ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bm igice 2 rup. 5
  • Birukanwa mw’Iparadizo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Birukanwa mw’Iparadizo
  • Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
  • Ivyo bijanye
  • Ubuzima bwo mw’Iparadizo bwari bumeze gute?
    Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera
  • Hariho abandi baturengeye
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Adamu na Eva bagambararira Imana
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Baratanguye Kugorwa
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
bm igice 2 rup. 5
Eva akoze ku camwa bari barabujijwe

IGIHIMBA CA 2

Birukanwa mw’Iparadizo

Umumarayika w’umugarariji arosha umugabo n’umugore ba mbere, ari bo Adamu na Eva, ngo batere akagere ubutegetsi bw’Imana. Ivyo bituma igicumuro n’urupfu vyinjira mw’isi

KERA cane imbere y’uko Imana irema abantu, yararemye ibiremwa vyinshi vy’impwemu bitaboneka ari bo bamarayika. Muri Edeni, umumarayika w’umugarariji, uwahavuye yitwa Shetani wa Mubesheranyi, yaragerageje n’uruyeri n’akantu kwosha Eva ngo arye ku camwa co kuri ca giti Imana yari yarababujije.

Shetani akoresheje inzoka, yaravuze asa n’uwerekana ko hari ikintu c’agaciro Imana yari yimye uwo mugore n’umunega wiwe. Uwo mumarayika yabwiye Eva ko we n’umunega wiwe batopfuye baramutse bariye ku camwa bari barabujijwe. Ukwo ni ko Shetani yagirije Imana ko yabeshe abana bayo b’abantu. Uwo Munyabinyoma yaberetse ko kugambararira Imana ari ingendo ishimishije yobashikanye ku kugira ubumenyi n’umwidegemvyo bidasanzwe. Ariko, ico cari ikinyoma cambaye ubusa, kikaba mu vy’ukuri cabaye co kinyoma ca mbere kw’isi. Ikibazo nyezina cari kijanye n’ubusegaba bw’Imana, ari bwo butegetsi bwayo ruheta, ni ukuvuga ko cari kijanye n’ukumenya niba Imana ifise uburenganzira bwo gutegeka canke niba itegeka mu buryo bugororotse ku bw’ineza y’abo itwara.

Eva yaremeye ico kinyoma ca Shetani. Yaratanguye kwipfuza icamwa co kuri nya giti, kandi yahavuye akiryako koko. Mu nyuma yarahayeko umugabo wiwe, na we arakiryako. Ukwo ni ko bacitse abacumuzi. Ico kintu gisa naho ata co kivuze bakoze, mu vy’ukuri cagaragaza ubugarariji. Biciye kuri ukwo guhitamwo n’ibigirankana kugambarara itegeko ry’Imana, Adamu na Eva barateye akagere ubutegetsi bw’Umuremyi yari yarabahaye ikintu cose, harimwo n’ubuzima bwabo butunganye.

Uruvyaro “ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsa igitsintsiri.”—Itanguriro 3:15

Imana yarahoye abo bagarariji ivyo bakoze. Yaravuze ko hoje Urubuto rwasezeranywe, canke Umurokozi, urwokuyeho Shetani, uwagereranijwe n’inzoka. Imana ntiyashotse ishitsa urubanza rwo gupfa yari yaciriye Adamu na Eva, iba igaragarije imbabazi uruvyaro rwabo rutari bwaboneke. Urwo ruvyaro rworonse imvo ituma rugira icizigiro kubera ko Uwo Imana yorungitse yokuyeho buhere ingaruka zibabaje zazanywe n’ubugarariji bwo muri Edeni. Ukuntu uwo mugambi w’Imana ujanye n’uwo Mukiza yasezeranywe worangutse, be n’ingene Uwo yorungitswe yobaye ameze, vyagiye birahishurwa intambwe ku yindi uko Bibiliya yagiye irandikwa.

Imana yarirukanye Adamu na Eva mw’Iparadizo. Kubera ko batobaye bakiri muri rya tongo ry’i Edeni, vyosavye ko babira akuya kandi bakora bagatama kugira ngo baronke ikibabeshaho. Eva yahavuye asama inda maze yibaruka Kayini, imfura ya Adamu na Eva. Uwo mugabo n’umugore bararonse abandi bahungu n’abakobwa, harimwo Abeli na Seti, sekuruza wa Nowa.

​—Bivugwa mw’Itanguriro ikigabane ca 3 gushika ku ca 5; Ivyahishuwe 12:9.

  • Ikinyoma ca mbere cabaye ikihe, kandi ni nde yakivuze?

  • Adamu na Eva batakaje gute Iparadizo?

  • Igihe Imana yakubita intahe mu gahanga ba bagarariji, ni imvo iyihe ituma haba icizigiro Imana yatanze?

UKUDATUNGANA BE N’URUPFU

Imana yaremye Adamu na Eva ari abantu batagira agasembwa, bafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo. Igihe bagarariza Imana, bari bacumuye. Ico gihe Adamu na Eva baciye baba abanyagasembwa maze baba bononye ubucuti bari bafitaniye n’umwe Sôko ry’ubuzima, Yehova. Kuva ico gihe, bo hamwe n’abobakomotseko bose b’abanyagasembwa ntaho boshoboye guhungira icaha kandi bohitanywe n’urupfu.—Abaroma 5:12.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika