ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bm igice 3 rup. 6
  • Abantu barokoka Umwuzure

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abantu barokoka Umwuzure
  • Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
  • Ivyo bijanye
  • ‘Yarazigamwe hamwe n’abandi indwi’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • “Yagendana n’Imana y’ukuri”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Imbere ya rya Segenya rikomeye: Ni bande bumvirije? Ni bande batumvirije?
    Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera
  • “Yagendana n’Imana y’ukuri”
    Niwigane ukwizera kwabo
Ibindi
Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
bm igice 3 rup. 6
Ubwato buriko burareremba uko umwuzure uguma wongerekana, imvura nayo ikagwa

IGIHIMBA CA 3

Abantu barokoka Umwuzure

Imana irahonya isi mbi mugabo ikazigama Nowa n’umuryango wiwe

UKO abantu bagwira, ni ko igicumuro n’ubugizi bwa nabi vyakwiragira kw’isi nk’umuriro wa Nyakanga. Umuhanuzi umwe atarenga ntarenguke yariho ico gihe yitwa Henoki yaratanze imburi y’uko umusi uri izina Imana yohoneje abantu batayibanga. Naho vyari ukwo, ikibi cabandanije ciganza, mbere ibintu birushiriza kwunyuka. Abamarayika bamwebamwe baragararije Yehova mu guheba ibibanza bari bafise mw’ijuru, biha imero nk’iy’abantu bo kw’isi, maze n’umunoho n’akantu barongora abakobwa b’abantu. Ukwo guhuza ibitsina kutari gusanzwe kugirwa kwatumye havuka abana badasanzwe, ni ukuvuga abantu b’ibigatanya bahahaza abandi bitwa abanefili, bano bakaba batumye isi irushiriza kubamwo ubukazi n’ugusesa amaraso. Imana yaratuntujwe cane no kubona ibiremwa vyiwe vyo kw’isi biriko birononwa.

Henoki amaze gupfa, muri iyo si mbi hari umuntu umwe gusa yari atandukanye n’abandi. Uwo muntu yitwa Nowa. We hamwe n’abagize umuryango wiwe barihatiye gukora ivyo Imana yabona ko ari vyiza. Igihe Imana yafata ingingo yo guhonya abantu babi bo muri iyo si, yararondeye ukuntu yokingiye Nowa be n’ibikoko vyo kw’isi. Ni ko kumubwira ngo yubake ubwato, buno bukaba bwari bumeze nk’igisandugu amahero. Muri ubwo bwato ni ho Nowa n’umuryango wiwe bozigamiwe, bari kumwe n’ubwoko bwinshi bw’ibikoko, bakarokoka umwuzure wokwiye kw’isi yose wari wegereje. Nowa yaragamburukiye Imana. Mu myaka mirongo Nowa yamaze ariko arubaka ubwo bwato, yari n’“umwamamaji w’ubugororotsi.” (2 Petero 2:5) Yaraburiye abantu ku bijanye n’Umwuzure wari wegereje, ariko bamuraba nk’ico imbwa ihaze. Igihe carashitse c’uko Nowa n’umuryango wiwe binjira muri bwa bwato hamwe n’ibikoko. Imana yarugaye umuryango w’ubwo bwato, imvura iraheza iracuncubuka.

Haheze imisi 40 n’amajoro 40 hariko haragwa imvura y’isegenya gushika n’aho isi irengerwa n’amazi. Ba banyakibi barakuweho. Haciye amezi nk’angahe, amazi amaze kugabanuka, bwa bwato bwaciye busigara buhagaze ku musozi. Mu nyuma, abari muri ubwo bwato barashoboye kubuvamwo badora, babumazemwo umwaka wose. Nowa yarashikaniye Yehova ikimazi kugira ngo amukengurukire. Imana yarakiriye ico kimazi mu gukura amazinda Nowa n’umuryango wiwe yuko itokwigeze isubira guhonya icitwa ubuzima kiri kw’isi yose ikoresheje umwuzure. Yehova yaratanze umunywamazi bwa kintu kiboneka kivyemeza, uno ukaba wobaye icibutsa c’uwo muhango uhumuriza.

Inyuma y’Umwuzure, Imana kandi yarahaye abantu ayandi mategeko. Yarabarekuriye kurya inyama z’ibikoko. Ariko, yarabujije kurya amaraso. Vyongeye, yarategetse uruvyaro rwa Nowa gukwiragira kw’isi yose, yamara hari abagambaraye iryo tegeko. Abo bantu bariyunze hamwe bayobowe n’uwitwa Nimurodi maze batangura kwubaka umunara uhambaye mu gisagara c’i Babeli, ahahavuye hitwa Babiloni. Intumbero bari bafise yari iyo kwiyamiriza itegeko ry’Imana ryabasaba gukwiragira kw’isi yose. Ariko abo bagarariji Imana yarabatesheje uwo mugambi mu kuyoberanya ururimi rwabo maze ituma bavuga indimi zitandukanye. Kubera ko batari bashoboye kwumvikana, barahevye kwubaka uwo munara baca barasabagira.

​—Bivugwa mw’Itanguriro ikigabane ca 6 gushika ku ca 11; Yuda 14, 15.

  • Ubukozi bw’ikibi bwakwiragiye gute kw’isi?

  • Nowa yagaragaje gute ko yari umwizigirwa?

  • Ni igiki Imana yabujije abantu inyuma y’Umwuzure?

KUGENDANA N’IMANA

Benshi mu ruvyaro rwa Adamu na Eva barateye akagere ubutegetsi bwa Yehova. Ariko, hariho abagendanye na we, uhereye ku muhungu wabo w’umwizigirwa Abeli. Mu nyuma, biravugwa ko Henoki na Nowa bagendanye n’Imana, ivyo bikaba bisobanura ko bakurikiranye ingendo ihimbara Yehova. (Itanguriro 5:22; 6:9) Nyinshi mu nkuru ziganwa muri Bibiliya usanga zibanda cane ku bagabo n’abagore bahisemwo muri ubwo buryo nyene ko batwarwa n’Imana.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika