ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bm igice 4 rup. 7
  • Imana igiranira isezerano na Aburahamu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imana igiranira isezerano na Aburahamu
  • Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
  • Ivyo bijanye
  • Aburahamu yari nde?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Yehova yamwise “umugenzi wanje”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Aburahamu na Sara—Urashobora kwigana ukwizera kwabo!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Aburahamu na Sara baragamburutse
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
bm igice 4 rup. 7
Aburahamu ariko araraba inyenyeri

IGIHIMBA CA 4

Imana igiranira isezerano na Aburahamu

Aburahamu aragamburukira Imana abigiranye ukwizera, Yehova na we akamusezeranira kuzomuhezagira no kugwiza abomukomotseko

HARI haciye imyaka nka 350 Umwuzure wo mu gihe ca Nowa ubaye. Sekuruza w’imiryango ari we Aburahamu, yaba mu gisagara gisagamvye c’i Uri, ahitwa ubu Iraki. Aburahamu yari umuntu afise ukwizera gukomeye. Ariko, ukwizera kwiwe kwari kugiye kugeragezwa.

Yehova yabwiye Aburahamu kuva mu gihugu c’amavukiro maze akaja mu kindi gihugu, na co kikaba cari Kanani. Aburahamu yaragamburutse ata kugonanwa. Yahitanye abiwe bose, harimwo Sara, umukenyezi wiwe, be n’umuhungwabo Loti, maze bamaze kugira urugendo rurerure bashika i Kanani, hanyuma aba mu mahema. Ku bijanye n’isezerano Yehova yagiranye na Aburahamu, yamwemereye ko yomugize ihanga rikomeye, ko imiryango yose yo kw’isi yohezagiwe biciye kuri we be n’uko uruvyaro rwiwe rwotoranye igihugu c’i Kanani.

Aburahamu na Loti baratunze baratunganirwa, baragira imikuku n’amasho vyinshi. Ata bwikunzi namba abigiranye, Aburahamu yaremereye Loti guhitamwo akarere kose ashaka. Loti yahisemwo intara yimbuka yo ku Ruzi Yorodani, maze aba hafi y’igisagara c’i Sodomu. Ariko rero, abantu b’i Sodomu bari ibihumbu, bakaba baracumura bimwe bikomeye kuri Yehova.

Mu nyuma Yehova Imana yarakuye amazinda Aburahamu mu kumubwira yuko uruvyaro rwiwe rwobaye rwinshi nk’inyenyeri zo kw’ijuru. Aburahamu yarizeye uwo muhango. Yamara, umukenyezi mukundwa wa Aburahamu ari we Sara, yagumye ari ingumba. Igihe rero Aburahamu yari afise imyaka 99, Sara na we akaba yariko aregereza imyaka 90, Imana yarabwiye Aburahamu ko we na Sara bovyaye umuhungu. Ijambo rya Yehova ryararangutse Sara aribaruka Izahaki. Naho Aburahamu yavyaye abandi bana, wa Murokozi yari yarasezeranywe muri Edeni, yobonetse biciye kuri Izahaki.

Muri ico gihe nyene, Loti be n’umuryango wiwe baba i Sodomu, ariko uwo mugororotsi Loti ntiyabaye nk’abantu b’ibihumbu bo muri ico gisagara. Igihe Yehova yafata ingingo yo gushitsa urubanza kuri Sodomu, yararungitse abamarayika ngo baburire Loti ku bijanye n’isangangurwa ryagira ribe. Abo bamarayika bahimirije Loti n’umuryango wiwe guhunga bakava i Sodomu no kutaraba inyuma. Imana yaciye igwisha imvura y’umuriro n’amazuku kuri Sodomu no ku gisagara kibanyi c’inkozi z’ikibi citwa Gomora, ahonya abantu bo muri ivyo bisagara bose. Loti n’abakobwa biwe babiri bararusimvye. Ariko muka Loti yararavye inyuma, kumbure abitumwe no kwipfuza cane ivyo yari yasize inyuma. Yarahasize ubuzima kubera ukugambarara kwiwe.

​—Bivugwa mw’Itanguriro 11:10–19:38.

  • Ni kubera iki Aburahamu yimukiye i Kanani?

  • Ni isezerano irihe Yehova yagiranye na Aburahamu?

  • Ni kubera iki Yehova yasanganguye Sodomu na Gomora?

IMANA Y’AMASEZERANO

Mu bihe vya Bibiliya, isezerano wari umwumvikano abantu bagiranira. Biciye ku masezerano Yehova yagiye aragiranira n’abantu, ano akaba yari amasezerano yagirwa icese, yarahishuye intambwe ku yindi ingene umugambi wiwe werekeye Umurokozi yari yarasezeranywe muri Edeni worangutse. Isezerano Yehova yagiranye na Aburahamu ryarerekanye ko Uwo yasezeranywe yoje biciye mu muryango w’abokomotse kuri Aburahamu. Amasezerano yagizwe mu nyuma yarafashije kumenya neza Uwo yari yarasezeranywe uwo ari we koko.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika