti ivyo vyiza ni ibihe?

6, 7. (a) Kuba turi abanyabicumuro bituma bamwebamwe bumva bamerewe gute? (b) Ni kubera iki kurimbura ibijanye na rya sezerano rishasha bishobora kukuremesha?

6 Turi abantu badatunganye kandi akenshi ivyo turavyibonera. Nk’akarorero, hari umuvukanyi yamaze igihe ariko arwanya ingeso mbi yari afise. Avuga ati: “Bishitse ngasubira gukora vya bindi nyene, naca numva niyanse. Niyumvira yuko ntokwigeze mvayo. Gusenga vyarambera urugamba. Mu gusenga nabanza kuvuga nti: ‘Yehova, sinzi niba uza kwumviriza isengesho ryanje, ariko . . .’” Hari abigeze gushikirwa n’ikintu nk’ico canke gukora igicumuro gikomeye babona ko ari nk’aho “ibicu” vyariko bitangira amasengesho yabo ngo ntashike ku Mana. (Int. 3:44) Abandi na bo usanga babuzwa amahoro no kuguma bibuka ikibi haba haciye imyaka n’iyindi barakoze. Mbere n’abakirisu b’intangakarorero birashobora gushika bakicuza kubera ibintu baba bavuze.​—Yak. 3:5-10.

7 Nta n’umwe muri twebwe akwiye kuvuga yuko atazokwigera akora ikintu kitabereye. (1 Kor. 10:12) N’intumwa Paulo yaratahuye neza yuko yakora amakosa. (Soma Abaroma 7:21-25.) Ivyo bikwiye rero gutuma tugumiza ku muzirikanyi ibijanye na rya sezerano rishasha. Imana yasezeranye ko umuce nyamukuru uranga iryo sezerano rishasha ari uw’uko atosubiye kwibuka ibicumuro. Mbega ikintu kiduhumuriza! Yeremiya ategerezwa kuba mu vy’ukuri yararemeshejwe no kuvuga imbere y’igihe ibijanye n’uwo muhango, kandi na twebwe nyene turashobora kuremeshwa no kumenya vyinshi ku bijanye n’iryo sezerano rishasha be n’ingene dushobora kuryungukirako.

Ni kubera iki Imana yashizeho isezerano rishasha?

RYA SEZERANO RISHASHA NI IKI?

8, 9. Yehova vyamusavye iki kugira ngo abantu bashobore kubabarirwa igicumuro?

8 Uko urushiriza kumenya neza Yehova, ni ko urushiriza gutahura ukuntu ari Imana igirira ubuntu n’imbabazi abantu badatunganye. (Zab. 103:13, 14) Mu kuvuga imbere y’igihe ibijanye na rya sezerano rishasha, Yeremiya yarashimitse ku vy’uko Yehova ‘yobababariye ikosa ryabo’ be n’uko igicumuro cabo atosubiye kucibuka. (Yer. 31:34) Yeremiya ashobora kuba yaribajije ingene Imana yotanze izo mbabazi. Ashobora kuba n’imiburiburi yaratahuye ko mu kuvuga ibijanye n’isezerano rishasha, Imana yashaka kwerekana yuko yogiraniye umwumvikano n’abantu. Biciye kuri iryo sezerano, Yehova yoshikije mu buryo bunaka ivyo yahumekeye Yeremiya ngo yandike, harimwo n’ibijanye no kubabarira abantu. Hari n’ayandi makuru y’ido n’ido Imana yogiye irahishura ku bijanye n’umugambi wayo, ushizemwo n’ivyo Mesiya yokoze.

9 Hari aho woba umaze kubona abavyeyi bafyinisha abana babo ku buryo batabahana. Wokwitega ko Yehova amera nk’abo bavyeyi? Ihibambewe! Ivyo biratomora neza ingene rya sezerano rishasha ryoshizwe mu ngiro. Aho gupfa guhanagura ibicumuro ata co yisunze, Imana yobanje kwubahiriza neza ingingo mfatirwako zayo zigenga ubutungane mu gushiraho ikintu yokwisunze kijanye n’amategeko kugira ngo iharire ibicumuro, naho ivyo vyomusavye iki. Urashobora gutahura ico kintu mu buryo bwimbitse, urimbuye ivyo Paulo yanditse igihe yavuga ibijanye n’iryo sezerano rishasha. (Soma Abaheburayo 9:15, 22, 28.) Paulo yavuze yuko abantu ‘bobohowe biciye ku ncungu,’ be n’uko “hadasheshwe amaraso [ata] kubabarirwa kuhaba.” Ku bijanye n’iryo sezerano rishasha, ntihotanzwe amaraso y’amashūri canke ay’impene nk’uko vyagirwa mu gihe ca rya Tegeko. Ahubwo, iryo sezerano rishasha ryoshizwe mu ngiro biciye ku maraso ya Yezu. Yehova yishimikije ico kimazi gitunganye, ‘yobabariye ikosa be n’igicumuro’ rimwe rizima. (Ivyak. 2:38; 3:19) Ni bande none bobaye bari muri iryo sezerano rishasha kandi bakungukira kuri ukwo kubabarirwa? Ntibobaye ari abagize ihanga ry’Abayuda. Yezu yavuze ko Imana yohevye Abayuda, abahora batanga ibimazi vy’ibitungwa mu gihe ca rya Tegeko, maze akironderera irindi hanga. (Mat. 21:43; Ivyak. 3:13-15) Iryo hanga ryahavuye rimenyekana ko ari “Isirayeli y’Imana,” igizwe n’abakirisu barobanujwe impwemu nyeranda. Muri make, rya sezerano rishingiye kw’Itegeko Yehova Imana yari yarigiranye na Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri, magingo rya sezerano rishasha ryoryo yarigiranye na Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu, Yezu akaba ari we Muhuza waryo.​—Gal. 6:16; Rom. 9:6.

Ifoto ku rup. 172

10. (a) Ni nde ari “umunago” ukomoka kuri Dawidi? (b) Abantu bashobora gute kwungukira kuri uwo “munago”?

10 Yeremiya yadondoye ko Mesiya yari yitezwe yobaye ari “umunago” ukomoka kuri Dawidi. Ico kigereranyo cari kibereye koko. Mbere n’igihe Yeremiya yariko asukura ari umuhanuzi, ico twokwita igiti cakomokako abami bo mu muryango wa Dawidi cari kimaze kwicirwa. Ariko rero, igishitsi caco nticari bwume. Haciye igihe, Yezu yohavuye avukira mu muryango w’abakomoka ku Mwami Dawidi. Ni ho rero yoshoboye kwitwa ngo “Yehova ni ubugororotsi bwacu,” iryo rikaba ari izina rishimika ku vy’uko Imana yitwararika cane iyo kamere. (Soma Yeremiya 23:5, 6.) Yehova yararetse Umwana wiwe w’ikinege arababazwa ng’aha kw’isi yongera aricwa. Mu nyuma, mu buryo buhuje n’ubutungane bwiwe, Yehova yarishimikije agaciro k’inkuka y’icungu yatanzwe n’uwo “munago” ukomoka kuri Dawidi kugira ngo ababarire abantu. (Yer. 33:15) Ivyo vyatumye abantu bamwebamwe bitwa “abagororotsi ku bw’ubuzima” bongera bararobanuzwa impwemu nyeranda, gutyo baca baba abo muri rya sezerano rishasha. Ikindi kintu cerekana ko Imana yitwararika ubugororotsi, ni uko hariho abandi bantu bungukira kuri iryo sezerano, nk’uko tuza kubibona, naho batari muri ryo.​—Rom. 5:18.

Ifoto ku rup. 174

“Itegeko rya Kristu” riratuvyurira umutima wo gusukurira Yehova tubikunze

11. (a) Itegeko rya rya sezerano rishasha ryanditswe ku ki? (b) Ni kubera iki abagize “izindi ntama” bashimishwa n’itegeko rya rya sezerano rishasha?

11 Woba wipfuza kumenya iyindi mice itandukanye ya rya sezerano rishasha? Itandukaniro rikomeye cane riri hagati y’iryo sezerano rishasha be na rya sezerano rishingiye kw’Itegeko rya Musa ni aho amategeko y’ayo masezerano yobaye yanditse. (Soma Yeremiya 31:33.) Ya Mabwirizwa Cumi ya rya sezerano rishingiye kw’Itegeko yari yanditse ku bisate bibiri vy’amabuye, ivyahavuye bigenda amazimayongo. Ariko rero, Yeremiya yari yaravuze yuko itegeko rya rya sezerano rishasha ryokwanditswe mu mitima y’abantu, kandi ko ryokwamyeho. Abari muri rya sezerano rishasha, ni ukuvuga abakirisu barobanujwe impwemu, baraha agaciro vy’ukuri iryo tegeko. Bite ho ku bijanye n’abatari muri iryo sezerano rishasha, ni ukuvuga abagize “izindi ntama,” bizigiye kuzobaho ibihe bidahera ng’aha kw’isi? (Yoh. 10:16) Na bo nyene barahimbarwa n’itegeko ry’Imana. Ni nk’aho bameze nka ba bantu bakavamahanga bo muri Isirayeli, bemera Itegeko rya Musa bakongera bakaryungukirako.​—Lew. 24:22; Guh. 15:15.

12, 13. (a) Itegeko rya rya sezerano rishasha ni irihe? (b) Ni kubera iki umuntu agengwa n’“itegeko rya Kristu,” adasukurira Imana ku gahato?

12 Wokwishura gute hamwe hogira uwukubaza ati: ‘None iryo tegeko ryanditswe mu mutima w’abakirisu barobanujwe impwemu ni irihe?’ Iryo tegeko ryitwa kandi ngo “itegeko rya Kristu.” Ubwa mbere ryahawe Abisirayeli bo mu buryo bw’impwemu, ni ukuvuga bamwe bari muri rya sezerano rishasha. (Gal. 6:2; Rom. 2:28, 29) Muri make rero iryo “tegeko rya Kristu” ni urukundo. (Mat. 22:36-39) Bigenda gute ngo iryo tegeko ryandikwe mu mutima w’abo bakirisu barobanujwe impwemu? Ivyo bigirwa mu buryo bubiri buhambaye cane, na bwo bukaba ari ubu: kwiyigisha Ijambo ry’Imana no kwiyegereza Yehova mw’isengesho. Muri ubwo buryo nyene, iyo mice igize ugusenga kw’ukuri ikwiye kwama nantaryo ari yo iranga abakirisu b’ukuri bose, mbere n’abatari muri rya sezerano rishasha ariko bipfuza kuryungukirako.

13 “Itegeko rya Kristu” bivugwa yuko ari “itegeko ritagira akanenge ry’umwidegemvyo” be n’uko ari “itegeko ry’igisata c’abantu bidegemvya.” (Yak. 1:25; 2:12) Igihe ca rya Tegeko rya Musa abantu benshi bavuka bagengwa na ryo, ariko ubu nta n’umwe avuka ari muri rya sezerano rishasha canke ngo avuke agengwa n’itegeko rya Kristu. Nta n’umwe agamburuka itegeko rya Kristu asukurira Imana ku gahato. Ahubwo riho, abarigamburuka bose barahimbarwa no kumenya yuko itegeko ry’Imana rishobora kwandikwa mu mitima kandi ko abantu bo muri iki gihe bashobora kwironkera ivyiza biramba Yeremiya yari yaravuze ko vyovuye kuri iryo sezerano.

Imana yashoboye gute gutuma ibicumuro bibabarirwa biciye kuri rya sezerano rishasha? Dushobora gute kumenya ibijanye na rya tegeko ryanditswe mu mitima?

ABUNGUKIRA KURI RYA SEZERANIRO RISHASHA

14. Ni bande bigaragara neza ko bungukira kuri rya sezerano rishasha?

14 Aho bamwebamwe bamenyeye yuko bamwe 144.000 bari muri rya sezerano rishasha, bashobora kuba baciye bibaza yuko abo gusa ari bo bungukira kuri iryo sezerano. Hari aho boba bibaza ko ari ukwo bimeze kubera ko abarobanujwe impwemu ari bo gusa bafata ku bimenyetso igihe c’Icibutso c’urupfu rwa Kristu kiba uko umwaka utashe, aho umuvinyu ukoreshwa ugereranya ‘amaraso y’isezerano.’ (Mrk. 14:24) Ariko rero, uribuka ko abari muri rya sezerano rishasha bategerezwa kuzofadikanya na Yezu kuganza, bakaba abagize rwa “ruvyaro” rwa Aburahamu, uruzotuma amahanga yose ahezagirwa. (Gal. 3:8, 9, 29; Ita. 12:3) Biciye kuri iryo sezerano, Yehova azoshitsa mu buryo bunaka umuhango yatanze wo guhezagira umuryango wose w’abantu biciye ku “ruvyaro” rwa Aburahamu.

15. Ubuhanuzi buvuga yuko abarobanujwe impwemu bazorangura uruhara uruhe?

15 Yezu Kristu, igihimba nyamukuru ca rwa ruvyaro rwa Aburahamu, ni Umuherezi Mukuru, kandi yaratanze inkuka itagira agasembwa yatumye bishoboka ko ikosa be n’igicumuro bibabarirwa. (Soma Abaheburayo 2:17, 18.) Naho ari ukwo, kuva kera na rindi Imana yari yaramenyesheje ko hobonetse “ubwami bw’abaherezi n’ihanga ryeranda.” (Kuv. 19:6) Muri Isirayeli ya kera, abaherezi bava mu muryango umwe, abami na bo bakava mu wundi muryango. None iryo hanga ryasezeranywe ryobaye rigizwe n’abami n’abaherezi ryobonetse gute? Intumwa Petero yarandikiye ikete abari barejejwe n’impwemu. (1 Pet. 1:1, 2) Yavuze ko abo bantu bari “ubuherezi bwa cami, ihanga ryeranda, igisata c’inyegu yiharijwe.” (1 Pet. 2:9) Abakirisu barobanujwe impwemu bari muri rya sezerano rishasha bazoba abaherezi batobato. Zirikana ku co ivyo bisobanura! Ku musi ku musi turanyinyana n’akosho k’igicumuro, kino kikaba ‘kikiganza.’ Abazosukura ari abaherezi batobato na bo nyene bategerezwa kuba barashikiwe n’ikintu nk’ico. (Rom. 5:21) Bazoba bazi neza ingene umuntu yiyumva igihe yakoze amakosa be n’ukuntu inyiyumvo ziva ku kwicuza zibabaza cane. Bari kumwe na Kristu, bazotwumvira impuhwe uko tuzoba turiko turagwa tuvyuka kugira ngo dutsinde impengamiro dufise zo gukora igicumuro.

16. Ni indemesho iyihe abagize “isinzi rinini” bashobora gukura mu Vyahishuwe 7:9, 14?

16 Mu Vyahishuwe 7:9, 14 havuga ko intumwa Yohani yeretswe “isinzi rinini . . . bambaye amakanzu yera,” ivyo bikaba bisobanura yuko babonwa ko badahumanye mu nyonga z’Imana. Muri iki gihe hariko haratororokanywa abagize iryo sinzi rinini bazorokoka mu gihe ca “ya makuba akomeye.” Ku bw’ivyo rero, no muri iki gihe abo bantu barabonwa ku rugero runaka ko badahumanye mu nyonga z’Imana. Bitwa abagororotsi kubera ko ari abagenzi ba Yehova. (Rom. 4:2, 3; Yak. 2:23) Mbega umuhezagiro! Niba uri mu bagize isinzi rinini, urashobora kwizigira udakeka ko Imana yiteguriye kugufasha uko ubandanya wihatira kuguma uri uwudahumanye mu nyonga zayo.

17. Ni mu buryo ki Yehova ‘adasubira kwibuka’ ibicumuro?

17 Bigenda gute iyo Imana ihariye abo itonesha? Nk’uko twamaze kubibona, Yehova yavuze biciye kuri Yeremiya ati: “Nzobababarira ikosa ryabo, kandi igicumuro cabo sinzosubira kucibuka.” (Yer. 31:34) Ivyo Imana irabigirira abarobanujwe impwemu yishimikije inkuka ya Yezu. Muri ubwo buryo nyene, Imana irashobora kubabarira ibicumuro vy’abagize rya sinzi rinini yishimikije ya ‘maraso nyene y’isezerano.’ Kuba Yeremiya avuga yuko Imana ‘itosubiye kwibuka’ ibicumuro, ntibisigura yuko Imana yoba yibagira nka kurya kw’umuntu ku buryo idashobora kwibuka ibicumuro biba vyakozwe. Ahubwo riho, ivyo vyerekana ko igihe Yehova Imana atoje umucumuzi yigaye indero aba akeneye, hanyuma akamuharira, ni nk’aho aca afata igicumuro kiba carakozwe akagiterera inyuma yiwe. Zirikana ku bicumuro Umwami Dawidi yakoze ku bijanye na Batisheba be na Uriya. Dawidi yaratojwe indero yongera arashikirwa n’ingaruka z’ibicumuro vyiwe. (2 Sam. 11:4, 15, 27; 12:9-14; Yes. 38:17) Yamara, Imana ntiyagumye imuharurako ivyo bicumuro. (Soma 2 Ngoma 7:17, 18.) Nk’uko vyerekanwa ku bijanye na rya sezerano rishasha, Yehova amaze guharira ibicumuro, yishimikije inkuka ya Yezu, ntasubira kuvyibuka.​—Ezk. 18:21, 22.

18, 19. Ku bijanye no guharira abandi, ni icigwa ikihe dukura kuri rya sezerano rishasha?

18 Ku bw’ivyo rero, rya sezerano rishasha rirashira ahabona ukuntu Yehova afata neza abantu b’abacumuzi, baba ari abarobanujwe impwemu bari muri iryo sezerano, canke abafise icizigiro co kuzoba ng’aha kw’isi. Urashobora kwizigira yuko igihe Yehova aba yahariye ibicumuro vyawe, atazokwigera asubira kuvyibuka. Hariho icigwa dukura ku muhango Imana yatanze ujanye na rya sezerano rishasha. Niwibaze uti: ‘Noba ngerageza kwigana Yehova mu kutazura akaboze?’ (Mat. 6:14, 15) Ivyo dukwiye kubigenza gutyo haba ari mu bijanye n’udukosa dutoduto canke ibicumuro bikomakomeye, nk’igihe umukirisu yubatse aba yarenze ibigo. Niba uwahemukiwe yemeye guharira uwo yarenze ibigo yigaye, ntivyoba none bibereye ‘adasubiye kwibuka ico gicumuro’? Ego ni ko, vyoshobora kutubera urugamba kwibagira amakosa abandi badukoreye, ariko kubigenza gutyo ni uburyo bumwe twogaragazamwo ko twigana Yehova.a

19 Ico cigwa turashobora kugikoresha no ku muntu yaciwe mw’ishengero ariko akigaya maze akagarukanwa. Bite ho nk’igihe uwo muntu yoba yarakugiriye nabi canke akaba yaragusize iceyi? Ubu yaragarukanywe mw’ishengero. Ibivugwa muri Yeremiya 31:34 bishobora kugira ico bikoze gute ku kuntu tumubona be no ku kuntu tumufata? Twoba tuzomubabarira kandi ntitwongere kwibuka ibibi yatugiriye? (2 Kor. 2:6-8) Mu vy’ukuri, ico ni ikintu abo bose baha agaciro rya sezerano rishasha bakwiye kugerageza gukora mu buzima bwabo bwa misi yose.

Ku bijanye no guharira abandi, ushobora gute gushira mu ngiro ivyo wize ku vyerekeye rya sezerano rishasha?

IMIHEZAGIRO RYA SEZERANO RISHASHA RITURONSA UBU BE NO MURI KAZOZA

20. Ukuntu wewe ubona ibintu gutandukanye gute n’uko abantu benshi bo mu gihe ca Yeremiya babibona?

20 Mu gihe ca Yeremiya, Abayuda benshi ni nk’aho bavuga bati: “Yehova nta ciza azokora, kandi nta kibi azokora.” (Zef. 1:12) Naho bari bazi Yehova uwo ari we be n’ukuntu ameze, bibaza ko atogize ico akoze canke ngo abasabe kubaho bisunga ingingo ngenderwako zinaka. Ariko tweho turazi yuko ata kintu na kimwe umuntu yokora ngo Imana ntikibone. Dutinya Imana kubera ko tuyubaha, kandi turipfuza n’umutima wacu wose kwirinda gukora ikibi. (Yer. 16:17) Vyongeye, turazi neza yuko Yehova ari Data wa twese yuzuye ubuntu. Arabona ivyiza dukora, naho abandi boba babibona canke batabibona.​—2 Ngo. 16:9.

Ifoto ku rup. 179

Abazoba barasukuriye Imana badahemuka, na yo izobahezagira

21, 22. Ni kubera iki ubu utagikeneye kubwirwa ngo: ‘Numenye Yehova’?

21 Ikintu gihambaye cane kiranga rya sezerano rishasha kiravugwa muri aya majambo agira ati: “Nzoshira itegeko ryanje muri bo, kandi nzoryandika mu mutima wabo. Nzoba Imana yabo, . . . Ntibazosubira kwigishanya, ngo umwe wese yigishe mugenziwe, kandi ngo umwe wese yigishe mwene wabo, ngo ‘Nimumenye Yehova!’, kuko bose bazomenya.” (Yer. 31:33, 34) Abarobanujwe impwemu bakiri kw’isi muri iki gihe barerekanye ko itegeko ry’Imana riri muri bo. Barakunda ukuri kwo muri iryo tegeko, kandi ni kwo baha agaciro kuruta inyigisho z’abantu. Vyongeye, ubumenyi bwo muri Bibiliya barahimbarwa no kubusangira n’abagize rya sinzi rinini bariko baratororokanywa muri iki gihe. Ku bw’ivyo, abo bafise icizigiro co kuzoba ng’aha kw’isi na bo nyene bararonswa akaryo ko kumenya Yehova no kumukunda. Barayoboka n’umutima ukunze ubuyobozi atanga, bakongera bakizigira ivyo asezerana. Ushobora kuba uri muri abo badondorwa muri ubwo buryo. Urazi ko Yehova abaho koko kandi uramaze kugiranira na we ubucuti. Ese ukuntu ako ari agateka ntangere watewe!

22 None washoboye gute gukomeza ubucuti ufitaniye na Yehova? Nta gukeka ko wibuka ibihe bitari bike wiboneye ko yishura amasengesho umutura. Biciye kuri ivyo bintu wiboneye, wararushirije guha agaciro kamere ziwe. Ushobora kuba wariboneye ko ari kumwe nawe igihe wibuka icanditswe cagufashije kuvyifatamwo neza mu bihe bigoye warimwo. Ntiwigere wibagira ibintu nk’ivyo. Uko ubandanya kwiyigisha Ijambo ryiwe, ni ko uzorushiriza kumumenya, kandi uzoguma wungukira kuri ubwo bumenyi.

23. Ni mu buryo ki kumenya Yehova bikurinda kugira inyiyumvo zitesha umutwe bidakenewe?

23 Hariho uwundi muhezagiro ufitaniye isano na rya sezerano rishasha dushobora kwironkera ubu. Kumenya ko Yehova aharira yishimikije iryo sezerano birashobora kudufasha kwikuramwo inyiyumvo zo kwiyagiriza ziguma zitubuza amahoro. Nk’akarorero, abigeze kuba barakoroye inda imbere y’uko bamenya ingingo ngenderwako z’Imana boshobora kwiyagiriza kandi bakumva bababajwe n’uko bazimanganije n’ibigirankana ubuzima bw’umuntu. Hari abandi boshobora kugira mwene izo nyiyumvo kubera ko bazimanganije ubuzima bw’abantu mu gihe c’intambara. Inkuka y’incungu ya Yezu, wo muce nyamukuru wa rya sezerano rishasha, iratuma abigaye vy’ukuri bababarirwa. None ko ari ukwo bimeze, ntidukwiye kwemera tudakeka yuko igihe Yehova ahariye ibicumuro vyacu, atisubirako? Rero, ntidukwiye kuguma twibanda ku bicumuro kanaka, kandi Yehova aba yaraduhariye buhere.

24. Ni indemesho iyihe ushobora gukura mu bivugwa muri Yeremiya 31:20?

24 Amajambo yo muri Yeremiya 31:20 arerekana mu buryo butomoye yuko Imana iharira ibicumuro. (Soma ico canditswe.) Imyaka mirongo imbere y’uko Yeremiya aba umuhanuzi, Yehova yari yarahanye bwa bwami bwa Isirayeli bwo mu buraruko bwari bugizwe n’imiryango cumi (ubwaserukirwa n’umuryango wa Efurayimu kubera ko ari wo wari ukomeye kuruta iyindi) abuhoye ko bwasenga ibigirwamana. Abantu bo muri ubwo bwami barajanywe ari inyagano mu kindi gihugu. Yamara rero, Imana yagumye ikunda cane abantu bo muri iryo hanga, kandi ikabagaragariza impuhwe ziranga ikibabarwe. Yari ikibakunda nka kurya kw’“umwana afatanwa urukundo.” Igihe Imana yabiyumvira, amara yayo ‘yarasebagiritse,’ ivyo bikaba bisobanura yuko ivyabo vyayibabaje cane. Iyo nkuru, tuyifatiye hamwe n’ibijanye na rya sezerano rishasha, irerekana ukuntu Yehova aharira cane abantu baba bigaye ibibi bakoze.

25. Ni kubera iki ukwiye gukengurukira Yehova kubona yarashizeho rya sezerano rishasha?

25 Umuhango Yehova yatanze wo guharira ibicumuro biciye kuri rya sezerano rishasha uzoranguka bimwe vyuzuye mu mpera ya ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi. Yezu Kristu ari kumwe na ba baherezi batobato biwe 144.000, azotuma abantu b’intahemuka baba abatunganye. Ca kigeragezo ca nyuma nicahera, abantu bazoca baba bimwe vyuzuye abagize umuryango wa Yehova ugizwe n’abasavyi biwe bo kw’isi no mw’ijuru. (Soma Abaroma 8:19-22.) Ivyo bizoba hari haciye ibinjana n’ibindi bose banihishwa no kuba ari abaja b’igicumuro. Ariko rero, bazoheza bagire “umwidegemvyo w’ubuninahazwa w’abana b’Imana,” bakurweko igicumuro n’urupfu. Ku bw’ivyo rero, niwemere udakeka ko biciye kuri iyo ntunganyo iranga urukundo ya rya sezerano rishasha, ushobora kwironkera ivyiza umuyoro. Biciye kuri wa “munago” wa Dawidi, urashobora kwironkera ivyiza muri iki gihe be no mu bihe bidahera, ukongera ukiberaho mu gihe hazoba hariho “ubugororotsi mu gihugu.”​—Yer. 33:15.

Ushobora gute kwungukira kuri rya sezerano rishasha, ubu no muri kazoza?

a Ukuba Imana yiteguriye guharira birerekanwa mu nkuru yigana ivyabaye hagati ya Hoseya na Gomeri. Raba ibivugwa muri Hoseya 2:14-16.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika