ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bm igice 1 rup. 4
  • Umuremyi aronsa umuntu Iparadizo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umuremyi aronsa umuntu Iparadizo
  • Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
  • Ivyo bijanye
  • Ni nde yakuremye?
    Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare!
  • Ubuzima bwo mw’Iparadizo bwari bumeze gute?
    Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera
  • Birukanwa mw’Iparadizo
    Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
  • Imana irema abantu ba mbere
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
bm igice 1 rup. 4
Adamu na Eva bari mw’itongo ry’i Edeni, bakikujwe n’ibikoko

IGIHIMBA CA 1

Umuremyi aronsa umuntu Iparadizo

Imana irarema ibintu vyose tubona kandi igatuma n’ubuzima bubaho kw’isi. Irarema umugabo n’umugore batunganye, ikabashira mw’itongo ryiza igitanganza, maze ikabaha amategeko bategerezwa kugamburuka

Intambwe, inyoni, be n’ifumberi biri mw’i tongo ry’i Edeni

AYA majambo akurikira vyavuzwe ko ata yandi majambo meza atangurira igitabu yigeze kwandikwa yoza ayaruta. Agira ati: “Ubga mbere na mbere Imana yaremye ijuru n’isi.” (Itanguriro 1:1) Bibiliya ikoresheje iryo ryungane ryoroshe yamara rihambaye cane, iratubwira uwuvugwa cane mu Vyanditswe vyeranda vyose, na we akaba ari Yehova Imana Mushoboravyose. Umurongo wa mbere wo muri Bibiliya urerekana yuko Imana ari Umuremyi w’ibintu vyinshi cane tubona, harimwo n’uyu mubumbe tubako. Imirongo ikurikira irasigura yuko mu biringo birebire vyagiye birakurikirana, bino bikaba vyitwa imisi mu buryo bw’ikigereranyo, Imana yariko itegura isi tubako, kugira ngo itume ibintu vyose bitangaje bidukikije bibaho.

Umuntu ni we yabaye ikiremwa gihambaye kuruta ibindi vyose Imana yaremye kw’isi. Uwo muntu yaremwe mw’ishusho y’Imana, ivyo bikaba bisobanura ko ashoboye kugaragaza kamere nk’iza Yehova Imana, nk’urukundo n’ubukerebutsi. Imana yabumvye umuntu mu mukungugu wo hasi. Imana yamwise Adamu, hanyuma imushira mw’Iparadizo, aho hakaba hari mw’itongo ry’i Edeni. Imana ubwayo ni yo yateguye iryo tongo, iryuzuzamwo ibiti vyiza utoraba vy’ivyamwa.

Imana yarabonye ko uwo muntu yari akeneye umufasha. Imana ikoresheje rumwe mu mbavu za Adamu, yararukuyemwo umugore maze imuzanira uwo muntu ngo abe umukenyezi wiwe, uno akaba yahavuye yitwa Eva. Kubera akanyamuneza kenshi, Adamu yaciye avuga ano majambo ndyoshamvugo, ati: ‘Uyu ni igufa ryo mu magufa yanje, ni akara ko mu mara yanje.’ Imana yasiguye iti: “Ni co gituma umuntu azosiga se na nyina, akabana n’umugore wiwe akaramata, bakaba umubiri umwe.”—Itanguriro 2:22-24; 3:20.

Imana yahaye Adamu na Eva amategeko abiri. Ubwa mbere, yabategetse kurima no kubungabunga isi kandi amaherezo bakayuzuza uruvyaro rwabo. Ubwa kabiri, yababwiye kutarya icamwa co ku giti kimwe gusa co muri iryo tongo ryose uko ryangana, na co kikaba cari “igiti kimenyekanisha iciza n’ikibi.” (Itanguriro 2:17) Bopfuye baramutse bagambaraye. Biciye kuri ayo mategeko, Imana yararonkeje uwo mugabo n’umugore uburyo bwo kugaragaza ko bemera yuko ari yo Mutware wabo. Ukugamburuka kwabo kwogaragaje kandi ko bayikunda be n’uko bayikengurukira. Bari bafise imvo yumvikana yo kwemera ubutegetsi bwayo burangwa ubuntu. Nta kanenge abo bantu batunganye bari bafise. Bibiliya itubwira iti: “Imana yihweza ivyo yaremye vyose, kandi vyari vyiza cane.”—Itanguriro 1:31.

​—Bivugwa mw’Itanguriro ikigabane ca 1 n’ica 2.

  • Bibiliya idondora gute ibijanye n’iremwa ry’abantu be n’iry’isi babako?

  • Ni ubuzima bwoko ki Imana yari yateguriye umugabo n’umugore?

  • Ni amategeko ayahe Imana yahaye umugabo n’umugore ba mbere?

IZINA RY’IMANA

Igihe Ivyanditswe vyeranda biba biriko bivuga Imana, usanga bikoresha amazina y’icubahiro atandukanye, nk’aya ngo Umuremyi be n’Imana Mushoboravyose. Amazina amwamwe arashimika kuri kamere z’Imana, nk’ubweranda bwayo, ubushobozi bwayo, ubutungane bwayo, ubukerebutsi bwayo be n’urukundo rwayo. Naho ari ukwo, Imana yariyise izina ry’uruharo ridasanzwe, na ryo akaba ari Yehova. Muri Bibiliya, twisunze indimi zo mu ntango yanditswemwo, iryo zina ry’Imana riboneka incuro nka 7.000, aho riboneka ubwa mbere hakaba ari mw’​Itanguriro 2:4. Izina Yehova risigura ngo: “Atuma biba.” Birahumuriza kumenya iyo nsobanuro kubera yuko ivyo vyerekana ko Imana ishobora kurangura umugambi uwo ari wo wose ifise be n’uko ishoboye gushitsa umuhango uwo ari wo wose itanga.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika